Ubutumwa: 62-0311 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa ba Mikaya,
Intambara ihambaye kuruta izindi zose zabayeho, ubu iriteguriye gutangura. Imana Imaze imyaka irenga ibihumbi bitandatu Ihitamwo ingabo zaYo z’intwari kandi mwaratoranijwe imbere y’igihe, mutorwa ngo mube mu Gisirikare caYo Gihambaye.
Yaramaze kubambika, irabamenyereza, kandi ubu umurongo w’urugamba warashizweho, twiteguriye gutangura. Ntiyabahisemwo gusa ngo mube mu Gisirikare caYo Gihambaye, ariko Yarabatoranije ngo mube Mikaya, umuvugishwa, mu gisirikare caYo.
Igihe kirageze, igihe carashitse ; mugiye kuronka imyimenyerezo iva ku Nkingi y’Umuriro ubwaYo, kugira mutsinde umwansi wese. Mugiye kuronka amabwirizwa adasanzwe, Ijambo ku Rindi, ku vyo mukwiye gukora kugira murandure impwemu mbi yose. Bizokwirukana indwara yose n’idayimoni yose bizobitambika imbere. Nta na kimwe gishobora kubitambika imbere.
Inyuma y’iyo myimenyerezo idasanzwe, muzoba mwakomejwe cane n’Ijambo RyaYo ku buryo muzokwirukana ikibi icari co cose. Muzohomvagura ivyiyumviro vy’abantu. Muzohomvagura imiziririzo. Muzohomvagura amaganya. Muzohomvagura indwara. Muzohomvagura icaha. Muzotahura ko muri hejuru y’ivyo vyose, mwazutse muri Kristo Yesu, mwicaye ahantu ho mw’ijuru, umudayimoni wese ari munsi y’ibirenge vyanyu. Muzotahura bihagije kandi MUZOKWIZERA bihagihe ko muri Ijambo.
Azobamenyereza ivyo mukwiye kwiyubarako. Azobabwira ko nimba umwansi wanyu ashoboye kubumvisha ko Igikoresho c’Intambara mufise kidakomeye bihagije, azoba abambuye ibirwanisho.
Yamara ntituzokwibagira imyimenyerezo yacu, abasirikare, maze tubwire iyo dayimoni duti: Si twebwe, twebwe ntaco turi. Ikigwanisho cacu, ni Ijambo Ry’Imana, kandi Rizotsinda IDAYIMONI YOSE, umwanya wose, ahantu hose, kuko ari IJAMBO RYAYO, KANDI YARATUMENYEREJE, KANDI YARADUHISHURIYE KO UBU TURI IJAMBO RYAYO RYAMBAYE UMUBIRI. NIYO MPAMVU tudashobora gutsindwa, turi igisilikare c’IMANA kitaneshwa
Umwe mu minsi ihambaye cane mu mateka y’isi agiye kuba kuri uyu w’Imana. Ba Mikaya baYo bazokoranira hamwe, hirya no hino kw’isi, munsi y’Ijwi ry’Umugabisha wabo Mukuru, aho tuzoba twunze ubumwe cane, duhuje umutima n’inama, ata na hamwe hari ugukekeranya na gutoya.
Maze rero, hamwe tuzokwizera gusa — KANDI TURIZEYE VY’UKURI — nta muntu n’umwe azoba agoyagoya hirya no hino kw’isi yose. Hamwe twoshobora gusa gutahura ico kintu neza, nta muntu n’umwe yipfuza Umubatizo wa Mpwemu Yera atazoWUronka, kandi hazobaho ugukira giturumbuka kw’umubiri n’umushaha, hamwe gusa twoguma tuvyumyeko.
Ubu ni co gihe. Turi ba bantu rero. Mpwemu w’Imana Yaradugije ibendera ryo kurwanya idayimoni yose; TURI UMWE MURI BO, kandi nta kintu na kimwe gishobora kuduhagarika!!
