All posts by admin5

26-0201 Ibibazo N Inyishu #2

Ubutumwa: 64-0823E Mituna Mpe Biyano #2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Biswi Vy’Inkona,

Aho Umuvyimba Uri, ni ho Umugeni Azokoranira hamwe. Kandi kuri twebwe, hariho ahantu hamwe honyene hatunganye dushobora kuronka iyo Manu y’inyama nshasha: mu gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Tuvuge kuri Manu NSHASHA, turanashobora gutangura kwiyumvira ivyo dufise nyene ku ntoke zacu? Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo Mukundwa ku ma bande, aho ata gucacisha, ata kwibaza, ata kubaza ibibazo canke gukekeranya ko ivyo turiko turumviriza ari Imana, Ikoresheje ijwi ry’umuntu, kugira ngo Ivuge Uko ni ko Uhoraho Agize ku Mugeni WaYo.

Mu guhishurirwa, twizera ko ari ho hantu honyene tunashobora kuja kuruhura ubugingo bwacu kuko Amajambo twumviriza atari amajambo y’umuntu, canke insiguro yiwe canke iciyumviro ciwe congewe kuri Yo, ahubwo ni Ijambo ry’Imana Ritosoye Rivugana natwe Ibiswi vy’Inkona, Rihishura Ijambo RyaYo.

Dufataniriza kw’Ijambo. Turasoma Ijambo RyaYo muri Bibiliya zacu. Turumva mbere ko Imana Yagenye kandi Yahamagaye abantu buzuye Mpwemu Yera WaYo, basubiramwo kandi bavuga Ijambo ry’Imana, ariko muri iki gihe cacu, Imana Yaraduhaye ahantu dushobora kwumviriza IJAMBO RyaYo RITUNGANYE RYAVUZWE, mu gufyonda tukavuza.

Data wa twese mbere Yahaye Umugeni WiWe akaryo ko kubaza ibibazo vyari ku mutima wacu ku buryo tworonka inyishu itunganye:

  • Satani arashobora gukoresha ingabire yo kuvuga indimi zitamenyekana canke ubuvugishwa mu muntu afise Mpwemu Yera?
  • Yesu Yashaka kuvuga iki muri Matayo 12, umurongo wa 32 ?
  • Turagusavye usigure 1 Ab’i Korinto 13:8-12?
  • Abagore baremerewe gukora mu bikorwa vya Leta iyo bafise umugabo akora hamwe n’abana ?
  • Mbega ni bibi ko umugore azinga umushatsi?

Imana Yatanze uburyo bwinshi cane bwo guhezagira no gukomeza Umugeni WaYo, ariko hariho ahantu honyene Yatanze aho Umugeni WaYo Ashobora kugira ukwizigira 100% ko ivyo bariko barumva ari IJAMBO RYAYO RITUNGANYE. Isoko rimwe ry’Amazi y’Ubuzima aho Ibiswi vy’Inkona Bishobora kunywa aho ata bushobozi na bumwe bw’ukwandura na bumwe. GUFYONDA TUKAVUZA.

Ndabatumiye kuza kunywa kuri iyo Soko kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) aho tuzokwumviriza 64-0823E “Ibibazo N’Inyishu #2.”

MweneData Joseph Branham

26-0125 Ibibazo N Inyishu 1

Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Branham Tabernacle,

Ndaramukije Umugeni wa Yesu Kristo wo kw’isi yose, Yizera ko Branham Tabernacle, Ijwi ry’Imana, ari ryo shengero ryabo ryo mu karere aho bagaburirirwa mu buryo bwa mpwemu na Manu Yanyegejwe Yabitswe kandi Yazigamiwe Umugeni Wa Kristo.

Aha ni imuhira iwanje h’ifatiro; iki ni icicaro canje gikuru; ng’aha niho tugerereye. Rero, ubishire mu bwenge icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka. Icoba cose, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!

Abizera benshi bama batahura nabi canke bagashira iciyumviro cabo canke insobanuro yabo ku vyo umuvugishwa yavuze ng’aha, ariko abwira Umugeni atomora ati, “Namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!”

Yashaka kuvuga iki muri ivyo ?

Igihe MweneData Branham yari ng’aha, benshi ntibamutahuye kandi biyumvira ko Umugeni Ategerezwa kuja muri Arizona akamukurikira hariya, kugira ngo abe mw’Izamurwa. MweneData Branham yabishuye neza ati: MUGUME NG’AHA, IKI NICO KIBANZA.

Umugwi munini wose wabo warahagurutse muri iyo nzira, kandi bashaka kuja aha no gukora biriya, maze kubabwira ngo bagume hariya. Mugume hariya, mugume ng’aha nyene; iki nico kibanza.

Abantu bavuye ahantu hose muri Amerika baja muri Arizona, ariko yababwiye neza ati: Mugume ng’aha, iki nico kibanza!

Mugume muri Jeffersonville ? Ivyo ni vyo yavuze!

Uguhishurirwa kwanje ni uku, Yari Imana, Ivuga biciye ku muvugishwa waYo kandi Ibwira abantu ngo, “MUGUMANE N’AMABANDE.” Ico ni CO KIBANZA!

Yarababaye cane kandi yavuze ko ategerezwa gukora ikintu kinaka hamwe n’abo bantu bose. None ategerezwa gukora iki? None yobarungika mw’ishengero irihe? None botegerejwe kuja hehe? None MweneData Branham yavuze ko ategerezwa gukora iki?

Rero ubu, ntegerezwa gusubiza ng’aha abo bana kugira ngo baronke ico barya. Bari hariya mu bugaragwa bicwa n’inzara.

Ntiyavuze ko bokenera kuja mw’ishengero ryo mu karere k’iwabo kugira ngo baronke utuvunguka duto duto boshobora gufungura. Yavuze ngo ategerezwa KUBASUBIZA NG’AHA kugira ngo baronke ivyo barya, atari uko BOKWICWA N’INZARA.

UGUHISHURIRWA KWANJE BAGENZI.

Rero, ntidusubire kumutahura nabi, canke kuvuga ikintu atavuze, mu kuvuga ngo, “MweneData Branham yashaka ko uwizera wese yimukira muri Jeffersonville kugira ngo abe Umugeni.” MweneData Branham yari azi ko abo bantu bose, n’uwizera WESE wo kw’isi yose, batoshobora kwimukira no kuba muri Jeffersonville. Ivyo ntivyoshoboka. None yashaka kuvuga iki? Yariko AHURIZA Umugeni Wa Kristo KUMABANDE yari yarafashwe amajwi kandi abitswe kugira ngo Umugeni Ayafungureko.

Ubu Butumwa, Iri Jwi, ni Ijambo ry’Imana Ryavuzwe ry’iki gihe kandi Rizohuza kandi Ritunganye Umugeni Wa Yesu Kristo.

Umuvyimba ni wo inkona zifungura. Rero, inkona ifatwa muri Bibiliya, nk’umuvugishwa. Umuvugishwa ni inkona. Imana—Imana Yiyita Inkona, kandi turi “ibiswi vy’inkona” rero, a—abizera. Murabona? Kandi umuvyimba bafungura ni uwuhe? Ni Ijambo. Aho Ijambo Riri hose, kamere nyakuri k’iyo nyoni kazokwiyerekana.

