Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Munsi

24-0725

65-0219 Uno munsi iki canditswe kirashitse

Mbega akarorero keza k’Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo ! Igihe bwigishwa, umwanya w’ubuntu, hamwe n’umwanya wa Yubile ; uwo uri we wese, uwo woba uri we wese, ibara ry’urukoba rwawe, idini urimwo, kugeza naho wadwibiye mu caha, canke ikitagenda neza kuri wewe ; urashobora gushirwa mu mwidegemvyo igihe wumvise inzamba y’Ubutumwa Bwiza Ivuze. Uridegemvya !

Ariko uhaye umugongo Ubutumwa maze ukanka kuBwumviriza, raba neza, bagutoboza ugutwi umugera. Bisigura ko, warenze umurongo w’ubuntu n’urubanza, ukaba utazokwongera kwumva Ubutumwa Bwiza. Ntuzokwigera urenga aho. Utegerezwa kuba umuja w’ico kintu urimwo, kugeza kw’iherezo ry’iminsi yawe, mu gihe wanse kwumva umwaka w’ubuntu.

Umutsima wa Buri Munsi

Ariko jewe, amasengesho yanje ari kuri wewe, Uhoraho : Mana, mu gihe co kwemeregwamwo, kubw’isinzi ry’imbabazi zawe, Unyishurishe ukuri kw’agakiza kawe. Zaburi 69 :13

24-0724

57-0228 Uwuruta Salomo Ari Hano

Yooo, nshaka kubereka ikintu ciza hano. Igihe Yesu Yasenda idayimoni, cabaye ikintu gisanzwe ku buryo yakoresheje urutoki rwiWe mu kuyirukana. Ivyo nivyo Akeneye gusa. Yooo, nihahezagirwe Izina ryiWe ryera. Yakoresheje gusa urutoki rumwe kugira Acuvye idayimoni ihambaye yashobora kuza ivuye mu muriro waka. Kubw’urutoki rwiWe rutoya Yarayirukanye. Ni ivyo Akora gusa. Ariko, iyo intama ntoya mu ntama ziWe izimiye, yafashe iyindi nzira, rero iyo Ayizanye, arayifata akayishira ku bitugu vyiWe. Igice gihambaye c’umubiri w’umuntu ni umugongo n’ibitugu. Rero akoresha igice gikomeye c’umubiri wiwe ariko ntabwo ari urutoki rwiWe. Ariko intama izimiye, Ayishira ku bitugu vyiWe maze akayikorera mu bwitonzi kugira ngo Ayigarukane mu ruhongore. Mu gihe kw’idayimoni akoresha urutoki …

Umutsima wa Buri Munsi

Mugira ngw iki ? umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosigazimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye ? Matayo 18 :12

24-0723

59-1128 Umuryango w’Umutima

Ubu, twitegereze mu mutima w’umuntu, asangwa hari imiryango imbere mu muryango. Yamara abantu bavuga bati : « Yesu Injira mu mutima wanje kuko ntashaka kuja ahantu h’imibabaro ni napfa. Ngira ndakwemere nk’Umucunguzi wanje, ariko nsishaka ko uba Umwami wanje. »

Yamara biratandukanye rwose. Arashobora kuba umucunguzi wanyu yamara atari umwami wanyu. Igihe ari Umwami, ni Umwami wa vyose. Agace kose kabagize, ni Umwami wako, ahabwa ikaze mu mpande zose z’umutima wawe.

Umutsima wa Buri Munsi

Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i We dusangire.
Ivyahishuriwe Yohana 3:20

24-0720

59-1128 Umuryango w’Umutima

Ubu, twitegereze mu mutima w’umuntu, asangwa hari imiryango imbere mu muryango. Yamara abantu bavuga bati : « Yesu Injira mu mutima wanje kuko ntashaka kuja ahantu h’imibabaro ni napfa. Ngira ndakwemere nk’Umucunguzi wanje, ariko nsishaka ko uba Umwami wanje. »

Yamara biratandukanye rwose. Arashobora kuba umucunguzi wanyu yamara atari umwami wanyu. Igihe ari Umwami, ni Umwami wa vyose. Agace kose kabagize, ni Umwami wako, ahabwa ikaze mu mpande zose z’umutima wawe.

Umutsima wa Buri Munsi

Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i We dusangire.
Ivyahishuriwe Yohana 3:20

24-0719

55-1110 Ubuzima Buhishijwe muri Kristo

Vyarigeze kubashikira ko muvyuka kare mu gitondo, mugasohoka kare hanyuma mukakira kuri ako kayaga keza gatunganye, vyari bimeze gute ? kandi ese ukuntu vyose aba ari vyiza? Urume ruba rwamanutse.

Yooo, mweneData, mushiki wanje asangwa ikintu woba uzi gusa ari ukuja kw’ishengero , asangwa ikintu woba uzi ari ukwifatanya canke ukubatizwa, canke ikintu nk’ico, kubera iki udahisha ubuzima bwawe muri Kristo. Ube wewe wenyene mu gutekereza, kure y’isi n’ibintu vyose vy’isi, hama wicare uheze wirabire ukuntu ukuryoherwa kw’igitangaza kwururuka.

Murazi, Yesaya yaravuze kuri ico kintu igihe kimwe. Yavuze ati, « Ibwirizwa kurindi, ibwirizwa kurindi, umurongo kuwundi, umurongo kuwundi, hamwe tumwe ahandi utundi, nimugumye ivyiza. nzovuganira n,ubu bwoko mu kanwa katumvikana no murundi rurimi kandi nimurabe isabato (canke kuryoherwa) izoza ivuye k’Umwami ».

Umutsima wa Buri Munsi

Mu gahinduka abasha mu mpwemu y’ubwenge bwanyu. Abanyefeso 4:23

24-0718

56-0405 Ukuzuka kwa Yesu

Imana Ntishaka ko mwijirirwa. Imana Ishaka ko muba abantu banezerewe. Umutima w’umuntu ukozwe ngo ube uwunezerewe, uruhagarara nirwo ruzogutera cancer. Ishavu niryo rizogutera cancer. Ntuze wigere na rimwe ushangashirwa. Gusa gendera mu rukundo rwiWe. Amen. Mu gihe uzi ko ugendera muri We kandi akaba ata kintu na kimwe coshobora kuguhungabanya. Nta bushobozi na bumwe, vyaba ibiriho, canke ibizoza, Nta na kimwe cogutandukanya na We. Turi muri We. kandi ntitwinjira Imbere kubwo ukugomba kwacu, ni kubwo guhitamwo, Yaraduhisemwo, Atwinjiza muri We. Amen. Ni ahiWe rero ho kwitwararika ico yakiriye. “Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.” Amen. Ni Data Abitwararika. Ninde Afise ububasha kurusha Imana? Rero ni ubuhe bwoko bw’ubushobozi buri kuri mwebwe bubitwararika? Ubushobozi bwose bwaremye ibiriho. Amen

Umutsima wa Buri Munsi

Yemwe mahanga yose, ni mukome amashi; Muvugirize Imana impundu zo kunesha. Zaburi 47:1

24-0717

56-0101 Kubera iki abantu batagira aho baragamye
UmuKristo ntajarajara. umuKristo ntava ng’aha aja mu kindi kibanza. umuKristo ntatongana, ntashavura birenze urugero kandi ntaco atinya. Vyose vyararangiye. Vyose vyarashikijwe i Kaluvariyo k’uwizera. Uko ni ukuri. Yoo indwara zishobora kuza n’uguhemukirwa, ariko umuKristo ari mu karuhuko, azi ibi y’uko : Imana ishoboye kuzigama ico yasezeranye. Mu kumenya y’uko ico kintu uko coba kiri n’uko gisa, yaba indwara , umubabaro, urupfu, inzara, nta na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu. Turi mu karuhuko, ubwato bwa kera bushake buyumbayumbire iyo bushaka, inanga irafashe.

Umutsima wa Buri Munsi
kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.
Abanyefeso 4:14

24-0715

63-1116B Imitahe

Mu Vyahishuriwe Yohana 3, dusoma ibi , yuko Ishengero ry’I Lawodikiya, aho berekana ishusho iteye ubwoba muri Bibiliya yose, Ishengero ry’i Lawodikiya mu Vyahishuriwe Yohana 3 . Mu yandi mashengero yose, uvuye mu gihe c’ishengero rya Luteri, rimwe ryose mu bihe vy’ amashengero yose indwi, havurwa Yesu ari imbere mw’ishengero, « We Yari mw’ishengero. » Ariko muri Lawodikiya, Yari hanze, adodora, Agerageza kwinjira imbere. Mbega ikintu kibabaje kwiyumvira « Umwana w’Imana ari ku rugi rw’ishengero ryiWe bwite ariko agerageza kwinjira imbere. »
Ariko ubutunzi bw’iyi si bwari bwahumishije amaso yabo. Atari ubutunzi mu mafaranga, ariko ubutunzi mu kuvugangwa, ubutunzi mu bintu vy’iyi si, umwitwarariko w’ubuzima, kugeza aho bafatanije…abantu b’abanyabumenyi barinjiye imbere baca bakurayo rwa Rubuto, rw’ako – ako kabuyenge k’igiciro gihambaye . Yamara Imana Yaratoranije ihanga rizokwibera hariya : umuntu munaka azokwibera hariya. Ariko bobo baRitera umugongo. Ntibizoba ivya bose : Bamwe bazoRyakira.

