Ubutumwa: 60-0515e Kugirwa Abana bImana
- 26-1025 Kugirwa Abana bImana
- 25-0504 Kugirwa Abana bImana
- 21-0620 kugirwa Abana bImana
- 18-0603 Kugirwa Abana bImana
- 16-0221 Kugirwa Abana bImana
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa, Bizigirwa bo muri Kristo Yesu,
Mbega ibihe vyiza vy’ubwiza turiko turabamwo! Buri yinga, tuba turindiranye igishika cinshi, uko dukoraniye hamwe kugira ngo twumvirize Ijwi ryiWe. Ivyiyumviro vyacu vyo mu buryo bw’impwemu ntibikiri mu rujijo na gato. TURAZI neza na neza uwo Ari We. TURAZI neza na neza ico Ari Co. TURAZI neza na neza abo turi bo: tugize umuryango umwe munini HAMWE NA WE!
“Yahaye umuntu kuba akamana.. Kubera ko Yo Ni Imana Data, kandi Ikaba Yarahaye umuntu kuba akamana gatoya, ntikiRiho ubwaYo gusa, ahubwo Ibaho Iri kumwe n’umuryango waYo. Elah, Elah, Elohim. Ubu rero, ni Yehova. Yehova bisobanura ngo “Uwuriho Ari kumwe n’umuryango wiWe.”
Umuryango Mugeni wiWe Uriko Uratunganywa n’Ijwi rya Yehova ubwiWe. Yaratwigishije ingene twohangana n’umwansi wese adutera; ingene dushobora kumugwanya no kumunesha dukoresheje Ijambo, kuko Ijambo RyiWe Riba kandi Rikaguma muri twebwe. Yaraduhumurije aratubwira ati: “TURI IJAMBO.” ikintu cose dusaba mw’Izina ryiWe, dushobora kukironka nitwaba twizeye… KANDI RERO TURIZEYE!
Yaratubwiye kandi araduhishurira ingene dushobora kuba abagabo n’abagore bafise ibihagararo bitunganye, kugira ngo tube ahantu hiwe Yibera. Yaravuze za: kwe- kwe! arongera ati: kwe-kwe kugira ngo Akoranirize hamwe Umugeni Wiwe Akunda, mukutumenyesha ko Ari We Murongozi wacu, kandi ko Yariko Araturongora biciye ku mumarayika wiWe wo kw’isi, ari we William Marrion Branham.
Ubu rero, Afise ikindi cigwa kidasanzwe Yipfuza kutwigisha no kuduhishurira. Ashaka gutangaza ko turi abana biWe b’abaragwa. Izina ryacu rifise agaciro kangana n’Izina ryiWe. Twavuye i Kanani, tuva mw’isi, kandi UBU MBERE twicaranye na We mu bibanza vyo mw’ijuru, dufungura Manu Yaziganijwe, Ihishijwe.
Ubu agiye kutubwira ico dutegerezwa gukora kugira ngo twitegurire Ubutumwa bwiWe bukurikira, hamwe n’ibishobora gushika nitwabikora.
Dutegerezwa kuba twiteguye biciye mu gusenga, kandi tukaba twiteguriye Ubutumwa; tugakoranira hamwe nk’abera kugira ngo twumvirize Ijwi ryiWe ; tukaba twabatijwe muri Mpwemu Yera, twuzuye imihezagiro y’Imana; ata vyiyumviro bibi; ataco dupfa hagati yacu; tuvugana mu rukundo no mu mwumvikano; tukaba duhuje umutima umwe, turi ahantu hamwe mu birere vyo mw’ijuru; mu cuka co mw’ijuru; ivyaha vyacu vyose biri munsi y’Amaraso, mu gusenga gutunganye; ibiganza vyacu n’imitima yacu vyerekeje ku Mana, dusengera hamwe ahantu ho mw’ijuru.
Nitwakora ivyo bintu, ng’ibi ibizoshika kuri uyu w’Iyinga:
• ugukira indwara kuva ku Mana
• Kumenya ibizoba imbere y’igihe
• Uguhishurirwa
• Amayerekwa
• Ubushobozi
• Indimi
• Gusobanura indimi
• Ubwenge
• Ubumenyi
• Imihezagiro yo mw’ijuru
• Umunezero udashobora gusigurwa, wuzuye ubwiza bw’Imana
Umutima wose uzokwuzuzwa Mpwemu. Maze bukwi na bukwi, hazoza igihinda kivuye mw’ijuru, kimeze nk’umuyaga ukomeye w’igihuhuta, kandi Azoduhezagiza imihezagiro yose yo mu buryo bwa Mpwemu.
Ivyo ni vyo bizoba kur’uyu w’Iyinga, isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) aho Imana Yateguye ahantu hadasanzwe kugira ngo Umugeni Dushobore gukoranira hamwe, kugira ngo Twumvirize Ijwi RyaYo dufise umutima umwe, turi ahantu hamwe, tudugije ibiganza vyacu n’imitima yacu, tuvyerekeza ku Mana, dusengera hamwe mu cuka co mw’ijuru.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Kugirwa Abana b’Imana #1 — 60-0515E
Ivyanditswe :
Yoweli 2:28
Abanyefeso 1:1-5
1 Ab’i Korinto 12:13
1 Petero 1:20
Ivyahishuriwe Yohana 17:8
Ivyahishuriwe Yohana 13