Ni hehe hari Iritosoye, Ryemejwe, ata gutahura nabi, Uko Ni ko Ijambo Ry’Uhoraho Rigize ry’iki gihe ? Hariho ahantu hamwe honyene, Amabande.

Noshobora kubandanya no kubandanya, nsubiramwo amajambo ku yandi, ariko ubu Butumwa n’ivyo MweneData Branham yavuze bisaba Uguhishurirwa kuvuye Mana. Dutegerezwa gusoma hagati y’imirongo biciye mu guhishurirwa, ariko tuvuge ivyo yavuze. Kuko Ni IJAMBO RITOSOYE.

Ibibazo n’Inyishu z’ivy’iki gihe hamwe n’ivyo NIZERA.

Iki gihe, abakozi b’Imana benshi bariko barabwira abantu ko mu kugira Ishengero ry’Amabande ryo muhira tuba turi inyuma y’Ijambo n’ivyo MweneData Branham yavuze ngo dukore. Bumva ko dutegerezwa kuja mu co bita kandi babona ko ari ishengero.

Hariho vy’ukuri amajambo menshi cane aho MweneData Branham avuga ibi mu buryo butomoye.

Ubu, uje kw’ishengero rimwe ryiza ry’Ubutumwa Bwiza Bwuzuye maze wironkere ishengero ryo muhira.

Kandi ndavyizera n’umutima wanje wose, kuko ari we yabivuze. Ariko nizera ko ivyo tubikora mu KUGIRA ISHENGERO RYA BANDE RYO MUHIRA. Ikibanza turimwo si co gihambaye ku Mwami. Iyo ni inyubakwa gusa. Ariko inshingano yacu ku Mwami ni ukugumana n’Ijambo RyiWe, SI IKIBANZA CANKE INYUBAKWA. Ico kibanza ntigikiza kandi ngo gitunganye Umugeni, NI IJAMBO RIBIKORA.

Iyo ngiye mu nyubakwa y’ishengero, ariko bibagiye IKINTU NYAMUKURU: kwumviriza Ijwi ry’Imana mu Gufyonda Ukavuza, kandi bakaRisubiriza kwumviriza GUSA abakozi b’Imana bavuga Ubutumwa, mbega ivyo bizoguhaza neza kandi bigaburire ubugingo bwawe? Vyoshobora guhaza ubugingo bwawe mweneData na mushikanje, ariko ntibizohaza Umugeni.

Reka nsubiremwo hano mvuge ko hari abantu ibihumbi n’ibihumbi batagira inyubakwa y’urusengero bajako. Mbega barazimiye? Namba badafise umwungere canke ishengero, ivyo bisigura ko badashobora kuba Umugeni? Namba uba ku birometero 160 vy’inyubakwa y’ishengero, utegerezwa kuja kuri urwo rusengero? Ariko namba mba kure cane, mbega ndategerezwa? Ntegerezwa kwumviriza umuvugabutumwa ku murongo wa internet (ikibiriraho), ariko sinshobora kwumviriza bande ku murongo wa internet (ikibiriraho)? Inyubakwa iboneka, umuvugishwa aravuga ko ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose dutegerezwa kujamwo?

Ni hehe umuvugishwa yashaka kujana Umugeni ?

Namba udashobora kuza hano kuri tabernacle, rondera ishengero ahantu hanaka; genda kuri ryo.

Ubugira kandi, ni hehe hari amahitamwo yiwe ya mbere ho kurungika abantu? Kuri Branham Tabernacle, Ijambo, amabande. Ivyo ni vyo Imana Yahaye Umugeni WaYo ngo Akore muri iki gihe c’iherezo, kandi turiko turabikora iminsi yose NO ku munsi w’iyinga uwo ari wo wose.

Rero kugira sintahurwe nabi. SINDIKO NDAVUGA ko mutegerezwa kwumviriza ama bande hamwe na Branham Tabernacle kugira ngo mube Umugeni. SINDIKO NDAVUGA ko mutotegerezwa kuja mw’ishengero. SINDIKO NDAVUGA ko mudashobora kwumviriza abakozi b’Imana. Namba mwizera ivyo, muba muri kure y’Ijambo. Ndiko ndavuga ko kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ari ryo Jwi Rihambaye cane MUTEGEREZWA KUMVIRIZA, kandi nizera ko umwungere wese yotegerejwe kuvuza Iryo Jwi, ama bande, mu mashengero yabo. Ariko baragize urwitwazo rwose rubaho rwo KUTAVUZA AMABANDE. Namba iryo ari ryo shengero ryawe, nturiko urafungura Ijambo.

Ibi biragaragara ko ari vyo atashaka ko bishika kandi n’ivyo abantu bariko barakora.

Namwebwe, muje ku rushengero; ntimugume i muhira, ntimuje kuroba, ku ruhigi, n’ibintu nk’ivyo ku munsi w’iyinga.

Ntitubikora. Duhurira hamwe ku kintu conyene kizohuza Umugeni, Ubu Butumwa, Iri Jwi.

Ubugira kandi, jewe nizera kuja ku rushengero. Hari amashengero menshi kw’isi yose ariko arashira imbere ama bande kuri alutari zayo, Umwami Ashimwe. None nizera ko utegerezwa kuguma i muhira atari uko nturi Umugeni? OYA, OYA, OYA….Sinigeze ndavyiyumvira, sinigeze ndavyizera. Nshaka gusa ko MUFYONDA MUKAVUZA aho mwoba muri hose canke urushengero mujamwo.

Nimba udafise Uguhishurirwa kw’ivyo ariko aravuga, rero woshobora kuvuga neza uti: “Sintegerezwa kwumviriza MweneData Branham canke mbere sintegerezwa KWEMERANYA n’ivyo avuga vyose. Mbere yarabivuze, hariho abandi bagabo benshi cane bahamagawe n’Imana.

Bandanya. Turabona ng’aha, avuga ati: “Twoja mu rundi rushengero rutemeranya nawe?” Ata nkeka, si…Si jewe buye ryonyene riri kw’isesero y’ikiyaga, murabizi. Hariho—hariho nyene abandi bagabo bubaha Imana ahantu hose; Nizigiye ko ndi umwe muri bo.

Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande Ni IBUYE RYANJE, URUTARE RWANJE. Ni Ryo Jwi nshaka kwumviriza kandi niryo Jwi nshaka ko Branham Tabernacle yumviriza.

Namba mwipfuza kwifatanya natwe, murahawe ikaze cane beneData. Mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ryishura ibibazo vyinshi mwoba mufise ku mutima wanyu. Kandi mwumvirize mwebwe nyene namba ivyo navuze muri iri kete bivuye mw’Ijambo canke namba natahuye nabi ivyo Imana Ibwira Umugeni WaYo.

Ivyo avuga ku ma bande ni Uko Niko Uhoraho Agize. Si ivyo mvuga ko avuga, canke ivyo nizera ko avuga, kandi Imana YONYENE ni Yo Ishobora kuguha Uguhishurirwa kw’ukuri.