Umutsima Wa Buri Munsi

Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira
Zaburi 125 :1

24-0714

Ubugingo buri mw’ibohero ubu 63-1110M

Yesu Yatangaje ko ata na kimwe Yakora imbere yuko Data Akimwereka. Kandi Data, ni Mpwemu Yera, turabizi. Ni igikorwa c’Imana gusa. Namba atari vyo, ni nde muri bo ari Se wa Yesu Kristo ? Yesu Yavuze ko Imana Yari Se, kandi Bibiliya Yavuze ko Mpwemu Yera Yari Se. Nuko, ntushobora kuMugira umwana w’ikivyarwa, rero Mpwemu Yera ni Imana, nk’uko Yesu Yari Imana. Data, Umwana na Mpwemu Yera ni… Ni i… Ivyo ni ibikorwa bitatu vy’Imana imwe. Ni ibigize Imana bitatu, ya Mana nyene.

Uri igice c’Imana, kandi ndi igice c’Imana, urabona; ariko si ndi vyose vy’Imana, kandi nawe nturi vyose vy’Imana. Urabona ? Urabona ? Ni uko twebwe turi ibigize Imana , nk’abana bagizwe abaragwa na Yesu Kristo. Ni Imana ubwaYo Yihaye umubiri, kugira ngo Ipfe kubwacu.

Umutsima wa buri munsi.

Kuko hariho batatu bashinga intahe mw’Ijuru, Data, Ijambo na Mpwemu Yera : kandi aba batatu ni umwe. 1 Yohana 5 :8

24-0713

61-0827 Ubutumwa bw’ubuntu

Rero Imana Yategerezwa kwigira umuntu. Kandi Yapfiriye mu mubiri w’umuntu, mw’ishusho y’umuntu yitwa (Yesu Kristo), kandi uwo Yari Mesiya Yatuzaniye ubwo buntu. Ni ng’aho ubonera ko Imana na Kristo bari Umwe : Imana Yaba muri Kristo. “Jewe na Data turi Umwe, Data Aba muri Jewe, si Jewe Mvuga Ijambo ariko Data Ari muri Jewe.” Ata nkeka Imana muri Kristo!

Ubuntu bwarasezeranywe mw’itongo rya Edeni kandi Ubuntu bwaraje, Ubuntu bwaje kuri Adamu na Eva. Ntaho bari bafise baja, nta na hamwe bari guhindukirira, kandi ukwo biri kwose, Ubuntu bwari bwateguye inzira.

Ni munyemerere mvuge ibi mugenzi wanje munyavyaha. Birashoboka ko woba uri umumaraya muri aka gatondo; birashoboka ko woba uri umugabo yama yiruka inyuma y’abagore muri aka gatondo, urashobora kuba uri imboregwa hano canke umukinyi w’urubugu canke umwicanyi. Birashoboka ko woba uri umugabo yanduye, umugore yanduye, birashoboko ko woba uri umunyavyaha karuhariwe. Uvuga uti, “Gucungurwa kuri jewe, ntibigishoboka.” Oya, Sivyo. Ntiwobaye mw’ishengero muri aka gatondo iyaba ariko vyari biri. Ubuntu bugiye gutegura inzira kuri wewe muri iyi saha y’umwiza, asangwa gusa ugiye kuvyemera. Adamu yategerezwa kuvyemera kandi nico kimwe na wewe. Vyemere.

Umutsima wa Buri Munsi

Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu. Abaroma 6:14

24-0712

56-0406 Ijambo Ritihenda ry’Imana

Imana, imbere y’ugushirwaho kw’isi yararavye iciye mu bihe ibona ivyari bigiye gushika vyose. Nuko rero, Yashobora Guhamagara no Gutoranya abo bose Yari Izi ko Yoshize mu nyubako yaYo. Ukwo ni ukuri. Kandi asangwa mwahamagawe na Mpwemu Yera kuri uyu mugoroba, akanabaha ubuntu bwo kwinjira mu Bwami bw’Imana, mutegerezwa kubinezerererwa. Amen.

Asangwa muri mu Bwami bw’Imana, mukaba muri igice c’umubiri wa Kristo, icubahiro kibe Ic’Imana. Mubaho ubwo buzima. Mukora ibintu bigororotse. kandi mwibuke bishobora kuba bitoroshe kwakira, ariko fata umwanya wo kuvyakira buhoro buhoro. Asangwa muri mu mubiri wa Kristo, nta kintu na kimwe Izokurako. Oyaa, umubiri wiWe Uratunganye, nta gice na kimwe gikeneye gukurwako. Amen. Whew. Ukwo ni ukuri.

Umutsima wa Buri Munsi

Kristo, ni we bugingo bwacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekanwa muri kumwe mu bwiza bwiwe.
Ab’i Kolosayi 3 :4

24-0711

53-0508 Imana Yaratumye Mose

Numvise umuntu avuga urya munsi yuko indwara, yuko ari Uhoraho Yazanye indwara, Adushirako indwara ; ivyo nivyo mugihe ukoze icaha. Nimba wakoze ikintu kibi, gitunganye n’Imana. Ukwo ni ukuri. Ariko indwara ni iy’umurwanizi. Kandi indwara ni ingaruka mbi y’icaha. Kubw’icaha, twaronse indwara. Atari uko nkeka woba waracumuye, ariko ni ikintu kiza ukw’ibihe vy’urunganwe bigenda bikurikirana. Yaratanga igihano no ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane. Ariko Amaraso ya Yesu Kristo Yarakuyeho icaha, kandi akuraho indwara. Asangwa gusa mwebwe ba Dawidi mwiteguriye gufata ikibanza canyu… Ego, mugenzi.

Umutsima wa Buri Munsi

None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bakoze ivyaha: Abaroma 5:12

24-0710

56-0728 Gusatagura ikiyaya mw’imigazo

Nyereka uwo mukunda kuba muri kumwe, nca nkubwira uwo uri we. Nyemerera ninjire mu nzu yawe mpeze nitegereze ivyo ushira ku meza yawe. Nyemerera ndabe ivyo wanditse muri Bibiliya yawe, mpeze ndabe ko udafise vya binyamakuru bitwenza. Reka numvirize ubwoko bw’umuziki wumviriza kw’I radio. Ndabe ubwoko bw’amafoto ufise mu nzu yawe. Nca ndababwira ico ukozwemwo. Nivyo mugenzi. Nivyo bintu bigaburira ubugingo bwawe. Ukwo intahe yawe yoba imeze kwose, ivyamwa vyawe vyerekana uwo uri we. Ni vyiza.
Yooo, ukwo ni ukuri. Ubugingo bwawe bugaburirwa ikintu kinaka. Kandi ntaco bitwaye ukwo ubwoko bw’ubugingo bwawe bwoba bukozwe, ico nico kizo— nico kizogarara. Nico gituma Yesu Yavuze Ati, “Muzobamenyera ku vyo bama.”

