Category Archives: Uncategorized

26-0927 Imana Umutunzi W’Ikigongwe

Ubutumwa: 65-0119 Imana Umutunzi W’Ikigongwe

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa Mwebwe Muri Ibintu Bigize Imana,

Muri Ijambo ry’Imana Ryigaragaje, Ryari Ryarasezeranywe mur’iki gihe. Mwamye muri Ryo. Ntimuzoba; ahubwo ubu muri abahungu n’abakobwa b’Imana; kuko Imana, mutunzi w’ikigongwe Yari Ibafise mu vyiyumviro vyaYo kuva kw’itanguriro.

Imbere yuko yambara umubiri ng’aha kw’isi; imbere yuko haba ikintu na kimwe, wari umaze kuba kimwe mu biYigize. Yari Izi izina ryawe. Yari Izi ibara ry’umushatsi uzogira. Yari Izi vyose kubikwerekeye.

Maze igihe wumva Ijwi RyaYo Rikubwira, hari ikintu muri wewe caciye gisemerera; wari uzi iyo wavuye kandi ugana kuri Ryo. Waramenye ko kwari Ukuri.Waramenye ko yari Inzira Yahiswemwo n’Imana uyu munsi, kuko iyo Mbuto Yamye muri wewe.

Ubu ariko aradutwara ku mababa y’inkona. Ijambo Ritubwira ko Yamye Igereranya abavugishwa baYo n’inkona. William Marrion Branham ni intumwa nkona y’Imana yemejwe mur’iki gihe. Ayo ni yo mababa y’inkona ategerezwa kudutwara akatujana mu Gihugu c’isezerano, kuko we, inkona muvugishwa y’Imana, ifise Ubutumwa bw’Imana, ihamagara gusohoka kandi ivuga Ijambo RyaYo, ngo izane umugeni waYo ku gutungana.

Dukurikiye William Marrion Branham hamwe n’Ubutumwa bwiwe bwo kubohora, ni Imana tuba dukurikiye. Kandi Bibiliya Yavuze Iti, “…ntibahoneye hamwe n’abatizeye.” Kuko Imana Yabagiriye ikigongwe cinshi; kuko bagenda bakurikiza amabwirizwa yaYo.

Imana Ishaka ko dukurikiza amabwirizwa yaYo, kandi amabwirizwa yaYo avuga ati: Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Nimuvuge GUSA ibiri kuri ayo mabande. Ijwi RyaNje Ni Ryo Jwi ryonyene Rivuga Amajambo Atagira amakosa. Avuga neza ata gatosi, namwe mukayakira ata gatosi biciye mw’Ijwi RyaNje. Ni co gituma Ijwi ry’Imana Riri ku mabande ari Ryo Ririmwo ivyo vyose mukeneye, kuko Jewe, Imana mutunzi w’ikigongwe caNje narabibateguriye. Ni yo Nzira Nateguye uyu munsi.

Imana, mutunzi w’ikigongwe Yarabahisemwo kandi Ibatoranya imbere y’igihe kugira turonke uku Guhishurirwa kwo kwumviriza iri Jwi. Imana, mutunzi w’ikigongwe Yari Izi ko muri iki gihe c’iherezo, hobayeho ugutahura ibintu nabi cane, amajwi menshi atandukanye hamwe n’insiguro nyinshi zitandukanye z’ubu Butumwa, twari dukeneye rero Ijwi Ritagira amakosa, n’Inzira itunganye twoshobora gucamwo, kugira ngo twiyumviririze ubwacu, Ijambo ku Rindi no ku Rindi, neza na neza ivyo Yashaka kubwira Umugeni waYo.

Ntushobora gufata gusa ivyo uwundi muntu yavuze. Utegerezwa gufata ivyo Imana Yavuze. Yavuze Iti: “Ijambo ryose ry’umuntu wese ribe ikinyoma, iRyaNje Ribe AriRyo ry’ukuri.”