MweneData Joseph Branham

26-0118 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Ubutumwa: 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo,
reka dukoranire hamwe kuri uno w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), kugira twumvirize 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

MweneData Joseph Branham

26-0111 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi wanje,

Ndagukunda cane. Uri akara ko mu mara yanje n’igufa ryo mu magufa yanje. N’imbere y’uko Ndema inyenyeri, ukwezi, isi yaNje yose, Narakubonye kandi Ndagukunda ico gihe. Nari nzi ko uri igice caNje, Umukunzi Wanje Umwe rudende. Wewe naNje twari UMWE.

Umunsi Nipfuza kandi Narindiriye kuva nkikubona ico gihe, nukwo washitse. Ubu Ndabahamagara kandi ndabahuza kuva mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, biciye mw’Ijwi RyaNje. Muri ivyiyumviro vyaNje, Ijambo RyaNje, Umugeni WaNje, Yagaragajwe.

Naripfuje kubabwira ikintu cose kiri mu mutima waNje, ku buryo Navyanditse Nkoresheje abavugishwa baNje kandi Nagumye Ndabikingiye imyaka ibihumbi. Benshi baraBisomye, kandi baraVyizera mu binjana vyose, ariko Nagumije ibintu vyinshi ibanga gushika MUSHITSE. Ni mwebwe MWENYENE nzoBibwira.

Bipfuje kumenya no kwumva ibi bintu vyose bitangaje Nagumije binyegeje, ariko nk’uko Nagusezeraniye, Nararindiriye kandi NaraBigumije ari ibanga gushika ubu, nyene KUBWAWE, NI WEWE UMWE WANJE KANDI WENYENE.

Naragusezeraniye ko Nzoza Nsubire kwihishura mu mubiri w’umuntu, ku buryo Noshobora kubabwira, no kubahishurira ibi bintu vyose. Nashaka ko mwumviriza IJWI RYANJE rivugana namwe Ridaciye ku ruhande.

Nasize abandi benshi Mpwemu Yera WaNje, kugira ngo Ndababwire urukundo rwaNje, ariko nk’uko Namye Nkora, kandi Sinshobora guhinduka na rimwe, Natoye umuntu umwe: Umumarayika waNje, umuvugishwa waNje, kugira ngo abe Ijwi RyaNje ku buryo Noshobora kubabwira Uko ni ko Uhoraho Agize.

Nashaka kukubwira, ko utakijijwe ku munsi munaka.. Wamye ukijijwe. Naje gusa kugira ngo Ndagucungure. Wari ukijijwe kuva mu ntango kuko wari ufise Ubugingo Budashira kuva mu ntango. Gutyo, mu maso yaNje, ivyaha vyawe vyose ntibishobora no kubonwa naNje, ikintu conyene numva ni ijwi ryawe. Mbona gusa uguhagarariye.

Mbega ukuntu nipfuje kukubwira ibintu vyinshi cane. Umutima wanje uriko urabiragira kubera umunezero. Mbega ukuntu Ndindiranye igishika Amazimano yacu y’Ubukwe, Inganji yacu y’imyaka igihumbi turi kumwe. Kugira ndakubwire mu buryo bwiramvuye ikintu cose kijanye n’Ahantu hacu turi kumwe ho muri Kazoza tuzoba. Ukuntu Naguteguriye ikintu ico ari co cose, kandi ikintu ico ari co cose kiri mu buryo bukunogeye.

Mukunzi wanje, nimba wibaza ko ari ivy’igitangaza ubu kwumviriza Ijwi RyaNje Rivugana nawe, rindira gusa, iki ni igitutu gusa c’uko bizoba bimeze igihe tuzoba muri ico Gisagara turi kumwe. Umuvugishwa wawe azoba mbere iruhande yawe; azoba ari umubanyi wawe.

Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tunywere hamwe kuri iryo soko. Tuzokwinjira mu maparadizo y’Imana turi kumwe n’Abamarayika bazunguruka kw’isi, baririmba indirimbo…. Mbega umunsi uzoba umeze gute !

Ndazi ko inzira isa n’iyigoye, kandi rimwe na rimwe iragukomerera cane, ariko izokworoha, kandi irushirize kworoha, igihe Turi kumwe.

Ubu rero, ngiye gusubira kubakoraniriza hamwe no kuvugana namwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), ndababwire vyose ku vyerekeye “Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo Kw’Isi Bazoba Muri Kazoza”. Mfise igishika co kwifatanya namwe ico gihe.

Mwibuke, kandi ntimukavyibagire na rimwe, Ndabakunda cane.

Mu Gishingo ciWe,

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe:
Matayo Mweranda 19:28
Yohana Mweranda 14: 1-3.
Abanyefeso 1:10
2 Petero 2:5-6 / Igice ca 3
Ivyahishuriwe Yohana 2:7/6:14/21:1-14.
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4 / 28:10 / 65:17-25
Malaki 3:6.

26-0104 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Banywi b’Iriba Rya Arutwaze,

Mbega Noheli n’Umwaka Mushasha twagize. Twarakiriye kandi twaratekuruye ingabire z’Imana zarungikiwe Umugeni WaYo. Ingabire yacu ya mbere yari Ingabire ikomeye kuruta izindi zose ya Noweli Yari Yigeze gutekerwa. Imana ubwaYo Yitekeye mu mubiri w’umuntu maze Irungikira ico giseke isi. Ni Ingabire yaYo ya mbere ikomeye yo kugarukana Umugeni WaYo.

Hanyuma Imana Yarungikiye Umugeni WaYo ikindi giseke kininiya. Yaradukunze cane ku buryo Yaje maze Yihishura mu mubiri ubugira kandi ku buryo Yoshoboye kuvugana natwe umunwa ku gutwi. Yashaka ko Yo n’Umugeni WaYo bacika Umwe.

Kandi ubu, bagenzi, ntimuntahure nabi. Ese novuga ibi n’icubahiro mu mutima wanje, nzi ko ndi umuntu yagenewe Ibihe Bidashira azorenguka imbere y’Urubanza umunsi umwe: Abantu ibihumbi n’ibihumbi barabura ingabire yabo. Murabona? Ntibashobora kubitahura. Kandi bararaba bakanavuga bati: “Yooo, ni umuntu gusa.” Ivyo ni ukuri. Mbega Yari Imana canke Mose yacunguye abantu? Yari Imana muri Mose. Murabona? Baririye umucunguzi. Kandi igihe Imana Yabarungikira umucunguzi, barananiwe kubibona, kuko vyaciye mu muntu, ariko ntiyari umuntu, Yari Imana muri uwo muntu.

Iki gihe, ubugira kandi, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barabura ingabire yabo bavuga bati: “Ntutegerezwa kwumviriza ama bande, ubu hari abandi bagabo basizwe,” ni ukuri, ariko barananirwa kumenya ko ari ryo Jwi RYONYENE Ryemejwe n’Imana, Rivuga Uko Niko Uhoraho Agize Riciye muri uwo muntu. Iryo jwi ni Urimu na Tumimu, Ica Ntabanduka caYo c’iki gihe.