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko muzobamenyera ku vyo bama. Matayo 7:20

24-0709

53-0405S Genda ubwire abigishwa banje

Hari kare mu gitondo. Bari babitse umubiri wiWe mw’ivu kw’I sabato kuko wari umugenzo wo kudakora ikintu na kimwe ku munsi w’I sabato. Rero Yapfuye ku wa gatanu ku muhingamo isaha icenda, maze aca azuka ku w’iyinga mu bucagucagu.
Ubu, ngira nishure iki kibazo, mu gihe mu kiri ng’aha, iki gitondo, muri iki gikorwa c’uguseruka kw’izuba. Abantu benshi bavuga bati, “Bishoboka gute ko yavuze ko Azogumayo… ko Azoguma mu mva iminsi itatu n’amajoro atatu?” ntiyigeze avuga ko Azokora ivyo.
Yavuze Ati, “Mu minsi itatu Nzozura umubiri waNje. » Murabona ? rero igituma Yakoze ivyo n’uko Dawidi yari yaravuze, ahantu hamwe mu vyanditswe ati, « sinzoreka ubugingo bwiWe ngo buje i kuzimu, Kandi sinzokundira Uwera wanje ngw az’ abore. » kandi yari azi y’uko umubiri w’ikiremwa muntu ubora haciye amasaha mirongo irindwi n’abiri, iminsi itatu n’amajoro atatu. Rero hagati y’iyo minsi itatu n’amajoro atatu, Imana Yari Igiye kumuzura. Rero, Yapfuye ku muhingamo wo kuwa gatanu, isaha icenda maze aca Azuka ku w’iyinga mu bucagucagu.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore. Zaburi 16:10

24-0708

61-1119 Inkomezi zitunganye mu ntege nke zitunganye

MweneData, umufuniko wa Gehinomu warugurutse. Ukwo ni ukuri. Kandi imipfunda y’ububasha bw’amadayimoni yisukira ahantu hose. Bwigaruriye amahanga. Bwigaruriye Politike, kugeza aho habaye kubora gushika mu musokoro. Bwigarurira amashengero, kugeza aho batakimenya ikindi kintu uretse amadini yabo.
Muvuga muti, “Uri umuKristo?
“Ndi umu Metodisiti.”
“Uri umuKristo?”
“Ndi—ndi umu Pentekoti.”

Ivyo ntaco bivuze nk’uko nabivuze uwundi munsi, ntibisumba kuba imbwa, canke ingurube canke igitwazi, canke ikindi kintu nk’ico. Ntaho bihuriye. Uri umuKristo igihe umaze kuvuka ubwa kabiri, hanyuma ukuzuzwa Mpwemu Yera, ntabwo ari imbere y’ivyo, gurtyo rero mukuzuzwa Mpwemu Yera. Asangwa mutiyeguriye Mpwemu, rero ntimwavutse bushasha kandi ntabwo mufise Mpwemu Yera.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo… Yesaya 13:11

24-0707

60-0304 Kugira Inyota y’Ubugingo

Nama kenshi mvuga ko iyoba nari umugabo akiri muto w’imyaka mirongo ibiri n’itanu, namba Imana Yogaragara kuri alutari muri rino joro, hanyuma Ikavuga iti, “ Ndaguhindura muwimyaka mirongo ibiri n’itanu, nuko ubeho imyaka umuriyoni, kandi nzokugira umwami w’isi, ikintu cose kizoba kiri mu bubasha bwawe; canke nzoguha imyaka ijana y’ubutindi n’amagorwa, ingorane, hamwe n’amaganya, ariko kumpera yiyo myaka ijana nzoguha Ubugungo Budashira, ariko kumpera y’imyaka umuriyoni uzoba uzimiye.” Yooo, novuga nti, “Mwami Mana, nsinkeneye kurindira igihe kirekire kigira nkore uguhitamwo kwanje: ndeka mbeho imyaka ijana y’ubutindi n’amagorwa, uburyo bwose bw’urupfu untoreye bwo gupfa, ariko, Mwami, umPe ubugingo budashira, kuko naho isi yose yoba rwanje kandi nkaba umwami umuriyoni, kumpera iyo myaka umuriyoni, mpinduka icaremwe kibohewe mu muriro Ibihe Bidashira. Ariko ntaco bitwaye uko ibimbako ari bibi hano, kumpera y’ubuzima bwanje mugihe ndonse ubugingo budashira, nzokomeza mu Nyonga Hahezagiwe h’Imana ibihe vyose.”

Umutsima wa Buri Munsi

Ukunda ubugingo bgiwe azobubura, arik’uwanka bgiwe mur’iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira. Yohana 12:25

24-0706

57-0901e Abaheburayo Igice ca Kane

Ntimutegerezwa kugira amakenga ku kintu ico ari co cose c’Imana. “Kuko intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho.” Kandi ingorane yose iza kuri wewe, kugira ikugerageze. Kandi Bibiliya Yavuze Iti, “Nivyo kwipfuzwa kuruta izahabu.” Nuko namba Imana yoreka ingorane zisanzwe nkeya zigushikire, mwibuke, ni kubw’ukugukosora. “Umwana wese aza ku Mana ategerezwa gukangirwa n’Imana, akageragezwa, umwana yigishijwe.” Ntawuvamwo. “Umwana wese aza.” Kandi zino ngorane ziraba kugira harabwe ingendo uzofata. Murabona? Ni Imana, hano ku rubuga rw’igeragezwa. Isi yose, ni aho kugeragerezwamwo, kandi aho We Agerageza kukugerageza.

Umutsima wa Buri Munsi

Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; 2 Ab’i Korinto 4:8

24-0705

62-0909E Mu nyonga hiWe

Itegereze, urya mu maraya mutoya hariya hepfo kiriya gihe i Samariya, urya mugore. Yari ameze nabi mu vyiyumviro no mu mubiri. Ivyo turabizi. Ariko ubwo nyene abonye kiriya kimenyetso gikoretse ca Mesiya, yavuze ati, “Turazi ko Mesiya azoza agakora ibi. Utegerezwa kuba uri umuhanuzi wiWe.”
Yavuze ati, “Ndi urya Mesiya yavuzwe ko Azoza.”
Yarabimenye. Ntiyabajije ikindi kibazo. Yaciye afata inzira, kuko yari afise inshingano ziwe. Yarazi namba yari yatahuye ivyo maze akinjira mu Nyonga z’Imana, yategerezwa kubibwira uwundi muntu. Haleluya! Nivyo. Umuntu wese yinjira mu Nyonga z’Imana, afise inshingano imbere y’Imana, kuva uyo mwanya, yo kubibwira uwundi muntu. Itegereze Aburahamu, itegereze Mose, itegereze Petero, itegereze Paulo, igihe binjira mu Nyonga z’Imana, bitahuye ko ari abanyavyaha maze bamatanisha ibishingantahe vyabo n’ubuzima bwabo. Itegereze urya mwigeme mutoya, ntiyashobora kuvyihanganira, yagiye mu gisagara abwira abantu ati, “Ingo, murabe umuntu yambwiye ibintu nakoze. Uwo ntiyoba Mesiya.” Ntibari gushobora kubihakana kuko vyari Ivyanditswe. Vy’ukuri. Ego, dutegerezwa kubikora, muntu hariya, dufise inshingano yo kubibwira abandi nk’uko Mose yabikoze, nk’uko Petero yabikoze, nk’uko Paulo yabikoze. Inyuma y’ibi bintu, mwarabibonye, kandi iyo mwinjiye mu Nyonga hiWe, mufise iyo nshingano, mutegerezwa kubwira ubutumwa uwundi muntu. Ntutegerezwa kuvyigumizamwo, ahubwo uca ubisangiza n’uwundi.

Umutsima wa Buri Munsi

Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abaremwe bose ubutumwa bgiza. Mariko 16:15

24-0704

63-1222 Ingabire z’Imana Zironka Buri Gihe Ibibanza Vyazo

Mariya, nyina wa Yesu mu gisagara c’i Nazareti, igisagara kibi cari mu gihugu, ariko muri co Imana Yatoye umwigeme akengeretse kugira avyare Umwana waYo ; ikibundikirizo, categerezwa ku… kuvukiramwo Umwana. Yatoye uwo muntu kugira akore ivyo. Imana Ikorera mu bantu kugira Icungure ibiremwa muntu. Ishobora kugutora, Igakora Iciye muri wewe kugira Icungure abantu, namba uzoshikana wese ukwo uri.

Namba uri umugore akiri mutoya, shikana imico yawe. Namba uri umugabo akiri mutoya, shikana imico yawe, shikana ubwenge bwawe, shikana ukwiyumvira kwawe, shikana umutima wawe, shikana ubugingo bwawe, shikana uko uri kwose! Maze ureke Kristo Akore Aciye muri ivyo. Mbega ikintu c’ubwiza!

Umutsima wa Buri Munsi

… muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.
Ab’i Filipi 4:1

24-0703

60-0626 Ibintu bidasubirwamwo vy’Imana Nzima

Yesu Yazaniye Imana ubuzima bw’abantu. Imana Yigize umuntu. Igihe Yesu Yavuka, Imana Yabaye umuntu, kugira ngo Yinjire mu gufatanya n’umuntu eka mbere no mu muntu kugira ngo (habe iki?) gushitswa kw’intumbero imwe yo kumenyesha umuntu ico Imana Iri; atari ico ishengero riri ariko ico Imana Iri. Yesu Yaje kubw’ intumbero yo kwereka umuntu Imana. Kandi umuntu ntiyabishatse.

