Ubutumwa: 62-1014 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 26-1011 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 25-0601 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 20-1004 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 18-1125 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 16-1023 Igihagararo C Umuntu Atunganye
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Mwebwe Muri Igihagararo c’Umuntu Atunganye,
Mbega imyimenyerezo twamaze kuronka! Ijwi ry’Imana Ryaravuze kandi Riratwigisha, Ijambo ku Rindi no ku Rindi, neza na neza ingene dutsinda umwansi wese. Yaraduhishuriye kandi Ishimangira mu mitima yacu yuko TURI IJAMBO. Ni co gituma tudashobora kuneshwa.
Igihe umwansi aduteye, turamukubita, tukongera tukamukubita, tukongera tukamukubita dukoresheje bombe yacu atomike, ari yo Jambo ry’Imana Ryavuzwe, Riba kandi Rigerera muri twebwe.
Mu vy’ukuri, urugamba ruregereje, ariko ubu nta bwoba tukigira; nta maganya tukigira. Ntitwumviriza ijwi ryo mu mutima wacu. Ntitwumviriza ivyo twibuka. Ntitwumviriza inyiyumvo zacu. Twugariye ubwenge bwacu kuri ivyo bintu, maze dushira Mpwemu w’Ijambo RyaYo mu mutima no mu bugingo bwacu. Twarashize hanze ikintu cose gihushanye n’Ijambo RyaYo.
Ugukekeranya kwose kwaraheze. Ubwoba bwose bwaraheze. Inyiyumvo yose yo gukekeranya yaraheze. Inyiyumvo zose zaraheze. Nta kindi gisigaye gihagaze ng’aho atari Ijambo ry’Imana Riba kandi Rikagerera MURI TWEBWE, kandi Satani ntashobora kuRirwanya.
Turiko duhinduka Ihema Rizima ry’Imana Nzima. Ni Imana Iba muri twebwe, Ikatugira nka Yo, Ikagaragariza Kamere kaYo muri twebwe.
Turiko dufata ikibanza ca Kristo, tugakomeza igikorwa ciWe. Aba mu gihagararo c’umuntu mu gihe Yigaragaza muri twebwe. Ubu dusengera hamwe na We! Ni Imana Yigaragariza muri twebwe, twebwe turi Ihema RyaYo.
Ni uruhe rufatiro rwacu rutanyiganyiga rutuma twizera ivyo bintu? UKWIZERA. Kandi ukwizera kwacu nta kindi gukeneye; kuko ukwizera kwacu kwizera Ijambo ry’Imana. Kuko ukwizera kuzanwa no kwumva, kandi kwumva kukazanwa n’Ijambo ry’Imana; kandi Ijambo ry’Imana Riza gusa ku muvugishwa, kandi dushobora gusa KWUMVA umuvugishwa biciye mu gufyonda no kuvuza… PAA!!
Mu kwumviriza Ijwi RyaYo, tuba turiko duterwa Inkomezi zaYo, kandi tuba dupfuye mu vyiyumviro vyacu bwite. Ukwizera kwacu kwahindutse ukwizera nyakuri, kandi Ubugingo BwaYo buriko buraterwa muri twebwe. Twahindutse ibiremwa bizima vy’Imana, ahantu Mpwemu Yera Ashobora kuba maze Akahamanukiriza imihezagiro yiWe myinshi.
None iryo Jwi Riri ku mabande Ririko Rikora iki?
Kristo Yarantumye kwubaka abantu umwe umwe gushika ku gihagararo ca Yesu Kristo, kugira ngo babe inzu y’inkomezi n’ahantu Mpwemu Aba, biciye mw’Ijambo RyaYo. Biciye mw’Ijambo RyaYo, murabona, kwubaka umuntu gushika kuri ico kibanza.
Mu kwumva Ijwi RyaYo, no kwizera hamwe no gukurikira Ijambo RyaYo, ivyo vyaratwubatse kugira ngo tube igihagararo ca Yesu Kristo; ahantu Mpwemu WiWe Aba. Turi ingeso nziza nzima, ubwenge buzima, ukwihangana kuzima, ukwubaha Imana kuzima, Inkomezi nzima, biva ku Mana Nzima, bikatugira umuntu muzima, ishusho nzima, mu gihagararo c’Imana.
“Ariko Waranteguriye Umubiri,” Umubiri Imana Ishobora Kubamwo, Imana Ishobora Kugenderamwo, Imana Ishobora Kwihweza, Imana Ishobora Kuvugiramwo, Imana Ishobora Gukoreramwo. Amen! Igikoresho kizima c’Imana, Imana Igendera ku maguru abiri, muri wewe. Imana Ishimwe! “Intambuko z’umugororotsi zitegekwa n’Imana,” Imana Igendera muri wewe. “Kuko muri amakete yanditswe, asomwa n’abantu bose.”
Imana Ishimwe…!!! Ni co gituma tutitaho nimba tuba mw’ihema canke mu kazu, nimba tubaho canke dupfa, icoba cose. Hari ikintu kimwe gusa twitaho: UBU BUTUMWA, IRI JWI, IJAMBO RY’IMANA. Ni Ubwami bw’Imana. Ni Inzira Imana Yateguye uyu munsi. Buriko burubaka Igihagararo c’Umuntu Atunganye, uwo TWEBWE TURI!
Nimuze dukoranire hamwe, dusuzume ubugingo bwacu, mu gihe twumviriza Umwigisha wacu Atwigisha ivyo dutegerezwa gukora n’ingene dutegerezwa kubaho, kugira ngo tube abahungu n’abakobwa b’Imana B-A-T-U-N-G-A-N-Y-E.
Tuzosezeranira Umwami ko, kubw’imfashanyo yiWe no kubw’ubuntu bwiWe, tuzoMusenga kandi tuzoMurondera iminsi yose tudahengeshanya, gushika twumvise ko kimwe cose mu vyo Adusaba kiriko kiragaragarira mu gihagararo cacu. Tuzoguma aho gushika dushoboye kuba ukugaragara kwa Kristo Muzima.
Buri ndwi, umunezero n’ukwitega ivyo Umwami Agiye gukora n’ivyo Agiye kuduhishurira birarengeye amajambo yoshobora kubivuga. Ese ingene nipfuza ko isi yose yokwifatanya natwe, kuko ata kintu na kimwe gihambaye canke gitunganye kuruta kwicara mu Nyonga z’Ijwi ry’Imana, maze tugahinduka Umugeni afise Igihagararo Gitunganye c’Umugeni-Jambo wiWe Atunganye
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Igihagararo c’Umuntu Atunganye 62-1014M
Isaha: Isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, Indiana (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi)
Ivyanditswe:
Uwera Matayo 5:48
Uwera Luka 6:19
Uwera Yohana 1:1 / 3:3 / 3:16 / 5:14 / 14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38 / 7:44-49 / Igice ca 10 / 19:11 / 28:19
Abanyefeso 4:11-13
Ab’i Kolosayi, Igice ca 3
Abaheburayo 10:5 / 11:1 / 11:32-40
Yakobo 5:14
2 Petero 1:1-7
Yesaya 28:19