All posts by admin5

26-1011 Igihagararo C Umuntu Atunganye

Ubutumwa: 62-1014 Igihagararo C Umuntu Atunganye

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa Mwebwe Muri Igihagararo c’Umuntu Atunganye,

Mbega imyimenyerezo twamaze kuronka! Ijwi ry’Imana Ryaravuze kandi Riratwigisha, Ijambo ku Rindi no ku Rindi, neza na neza ingene dutsinda umwansi wese. Yaraduhishuriye kandi Ishimangira mu mitima yacu yuko TURI IJAMBO. Ni co gituma tudashobora kuneshwa.

Igihe umwansi aduteye, turamukubita, tukongera tukamukubita, tukongera tukamukubita dukoresheje bombe yacu atomike, ari yo Jambo ry’Imana Ryavuzwe, Riba kandi Rigerera muri twebwe.

Mu vy’ukuri, urugamba ruregereje, ariko ubu nta bwoba tukigira; nta maganya tukigira. Ntitwumviriza ijwi ryo mu mutima wacu. Ntitwumviriza ivyo twibuka. Ntitwumviriza inyiyumvo zacu. Twugariye ubwenge bwacu kuri ivyo bintu, maze dushira Mpwemu w’Ijambo RyaYo mu mutima no mu bugingo bwacu. Twarashize hanze ikintu cose gihushanye n’Ijambo RyaYo.

Ugukekeranya kwose kwaraheze. Ubwoba bwose bwaraheze. Inyiyumvo yose yo gukekeranya yaraheze. Inyiyumvo zose zaraheze. Nta kindi gisigaye gihagaze ng’aho atari Ijambo ry’Imana Riba kandi Rikagerera MURI TWEBWE, kandi Satani ntashobora kuRirwanya.

Turiko duhinduka Ihema Rizima ry’Imana Nzima. Ni Imana Iba muri twebwe, Ikatugira nka Yo, Ikagaragariza Kamere kaYo muri twebwe.

Turiko dufata ikibanza ca Kristo, tugakomeza igikorwa ciWe. Aba mu gihagararo c’umuntu mu gihe Yigaragaza muri twebwe. Ubu dusengera hamwe na We! Ni Imana Yigaragariza muri twebwe, twebwe turi Ihema RyaYo.

Ni uruhe rufatiro rwacu rutanyiganyiga rutuma twizera ivyo bintu? UKWIZERA. Kandi ukwizera kwacu nta kindi gukeneye; kuko ukwizera kwacu kwizera Ijambo ry’Imana. Kuko ukwizera kuzanwa no kwumva, kandi kwumva kukazanwa n’Ijambo ry’Imana; kandi Ijambo ry’Imana Riza gusa ku muvugishwa, kandi dushobora gusa KWUMVA umuvugishwa biciye mu gufyonda no kuvuza… PAA!!

Mu kwumviriza Ijwi RyaYo, tuba turiko duterwa Inkomezi zaYo, kandi tuba dupfuye mu vyiyumviro vyacu bwite. Ukwizera kwacu kwahindutse ukwizera nyakuri, kandi Ubugingo BwaYo buriko buraterwa muri twebwe. Twahindutse ibiremwa bizima vy’Imana, ahantu Mpwemu Yera Ashobora kuba maze Akahamanukiriza imihezagiro yiWe myinshi.

None iryo Jwi Riri ku mabande Ririko Rikora iki?

Kristo Yarantumye kwubaka abantu umwe umwe gushika ku gihagararo ca Yesu Kristo, kugira ngo babe inzu y’inkomezi n’ahantu Mpwemu Aba, biciye mw’Ijambo RyaYo. Biciye mw’Ijambo RyaYo, murabona, kwubaka umuntu gushika kuri ico kibanza.

Mu kwumva Ijwi RyaYo, no kwizera hamwe no gukurikira Ijambo RyaYo, ivyo vyaratwubatse kugira ngo tube igihagararo ca Yesu Kristo; ahantu Mpwemu WiWe Aba. Turi ingeso nziza nzima, ubwenge buzima, ukwihangana kuzima, ukwubaha Imana kuzima, Inkomezi nzima, biva ku Mana Nzima, bikatugira umuntu muzima, ishusho nzima, mu gihagararo c’Imana.

“Ariko Waranteguriye Umubiri,” Umubiri Imana Ishobora Kubamwo, Imana Ishobora Kugenderamwo, Imana Ishobora Kwihweza, Imana Ishobora Kuvugiramwo, Imana Ishobora Gukoreramwo. Amen! Igikoresho kizima c’Imana, Imana Igendera ku maguru abiri, muri wewe. Imana Ishimwe! “Intambuko z’umugororotsi zitegekwa n’Imana,” Imana Igendera muri wewe. “Kuko muri amakete yanditswe, asomwa n’abantu bose.”

Imana Ishimwe…!!! Ni co gituma tutitaho nimba tuba mw’ihema canke mu kazu, nimba tubaho canke dupfa, icoba cose. Hari ikintu kimwe gusa twitaho: UBU BUTUMWA, IRI JWI, IJAMBO RY’IMANA. Ni Ubwami bw’Imana. Ni Inzira Imana Yateguye uyu munsi. Buriko burubaka Igihagararo c’Umuntu Atunganye, uwo TWEBWE TURI!

Nimuze dukoranire hamwe, dusuzume ubugingo bwacu, mu gihe twumviriza Umwigisha wacu Atwigisha ivyo dutegerezwa gukora n’ingene dutegerezwa kubaho, kugira ngo tube abahungu n’abakobwa b’Imana B-A-T-U-N-G-A-N-Y-E.