Mpwemu Yera Araza uyu munsi, muri ya ntumbero nyene, kugira ngo Ashikirize Imana umuntu, ariko umuntu ashaka kuja kw’ishengero. Ivyo—ivyo-ivyo bizazanira i—i—iciyumviro ciwe. Nta–ntaYitahura na gatoya. Dutegerezwa kumenya iki, ko tudatahura Imana kubwo ubwenge bw’umuntu. Ni kubwo kuvuka ubwa kabiri tumenya Imana, kubwa Mpwemu Yera. Nta bundi buryo buhari. Yesu, Bibiliya itubwira bitomoye yuko, “Ata muntu ashobora kuvuga ko Yesu Ari Kristo, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.” Kandi asangwa mutararonka Mpwemu Yera, ntimuzi ko We Ari Kristo, kuko nibwo buryo bwonyene bwiWe bwo kwihishura.

Umutsima wa Buri Munsi

Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we.
1 Yohana 4:9

24-0702

65-1125 Ubumwe Butaboneka Bw’Umugeni Wa Kristo

Mana mukunzi, turaciye bugufi cane ubu, umunsi w’amashimwe vy’ukuri, Mwami. Ndashimye, Mwami, kuba mbayeho muri iki gihe. Iki nico gihe gihambaye. Paulo intumwa yipfuje kubona iki gihe. Abantu bahambaye ba kera bipfuje kukibona. Abahanuzi bipfuje kukibona. Bagize igishika co kubona iki gihe. Aburahamu yagize igishika co kubona iki gihe, kuko yarondera Umurwa uwo Umwubatsi n’Umugezi wawo yari Imana; uri hejuru yacu, rino joro. Yohana yabonye Mpwemu w’Imana yururuka Ava mw’Ijuru, ashinga intahe, amenye yuko uwo Yari Umwana w’Imana. Kandi, mwiyumvire rero, Ariko aratoranya Umugeni Wiwe.

Mana Mukunzi, hanze hose mu gihugu, vugana n’imitima yabo. Ni Wewe gusa Ushobora guhindura umutima wabo. Nimba urwo rutari Urubuto Washize ng’aho kuva kw’itanguriro, ntibazokwigera baBibona, Mwami. Bo gusa ni…“Impumyi irongoye iyindi mpumyi. Bose bazogwa mu cobo,” ata gisivya, kuko Ijambo Ryawe Rivuga ko bazogwa mu kinogo.

Umutsima wa Buri Munsi

Mushike mu birimba vyiwe mushima, No mu nyubakwa ziwe muhimbaza; Mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe.
Zaburi 100:4

24-0630

59-0412E Mbega Wumva Iki Eliya.

Ntabwo ari ibintu iminsi yose bica ibibatsi biba ibintu bihambaye. Si ibintu bica ibibatsi. Imwe mu modoka zigize itereni ishobora guca ahantu, iyo idapakiye izovuza urwamo rwinshi yongera inyiganyiga; yuzuye ibintu vyiza ishobora guca aho hantu nyene ntivuze urwamo na gatoya. Kuki ?irapakiye. Ico ishengero rikeneye kuri uyu mugoroba, ni ugupakirwa rikuzuzwa urukundo rw’Imana.

Izuba rishobora kuvoma amazi menshi cane atagira ukwo angana ata rwamo rwumvikanye kurusha igihe tuyakwega ngo twuzuze ikirahuri. Ukwo ni ukuri. Ama-amajuru ashobora kwuzuza isi urume ata nduru yumvikana kurusha iyumvikana muriko muravomera gazo yanyu. Ata nkeka. Mwoba mwarumvise ama si ahindukira? Ibintu bihambaye ni ibintu bikora mu gacerere.

Rabana ubwitonzi Mpwemu Yera ni Yaza kuri uyu mugoroba, ukuntu ibintu vyose bija mu Gacerere Ashitse. Ariko twebwe , dutanguye kwumva gusa imishishimuko duca twiruka inyuma y’akantu gatoya tugaca duhusha kumva rirya jwi.

Umutsima wa Buri Munsi

Yamar’ Uhoraho we ,ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwekerere imbere yiwe.
Habakuki 2:20

24-0629

57-0407M Imana Ikurikiza Ijambo ryaYo

Ukwizera kwanje gushingiye kuri urwo Rutare rutanyiganyizwa. Nta na kimwe kizobagirira nabi mu gihe muzoba mu mase aho hantu. Ibihuhusi vyoshobora kunyiganyiza no gukubita, ariko inanga yanje irafashe hirya y’igihuzu. Igihe umugabo n’umugore bamase hanyuma bakaba baremeye, nta gihuhusi coshobora kubibakuramwo.

Ni nk’igihe c’incungu yabo kandi bakaba bataMumenye, n’ubu ni igihe c’incungu, ikimenyetso co kugenda kw’ishengero. Kiregereje.

Itegereze mugenzi. Bari bafise iki? Ubwa mbere, Ijambo. Ubwa kabiri, Umuhanuzi. Ubwa gatatu, umumarayika wo kubarongora, wo kubaja imbere. Umwe umwe wese yemeranya n’uwundi. Abo batatu bose. Ijambo ryemeranya n’umuhanuzi; kandi Umuhanuzi yemeranya n’Ijambo; umumarayika yemeranya n’abo batatu bose, bose. Ijambo; Umuhanuzi; Umumarayika! Bari biteguriye urugendo.

Yooo, ni hashimwe Izina ry’Umwami wacu [MweneData Branham akubise incuro imwe mu biganza vyiwe. Umwanditsi] Turi kw’iherezo ry’igihe; Ijambo, Umuhanuzi n’umumarayika, batatu bose hamwe, igishingantahe c’igitangaza. Imana Yamye Ivuga iminsi yose Iti, “Ikintu cose kiroranywe habonetse ivyabona bibiri canke bitatu.” Kandi Umuhanuzi w’ukuri azokwama iminsi yose yemeranya n’Ijambo; kandi umumarayika nawe azoshingira intahe iminsi yose ukuri. Amen. Twegereje kuronka ikimenyetso co kugenda. Ata gukekeranya.

Umutsima wa Buri Munsi

Arikw iyaba yarumviye imburi yokijije amagara yiwe.
Ezekiyeli 33:5

24-0628

64-0629 Imana y’Ubushobozi Yikurako Umwitwikiro Imbere Yacu

Kandi ivyo nivyo Imana Yakoze , Yi-Yihinduye ubwaYo , kuba Imana Jehova, Ihinduka umwe muri twebwe, kuko Yarashoboye kubabara, Irahonja urupfu, Iraheza Iramenya n’ico uruboyi rw’urupfu rwari, hanyuma Ifata igihano c’urupfu ubwaYo. Yashize ku ruhande igitsibo ciwe-ciwe n’impuzu ziwe maze Ihinduka umwe muri twebwe. Yogereje ibirenge hamwe na –hamwe na-hamwe n’abaciye bugufi . Yabana mu mahema , n’abakene. Yarara mu- mu mashamba no mu mabarabara, hamwe n’abatari baragiriwe ibakwe. Yahinditse umwe muri twebwe, kugira ngo Ishobore kudutahura birushirije, kandi kugira ngo natwe dushobore kuYitahura birushirije.

Umutsima wa buri munsi

Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose , ngw’abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana , w’imbabazi kand’agorororoka , abe impongano y’ivyaha vy’abantu.
Kuk’ubwiwe ko yababajwe no kugeregezwa , ashobora no gutabara abageragezwa. Abaheburayo2:17-18

24-0627

62-0610E Kwemezwa no Kwiyemeza

Ndemezwa y’uko ari wa Wundi ejo uno munsi n’ibihe bidashira. Ndavyemezwa muri iki gikogwa n’ubu Butumwa ndiko ndigisha, Ndemezwa ko ari Ukuri. Ndemezwa y’uko uku kwereka kuva ku Mana. Ndemezwa y’uko tuba mu minsi yanyuma. Ndemezwa y’uko uyu Mpwemu ari kuri jewe ubu ari Mpwemu Yera. Imana Ishimwe!
Ndemezwa mu buryo buhagije. Ndemezwa ko inzira ya Mpwemu Yera ari iy’ukuri. Ndemezwa yuko inzira ya Bibiliya ari iy’Ukuri. Ndemezwa y’uko Uyu ari Yesu Kristo ari hano uyu mwanya nyene. Ndavyemezwa. Asangwa tuMwizeye uyu munota, ndemezwa y’uko yokiza indwara umuntu uwo ari wese agwaye mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Ndemezwa ko Agiye gusuka Mpwemu Yera ng’aha hantu, kuburyo induru yokumvikana kugeza aho atawomenya rero ibigiye gushika. Ndavyemezwa. Ndavyizeye n’umutima wanje wose

Umutima wa Buri Munsi

Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje; N’igihome kirekire kinkingira, sinzosegenyeshwa. Zaburi 62:6

24-0626

58-0609 Ubutumwa kw’ishengero ry’i Lawodikiya

Kandi ndiko niyumvira ko: kenshi na kenshi kwishira no kwizana kw’ishengero biritwara gukora ibintu, kwiyumvira ibintu hamwe no gufata ibintu uko biri, mu gihe twotegerejwe gupima ibikorwa vyacu n’amajambo yacu, dutegerezwa kwiyumvira imbere yo kuvuga.

