Ubutumwa: 62-1014e Umurongozi
- 26-1018 Umurongozi
- 25-0608 Umurongozi
- 22-0403 Umurongozi
- 20-1011 Umurongozi
- 18-1202 Umurongozi
- 16-1026 Umurongozi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Bubiko bw’Ubushobozi,
Imana Yasezeranye kurungikira Umugeni waYo Umurongozi muri iyi minsi y’iherezo, kugira ngo Ishobore Kwigaragaza mu mubiri, nk’uko Yabikoze igihe Yaza kw’isi mu Mwana waYo, Yesu. Yatubwiye mw’Ijambo RyaYo ko Yorungitse Eliya umuvugishwa, uwo yobaye Umwana w’Umuntu Yigaragaza mu mubiri w’umuntu; kuko Yari Igifise ibintu vyinshi vyo kutubwira no kutwigisha.
“Nta co azovuga yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose, ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibizoza. Uwo azoshimagiza Jewe, kuko azokwabira ku vyaNje, akabibamenyesha.”
Yarungitse William Marrion Branham kugira ngo Ashitse Ijambo RyaYo, kandi Atwubake umwe wese ku giti ciwe ngo dushike ku Gihagararo ca Yesu Kristo; umuntu atunganye ashobora kunesha umwansi wese, kandi akaba ingoro y’ubushobozi, Mpwemu Yera Ashobora Kubamwo.
Imana ntiYigeze Inanirwa kurungikira abantu baYo Umurongozi. Ariko kugira ngo ube Umugeni WaYo, utegerezwa kwemera uyo Murongozi. Utegerezwa kuMwizera. Utegerezwa kugenda mu nzira Avuga, ahandi ho uzozimira. Nta co bitwaye ico twiyumvira, ikintu gisa n’icumvikana canke gisa n’ikidafise insiguro; si twebwe dufise guhitamwo muri ivyo. Umurongozi ni We Wenyene.
Uvuga uti: “MweneData Joseph, Mpwemu Yera ni We Aturongora, si MweneData Branham.” Amajambo yavuga NI Mpwemu Yera, si MweneData Branham; ariko ni we Imana Yatoranije kugira ngo Mpwemu Yera Yigaragarize muri we, kandi abe umurongozi wacu wo kw’isi.
Kandi Imana Yamye Irungika Abarongozi baYo; mu bihe vyose ntiYigeze Ibura umurongozi. Imana Yamye Ifise umuntu Ayiserukira ng’aha kw’isi, mu bihe vyose.
Dutegerezwa kumenya uwo ariwe, uwo murongozi wo kw’isi ayiserukira ng’aha kw’isi; kuko aho ni ho hashingiye Uguhishurirwa nyakuri kw’Ijambo RyaYo.
Turazi ko Mpwemu Yera ari We Murongozi Mukuru Data Yatuma kurongora Umugeni WaYo; ariko ng’aha Imana Yavuze ko Yama Irungika umuntu ngo abe umurongozi, aYiserukire kandi arongore Umugeni WaYo.
Umurongozi wacu yatubwiye ko Koruneliyo yari umuntu mukuru kandi w’icubahiro. Yarubaka amasengero. Yatanga imfashanyo kandi agasenga buri munsi. Ariko igihe Mpwemu Yera Yaza, yari akeneye Umurongozi.
Imana Yamurungikiye Mpwemu Yera. Yamurungitse mu muntu yitwa Petero, kuko handitswe ngo : “Petero akiriko aravuga ayo Majambo, Mpwemu Yera Amanukira kuri we.” Imana Yakoresheje Umurongozi biciye muri Petero. YaraMukoresheje, kuko Yarongoye Koruneliyo mu nzira ibereye.
Petero akiriko aravuga, Mpwemu Yera Yamanukiye kuri bo. Petero yavuze ati:
“Mbega hari uwoshobora kubima amazi ngo ntibabatizwe?” Murabona, uwo yari Umurongozi Yariko Aravuga, ntiyari Petero.