Iyo turiko turumviriza Ijwi RyaYo ku ma bande tuba turiko turanywa vy’ukuri kw’Iriba rya Arutwaze ry’Imana, Ridakeneye inguvu, nta gukwega, nta kwifatanya, nta gukama ; turizera gusa tukanaruhukira kw’Ijambo Ryose Rivuzwe.

Mu kwumviriza iryo Jwi Riri ku ma bande, bijanye na Yesu ubwiWe, turafise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera mu gihe cacu.

Hari rero ikimenyamenya c’inkomoko ca Mpwemu Yera ! Nta na rimwe Arambwira ikintu ico ari co cose kitari co. Ico, “Ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, ni uwushobora kwizera Ijambo.” Mushobora kuRyakira.

Imana Yaraduhaye Isoko dushobora kunywako umunota wose wa buri munsi. Ryama Ari Rishasha. Si ikintu kidatemba, Ni Isoko RyaYo Ridakama kandi Ryihagije ; dutegerezwa gusa Gufyonda Tukavuza.

Mu kuvuga ivyerekeye INGABIRE iva ku Mana, murashobora kwiyumvira ingene iyi Ngabire Ihambaye vy’ukuri ? Mu Gufyonda Tukavuza gusa no kwumviriza Ijwi RyaYo ku ma bande, ni Ryo Ryonyene…IJWI RYONYENE mw’isi aho tudakeneye akayungiro, igikoresho co gukumira imyanda, canke ikintu ico ari co cose. Dutegerezwa kwumviriza gusa, kwizera, no kuvuga amen kw’Ijambo Ryose.

Imana ubwaYo Yaratanze iyi nzira, UBURYO BWAYO BWONYENE, bwo kuronka Ubugingo Budashira, mbere igihambaye kuruta, KUGIRA TUBE UMUGENI WAYO. Turashobora gusa kwifashisha ibere ryaYo maze tukavoma inkomezi zacu mu kwumviriza kw’Isoko RyaYo, Ijwi RyaYo, El Shaddai Avugana n’Umugeni WiWe.

Ese uyu mwaka woba umwaka Aza kubwacu, Umugeni WiWe Mukundwa. Turi magabo kandi turindiranye igishika cinshi. Umunsi uwo ari wo wose tuzobona ico twipfuje kubona kiba. Tuzotahura, mu mwanya wo gukubita urugohe, ko tuzoba twavuye ng’aha, duhamagawe ku Mazimano yacu y’Ubukwe.

Mwami, igihe tuzobona iyo meza ihambaye iri hariya kubw’ayo mazimano, ireha ibilometero ibihumbi, tuzorabana hakurya y’imeza, ibicocoro bifise ibimenyetso vy’intambara, amarira y’umunezero amanuka ku matama yacu…Umwami Azoboneka mu bwiza bwiWe, ukwera kwiWe, Aze ku meza maze Azofata ibiganza vyiWe Bwite hanyuma Ahanagure amarira ku maso yacu, ati: “Ntimusubire kurira, vyose birarangiye. Mwinjire mu munezero w’Umwami. Imibabaro y’inzira izosa nk’aho ataco imaze ico gihe, niyo twashika ku mpera y’inzira.

Ngwino maze unywe, kandi unywe, wongere unywe kw’Isoko Yatanzwe y’iki gihe hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi). Ni ho hantu HONYENE ushobora kwisanzura neza kandi uvuge AMEN kw’Ijambo Ryose wumviriza. Ni Iriba rya Arutwaze Yahaye Umugeni WiWe kunywako.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 64-0726E Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Zaburi 36:9
Yeremiya 2:12-13
Yohana Mweranda 3:16
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 13

25-1228 Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Ubutumwa: 64-0726m Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Yaryohowe,

Uyu munsi, ishengero ryaribagiye umuvugishwa waryo. Ntibakimukeneye ko avuga ubutumwa mu mashengero yabo. Bavuga ko bafise abungere babo bo kubabwira ubutumwa no gusubiramwo kandi bagasobanura Ijambo. Kuvuga ubutumwa ni ikintu gihambaye kuruta kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande mu mashengero yabo.

Ariko Imana Yari Izi ko Itegerezwa kugira umuvugishwa waYo; uko ni ko Yama Ihamagara kandi Ikarongora Umugeni waYo. Yaraturyohoye kugirango Idukure ku yandi mahanga n’Inkota yaYo y’ubugi bubiri, Mpwemu Yera WaYo, Ijwi RyaYo Ryavuzwe n’umuvugishwa waYo.

Yaraturyohoye Ikoresheje iryo Jwi. Ni co gituma Yatumye Rifatwa amajwi Rigashirwa ku mabande. Mu Guhishurirwa turabona ingene Ivyanditswe bitunganye! Umugeni ntashobora kwera kiretse Umwana Amwejeje.

Ntibiraba ukungene wigishije, ico ari co cose ukora, ntigishobora gusha, ntigishobora kugaragara, ntigishobora gushika ; atari We Yavuze ati, « Ndi Umuco w’isi, » Ijambo.

Ijambo Ryatubwiye ko Mpwemu Yera ubwiWe Azoza maze Atume twera, kugira ngo Yemeze, Agaragaze kandi Yigaragaze. Umuco wo ku kagoroba waraje. Imana Yigaragaza mu mubiri kugira ngo Ihamagarire Umugeni WaYo gusohoka.

Ni We yaBAhamagariye gusohokera muri Mpwemu Yera, mw’Ijambo RyiWe, mw’Ijwi RyiWe. Ni We Yabatoye. Ni We Abigisha. Ni We Ariko Arabarongora. Biciye kuki? Mpwemu Yera WiWe, Ijwi RyiWe Rivugana NAWE RIDACIYE KU RUHANDE.

Ariko ni ivya kera cane kuri bo muri iki gihe. Bararenganye ivyo kuvuza ama bande mu mashengero yabo. NtibaVyemera. Niyo mpamvu bameze uko bameze. Ariko kuri wewe, vyarahishuwe ko ari inzira Imana Yatanze, NI UKO NIKO UHORAHO AGIZE KURI WEWE.

Rero hategerezwa kuza i—i—i nkomezi, Mpwemu Yera Ubwiwe, kugira yeze, Agaragaze, canke Yerekane, canke kugaragaza yuko ivyo Yasezeranye vyoshitse muri iki gihe. Umuco w’akagoroba uzana ivyo. Mbega igihe !

Turi Umugeni Jambo w’Imana Atunganye umuvugishwa waYo yabonye mw’iyerekwa. Ni twebwe Yarungikiye umuvugishwa waYo ngo aduhamagarire gusohoka akoresheje Ijambo RyaYo, kandi ubu turiko turaronka UMUVYURO, kuko ubu tuzi abo turi bo.

Umuvyuro, aho, ni rya jambo nyene rikoreshwa ahandi hose, narimpejeje kurirondera gusa, risigura, « umuvyuro. » « azoduha gusubira kubaho inyuma y’iminsi ibiri. » Aho hobaye, « Mu munsi ugira gatatu Azosubira kutugira bazima, inyuma yuko Yadushwiragije, no kuduhumisha, no kudutabagura. »

Data Yarungitse umuvugishwa wiWe ngo arabe Umugeni wiWe kugira ngo ntituve mu murongo. Niwibuke, iri ryari iyerekwa!