Intwari y’umu mama wanje wo mu bumanuko yakunda kuvuga ati, « Banza wiyumvire cane imbere yo kuvuga. » rimwe na rimwe usanga ari ibintu bito bito dukengera bidufitiye akamaro gahambaye. Muri iki gihe tubayemwo co gushangashirwa , turihuta birengeje, ibintu tukabikora twihuta. Kuri uyu mugoroba, twebwe abo mw’ishengero, dusabwa guhagarara no kurindira gatoya, kugira ngo turabe aho tugeze.

Umutsima wa Buri Munsi

Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: Luka 21:34

24-0625

62-0622B Gukuraho Uruhagarara

Iyumvire kuri ibi, Imana ku munsi wa Pentekoti, iyo nkingi y’umuriro yarigabuyemwo ibice, hanyuma ibirimi vy’umuriro bija kuri umwe umwe wese, yari Imana yigabuyemwo ibice, yiciyemwo ibice mw’ihanga ryaYo. Duhinduka burya buzima bw’Imana muri twebwe. Rero tuba dupfuye ku bintu vy’isi, hanyuma tukazukana na Kristo, tuba twicaye ahantu ho mw’ijuru, tukitegereza iyo twaje tuva. Kwiyumvira ivyo gusa, biba ari vyinshi cane.

Ivyo bica bitanga amahoro muri wewe, bigakuraho uruhagarara, igihe tumenye ikibanza cacu dufise muri Kristo, kuko tuba twarakiriye Mpwemu Yera—ubuzima nyene bw’Imana. (Ijambo ry’ikigiriki « Zoe », risobanura ubuzima nyene bw’Imana buba muri mwebwe.) kandi ntimushobora gusubira gupfa kurya nyene Imana Idapfa. Turi abahoraho hamwe n’Iyihoraho(Amen), mu kurindira, ico gihe c’ubwiza, c’incungu y’umubiri.

Kandi ubu twamaze gupfa, hanyuma ubuzima bwacu buhishijwe mu Mana kubera Kristo, bushizweko Ikimenyetso na Mpwemu Yera. Muri ivyo satani ntaba arimwo.

Umutsima wa Buri Munsi

Arikw Imana ishimwe, iduha gutsinda kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo.
1 Ab’i Korinto 15:57

24-0624

53-0906A Ivyo Uravyizera?

Imana izovuga, kandi nta na kimwe gishobora gukuraho Ijambo ry’Imana. Ijambo ry’Imana Rizokwama ari Rizima ibihe vyose. Iyo Imana Irivuze biba vyakoretse mw’Ijuru ibihe vyose. Riba Riri mu kibanza caryo nkaho ryakoretse, igihe Imana Irivuze.

Yooo, reka twebwe abapfa dushobore kuvuga duti : « Niko Umwami Agize, vyatunganye », mu gufatira Imana kw’Ijambo hama ukarihagararako, ivyoshika vyose intambanyi zose zoba kuri uru ruhande canke ku rundi. Duhagare twemye kw’Ijambo ry’Imana. « Imana Yarabivuze. Ndavyizeye. Vyaratunganye. » Amen.

Umutsima wa Buri Munsi

Ijambo ryaWe ryose ripoperanirijwe mu kuri ; imanza zawe zigororotse iyo ziva zikagera zamah’ibihe bidashira. Zaburi 119:160

24-0623

54-0719E Imana Yaragaragaje Ugukira indwara kubw’uru runganwe

Isi yotegerejwe kuronka urugano kugira ngo yimbure ubuzima. Kandi mutegerezwa kwakira Ijambo ry’Imana mu mitima yanyu kugira ngo mwame ico Ijambo ry’Imana Ryavuze. Ijambo ry’Imana ryose ni urubuto. Yesu niko Yavuze. Umubivyi yarasohotse kubiba imbuto, Yavuze ko imbuto ari Ijambo ry’Imana.

Kandi ubu ni mwitegereze, ikigori kizokwama ikigori. Urugano rwame urugano, sayiri yame sayiri, ico arico cose coba kiri, kizokwama ico nyene. Kandi asangwa Ijambo ry’Imana Ari urubuto nk’uko Yesu Yavuze ko Ari ko riri, hanyuma rigashirwa mu mutima w’umuntu, maze ng’aho rikavomerwa n’ukwizera, rizokwama ico cose Imana Yavuze mw’Ijambo ryaYo ko ryokoze. Rizokwama ico. Asangwa mukeneye Agakiza, “Ni muze kuri Jewe mwese abarushe n’abaremerewe nzobaruhura.” Asangwa mukeneye gukira indwara, “Yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo kandi imishishagu yiWe niYo Idukiza.” Imana Yarateguye ikimazi kubw’icaha hamwe n’ingwara. Ku ruhagarara rwose, ingorane yose, hamwe n’imibabaro yose eka n’ivyo bintu vyose, Imana Yaragaragaje ikimazi. Iri hano kuri uyu mugoroba.

Umutsima wa Buri Munsi

Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura.
Matayo 13:23

24-0622

47-0412 Ukwizera ni Ikintu Kiriho

Abantu bambwira ko bafise ukwizera. Ariko bagatangaza ko badashobora kwizera ugukira indwara kuvuye ku Mana? Bagenzi asangwa mutizera ugukira indwara kuvuye ku Mana, mwarazimiye. Ukwo ni ukuri. Mugiye kuzobigenza gute? Asangwa mudafise ukwizera guhagije, mukizera kw’Imana Ishobora kwunga umubiri wanyu kugira ngo muwukoreshe kubw’ ubwiza bwaYo. Bizorushiriza kubatuma mutagira ukwizera ko kwizera kw’Imana Izohindura uyu mubiri upfa Ikawambika ukudapfa kugira ngo iwuzamure. Ico ni kimwe neza na neza kuvyo gukira indwara kuvuye ku Mana. Mana we ! hazobaho ugucika intege guhambaye ku munsi w’urubanza, igihe c’izuka. Ukwo ni ukuri.

Umutsima wa Buri Munsi

Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ukekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga utwarwa n’umuyaga, usimbagirizwa.
Yakobo 1:6

24-0621

63-0714M Kuki utaka ? Vuga !

Ukwizera ntikubona ibiri ng’aha. Ukwizera kuraba ivyo Imana Ishaka, maze kugaca gukora bijanye navyo. Ivyo nivyo ukwizera gukora. Kuraba ivyo Imana Ishaka n’ivyo Imana Ishaka ko bikorwa maze ukwizera kugaca gukorera muri ivyo.
Ukwizera ni imbono ya kure. Ntabwo kuraba ku vya hafi, kuguma ku ntego. Amen! Umurashi uwo ari we wese arazi ivyo, murabona? Ni imbono ya kure; ni itarubindi; ntabwo ari itarubindi zo kuraba ibiri hafi. Ntimukoresha itarubindi kugira ngo murabe isaha. Murabona.Ntimuzikoresha ivyo, ariko mukoresha itarubindi kugira murabe ibiri kure,
kandi ni ukwo ukwizera gukora. Ukwizera gufata itarubindi z’Imana, izo zibiri, izo mpande zibiri, Isezerano rya kera na Rishasha, maze rikaraba isezerano ryose yatanze, maze ukwizera kugaca kuribonera hariya. Ukwizera guhitamwo ivyo, kutitayeho ivyo igihe ca none kivuga ku bivyerekeye. Kuraba kw’iherezo.
Imbono yakwo ntigabanuko ngo irabe muri uru ruhande… kuguma kuraba hariya. Kugumiza intego yakwo kw’Ijambo. Ukwo nikwo ukwizera gukora.

Umutsima wa Buri Munsi

kuko tugenda turongorwa n’ukwizera, ntiturongorwa n’ivyo tubona
2 Ab’i Korinto 5:7

24-0620

61-0216 Ikimenyetso ca ca gikoko n’ikidodo c’Imana 1

Abeli yapfiriye kuri rwa rutare nyene hamwe n’umwagazi w’intama wiwe. Uwizera wese ategerezwa gukora ico kintu nyene : Pfira kuri urwo rutare hamwe n’umwagazi w’intama wawe. Umwagazi w’intama ufise ikintu kimwe gusa, kandi ni ubwoya bwawo. Hanyuma utegerezwa kuvavanura n’ibintu vyose ufise. Ntuvyidogera. Iyo ufashe uwo mwagazi w’intama maze ukawuterera hariya Nk’uko navuze, umwagazi w’intama ucika ikiragi imbere y’abawukata ubwoya bwawo. Urakatwa ubwoya. Ntuvyidogera. Uba witeguriye guheba ikintu kimwe gusa ufise.