Ntiturongorwa n’umuntu; turongorwa na Mpwemu Yera, AVUGIRA MU MUNTU IMANA YATORANIJE NGO ABE UMURONGOZI WACU WO KW’ISI.
Mpwemu Yera avugira mu mumarayika wiWe, ari we muyobozi, azokwama avuga Ijambo. Yatubwiye ati: “Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira. Ubu ntimushobora kubitahura, ariko Niyaza, Azobarongorera kuri vyo.”
Yohana yararongowe igihe yandika Ivyahishuriwe Yohana. Yarongeye ararongorwa n’Umurongozi mu kuvuga ati: “Umuntu wese azokuramwo Ijambo rimwe canke akongeramwo ijambo rimwe, umugabane wiwe uzokurwa mu Gitabu c’Ubugingo.”
Mpwemu Yera Yarongeye Arongora MweneData Branham kuvuga ko dutegerezwa kuvuga gusa ibiri ku mabande; ntitwongereko kandi ntidukuremwo. Kandi Yaraduteguriye uburyo dushobora gukoramwo neza na neza ivyo yadutegetse gukora: GUFYONDA TUKAVUZA.
None ushobora gute gusubiriza Ijambo ry’Imana ikindi kintu, hanyuma ukabandanya kuvuga ko urongorwa na Mpwemu Yera?
Turongowe na Mpwemu Yera ari nawe Yaduhaye Uguhishurirwa kw’uwo Ari We, Uguhishurirwa k’uwo Yatumye ngo aMubere umurongozi wiWe wo kw’isi, kugira ngo ahamagare Umugeni wiWe gusohoka; kandi ubu, iryo buye ry’agasongero, ni Uguhishurirwa kw’abo turi bo. Ivyo birarengeye ubushobozi bw’amajambo y’abantu bwokoreshwa mu kubisigura.
Raba ivyo Yadukoreye muri izi ndwi nke gusa ziheruka. Yaratwigishije ingene dutsinda umwansi wese aza imbere yacu; ingene dusokora Inkota yacu y’UKWIZERA, maze tukamukubita gushika apfuye. Nta co dutinya. Nta na kimwe gishobora guhagarara imbere yacu.
Mbega ingene Yabikiye Umugeni WaYo Imfungurwa kugira ngo azifungure! N’igihe Intumwa yaYo iri kure, turacafise Umurongozi isi itazi na gato; ariko ku Mugeni WiWe, ni Imfungurwa za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye, ni Manu Yanyegejwe turiko turafungura buri munsi.
Yaratwubatse adushikana ku rugero rwo kugira ishusho y’abantu batunganye, kugira ngo ashobore kubaho no kwibera muri umwe wese muri twebwe. Yaraturungikiye Mpwemu Yera wiWe , araheza Yihishurira mu mubiri, nk’uko yabigize ubu haheze imyaka 2 000, kugira ngo abe Umurongozi wacu, abeho kandi avugire mu murongozi wiWe wo kw’isi.
Ndabatumiye umwe wese muri mwebwe ngo muze mwumve ijwi ryiwe rivuga riti, “Honk-honk, honk-honk!”, aho Umugeni azoza Atumbereye neza aho iryo jwi rituruka. Azovuga ati, “Honk-honk, honk-honk!” maze habe umunezero mwinshi cane hirya no hino kw’isi. Kubera iki? Umugeni Arazi Ijwi ry’Umurongozi wiWe.
Nimba udashaka kuzimira, nuze wumvirize Umurongozi wacu igihe Azoba Avugira mu murongozi waYo wo kw’isi Yatoranije, kuri uyu w’Iyinga isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa:
62-1014E — Umurongozi
Ivyanditswe:
Mariko 16:15-18
Yohana 1:1 / 16:7-15
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Abanyefeso 4:11-13 / 4:30
Abaheburayo 4:12
2 Petero 1:21
Kuvayo 13:21