Twarapfuye ku mamero yacu, twarapfuye ku vyiyumviro vyacu bwite, twarapfuye kur’ivyo vyose. Ubugingo bwacu burahishijwe, kandi twahambwe mw’Izina rya Yesu Kristo, hanyuma tuzurwa hamwe na We. Kandi aho ari hose, ni ho natwe turi.
Twarahondaguye dukoresheje iminwa yacu turasohoka, wa dayimoni we, tugutera ibisasu vy’aya majambo ngo: “UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE.” Amaherezo turiko turumva akayaga gashasha. “UKU NI KO UHORAHO AVUZE.” Ng’aho turaje, wa dayimoni we; imitwe yacu yamaze gusohoka hanze. “UKU NI KO UHORAHO AVUZE, WARANESHEJWE.”
Tunesha idayimoni dukoresheje iki?
Ijambo!
Reka tubivuge: Ijambo! Ijambo! IJAMBO!!
AYANDI MABWIRIZWA Y’IMYIMENYEREZO
Ubu rero, iyo umwansi ateye maze akagerageza kuvuga ati: Utegerezwa gukora iki, utegerezwa gukora kiriya; ko ata co umaze; ko utabereye; ko utakize, ko ugifise za ngorane zawe nyene.” None muzokora iki?
“Mva imbere.” Paa!! Ata guca ku ruhande, koresha Ijambo. Yaba ari idayimoni, yaba ari umwansi, yaba ari indwara, yaba ari ubumuga, caba icari co cose, fata iryo Jambo urikoreshe nk’inkota. Kandi nimba urikubitishije ubwa mbere bikamera nkaho atacahindutse, subira urikubitishe cane, subira urikubitse cane, subira urikubitishe cane.
Twakira Ijambo twisunze gusa ibi: “Ima;na Yarabivuze.” Kandi ivyo bishiraho imigenderanire hagati yacu. Inzira yose hagati yacu na Yo yaruguruwe. Tuvuga duti, “Sinzi igihe nzobironka, ariko ngiye kubironka. IMANA YARABIVUZE. Amakenga yose YARAVUYEHO… wanashima dukekeranya ugukekeranya kwacu.”
Turwanya umurwanizi kandi tugafata Ijambo ry’Imana. Nimba novyiyumvamwo, canke sindavyiyumvemwo, uko vyogenda kwose, Imana Yarabivuze. Ivyo biba birangiye.
Kurikize aya mabwirizwa, basirikare mwe, kugeza ku kantu kose. Subiremwo aya Majambo igihe umwansi ateye. Si amajambo yanyu; ni AMAJAMBO YAYO, KANDI AMAJAMBO YAYO NTASHOBORA KUNANIRWA. Yaraduhaye ububasha bwose bwo gukoresha Ijambo RyaYo mu kutugira Ijambo RyaYo. Igihe Satani atera, musomere amabwirizwa yanyu.
AMABWIRIZWA Y’UMUGABISHA WACU.
Ng’ibi neza na neza ivyo nshaka ko mukora.
Subiramwo iyi ndahiro kandi wizere Ijambo ryose kugira uronke ugucungurwa kwuzuye:
Satani, mva imbere! Ndiko ndasohoka ng’aha.
Sinkigumye ndyamye ng’aha, Sinkigumye nicaye ng’aha. Si nkiri kur’iyi mbuga ishaje y’umurwanizi. Ndiko ndicira inzira yanje nsohoke, muri iki gitondo.
Ndi inkona. Amen! Haleluya!
Hanyuma ndashaka ko ukora ibi:
Gwana ukoresheje aya majambo uti, “UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE.”
Ca akenge, uvuge uti, “Ijambo RyaWe ni ukuri.”
Mwami, sinzokwitaho na gato uko niyumva, ivyo umuntu uwo ari we wese avuga, canke ivyo jewe ubwanje mvuga. Vyose ndabizibiye, ndazibiye inzira zose vyocamwo, nzibiye intambamyi zose, amakenga yose n’ukutizera kwose nigeze kugira. Uko nigeze kwiyumva kwose, indwara yose nigeze kugira, ico cose cigeze kumbamwo, ivyo vyose ndabigwije n’ubusa. Ndiko ndaza ntumbereye ku mpwemu yanje.