Hanyuma tukavuga yuko turi abaKristo. Umuntu munaka yanyandikiye ikete ritoya ubuheruka kandi— icanditswe gitoya, hanyuma igitangaje ndagifise hariya, cavuga giti, « Ndafise uburenganzira, ndi umwenegihugu w’umunyamerika ; nambara impuzu z’ubwoko ubwo ari bwo bwose nshaka. » Bandanya, ni vyiza. Ivyo vyerekana ko uri impene, Ukwo ni ukuri. Ni ubandanye gusa maze uzambare namba ubishaka. Ariko wibuke, namba uri umwagazi w’intama urabifitiye uburenganzira, ariko uvavanura n’uburengazira bwawe bwose kubwa Kristo. Ndafise uburenganzira bwo kunywa inzoga muri iri joro ; ndi umwenegihugu w’umunyamerika. Ndafise uburenganzira bwo kunywa itabi ; ndi umwenegihugu w’umunyamerika. Kandi nico kimwe na wewe, ariko turaheba uburenganzira bwacu. Iyambure ivyo bintu vyose. Kora nk’abashingantahe, nk’abapfasoni, ambara nk’uko bibereye, maze mukora nk’uko bikwiriye hanyuma mubeho nk’uko bibereye. Vavanura n’uburenganzira bwanyu.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko bene Data, ndabahanura kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Abaroma 12:1

24-0618

58-0928E Uruvyaro rw’Inzoka

Ni uyuhe munyenkomezi (nk’uko navuze) hagati y’Umucunguzi n’umunyavyaha? Ni uyuhe afise inkomezi kurushiriza? Rero, vyasavye ko umunyenkomezi ashoboza umunyantege nke, kandi Abikora kubw’icubahiro ciWe. Igihe Yashiraho Rusiferi, Yari Azi ko azoba umurwanizi. Yategerezwa kureka ivyo ngo bikoreke kugira ngo Yerekane ko Ari Umucunguzi, Kristo. Yotegerejwe kureka ibintu ngo bishike gutyo.

Rero, Bibiliya ntivuga ko, “Ibintu vyose bifataniriza hamwe kuzanira ivyiza abakunda Imana”? None, mutinya iki?

Tube abakozi, iminsi yose ku gikorwa.

N’umutima witeguriye kurwana.

Si nk’umukuku basunika, begeza imbere, bene abo bategerezwa kwama bemezwa, babahoyahoya.

N’ukwo mube intwari!
Ndakunda ivyo. Mwame muhagaze.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye. Abaroma 8:28

24-0617

56-1209A Imana Itanga Isezerano RyaYo

Rero, nah’iwacu nk’abizera, kutagendera ku bintu umuntu yiyumvira, ibishobisho canke ibintu biryohera ijisho vy’ibintu vyabaye duti, « Twarakoze iki canke kiriya. » kuko Umurwanizi ashobora kwigana ivyo bintu vyose. Ariko inzira yacu yonyene yo kumenya ko twakijijwe, n’igihe dukwije ibisabwa n’Imana. Murabona, murabona ? Ibishobisho sivyo bibakiza, ukwizera nikwo kubakiza. Murabona ? Ukwizera igihe cose nikwo kubakiza. Ni ukwizera kwanyu kuzana ivyo, hanyuma ubuzima bwanyu bukerekana ko mwamuronse canke mutaramuronka.

Rero, iyo mugerageza kwigana ikintu, rero ng’aho, ivyo bibagira—bibagira—iryanrya, ivyo birahagije. Murabona ? Kuko ntimu—ntimushobora gukora ivyo. UbuKristo ni ikintu gitegerezwa kuva mu mutima.

Umutsima wa Buri Munsi

Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Abaheburayo 10 :38

24-0616

55-1003 Ukwizera mu bikorwa

Ya Nkingi y’Umuriro Yarongora abana b’Isirayeli mu bugaragwa, wa Mumarayika nyene w’Imana Yaza muri—muri ico kibanza, maze Akura Petero mw’ibohero, wa Mwami Yesu Yahagarara imbere ya Paulo maze Amurungikira umuco uca ibibatsi, Waciye uhumisha amaso yiwe. Kandi abantu bari i ruhande yiwe ntibashobora kubona uwo muco na gatoya. Ariko Paulo ; waramuhumishije. Kandi yacitse impumyi, yaciye agenda arongowe afashwe ukuboko mu gisagara, kuko yari akikujwe n’umuco uca ibibatsi cane rwose. Uwo Muco nyene, Umwami Yesu Kristo, Ari hano iri joro mu mubiri wiWe wazutse kandi Yemeza n’ibitangaza bitihenda hamwe n’utwumiza yuko Ari hano.

Yooo, bantu, ni mushire ukwizera kwanyu mu bikorwa. Ntimugire ubwoba. Kuko, muteye isoni, ntimugire ubwoba. Ni mushikame mu mwidegemvyo kuko Kristo Yarababohoye. Ntimusubire kwiyugaranira mu cari c’inyoni ubugira kandi. Ni muve muri co. Mubomore ibihome. Kristo Yabomoye ibihome vyadutandukanya, Atugira abidegemvya. Turi mu kwigira. Amen. Ivyo ndabikunda.

Umutsima wa Buri Munsi

Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge. Yohana 14:18

24-0615

60-1204E Iyerekwa Ry’i Patimo

Mbega si vyiza mu gihe ushobora vy’ukuri kumataniriza ubugingo bwawe muri Kristo, ahantu ushobora gutekerereza imbere yiWe? ukumviriza Ijwi ryiWe Rikubarira riti, “Ndi Umwami Agukiza indwara. Ndi Umwami Uguha Ubugingo Budashira. Ndagukunda. Nakumenye itanguriro ry’isi ritarashirwaho. Nashize izina ryawe mu Gitabu, uri uwaNje. Ntutinye, ni Jewe. Ntugire ubwoba, Ndi kumwe nawe.” Nca ndirimba nti:
Nafatishije inanga ubugingo bwanje ahantu h’uburuhukiro,
Sinzosubira kugendagenda mu mipfunda y’amazi ukundi;
Igihuhusi kirashobora gukwiragira hose, igihuhusi giteye ubwoba;
Ariko muri Yesu ndakingiwe ibihe vyose.
Mwibuke, Ijwi nyene Rikubwira ryongorera, Rizocirako iteka umunyavyaha. Wa mwuzure nyene wakiza Nowa, ni wo warimbuye umunyavyaha. Murabona ico nshaka kuvuga?

Umutsima wa Buri Munsi

Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihuzu gikingiriye ahera cane, Abaheburayo 6:19

24-0614

55-0223 Yobu

Hari ikaze rihambaye kuri wewe iri joro. Mugihe Imana, Yisize ubusa, ava mu ngoro zisharijwe, yabira ishusho y’umugurano, Yicisha bugufi mu kumanuka, kugira abe umuvyeyi wa hafi y’umusegererezi akenye wa mbere ari kw’isi, ahinduka umuvyeyi wiwe wa hafi, Yehova ubwiWe, umuvyeyi wa hafi y’umusegererezi. “Imbwebwe ziri n’imyobo, n’inyoni ziri n’ivyari; arik’Umwana w’Imana we Ntagira aho Arambika umusaya.” Yavukiye mu bwato bw’inka, azingiriwe mu mpuzu z’uruyoya ariko yari Umwami w’icubahiro, Umutwenzi uvuye mw’Ijuru. Yicisha bugufi, Aramanuka, Yisiga ubusa, Amanuka hasi, kugira ngw’ Abe umuvyeyi wa hafi y’umunyavyaha. Muvyiyumvireko bagenzi. Ni gute woshobora guta urwo rukundo nk’urwo rutogereranywa?

Cari igiki? Igihe Imana Yihindura umunyavyaha, Yakira ivyaha vyacu. Yesu Yahindutse jewe, kugira nanje mpinduke We. Umwagazi w’Intama w’Imana Utagira agasembwa Utari bwakore icaha, Uhinduka umunyavyaha kugira ngo nshobore kuba samuragwa.

