24-0317 Kugenda Inyuma Y Insago

Ubutumwa: 64-0719e Kugenda Inyuma Y Insago

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Basoda b’abaKristo,

Muvyiyumvire. Ni igihe c’iherezo, Haleluya !Turi ng’aha. Umunsi uhambaye w’Ukuza kw’Umwami kubw’Umugeni WiWe uregereje. Ubwacu dukoranira hamwe kw’isi yose, dutunganywa mu kwumviriza Imana. Ducunze kandi turindiriye guseruka kw’abakunzi bacu… ni umunsi uwo ari wo wose ubu.

Ikintu conyene twashinzwe gukora ni « kugumana n’Ijambo. » Ivyo tubona vyose ni Yesu, kandi We Ni Ijambo Ryihaye umubiri. Uko ni Uguhishura kw’igihe cacu. Urwo ni Urusago rw’Imana rw’Umugeni WaYo.

Ubu Butumwa, Iri Jwi, aya mabande, ni vyose dukeneye kubw’Izamurwa. Nta kindi na kimwe dukeneye.Twarasohowe, twatandukanijwe n’ikintu cose atari rirya Jwi. Turemeza ko Rirya Jwi ari Inzira Imana Yatanze kubw’iki gihe.

Muvyiyumvire, Yaduhaye umuhanuzi ahambaye cane w’ibihe vyose. Uwo Inkingi y’Umuriro ubwiWe yifotoje nawe ku buryo Yashobora kubwira isi Ati, « Uyu ni umumarayika wanje w’inkomezi. Ni Ijwi RyaNje kuri mwebwe. Ico avuze kw’isi cumvikanira mw’ijuru. Nta n’umwe ameze nkawe ».

« Namujeje, kandi we wenyene, amabanga yaNje yose nahishije kuva kw’itanguriro ry’isi. Ni we natoranirije kubankurira mw’isi. Niwe Natoreye kubarongora, kubayobora no kubereka aho muca. Ndabatangarije, Mumwumvirize, kuko si we avuga, NI JEWE, NDIHO AHAMBAYE.”

Naragenye kandi narahamagaye abantu b’inkomezi gutangaza no kubwira isi bati, “Uyu munsi, Ivyanditswe vya Malaki 4, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, na Luka 17:30 birashitse imbere y’amaso yanyu. Umumarayika wiWe w’inkomeze yaraje, nk’uko Ivyanditswe Vyatangaje. Imana Iri ng’aha muri twebwe, Yihishura mu mubiri w’umuntu nk’uko Yavuze ko Yobikoze.

Ni Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Duhamagariwe kuMubereka, umumarayika w’Imana. Ni we Mpwemu Yera Yatoreye kurongora no gusohora Umugeni WiWe. Ntimuharire, ntimunane, ntimurwane kandi ntimuhwihwishe uwugiye kuba umuherezi mukuru; uwoba iki, kiriya canke ikindi. MUGUMANE NA RIRYA JWI. Kuko hari IJWI RY’IMANA Rimwe gusa Ryagaragajwe kandi izina ryiwe ni William Marrion Branham.

Dutegerezwa kwitondera cane kugumana na rirya Jwi, kuko hari menshi cane ashaka kubajana kure. Imigenzo yabo igumiza rirya Jwi ry’ukuri kure y’abantu. Ryacitse irinyamahanga kuri benshi cane muri bo. Ijwi ryabo ryarafashe ikibanza, ikibanza c’iryo Jwi, gushika aho Imana, mu buryo bw’amabande Ibagendeye, Iba umunyamahanga.

Ukuba ng’aha kw’Imana Guhambaye kw’iteka kuri hamwe natwe. Umuntu wese yitaho ivya Mpwemu ashobora kuvuga ko Rirya Jwi ari Ijwi ry’Imana. Ni Urusago rw’Imana ry’iki gihe.
Umuntu wese avuga ko ari Umugeni wa Kristo ategerezwa guhitamwo Urusago arimwo. Bategerezwa kwibaza iki kibazo gisanzwe : Ni irihe Jwi Umugeni Ashobora kubwira “AMEN” ?

Namba vy’ukuri uri Umugeni wa Kristo, hamwe n’Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo ry’iki gihe, hariho inyishu imwe yonyene : Ijwi ry’Imana ku mabande. Ata nkeka Satani agerageza kubigirako ubukorikori mu buryo bwinshi butandukanye, ariko nta yindi nyishu ku Mugeni. Biroroshe cane.

Twese turazi ko Satani akoresha irya nyishu kugira ngo adutandukanye. Ariko Ijambo Ritubwira ko Umugeni Atagerezwa kuba KWUNGA UBUMWE… TWUNZE UBUMWE, biciye mw’IJWI RYONYENE RITUGIRA UMWE.

Ni muze mwunge ubumwe natwe, kuko igihe kiriko kirarenga cane.

“Nshaka kugenda ntari kumwe n’urusago. Ntaco bitwaye ikiguzi vyontwaracose, nzofata umusaraba wanje maze ndawutware iminsi yose. Nzoja inyuma y’usago. Ntaco bitwaye ico abantu bamvugako, nshaka kuMukurikira inyuma y’urusago. Nditeguye kugenda.”

Namba ushaka kuba mu Rusago rwImana rw’iki gihe, UTEGEREZWA KWIZERA ko Ijwi ry’Imana ku mabande ari Ijwi ry’ingira kamaro kuruta ayandi utegerezwa kwumva.

Ni muze mwifatanye n’igice c’Umugeni kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi Imana Yahisemwo kurongora Umugeni WaYo, mu gihe azana Ubutumwa, Kugenda Inyuma y’Urusago, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ku mugoroba, ukwezi kwa mukakaro, umwaka wa 1964.
Si “urusago” ; ni RURYA RUSAGO.”

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Igikorane :

Abaheburayo 13 : 10-14
Matayo 17 : 4-8