26-0412 Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ubutumwa: 65-0418E Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi bagizwe bazima,

Ese ukuntu imitima yacu yagurutse nk’Inkona muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Uko bukeye uko bwije, ugusigwa kwiWe kwarushiriza kwiyongera. Ingaburo Yera, Uguhamba, Ugutungana, hanyuma n’ugusozera guhambaye Yari Yaduteguriye: Ni Uguseruka Kw’Izuba…IMANA ISHIMWE, YARAZUTSE kandi Ni Muzima muri umwe wese muri twebwe. Yariko Arahishurira Ijambo RyiWe umwe wese muri twebwe nk’uko tutari bwigere twumva mbere. Ugusigwa kwuzuye mu mitima yacu, ikirere cose yari Yaciharije; vyasa n’aho Izamurwa ryagira ribe.

Yatubwiye ivyabaye mu myaka 2000 iheze, hanyuma rero n’ivyariko biraba ubu muri 2026. Yesu Yari Urubuto rwa mbere rw’Ingano rw’Imana Rwari Rwazutse mu bapfuye. Yari Yazuwe n’Ubushobozi bw’Imana Butanga Ubugingo Budashira. Imana Yagarukanye ubugingo bwiWe, IMuzura mu bapfuye, kandi Yari umushuzo w’abari basinziriye. Yari uwambere Yashitse mu gukura, Umushuzo w’Imana wazungagizwa nk’icibutso co gutanga amashimwe ku Mana, twizera ko twebwe abasigaye tuzoza. Cari ikimenyetso.

HANYUMA YADUHISHURIYE IBIRIKO BIRABA UNO MUNSI. Nk’uko Yazungujwe ku munsi wa Pentekote igihe haza igihinda kivuye mw’Ijuru nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi cazunguruka hejuru y’abantu. Cariko kirazunguruka ubugira kandi imbere y’abantu nk’uko Yasezeranye muri Luka 17:30 na Malaki 4, igihe U-m-w-a-n-a w’umuntu Azohishurwa kandi Akazungagizwa hejuru y’abantu.

None, Umwana w’umuntu ni nde? “Mu ntango Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana, kandi Uwo Jambo Yari Imana, kandi Jambo Yihaye umubiri, Abana natwe.” Kandi nimba inyigisho zose dufise, n’ukwemezwa kw’Ijambo ry’Imana; mw’Ijambo ry’Imana, mu bimenyetso, mu bitangaza, tubona uno munsi, ko mu Gitabu ca—ca Luka hano, ko nk’uko duhejeje gusubiramwo, canke i—Luka igice ca 17 no ku murongo wa 30; na Malaki 4, n’Ivyanditswe bitandukanye tumenyereye, ko iryo Jambo Ryongeye guzunguzwa hejuru y’abantu, ko imigenzo y’abapfuye yapfuye, kandi Umwana w’Imana Yongeye kuba Muzima mu mubatizo wa Mpwemu Yera nyene hagati yacu, kandi Ariko Araduha Ubugingo.

Mpwemu Yera Yaguma gusa Azungagiza kandi Azungagiza hejuru yacu, Ahishura kandi Ahishura Ijambo RyiWe… Inguvu, ubuhinga, Ububasha butanga ubugingo…

Maze, igihe vyasa nkaho Bitoshobora kuba bihambaye kuruta, Yatubwiye Ati:

Yarandetse ndaba hejuru y’igihuzu, maze ndababona mwese hariya…Abo wakunze bose, kandi abagukunze bose, baraguhawe.” Murabona? Narababonye bose hariya gutyo. Vyari ibiki ? Ubushobozi butanga ubugingo bushasha.

YARATUBONYE HARIYA !! Hirya y’igihuzu c’igihe….twari HARIYA hamwe na we; abakunzi bacu bose batwitangiye imbere…ba dawe, ba mama, abana. Twari hariya hamwe na bo n’abo bose tutigeze duhura: Mose, Eliya, Petero, Pawulo….twese twari kumwe hariya.

Maze, nk’uko Mpwemu Yera w’urukundo Ari, Ntiyashatse kutwibagira twebwe abarwaye, abafise agahinda gakabije n’abakubiswe, rero Yarongeye kwizungagiza hejuru yacu kugira ngo umuntu wese ashobore kuronka ivyo twari dukeneye vyose.

Aba bantu, dusangiye Ubwami, bafise Ubushobozi butanga ubugingo, Bubahe Mwami, ubu nyene. Kandi Mpwemu Ashobore kugenda Ava ku nkona Aja ku yindi, Ava kw’Ijambo Aja kw’Ijambo, gushika ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragaye mu mibiri yose, ku bijanye n’ivyo bakeneye mu mubiri, mu vy’impwemu, canke mu vyo bakeneye vyose, mu gihe turambikanako ibiganza. Mw’Izina rya Yesu Kristo.

Iryo Jambo. Iryo Jwi. IVYO dukeneye VYOSE biri ku ma bande, Mugeni. Imana Ntihindura ivyiyumviro vyayo ku bijanye n’Ijambo RyaYo. Nta n’akadome na kamwe canke akarongo kamwe gashobora guhindurwa, kubw’ivyo Yateguye inzira Umugeni WaYo Yoshobora kwumva n’amatwi yabo NEZA NA NEZA ivyo Yashaka kubabwira.

Imana Yavuganye n’Umugeni WaYo kandi Irahishura VYOSE. Vyarafashwe amajwi. Umugeni Ategerezwa kuza ku Mukwe; iyo ni yo Nzira yaYo Itunganye Yatanzwe Yakozwe ku bw’uyu munsi. Ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE.

Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro vyaYo kw’Ijambo RyaYo? OYA. Ifise UBUGOMBE BUTUNGANYE N’UBUGOMBE BWO KWEMERA. Umugeni Ategerezwa kuba mu BUGOMBE BwaYo BUTUNGANYE. Nta Bugombe butunganye, canke ahantu hatunganye, kuruta kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo.

Ubutumire bwanje kuri umwe wese muri mwebwe ni uko mwokwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi. Nta kwibaza ibibazo bisabwa, wicare gusa uvuge AMEN KW’IJAMBO RYOSE….nta handi hantu ivyo bishobora gukorekera, atari mu GUFYONDA NO KUVUZA gusa.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa: 65-0418E — Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro vyaYo kw’Ijambo RyaYo?
Tuzotangurira ku murongo wa 61.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Kuvayo igice ca 19
Guharūra 22:31
Matayo Mweranda 28:19
Luka 17:30
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 17