Umutsima wa Buri Munsi

Yari mw isi, kand’isi yaremwe na we arikw isi ntiyamumenya.
Yohana 1:10

24-0613

63-1216 Twabonye inyenyeri yiWe maze tuza kuMusenga

Kandi rimwe na rimwe turiyumvira ku mitwaro yacu. Ndaja kuvugira ibi ng’aha neza, ko twiyumvira ku mitwaro yacu iremereye cane ata kingana nayo, kw’isi yose, mwari muzi ko ivyo bintu vyose ari inyungu kuri mwebwe? Vyose n’ivyo kubahingura, kubigisha. Abahanuzi n’abanyabwenge bigishirijwe inyuma y’ubugaragwa, ku zuba rimena imbwa agahanga, biciye mu mibabaro, ibipimo, n’ibigeragezo. Kandi ivyo bintu ducamwo uyu munsi, nta na kimwe muri ivyo kitigeze gishikira abandi baKristo. Abandi baKristo, bahagaze gutya mu gihe c’umwijima, kugeza n’aho bagaburirwa intambwe kubera igishingantahe bari bafise.

Umutsima wa Buri Munsi

kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo. 1 Petero 1:7

24-0612

62-0621E Ukwemezwa Hamwe n’Ikimenyamenya

Mwibuke, yuko tudategerezwa kuza kw’ishengero kugira twigire ko dusenga. Ntidutegerezwa kuza kugira gusa dukore igikorwa c’Imana co kugenda kw’ishengero. Dutegerezwa kuza kugira dusenge mu Mpwemu no mu kuri. Dutegerezwa kuba vy’ukuri no mu buryo bwimbitse… Dutegerezwa vy’ukuri kwerekana ico tuzira hano. Iminsi iriko iraba mibi. Igihe ni kibi. Kandi dushaka gu—dushaka gukoresha buri munota neza, na cane cane igihe turi mu ngoro y’Uhoraho.

Umutsima wa Buri Munsi

Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe ng’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene. Matayo 4 :10

24-0611

56-0715 Ikimenyetso Ca Ca gikoko

Kandi kino gihe iyo umuntu yumvise inkuru nziza « Kristo Yapfuye mu kibanza cacu kandi ntaco wobihindurako. Kristo Yaratanze ikiguzi, » Ubutumwa bwiza burasamirana.
Urashobora guheba itabi rihinguwe , n’itabi risanzwe , icupa za wisiki, i—Ibintu vyose bikuboshe no kuvuga uti, « ndidegemvya. Iyi ni inkuru nziza. Kristo Yangize uwidegemvya. » Muri abantu bidegemvya. Nti mugikeneye gukurikira iyo nzira. Ntimugikeneye gukorera umugwanizi. Murashobora kwigenga nimba mwipfuza kwigenga.
Ubu ntibigikenewe ko munywa inzoga. Ntibigikenewe ko mu juragurika. Ntibigikenewe ko mufata umugore wanyu nabi. Ntibigikenewe ko murahira. Ntibigikenewe ko mubesha. Ntibigikenewe ko mwiba. Ntibigikenewe ko mwiyumva nk’abananiwe. Kuko, mufise hariya hejuru ubutunzi butarakorwako, imigisha inengesereye y’Imana, iyitazwi na gatoya n’iyi si.
Muvuga muti, « ntegerezwa kugira umunezero na mukeya. » ariko, mweneData, umusi muzokwumva inkuru nziza y’inzamba, iminezero y’iy’isi ntaco izoba ikimaze, umuringa uvuga n’icuma kivuzwa kigasama. Ntimuzoba mukibikeneye.

Umutsima wa Buri Munsi

Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.
Yohana 8:36

24-0610

62-0117 Kuvuga ikintu utabifitiye icemezo

Umuntu umwe yavuze ati, « Kura ibintu vyose mu vyiyumviro vyawe uhahanagure. Itegereze neza na neza mw’Ijuru, ukure ibintu vyose mu vyiyumviro, uzoca ugira imigenderanire n’Imana. » Ata gukekeranya uzoca uyigira . Ukwo ni ukuri. Ariko, uba ufise imigenderanire , yamara mbega imigenderanire n’iki ? Murabona, iyo ukoze ivyo, uba wugururiye neza na neza ubugingo bwawe satani. Azoguha ikintu. Ukwo ni ukuri.

Ariko niyumvira ko umuntu aje kuri Kristo, yoza azananye n’ubwenge bwiwe bwose yaronse. Hanyuma mu kuza kuri we, bakavuga mu vyiyumviro vyabo, isezerano ryose riri mu vyanditswe. Gumiza ivyiyumviro vyanyu bigavye iyo muje kuri Kristo, ntimugume ataco mufise. Umurwanizi azobakoresha ikintu ico arico cose. Murabona ? Bazobaha imishishimuko, ivyo navyo arashobora kubikora ariko ico kwipfuza ko woronka, ni imigenderanire n’Imana, ikintu Bibiliya yigisha, ikintu nyakuri.

Umutsima wa Buri Munsi

… kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibitsanyo namubikije gushitsa kuri wa musi.
2 Timoteyo 1:12

24-0609

55-0312 Ikidodo ca Kristo

Hariho abantu baza mw’ishengero bazanywe n’ibishobisho. Hariho abantu baza mw’ishengero bazanywe no kuririmba. Hariho abantu binjira mw’ishengero kugira ngo baronke umunezero iyo bumvirije indirimbo. Ivyo ni vyiza. Abantu bamwe bamwe bazanwa mw’ishengero no kuba umunywanyi w’ishengero kugira ngo bahishe ububi bwabo, kugira ngo bagire igishingantahe ciza mu kibano. Abantu bamwe bamwe baza mw’ishengero ari imvugakuri ariko ntibigeze bakorwako n’Imana. Ariko iyo Imana Ihamagaye umuntu, “Ntawushobora kuza kuri Jewe, Data Atamukwegereye. Abaza bose mbaha Ubugingo budashira kandi Nzobazura ku munsi wa nyuma.”
Yooo, nibaza ko mubitahura. MweneData, ni igikorwa ca Mpwemu Yera guhishurira umuntu atari ku rufatiro rw’ibishobisho kanaka canke urufatiro rw’ikindi kintu mutegerezwa gukora canke mutakoze, canke iki, kirya canke ikindi kintu. Ivyo bintu vyose ni vyiza. Ibimenyetso n’ibikorwa, gusemerera,gutamba, kuvuga mu ndimi, ivyo bintu vyose ni vyiza, ariko umuntu ategerezwa kubanza kuronka uguhishurirwa kwa Mpwemu kuvuye ku Mana, kumutahuza yuko Yesu Kristo Ari Umwana w’Imana Amuhamagaye. Ukwo ni ukuri. Hanze y’ivyo MweneData, uba uriko urigana. Uba uriko urigirisha.

Umutsima wa Buri Munsi

Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; Yohana 8:47

24-0608

63-0803E Ukwandukizwa
Rero, igihe umumarayika yahura na Mariya mu gitondo, igihe yari agiye kw’iriba hanyuma akamubwira ko agiye kuronka umwana « atigeze amenyana n’umugabo ». vyamushize mu gikorwa. Vyihuta, yaciye aja kubwira abantu bose ko « agiye kuronka umwana atabonanye n’umugabo ». ntaco bitwaye ico ivyo vyasobanura kubandi bantu, ivyo bavuga. Yari yahuye vy’ukuri n’umumarayika w’Imana, kandi vyamushize mu gikorwa yarumva ko Mpwemu Yera ari kuri we ko azoremera muri we Ubuzima.

Yooo, iyaba gusa twomenye ivyo ko Mpwemu Yera ari kuri twebwe, ariko araremera muri twebwe ukwizera, ariko ararondera kwiyerekana mu buryo butandukanye n’ingabire zitandukanye kugira aremere ukwizera ishengero rizozamurwa. Vyotegerejwe kudushira mu gikorwa.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa mwibesha.
Yakobo 1:22

24-0607

55-0118 Dawidi, umurwanyi karuhariwe

Kandi iyo Imana Itaba Yaragutoranirije kuba umuKristo, ntiwari kuba umuKristo. Ni uguhitamwo kw’Imana, atari ukwawe. Nta muntu arondera Imana. Nta na rimwe umuntu arondera Imana. Ntiwigeze urondera Imana, ahubwo Imana Niyo Yakurondeye. Si wewe wahamagaye Imana; ariko Imana niYo Yaguhamagaye.

Kandi igihe Imana Yaguhamagara, vyerekanye ko Yagutoranije. Waremeye ukwo guhamagarwa, ari kwo gutsindanishirizwa. Rero uca uha umutima wawe Kristo, maze uca wuzuzwa Mpwemu Yera. Kandi ubu wateretswe mu kibanza cawe mu mubiri wa Kristo. Rero, asangwa vyatumye uheba za ngeso zawe mbi maze ugaca wigenza nk’uko umuKristo akwiye kwigenza, nimba ivyo vyaraguhinduye, bizokiza n’umubiri wawe, kuko ari isezerano. Amen. Ni ivyo.