Umugeni yasubiye muri ca kibanza nyene Yarimwo igihe Yari mu ntango. Ariko naMubonye Ava mu murongo, hanyuma ndagerageza kuwuMusubizamwo.

Ariko none “we” yari gushobora gute kumugarukana uno munsi? « We », uwo mugabo, ntari hano kw’isi. IJAMBO! Ijambo Ryonyene Ryemejwe ry’uyu munsi ni irihe? Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande.

Abakozi b’Imana bahamagariwe kwigisha Ijambo mu gusubiramwo neza na neza ivyo umuvugishwa yavuze. Bijanye n’uwo muvugishwa ubwiwe, nta kindi bategerezwa kuvuga.

Vy’ukuri, bahamagariwe kwigisha no kuvuga iryo Jambo. Ariko hari IJWI RIMWE GUSA RYEMEJWE N’IMANA UBWAYO NGO RIBE UKO NIKO UHORAHO AGIZE.

Rero ndavuga, mw’Izina rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite, muvuge gusa ibivugwa kuri ayo mabande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yabategetse gukora; ntimwongereko!

Iyo uvuze “amen” kw’ijambo ryose umwungere wawe canke umuvugabutumwa wawe avuga, warazimiye. Ariko niwavuga ngo “AMEN” KW’IJAMBO RYOSE IMANA YAVUZE BICIYE KU MUVUGISHWA WAYO KU MABANDE, URI UMUGENI KANDI UZOGIRA UBUGINGO BUDASHIRA.

Umuvugishwa w’Imana ni we muntu Imana Yatoye ngo Imuvugiremwo. Kwari UGUHITAMWO KW’IMANA kumukoresha kugira avuge Ijambo RyaYo no kuRishira ku ma bande kugira ngo Umugeni AGUME AFISE UKO NIKO UHORAHO AGIZE YO KWUMVIRIZA.

Ntishaka ko Umugeni WaYo Yizigira ivyo abandi bagabo bavuga, canke insobanuro zabo y’Ijambo RyaYo. Ishaka ko Umugeni WaYo Yumviriza umunwa ku gutwi. Ntishaka ko Umugeni WaYo Yizigira uwundi muntu atari Yo ubwaYo.

Iyo tuvyutse mu gitondo, turakunda ko Itubwira Iti: “Mwaramutse bagenzi. Ngiye kuvugana namwe uno munsi kandi Ndababwire ingene Ndabakunda cane n’ingene mwebwe na Jewe turi UMWE. Mfise benshi Nzoha ubugingo budashira, ariko MWEBWE mwenyene muri Umugeni Wanje Natoye nitonze. MWEBWE mwenyene nabahaye Uguhishurirwa imbere yuko isi ishirwaho.

Abandi benshi barakunda kuNyumva, ariko Nagutoreye kuba Umugeni Wanje. Kuko mwaMenye, mwagumye mw’Ijambo RyaNje. Ntimwagize imyumvikano, ntimwayuvye hirya no hino, ahubwo mwagumye muri abizigirwa b’Ijambo RyaNje.

Igihe kiri hafi. Ndaje kubarondera vuba cane. Ubwa mbere, muzobona abo turi kumwe ubu. Yoo, ukuntu bipfuza kubabona no kuba hamwe namwe. Ntimuhagarike umutima bane bato, vyose biri ku gihe neza, mubandanye gusa mwihata.”

Nk’umukozi w’Ubutumwa bwiza, simbona ikintu kimwe gisigaye kiretse ukugenda kw’Umugeni.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 64-0726M “Kumenya Igihe Cawe N’Ubutumwa Bwaco”

Igihe: Isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi).

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Hoseya: Igice ca 6
Ezekiyeli: Igice ca 37
Malaki: 3:1 / 4:5-6.
II Timoteyo: 3:1-9.
Ivyahishuriwe Yohana : Igice ca 11

25-1221 Kugenda Inyuma Y Insago

Ubutumwa: 64-0719e Kugenda Inyuma Y Insago

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa,

Imana Ntihinduka. Ijambo RyaYo NtiRihinduka. Integuro yaYo ntihinduka. Kandi Umugeni WaYo Ntahinduka, tuzogumana n’Ijambo. Rirengeye ubuzima kuri twebwe ; Ni iriba ry’Amazi Mazima.

Ikintu conyene dushinzwe gukora ni ukwumviriza Ijambo, ariRyo Jwi Ryemejwe Ryafashwe amajwi kandi Ryashizwe kuma bande. Ikintu conyene tubona si nemera, si umugwi w’abantu, ntakindi na kimwe tubona atari Yesu, kandi We ni Ijambo Ryihaye umubiri mu gihe cacu.

Imana ni Urusago rwacu kandi turi mu nzira ija mu Bwiza turongowe n’Inkingi y’Umuriro, ariyo Imana ubwaYo Ivugira mu muvugishwa waYo yemejwe wo muri Malaki. Turiko dufungura irya Manu Yanyegejwe, Amazi Mazima Umugeni Ashobora kwihereza Yonyene.

Imana Ntihindura inzira zaYo, kandi nta n’ubwo umurwanizi ahindura iziwe. Akora co kimwe uno munsi nk’uko yakoze imyaka ibihumbi bibiri iheze, kiretse yuko yabaye umuriganya arushirije.

Rero, inyuma y’imyaka amajana ane, Imana Yagendeye neza hagati yabo umunsi umwe. Bijanye n’Ivyanditswe, Yategerezwa kwambara umubiri Ikabana nabo. « Azokwitwa Umujanama, Umukama w’Amahoro, Imana y’ubushobozi, Data Wa twese Ahoraho. »
Kandi igihe Yaza mu bantu, bavuze bati, « Ntidushaka ko uyu Muntu Atuganza !…”

Bijanye n’Ivyanditswe, Umwana w’Umuntu Yoje ubugira kandi maze Abeho kandi Yihishure mu mubiri w’umuntu, kandi Yarabikoze, kandi bavuga co kimwe. Ata nkeka, basubiramwo kandi bavuga Ubutumwa, ariko ntibazoshaka ko urya muntu abaganza.

Ibi nivyo biriko birashika neza na neza :

Kandi nk’uko vyari ico gihe, ni ko biri ubu ! Bibiliya Ivuga yuko ishengero rya Lawodikiya ryoMushize hanze, na We Ariko Akomanga, Agerageza kwinjira. Hariho ikintu kitagenda neza ahantu hamwe.
None, kuki? Bari bigiriye insago zabo.

Umuntu ashobora kuvuga ati, « Ndazi kandi ndizeye ko MweneData Branham yari umuvugishwa. Yari umumarayika w’indwi. Ni we yari Eliya. Turizeye ubu Butumwa. » Maze bakarema ubwoko bunaka bw’urwitwazo, uko rumeze kwose, rwo kutavuza Ijwi Ry’Imana RYONYENE Ryemejwe mw’ishengero ryabo… Hariho ikintu kitagenda neza ahantu hamwe. None, kuki? Bari bigiriye insago zabo.