Ni co gituma Imana, mutunzi w’ikigongwe, Yateguriye Umugeni waYo inzira yo kwumviriza Ijwi RyaYo amasaha 24 kuri 24, iminsi 7 kuri 7, iminsi 365 mu mwaka, biciye mu gufyonda no kuvuza, kugira ngo Abeshweho no kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga kuva ku munwa gushika ku gutwi no mu mutima waBo.

Turi Ijambo RyaYo Ryambaye umubiri. Nta bushobozi dufise, ariko yaduhaye ububasha bwayo. Umwe wese muri twebwe arabufise. Niwabwanka, uzoguma aho uri. Ariko nitwabwemera, buzokora ibirengeye cane ivyo twoshobora kwiyumvira, kuko Imana Yuzuye imbabazi zaYo.

Kandi iyo umugabo canke umugore, sindaba uko ivyawe vyifashe, ufise ububasha bw’Imana biciye kw’isezerano, kuko yuzuye imbabazi kandi yasezeranye gukora ibirengeye cane. “Niwabwira uyu musozi uti: ‘Va ng’aho ushinguke,’ kandi ntukekeranye mu mutima wawe, ahubwo ukizera ko ivyo wavuze bizokubera kuno” Nta bushobozi ufise, ariko ufise ububasha.

Umugeni ashobora gusa gutunganywa no kuba umwe biciye mu kwumviriza Ijambo RyaYo Ritunganye Yateguriye iki gihe: Ijwi RyaYo. Ni Ryo Jwi ryonyene Rishobora gushira hamwe Umugeni Rikanamushikana ku gutungana. Ni ryo Jwi ryonyene Imana Yatubwiye ko dutegerezwa kwumviriza no GUKURIKIRA.
Nk’uko vyari kuri Mose, Mwenedata Branham yari azi ko ari we yatowe kugira ngo aturongore, twebwe abana, mu Gihugu c’Isezerano, kuko isezerano yararihawe. Kandi ategerezwa kudutwara mu Gihugu c’Isezerano.

Umuvugishwa wacu nkona yaratwigishije akoresheje ibigereranyo. Isezerano rya Kera Ryari igitutu c’Isezerano Rishasha. Yatubwiye ukuntu dutegerezwa kuba maso cane n’ivyo dutegerezwa gucunga muri iki gihe c’iherezo. Yaratuburiye ku vyerekeye impwemu ya Kora, no kuvyerekeye Datani, hamwe n’akagwi kabo k’abatizera, n’ukuntu bagerageje kwishushanya. Bagerageje kwongeramwo ikintu mu mugambi w’Imana.

Ntibakunda umugambi ushingiye k’umuntu umwe. Ntibawukunda. Bashaka ko bagira ico na bo bakora. Kora yavuze ati: “Ntawovyemera, hari abandi bantu bera benshi kukuruta, wewe Mose. Ukora nk’aho hari isi yonyene ku… Nako ukora nk’aho ari wewe wenyene uri kw’isi” Maze avuga ati: “Je—Je…ntiwari ukwiye kubikora gutyo. Kandi hariho abandi bagabo benshi ng’aha”

Benedata na bashikanje, sindiko ngerageza gutandukanya amashengero mu kuvuga no mu gusubiramwo ibi bintu; Mpwemu Yera ni we ariko arakora iryo tandukaniro. Nimwumvirize ubu Butumwa tugiye kwumviriza. Umuvugishwa n’Imana niwe ariko aragabisha Umugeni ku vyo ategerezwa kugabako. Ariko aratubwira ivyo iyo mpwemu yakoze ico gihe, kandi ko izosubira kubikora mur’iki gihe cacu.

Muvy’ukuri, singerageza gukoraniriza abantu kuri vya bikorwa bitanu, ntibanashobora gushira hamwe Umugeni. Ndiko ngerageza kubakoraniriza kw’Ijambo ry’Imana Ritunganye, Ritagira imvange, ari Ryo Jwi ryonyene Rishobora gushira hamwe Umugeni.