UKWIZERA kwawe kuzotangura kuduga, kuduga cane. Maze uMubwire uti, “Ewe Mwami, manuka. Wavuze ko Wampaye uburenganzira bwo kwihitiramwo.”
“Ni ko uri, mwana waNje.”
Ni vyiza cane, ndakinguye umutima wanje n’ubwenge bwanje.
“Niwinjire, Mwami Yesu.”
Fata Ukwizera, iyi Nkota ya Mpwemu, UKU NI KO UHORAHO AVUZE.
Koma akaruru uti: “Haleluya!” Amen.
Hanyuma, honya umwansi wese ari imbere yawe. Amen. Uko niko biri. Temagura umwansi wese. Nimba hari impwemu y’imizimu, ituma wiyumva u… Yinkuremwo ukoresheje Ijambo ry’Umwami.
AMABWIRIZWA YAWE YA NYUMA, WA MUSIRIKARE WE.
BWIRA UMWANSI UTI :
“Mva imbere.” Paa!
Umukubise Ijambo. Yaba ari idayimoni, yaba ari umwansi, yaba ari indwara, yaba ari ubumuga yaba ari ikindi cose, fata iri Jambo urikoreshe nk’Inkota. Kandi nimba urikubitishije ubwa mbere bikamera nk’aho ataco bihinduye, subira urikubitishe cane, subira urikubitishe cane, subira urikubitishe cane. Subira urikubitishe cane gushika utoboye umwenge, nk’uko umuswi wikura mu kibarara ; canke nk’inkona, kuko usanzwe uriyo. Hondagura kugira usohoke muri ico kibarara ca kera c’indwara. Icire inzira usohoke, vuga uti: “Haleluya! Uwukurikira ari hehe?” Amen. Iyo ni yo ntambara. Uwo ni we musirikare. Uwo ni we musirikare w’umusaraba. Egome, mugenzi. Kuraho umwansi wese mu nzira. Kubera iki? Kubera iki?
Twebwe turi, Urubuto cami Rw’Aburahamu Rwatoranijwe imbere y’igihe.
Imana Ishimwe! Umwansi wese yaraneshejwe. NTA KINTU NA KIMWE gishobora guhagarara imbere y’Ijambo ry’Imana, kandi twebwe turi Ijambo ry’Imana. Turi Urubuto rwaYo Cami, kandi isezerano ryose ni IRYACU.
Igihe carashitse, Umugeni Yizera Ijambo ryose kandi Agenza nk’uko Rivuga. Twitegura ubwacu mu kwumviriza no mu kwizera Ijambo RyaYo.
Nimba hari ico ukeneye, nimba ushaka kwuzuzwa Mpwemu Yera, nimba ushaka gukira indwara, nimba ushaka ko idayimoni yose yirukanwa, nimba ushaka kuba Umugeni wa Kristo, ubu ni co gihe; kwumviriza no kwizera Ijwi RyiWe ni aho nyene.
Nimba wipfuza ibi bintu kandi ukaba ushaka kuba imbere y’Umwami, hafi yiWe kuruta uko wigeze kuhaba ubwa mbere, niwifatanye natwe kur’uyu w’Iyinga, isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe Umugabisha wacu w’inyenyeri zine Azoba Ariko Arigisha Umugeni WiWe Mikaya w’inkomezi ingene banesha idayimoni yose, umwansi wese, ingene ubohoka, ingene wuzuzwa Mpwemu Yera, no kwitegurira Ukuza giturumbuka kwiWe.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Intambara Ihambaye Itigeze Kurwanwa. 62-0311
Ivyanditswe:
1 Petero 5:8-10
Abanyefeso 6:10-17
Daniyeli 12:1-7