Mvuze ibi bintu atari ukugirango ntandukanye ishengero, Ijambo Ry’Imana Rirabikora. Nshaka ko duhurira hamwe, tube UMUCE UMWE hamwe n’umwe wese kandi hamwe naWe, ariko hariho inzira imwe yonyene yo kubikora : kw’Ijwi Ry’Imana ku ma bande. Iyo ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE y’Imana.

Imana Yaraduhishiriye Inzira yaYo itunganye. Ni iy’ubwiza cane kandi iroroshe. Ubutumwa bwose twumviriza butubwira, buturemesha, budutera intege, ko TURI UMUGENI WAYO. Turi mu bugombe bwaYo butunganye. Turiteguye mu KUMWUMVIRIZA.

Ubu butumwa ni ubw’iki gihe gusumba ikinyamakuru c’ejo. Turi ubuvugishwa bwashikijwe. Turi Ijambo Ryagaragajwe. Imana Iratwemeza hamwe n’Ubutumwa bwose twumviriza ko uyu munsi, Iki Canditswe Kiriko Kirashika.

Birashoboka ko hoba hari abantu mu bihugu bitandukanye, kw’isi yose, bazoshikirwa n’iyi bande no mu ngo zabo canke mu mashengero yabo. Twosaba, Mwami, ko mu gihe c’igikorane, ku—ku… canke mw’iyi bande iriko iravuzwa, canke aho tuzoba turi hose canke—canke ukwo tuzoba tumeze kwose, Imana Ihambaye yo mw’Ijuru Yubahirize iki kiri mu mitima yacu iki gitondo, maze Ikize ababikeneye, Ibahe ivyo bakeneye.

Rindira gatoya… ni ibiki Ijwi Ry’Imana gusa Ryavugishijwe kandi Ryavuze ?… abantu bazoba bariko baravuze amabande mu mihana yabo canke mu mashengero yabo.

Ariko turanegurwa kandi turakarirwa mu kuvuga ko TUDASHOBORA kugira Ishengero ry’Amabande mu mihana ? MweneData Branham ntiyigeze avuga ivyo kuvuza amabande mw’ISHENGERO ryanyu ?

IMANA ISHIMWE, RYUMVIRIZE, RISOME, UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Kandi ntiYAbivuze vyonyene, ariko mu kuvuza amabande mu mihana yanyu n’amashengero yanyu, Imana Yo mw’Ijuru Ihambaye Izokwubahiriza ubwizigirwa bwo mu mitima yanyu maze Ikize ababikeneye kandi Iduhe IVYO DUKENEYE VYOSE!!

Iki gisomwa kimwe CEMEZA ko abantu bumviriza abungere babo kandi NTIBUMVA IJAMBO, atari uko bohinyuje abungere babo maze bakabemeza bisunze IJAMBO ko turi mu BUGOMBE BUTUNGANYE BWAYO kandi KUVUZA AMABANDE MU MASHENGERO YABO ARI UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Sindiko ndashira ahatariho Ijambo canke ndaRivuga nabi nk’uko benshi bavuga ko ndabigira. Ryumvirize kandi uRYisomere ubwawe.

Biroroshe cane kandi biratunganye cane, FYONDA UVUZE gusa maze wumvirize Ijambo Ry’Imana Rivugana nawe. Vuge “Amen” kw’Ijambo Ryose mwumviriza. Nta n’ubwo mutegererezwa kuRitahura, mukeneye gusa kuRyizera.

“Nshaka kugenda ata nsago. Ntaco bitwaye ikiguzi notanga, nzotora umusaraba wanje maze ndawikorere buri munsi. Nzoja inyuma y’insago. Ntaco bitwaye ico abantu bamvugako, ndashaka kuMukurikira inyuma y’insago. Nditeguye kugenda”.

Muze maze muje mu ruzitiro ruvuga kugira mwinjire mw’Ijambo Ry’Imana hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi). Ntibigira akarimbi ivyo Imana Ishobora gukora kandi Izokorana n’umuntu yiteguriye kugenda inyuma y’urusago rw’umuntu.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa 64-0719E Kugenda Inyuma Y’Insago.

Ivyanditswe :

Abaheburayo 13:10-14 / Matayo 17:4-8

25-1214 Umunsi Mukuru WInzamba

Ubutumwa: 64-0719m Umunsi Mukuru WInzamba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Atunganye,

Ibi si ivyo nikuriye mu mutwe gusa, bagenzi. Ibi ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE, Ivyanditswe.

UmuKristo wese yipfuza kuba Umugeni, ariko turazi ko Umugeni wiWe Azoba ari inkehwa zatoranijwe gusa. Turazi ko Afise ubugombe bw’akagobero, ariko Umugeni wiWe Ategerezwa kuba mu bugombe bwiWe butunganye. Rero, dutegerezwa kurondera Imana mw’Ijambo RyaYo, hanyuma biciye mu Guhishurirwa, tuzomenya ubugombe bwaYo butunganye n’ingene twoba Umugeni WaYo.

Dutegerezwa gusesa Ivyanditswe, kuko turazi ko Imana ITIGERA Ihindura ivyiyumviro vyaYo ku bijanye n’Ijambo RyaYo. Imana Ntiyigera ihindura integuro yaYo. Niyigera Ihindura ICO ARI CO COSE. Uko yabikoze ubwa mbere kuratunganye. Ivyo Yakoze ejo Izobikora co kimwe uno munsi.

Uko Yahaye agakiza umuntu kuva mu ntango, Izotegerezwa guha agakiza umuntu uno munsi gutyo nyene. Uko Yakijije indwara umuntu wa mbere, Itegerezwa kubikora gutyo nyene uno munsi. Uko Imana Yahisemwo guhamagara no kurongora Umugeni WaYo, Izobikora gutyo nyene uno munsi; kuko Ni Imana kandi Ntishobora guhinduka. Ijambo ritubwira ko Yesu Kristo UKO YARI ARI ejo, n’uyu musi niko Akiri, niko Azokwama n’ibihe bidashira.

Rero, iyo dusomye Ijambo RyaYo, turashobora kubona neza Ingene Yahisemwo guhamagara no kurongora Umugeni WaYo igihe cose. Yahisemwo UMUNTU UMWE. Yavuze ko bari Ijambo ry’igihe cabo. Umuvugishwa yatubwiye ko ITIGEZE Igira umugwi w’abantu; bafise uburyo butandukanye, ivyiyumviro bitandukanye, kandi ikiruta vyose, Yavuze ngo, IJAMBO RY’IMANA NTIRIKENEYE INSIGURO.

Gutyo, ivyo umuvugishwa wese yavuze mu gihe cose ntibishobora kwongerwako canke ngo bikurweko. Ritegerezwa kuba Ijambo kw’Ijambo ivyo YAVUZE. Biroroshe cane niwambaza iyihe inzira Imana Yatanze ….GUMANA N’UMUVUGISHWA.

Ubu, ntituzi neza gusa inzira Imana Yatanze kuva kw’itanguriro, Umwami Azovuga mbere biciye ku mumarayika wiWe maze Atubwire ivyo Azokora muri kazoza, kugira gusa Yemeze rindi rimwe ko, IMANA IDAHINDURA INTEGURO YAYO.