Twama twumvise ibi nyene muri iki gihe, ngo: Mwenedata Branham si we wenyene ashobora kuvuga Ubutumwa, natwe twahamagariwe kuvuga Ubutumwa. Mu vy’ukuri barahamagawe, ariko nk’uko vyari biri ico gihe, akamaro ko kwumviriza iryo Jwi no kwizera ko ari Ubutumwa bw’umuntu umwe, bagaca birondeza inyendamuvano zo KUTAVUZA Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo, bagashira ibikorwa vyabo hejuru kurusha Ryo.

Kandi Bibiliya ivuga iti: “Bakurikiye inzira ya Balamu, bahonera mu mugararizo wa Kora.” Bahoneye mu mugararizo! Umugararizo wa Kora wari uwuhe? Wari uyu: “Mbega wibaza ko ari wewe wenyene muntu wera? Mbega, Imana…twese turi abera. Ishengero ryose ni iryera. Umwe wese…ni twese dukoraniye hamwe, ni vyo dutegerezwa gukora.” Aho ni ho bahonereye bamaze gukora uko. Kandi mu vy’ukuri twari tubikwiye. Twari dukwiye kumera gutyo.

Ubu Butumwa, Iri Jwi RyiWe, Ni Ryo Jwi ryonyene Ryavuzwe mu buryo butomoye kandi Ryakirwa n’Umugeni mu buryo butomoye. Abakozi b’Imana b’abizigirwa bategerezwa guhimiriza abantu kugumana n’iri Jwi, biciye mu kuvuga no gusubiramwo Ubutumwa. Ariko si ukuBuvuga gusa; BATEGEREZWA KUBUVUZA mu mashengero yabo, bakabwira abantu babo ko ARI RYO JWI RIHAMBAYE KURUTA AYANDI YOSE, kugira ngo Umugeni ashobore kwumviriza Ijwi ry’Imana, rivuye ku Mana ubwaYo.

Nta kintu na kimwe kiruta kwumviriza Ijwi ry’Imana. Nta gusigwa na kumwe kubaho kuruta ugusigwa kuri ku mabande. Nta yindi nzira ihari yo gushira hamwe Umugeni, kiretse iyiciye mw’Ijwi ry’Imana Riri ku mabande. Nta yindi NZIRA ITUNGANYE Ibaho atari UGUFYONDA NO KUVUZA NO KWIZERA IJAMBO RYOSE WUMVISE. Vy’ukuri, Ni Imana mutunzi w’ikigongwe caYo Yagiriye Umugeni waYo. Niyo nzira yaYo ITUNGANYE yateguye mur’iki gihe.

Ndabatumiye ngo muze kwifatanya natwe munsi y’ugusigwa guhambaye kuruta ukundi kwose ko muri iki gihe cacu, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku murango kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi),* igihe tuzoba turiko twumviriza Imana Ivugana kandi Yigisha abana baYo Ijambo Ritunganye, mu kutuzanira Ubutumwa bwitwa:

Imana Umutunzi w’Ikigongwe, 65-0119.

Mwenedata Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

Abanyefeso 2:1-5

26-0913 Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ubutumwa: 60-1211e Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

26-0906 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1211M Inkumi Cumi, n’Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine na Bine.

MweneData Joseph Branham

Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ubutumwa: 60-1210 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1210 Igihe c’Ishengero ry’i Filadelufiya.

MweneData Joseph Branham

26-0823 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Mesagj: 60-1209 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1209 Igihe c’Ishengero ry’i Sarudi

MweneData Joseph Branham

26-0809 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1207 Igihe c’Ishengero ry’i Perugamo.

MweneData Joseph Branham

26-0802 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ubutumwa: 60-1206 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1206 Igihe c’Ishengero ry’i Simuruna.

MweneData Joseph Branham

26-0726 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efeso

Ubutumwa: 60-1205 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efeso

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka tuze dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 60-1205 Igihe c’Ishengero Ryo Muri Efeso

MweneData Joseph Branham