Ubutumwa: 60-0518 Kugirwa Abana bImana 2
- 26-1101 Kugirwa Abana bImana 2
- 25-0511 Kugirwa Abana bImana 2
- 21-0627 Kugirwa Abana bImana 2
- 18-0617 Kugirwa Abana bImana 2
- 16-0224 Kugirwa Abana bImana 2
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukundwa,
Mbega muriteguye, mwebwe bahungu n’abakobwa mwagaragajwe kandi mwagizwe abana b’Imana, kwicarana ahantu ho mw’Ijuru, mwunze ubumwe n’Umugeni wo hirya no hino kw’isi, kugira ngo mwumvirize Ijwi ry’Imana Rivugana namwe, umunwa wiWe ku gutwi kwanyu?
Ego!!! Turiteguye kwumviriza Ijwi ry’Imana Ritubwira neza na neza abo turi bo.
Ndabita “abakunzi banje” kuko ni ko muri. Mwebwe—mwebwe muri abakunzi banje. Murazi? Reka…Ng’iki Icanditswe. Paulo yavuze ati: “Mbafuhira ifuhe ryo kubw’Imana (Ishengero RyaYo), kuko nabahaye umugabo umwe.” Ng’aho, ico ni co. Ni vyo. “Kuko nabahaye Kristo, ngo ndabaMushingire mumeze nk’inkumi itunganye.’”
Imana ishimwe, umumarayika waYo yaraMudushingiye. Turi inkumi zitanduye ku bijanye n’Ijambo RyaYo, ubu Butumwa, n’Ijwi RyaYo Riri ku mabande. Ubu twaramaze kureherezwa Kristo.
K’uw’iyinga tuzoba twiteguye, kandi turindiranye igishika cinshi. Tuzoba turi mu munezero mwinshi, imitima yacu izoba yuzuye umunezero. Tuzosubira gukoma akaruru, duhimbaza Umwami, dusemerera duti: “Amen, haleluya!” nka kumwe vyagenze igihe inyenyeri zo mu gitondo zaririmbira hamwe, n’abahungu b’Imana bagasesereza impundu; igihe babona umugambi w’agakiza, igihe Imana Yashira amazina yacu mu Gitabu caYo imbere y’uko isi iremwa.
Mbega ubwo twoshobora gutahura ko Imana Data YATURINDIRIYE kuva isi ikibaho gushika uyu munsi? Yarabonye ko twogaragaye mu minsi y’iherezo, kandi yararindiriye, inihira mu mutima, kugira ngo duhagurukane ubushobozi bwa Mpwemu Yera, aduhishurire ibintu vy’amabanga vyari vyaranyegejwe gushika uyu munsi.
Mu bihe vyose vyagiye birabaho, abavugishwa n’Imana bararindiriye gushika muri iyi minsi y’iherezo, kugira ngo ivyo bintu bihishurwe. Imana Data Yavuze ko Yarindiriye ko Ishengero RyiWe Rikura, guhera mu gihe ca Luther, mu gihe c’Ababatisita, mu gihe c’Abametodisiti, mu gihe c’Abapentekoti, gushika ubu, aho Ibuye ry’agasongero rishirwako. Aho rero niho Inyubako izoba yuzuye.
Ya minsi yasezeranwa, Umwami Yari Yaravuze kandi Yipfuza cane, ubu iriko irashika, kandi iriko irarangukira imbere yacu… KANDI NO MURI TWEBWE. Ubu turi muri Kristo Yesu, twiyicariye mu mahoro yo mw’Ijuru, mu mihezagiro yo mw’Ijuru, no muri Mpwemu wo mw’Ijuru, aho vyose ari ivyacu. Turi mu Gihugu c’Isezerano, kandi twigaruriye ikintu cose.
Imbuto yiWe ya mbere yarashitse ku rugero rwo kwera kwose, maze irazungagizwa irya n’ino imbere y’Umugeni wiWe. Mpwemu Yera Yasubiye ku Mana Data gutanga icegeranyo maze amubwira ibi ku vyerekeye umumarayika wiWe w’inkomezi:
“Umumarayika waWe ariko arakurira mu buntu! Afise ishaka ryinshi . Arafata za ntama kandi akazitaho neza na neza nk’uko naWe Ubigenza. Ntazokwigera aziha ivyatsi bibi vyo mu kiyaga. Ntazokwigera aziha ivyatsi vy’amahwa. Iyo baje bakavuga bati: “Turashaka kwinjira mw’ishengero”, ababwira ati: “Hore! Ivyo ntibibabereye! Oya, mugenzi. Ibibabereye ni ibi: “Nimwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw’Izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu; kandi muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.”
“Mbega uko niko avuga koko?”
“Ego, Mugenzi ata nkeka ni uko nyene abivuga.”
“Yemwe, uko nyene niko nari naraVyanditse.”
“Ni uko nyene na WE nyene abivuga.
“Mbega Urazi? Narabonye Umwepiskopi Mukuru munaka amubwira ko “adashobora kuza muri ico gisagara ngo agire ikoraniro.” Ariko, mbega urazi ko namurongōye gato, ndamubwira nti: “Genda uko biri kwose.” Baramubwiye ko vyomubera vyiza akuyeho ayo mabande yiwe yose mu bantu, kandi ko atoyareka ngo asohoke. Ariko twebwe twaragiyeyo uko biri kwose!”
“Uwo ni umuhungu waNje w’umuragwa nari nararindiriye.Ubu ndashobora kuvugira muri we, ngahishurira intama zaNje amabanga yaNje yose yari yaranyegejwe.”
“Ewe Data Mana, uri mwiza cane!”
“None woba ushaka ko nguha icegeranyo kubijanye n’abandi bana baWe?”
“Ego, none bameze gute?”
” Yooh, Data… Wobanezererwa cane niwabona ingene bameze. Barasa neza na neza na Se wabo. B’abepiskopi ba kera baguma bababwira ikintu kimwe, ngo ntibaze baraja muri ayo mashengero yumviriza amabande mu kwumviriza Ijwi ryaWe. Bavuga ko ayo Mabande atari ryo Jwi Rihambaye kuruta ayandi bategerezwa kwumviriza, ngo ubu hari ayandi majwi ahambaye kuruta.
Mbega woba uzi ico Intama zawe zibwira abo bavugabutumwa?
“HORA! TWEBWE TUGUMA KU MABANDE, TUGUMA KW’IJWI RY’IMANA!”
” Kumbe, ivyo ni vyo bakora koko?
“Ego, Mugenzi, bameze neza na neza nka Wewe.
“Ese ukuntu bihimbaye. Ivyo biranezereza cane. Nari nagumye ndabarindiriye igihe kirekire. Ubu na bo nyene bariteguriye KUGIRWA ABANA B’IMANA!!
“Kur’ uyu w’Iyinga, isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) bazoba bari mu bibanza vyabo kugira ngo bumvirize Ijwi RyaWe. Bazoba bunze ubumwe kandi bakoraniye hamwe, hirya no hino kw’isi yose, kandi bazotumira abantu bose ngo bifatanye na bo.
“Ese ukuntu ari vvyiza cane, NZOBA ARIHO NDI, NDIKUMWE NA BO.”
MweneData Joseph Branham
Icibutswa : Ntimwibagire ko amasaha yahindutse
Ubutumwa : Kugirwa Abana b’Imana #2 60-0518
Ivyanditswe :
Itanguriro 1:26
Abanyefeso, Igice ca mbere
Abaroma 8:19
Ab’i Galatiya 1:6-9
Abaheburayo, Igice ca gatandatu
Yohana 1:17