Inyuma y’aho Umugeni WiWe (twebwe) Azoba Yavuye muri iyi si kandi Akahamagarirwa Amazimano y’Ubukwe, Imana Izohamagara gute Abayuda 144.000 batoranijwe? Umugwi w’abantu ?

Rero, iri Shengero (Umugeni) Rikimara gukwegerwa hamwe, Riraduzwa; kandi iryo banga ry’Agashashara k’Indwi, canke Agashashara k’Indwi, ibanga ryo kugenda. Kandi Abayuda Bahamagarwa n’ibanga ry’Inzamba y’Indwi, ari bo bavugishwa babiri, Eliya na Mose, kandi baragaruka.

Rero, Umugeni Akimara gukwegerwa hamwe, tuzoduzwa. Turazi ko hari ikintu kimwe gusa gishobora gukwegera Umugeni hamwe, Mpwemu Yera, kandi Mpwemu Yera ni Ijambo RyiWe, kandi Ijambo RyiWe ry’iki gihe ni Ijwi Ry’Imana, kandi Ijwi ry’Imana ni…

Nimba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko ivyo bishobora kubabaza, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Murabona ? Ivyo ndabivuze ubugira kandi, kiriya gihe hari munsi y’uguhumekerwa, murabona.

Nshobora guca nsubiramwo hano nyene nkavuga nti, iri JAMBO RIMWE gusa ry’intumwa mumarayika w’Imana yemejwe ryoba rihagije ku bantu bose biyita abizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo kugira ngo basabe umwungere wabo GUFYONDA AKAVUZA mu mashengero yabo canke akava ku butegetsi kugira ngo bashobore gutora umwungere afise UGUHISHURIRWA KW’UKURI KUVA KU MANA.

Rero, Inzamba Yaravuze maze abo bavugishwa babiri baraboneka mu gihe Adashobora kugira umumarayika wiWe w’indwi n’Umugeni wiWe hano kw’isi mu gihe kimwe baje. None Ahamagara Abayuda gute? Uko Yahamagaye Umugeni wiWe w’Umunyamahanga.

Kandi Abayuda bahamagawe n’ibanga ry’Inzamba y’Indwi, ari bo bavugishwa babiri…

Umugeni Ategerezwa kuva mu nzira, kugira ngo Aduge ubu; rero abasavyi babiri, abasavyi babiri b’Imana, mu Vyahishuriwe Yohana, abo bavugishwa babiri, barashobora kugaragara ku rubuga, kugira ngo babavugirize Inzamba y’Indwi, babamenyeshe Kristo.

Biragaragara neza ko Imana Idahindura integuro yaYo. Yarungitse abavugishwa baYo. Gutyo, Umugeni WaYo Azogumana n’inzira yiwe yatanzwe, umuvugishwa mumarayika wiWe, Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Rero kugira ngo bitomoke neza, Imana Yasubiye kuvuga, maze Ibwira Umugeni WaYo Iti: Wagumye uri umwizigirwa kuri Jewe n’inzira yaNje Nateguye, rero inzira yaNje yatanzwe y’iki gihe cawe izokubwira iti:

Umumarayika w’indwi, intumwa, avuga ati: «Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi!»

IRYO JWI Rirahambaye cane; IJWI RY’IMANA Rivugira mu mumarayika waYo w’indwi ku ma bande. Imana Igiye gukoresha IRYO JWI, IJWI RY’UMUMARAYIKA WAYO W’INDWI. SI UMUGWI…SI JEWE…SI UMWUNGERE WANYU…IJWI RY’INTUMWA MUMARAYIKA WIWE W’INDWI kugira ngo Atwimenyekanishe ubwiWe, Umwami Wacu Yesu Kristo.

Gutyo, TURAZI ko :

  • TURI UMUGENI WIWE.
  • TURI MU BUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE.
  • TURIKO TURIKURIKIRA INTEGURO YIWE Y’IKI GIHE MU GUFYONDA TUKAVUZA.

Igice c’Umugeni WiWe kizoba kiriko kirakorana kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) twumviriza umwungere wacu, intumwa mumarayika w’Imana, William Marrion Branham, kandi azoba ariko aravuga kandi aduhishurira ko ata rindi shengero, ata wundi mugwi w’abantu kuva kw’itanguriro ry’isi wigeze kugira akaryo dufise ko guhurizwa hamwe, wumviriza Imana Ivugana nabo Idaciye ku ruhande.

Mbega ukuntu turi abantu bahezagiwe. Turanezerewe cane. Turakenguruka cane. Umugeni ariko araba UMWE n’Umukwe.

MweneData Joseph Branham

Umusi mukuru w’Inzamba 64-0719M.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Abalewi 16
Abalewi 23:23-27 .
Yesaya 18:1-3.
Yesaya 27:12-13.
Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7
Ivyahishuriwe Yohana 9:13-14
Ivyahishuriwe Yohana 17:8

25-1207 Hanyuma Yesu Araza Maze Arahamagara

Ubutumwa: 64-0213 Hanyuma Yesu Araza Maze Arahamagara

PDF

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo,

Tubaho mu bihe vy’umwijima, ariko NTA BWOBA dufise, Databuja Yaraje. Yaje gushitsa Ijambo RyiWe mu gihe c’iherezo. Ico Yari Ari ico gihe, nico Ari uno munsi. Ukwigaragaza kwiWe n’ibimuranga Yari Afise ico gihe, ni ko biri n’uno munsi. Aracari Ijambo ry’Imana, Yigaragaza mu mubiri w’umuntu mu mumarayika wiWe w’indwi w’ubushobozi kandi Yaraduhishuriye, ko turi Umugeni Jambo RyiWe Rizima.

Nta mwanya dufise wo guharira canke wo gutera induru; twararenganye ico gihe; turiko tuja imbere, dutegerezwa gushika hariya. Mpwemu Yera Yaje hagati yacu. Umwami Yesu mw’ishusho ya Mpwemu Yarihishuye kandi Yarigaragaje Aciye mu muvugishwa wiWe ko Ari Ijwi Ry’Imana ku Mugeni wiWe.

Yavuze ko Azoza. Yavuze ko Azobikora. Yavuze ko Azoseruka ku rubuga mu gihe ca nyuma kandi Akore ivyo bintu nk’uko Yabikoze igihe Yaza mu mubiri ubwa mbere, kandi ng’uyu hano Ariko Arabikora. Ni igiki kibateye ubwoba? NTA NA KIMWE!!!

Turi mu nzira ija mu Bwiza! Nta kintu na kimwe kizoduhagarika. Imana Igiye kwemeza Ijambo RyaYo. Sinitayeho ibishika. Igihe co gukora kirageze. Igihe kirageze co kwizera canke kutizera. Uwo murongo utandukanya ushikira umugabo wese n’umugore wese warashitse.

Mwavutse kubw’intumbero kanaka. Igihe Umuco Wakurasira, Wagukuyemwo umwijima wose. Igihe wumviriza Ijwi RyiWe Rivugana nawe ku ma bande, hari ikintu cabaye. Ryavuganye n’ubugingo bwawe. Ryavuze Riti: «Databuja Yaje, Araguhamagara, nturuhe, ntutinye, NdaGuhamagara, Uri Umugeni WaNje».