Umutsima wa Buri Munsi

Ni kwo kuvuga kw abana b’umubiri atari bo bana b’Imana, arikw abana b’isezerano ni bo baharurwa nk’uruvyaro. Abaroma 9:8

24-0606

59-0125 Ni mube abizeye Imana

Mu Budagi igihe kimwe, nabonye igicapo ntazokwigera nibagira, umudagi w’umuconzi yari yaconze i… i… igicapo ci—citwa « igihugu c’ibicu ». Kandi igihe mukibonye muri kure cagaragara nk’ishusho ihambaye, iteye ikigongwe kandi y’umwijima, yagaragaza ibicu birundanye, iyo uriko urabiraba kure. Ariko igihe wegereye, ivyo birahinduka. Ni amababa y’ abamarayika akubitanako, bariko baririmba haleluya ku Mwami.Uko niko umwijima uboneka rimwe na rimwe. Ariko uri kure, ubona ari umwijima n’umuzimagiza. Rero fatira Imana kw’Ijambo ryaYo hanyuma ube udakekeranya ko Ari Imana maze wegereze hafi, uzoca usanga ari amababa y’abamarayika akubitanako.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuko wambereye umufasha, kandi nzovugiriza impundu mu gitutu c’amababa yawe.
Zaburi 63 :7

24-0605

62-0408 Kuvuga ikintu utabifitiye icemezo

Ntukavuge ikintu utagifitiye icemezo ; gumana n’Ijambo. Ntukemere ikintu na kimwe kinyuranye. Gumana neza na neza nico Imana yavuze ko ugumana naco. Gumana n’ Ijambo. Amen.

Imana Itegerezwa. Imana itegerezwa kwubahiriza Ijambo ryaYo. Kandi asngwa Ijambo ryaYo riri muri mwebwe, Itegerezwa kwubahiriza Ijambo ryayo muri mwebwe. Ariko iyo mukoze nka Eva, mugakekeranya akanyuguti gatoya muvyo Yavuze kuri Ryo, mukarikura ng’aho kugira muhashire igisubirizi, ubwo nyene muba mutawe kure. Gumana n’Ijambo. Ntihagire ico tuvuga na kimwe tutagifitiye icemezo. Tugumye neza ico Ijambo rivuga hama tucizere. Muzobikora ?

Umutsima wa Buri Munsi

Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi 1 Ab’I Korinto 16:13

24-0604

61-1224 Bagenzi, turashaka kuraba Yesu

Ubutumwa bwanje kuri iyi Noheri, ni, munyemerere ndabarongerere ku musaraba, kuri uyu mugoroba. Amen. Kandi namwe rubuto rw’ingano, ni mugwe muri Kristo mupfire aho. Ng’aho muzoharonka Ubugingo bwiWe mw’Ijambo ryiWe, ni bwa bundi uyu munsi, ejo n’ibihe bidashira. Ubu ni bube ubutumwa bwanje bwa Noheri kuri mwebwe, sindabarongorera ku bwato bw’inka, ku gatanda k’uruyoya, kw’ishengero, kw’idini. Ariko « Bagenzi, turashaka kuraba Yesu. » Rero ndabarongorera kuri We. We, Abarongorera ku rupfu rwiWe, ku guhambwa kwiWe hamwe no kw’izuka ryiWe. Kandi namwe ni mureke urubuto rwanyu rw’ingano rugwe aho hanyuma mureke Ijambo ryiWe rigaragarire muri mwebwe. Rero muzobona yuko uko Yar’Ari ejo n’uyu munsi niko Ari kandi niko Azokwama ibihe bidashira. “Bagenzi, turashaka kuraba Yesu.” Ni wa wundi ejo, uyu munsi n’Ibihe Bidashira.

Umutsima wa Buri Munsi

Yesu Kristo uko yar’ari ejo, n’uyu munsi niko ari kandi niko azokwama ibihe bidashira. Abaheburayo 13:8

24-0603

58-0406S Ndazi ko umucunguzi wanje Ari Muzima

Ni intumbero y’Imana kuduha Mpwemu Yera Yahezagiwe. Ni intumbero y’Imana kutwereka ibimenyetso, utwumiza n’ibitangaza. Ni intumbero y’Imana, kandi nta kindi kintu coshobora kubisambura. Ubushobozi bwose bw’I kuzimu bwoshobora kubirwanya. Ariko ntibuzobishobora. Dufise isezerano rihoraho ry’Imana. Birashoboka ko twoshobora kugira abigisha, twoshobora kugira amadini, twoshobora kugira gahunda, twoshobora kugira ibintu vyerekana yuko iyo ntumbero izosambuka, ariko ntizokwigera isambuka. Intumbero y’Imana ni uko Yama Igavye ngo iyo ntumbero yaYo Igumeho. Rero isambuka canke idasambuka, ntibiba bivuye kuri jewe kandi ntibiba bivuye kuri wewe. Biva ku Mana. Kandi dushobora kuruhukira kuri ibi vyizigiro vy’Imana, ko Itazokwemera na rimwe ko ico twarazwe gisambuka, kubera ko intumbero yaYo ni iyo kuyiduha.

Umutsima wa Buri Munsi

N’Uhoraho: n’akore ico ashima.
1 Samweli 3:18

24-0602

63-0120E Irindi Rimwe Mwami

Imana Yahagurukije ishengero kugira ribe umunara w’umuco, rigaragaze inkomezi zaYo, rikize abagwaye, rizure abapfuye, ryirukane amadayimoni, ribeho ubuzima bwejejwe, ryigishe Ubutumwa Bwiza bwuzuye, riBugaragaze, ariko twatanguye kureka no kwururutsa inzitizo.

Twafashe uburorero bubi. Abagore bariganye umugore w’umwungere. Yamuretse ngo akore ibitabereye, amwe imishatsi yiwe, yambare uburyo bwose bw’impuzu zikwega ubusambanyi, ntiyamwiyamiriza. Hanyuma abandi bagore bavuga bati, “Namba Mushikiwanje naka na naka ashobora kubikora, nanje ndashobora kubikora.” Ntumwishimikize nk’akarorero. Murabona? Imana Yarakubwiye ico gukora, umira kuri Ico.

Umutsima Wa Buri Munsi
Kukw’Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa. 1 Ab’i Tesalonike 4:7

24-0601

57-0922 Abaheburayo Igice c’Indwi #2

Kandi namwe bantu mufise inzigo nk’izi zikaze zo gusesa amaraso, mukankamira umuntu munaka, mudashobora kwihangana, n’ibintu nk’ivyo. Mube magabo. Uba wagirwa uvuze ijambo kuri mweneSo ritari ryo, ritabereye, ugenda ahantu hose, umwononera izina. Ntutegerezwa gucumita imbugita umuntu ku mugongo kugira umwice. Urashobora kumwononera igihagararo afise hanyuma ukamwica, ukica igihagararo ciwe mu bantu. Uvuze nabi umwungere wawe hano, uvuze ikintu kinaka kibi kuri we, ni nk’ukwo wamurashe urusoro. Uvuze ikintu kinaka kitari co kuri we, yemwe, kizokwica igihagararo ciwe mu bantu hamwe n’ibintu nk’ivyo, kandi biba bikwagira, niko Yesu Yavuze.

Umutsima wa Buri Munsi

Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma Luka 3:14

24-0531

59-0813 Kuki?
Namba hari icaha mu bugingo bwawe, gikureyo. Namba hari kwicirako iteka, gukureyo. Namba hari ugukekeranya, gukureyo. Kugeza aho ushobora kubona neza ko ari ubugombe bw’Imana, ari integuro y’Imana, kandi uyirimwo, n’uko uvuge uti, « Wa ndwara, mw’Izina rya Yesu Kristo, nyegera kure. » Kandi mwibuke, indwi irashobora guhera utaratora mitende. Ariko mugihe wavuze iryo jambo ikintu kinaka kiba cabaye. Imana Itegerezwa gushitsa Ijambo ryaYo. Iyo ndwara iranyiganyiga, hanyuma igatangura kugabanuka. Izogenda niwavyizera. Ntubikekeranye.
Nka Petero agendagenda ku mazi, Yavuze ati, « Ni iki cagukekeranije? Yewe, w’ukwizera guke. » Gusa kubera yariko aribira, ivyo ntaho vyari bihuriye. Kristo Yari Yamuhaye itegeko, kandi Ijambo ryiWe Ryari Rikwiriye. Ukwo niko natwe twategerezwa kuvyiyumvira.

Umutsima wa Buri Munsi

Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige Abaheburayo 10:23

An Independent Church of the WORD,