Yemwe bantu, mumenye neza! Ntimugafate amahirwe adakwiye kuri ivyo. Imana Irafise integuro : Ijambo RyaYo Ryarafashwe amajwi kuma bande. Databuja Yaraje Araguhamagara. Ni uze mu nzira y’Imana Yatanze.

Databuja Agiye gusubira guhuza Umugeni WiWe kw’isi yose n’Ijwi RyiWe. Agiye kudutera intege, kuturemesha, kudukiza indwara, kutuzana mu Kubaho kwiWe kw’ubushobozi kandi Atubwire Ati :

Databuja Yaje kandi Araguhamagaye. Oo munyavyaha, oo muntu arwaye, mbega ntubona ko Databuja Yigaragaje mu biremwamuntu, hagati y’abizera? Yaje ngo Ahamagare abana biWe bizera mu magara meza. Yaje ngo Ahamagare abanyavyaha bihane. Wewe waguye, wewe munywanyi w’ishengero, Databuja Yaje kandi Araguhamagaye.

Mbega ugusukwa kwa Mpwemu Yera WiWe Umugeni Azoba Ariko Aragira kuri uyu w’iyinga mu gihe Imana Izosubira gukoraniriza hamwe abana bayo maze Ikinjira mu mihana yacu, mu mashengero yacu, mu makoraniro yacu, kandi Ikaduhamagara Ivuga Iti: “Databuja Yaje, Arahamagara. Ico mukeneye cose, ni icanyu.”

Mureke ayo majambo yinjire ibwina mu mitima yanyu beneData na bashikibacu. ICO UKENEYE COSE, DATABUJA YAJE KANDI ARAKIGUHA.

Data Uri mw’ijuru, Ewe Mwami, reka vyongere bishike. Ibi bintu vyose navuze : «Yesu Yaje Araguhamagaye.» Mbega Akora iki iyo Aje ? Arahamagara. None reka vyongere bibe, Mwami. Reka Mpwemu Yera WaWe Aze mu bantu uno mugoroba, Umwami Yesu mw’ishusho ya—ya Mpwemu. Aze uno mugoroba Yihishure, maze Yigaragaze.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 64-0213 Hanyuma Yesu Araza Maze Arahamagara

Igihe : Isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville. (Isaha imwe y’ijoro mu Burundi)

Ivyanditswe: Yohana Mweranda 11:18-28

25-1130 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Gikorwa c’Imana c’Akaroruhore,

Ubuzima bwose bw’ukuri bwari mu mutumba, umurayi, no mu gishishwa, ubu buriko bukoranira muri twebwe, Uruvyaro Cami rw’Imana, Ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, kandi buriko butegurirwa kuzuka, hamwe n’iyimbura. Alufa yacitse Omega. Uwa mbere yacitse uwa nyuma, uwa nyuma na we ubu ni uwa mbere. Twaraciye mu nzira runaka maze tuba Ibikorwa vyiwe vy’Akaroruhore, igice cavuye kuri We.

Umugeni n’Umukwe ni Umwe!

Imana Yeretse umuvugishwa waYo imbere y’igihe umwe wese muri twebwe, Ibikorwa vyaYo vy’Akaroruhore, mu kwerekwa. Mu gihe yari ahagaze hariya ari kumwe n’Umwami yitegereza Umugeni Aca imbere yiwe.

Yarabonye umwe wese muri twebwe. TWESE amaso yacu yari ahanze KURI WE NEZA. Yavuze ko turi abantu basa n’abeza kuruta abandi bose yigeze kubona mu buzima bwiwe. Hariho gusa ikintu kinaki cari kidukikuje. Twari abeza cane kuri We.

Nimwibuke, uku kwari UKWEREKWA Umugeni; Uko Yoba Asa, no kutubwira neza na neza ivyo Yari Ariko Arakora. Nimwumvirize neza.

Azova mu mahanga yose, acike Umugeni. Umwe wese yari afise umushatsi muremure, kandi ata vyo kwisiga amarangi, ari abakobwa beza vy’ukuri. Kandi bariko barandaba. Ivyo vyerekana Umugeni ava mu mahanga yose. Murabona ? We, umwe wese yaserukira ihanga, uko batambuka mu buryo butunganye bahuje n’Ijambo.

Umugeni, reka mvuge ivyo ubugira kandi, UMUGENI, wo mu mahanga yose yari ahanze amaso ku mwungere wabo, ku mugwi w’abantu….OYA, ivyo sivyo yavuze. Bari bahanze amaso KU MUVUGISHWA, bamuraba.

Igihe cose bagumiza ijisho ryabo ku muvugishwa, batambukira mu gutungana. Ariko rero aratugabisha, hari ikintu cabaye. Bamwe baramukurako amaso batangura kuraba ikindi kintu cavuyemwo uruzazane.

Kandi, rero, ntegerezwa kuMuraba. Azova mu nzira z’Ijambo ni ntaraba, igihe ariko ararengana, n’iyo yabikora. Nkumbure kizoba ari igihe canje, igihe nzoba ntagihari, murabona, igihe nzoba nararangije, canke ico ari co cose.

Ategerezwa kuMuraba, Atari ukwo Azova mu nzira mu gihe Arengana. Ariko aca avuga ngo nkumbure coba ari igihe canje, igihe nzoba nararangije, igihe nzoba ntagihari hano, Bazova mu nzira mu kutarangamiza amaso yaBo kuri we.

Yariko aragabisha neza UMUGENI, Mutegerezwa kugumiza amaso yanyu kw’Ijwi Ry’Imana Riri ku ma bande. Iyo ni yo nzira Imana Yatanze y’iki gihe. Iryo ni ryo Jwi Rizohuza kandi Rizotunganya Umugeni. Niwakura amaso n’amatwi yawe kw’Ijwi, Uzova ku murongo winjire mu ruzazane.

Ubutumwa bwose burushiriza gutomoka. Ni Imana y’ubushobozi Iriko Irahishurwa imbere yacu, Igaburira Umugeni waYo Manu Yanyegejwe dushobora kurya Yonyene. Ni ubutunzi burenze ku bandi bose, ariko ni Imfungurwa Zanyegejwe z’Umugeni.

Mbega igihe c’Ugukenguruka Umugeni Ariko Aragira, Afungura Ijambo, Ahinduka Umugeni Jambo Atunganye w’Igikorwa c’Akaroruhore.

Ni Wenyene, nk’Umukwe, “Yanswe n’abantu, Asuzuguwe kandi Yanswe n’amashengero.” Umugeni Ahagaze gutyo. Ni igiki? Ni Igikorwa Ciwe c’Akaroruhore, murabona, ni Ijambo Ashobora gukoreramwo, ni Ryo Ashobora kugaragaza. Ukwankwa!

Nimuze mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe Imana Ivuga biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi, Idukeba kandi Ikadutunganya kugira ngo tube Igikorwa c’Akaroruhore c’Imana.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa : 64-0705 Igikorwa c’Akaroruhore

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane :

Yesaya 53:1-12.
Malaki 3:6.
Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 9:7
Uwera Yohana 12:24 / 14:19