Tuzosezeranira Umwami ko, kubw’imfashanyo yiWe no kubw’ubuntu bwiWe, tuzoMusenga kandi tuzoMurondera iminsi yose tudahengeshanya, gushika twumvise ko kimwe cose mu vyo Adusaba kiriko kiragaragarira mu gihagararo cacu. Tuzoguma aho gushika dushoboye kuba ukugaragara kwa Kristo Muzima.

Buri ndwi, umunezero n’ukwitega ivyo Umwami Agiye gukora n’ivyo Agiye kuduhishurira birarengeye amajambo yoshobora kubivuga. Ese ingene nipfuza ko isi yose yokwifatanya natwe, kuko ata kintu na kimwe gihambaye canke gitunganye kuruta kwicara mu Nyonga z’Ijwi ry’Imana, maze tugahinduka Umugeni afise Igihagararo Gitunganye c’Umugeni-Jambo wiWe Atunganye

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: Igihagararo c’Umuntu Atunganye 62-1014M

Isaha: Isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, Indiana (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi)

Ivyanditswe:

Uwera Matayo 5:48
Uwera Luka 6:19
Uwera Yohana 1:1 / 3:3 / 3:16 / 5:14 / 14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38 / 7:44-49 / Igice ca 10 / 19:11 / 28:19
Abanyefeso 4:11-13
Ab’i Kolosayi, Igice ca 3
Abaheburayo 10:5 / 11:1 / 11:32-40
Yakobo 5:14
2 Petero 1:1-7
Yesaya 28:19

26-1004 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Ubutumwa: 62-0311 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa ba Mikaya,

Intambara ihambaye kuruta izindi zose zabayeho, ubu iriteguriye gutangura. Imana Imaze imyaka irenga ibihumbi bitandatu Ihitamwo ingabo zaYo z’intwari kandi mwaratoranijwe imbere y’igihe, mutorwa ngo mube mu Gisirikare caYo Gihambaye.

Yaramaze kubambika, irabamenyereza, kandi ubu umurongo w’urugamba warashizweho, twiteguriye gutangura. Ntiyabahisemwo gusa ngo mube mu Gisirikare caYo Gihambaye, ariko Yarabatoranije ngo mube Mikaya, umuvugishwa, mu gisirikare caYo.

Igihe kirageze, igihe carashitse ; mugiye kuronka imyimenyerezo iva ku Nkingi y’Umuriro ubwaYo, kugira mutsinde umwansi wese. Mugiye kuronka amabwirizwa adasanzwe, Ijambo ku Rindi, ku vyo mukwiye gukora kugira murandure impwemu mbi yose. Bizokwirukana indwara yose n’idayimoni yose bizobitambika imbere. Nta na kimwe gishobora kubitambika imbere.

Inyuma y’iyo myimenyerezo idasanzwe, muzoba mwakomejwe cane n’Ijambo RyaYo ku buryo muzokwirukana ikibi icari co cose. Muzohomvagura ivyiyumviro vy’abantu. Muzohomvagura imiziririzo. Muzohomvagura amaganya. Muzohomvagura indwara. Muzohomvagura icaha. Muzotahura ko muri hejuru y’ivyo vyose, mwazutse muri Kristo Yesu, mwicaye ahantu ho mw’ijuru, umudayimoni wese ari munsi y’ibirenge vyanyu. Muzotahura bihagije kandi MUZOKWIZERA bihagihe ko muri Ijambo.

Azobamenyereza ivyo mukwiye kwiyubarako. Azobabwira ko nimba umwansi wanyu ashoboye kubumvisha ko Igikoresho c’Intambara mufise kidakomeye bihagije, azoba abambuye ibirwanisho.

Yamara ntituzokwibagira imyimenyerezo yacu, abasirikare, maze tubwire iyo dayimoni duti: Si twebwe, twebwe ntaco turi. Ikigwanisho cacu, ni Ijambo Ry’Imana, kandi Rizotsinda IDAYIMONI YOSE, umwanya wose, ahantu hose, kuko ari IJAMBO RYAYO, KANDI YARATUMENYEREJE, KANDI YARADUHISHURIYE KO UBU TURI IJAMBO RYAYO RYAMBAYE UMUBIRI. NIYO MPAMVU tudashobora gutsindwa, turi igisilikare c’IMANA kitaneshwa

Umwe mu minsi ihambaye cane mu mateka y’isi agiye kuba kuri uyu w’Imana. Ba Mikaya baYo bazokoranira hamwe, hirya no hino kw’isi, munsi y’Ijwi ry’Umugabisha wabo Mukuru, aho tuzoba twunze ubumwe cane, duhuje umutima n’inama, ata na hamwe hari ugukekeranya na gutoya.

Maze rero, hamwe tuzokwizera gusa — KANDI TURIZEYE VY’UKURI — nta muntu n’umwe azoba agoyagoya hirya no hino kw’isi yose. Hamwe twoshobora gusa gutahura ico kintu neza, nta muntu n’umwe yipfuza Umubatizo wa Mpwemu Yera atazoWUronka, kandi hazobaho ugukira giturumbuka kw’umubiri n’umushaha, hamwe gusa twoguma tuvyumyeko.
Ubu ni co gihe. Turi ba bantu rero. Mpwemu w’Imana Yaradugije ibendera ryo kurwanya idayimoni yose; TURI UMWE MURI BO, kandi nta kintu na kimwe gishobora kuduhagarika!!

Twarapfuye ku mamero yacu, twarapfuye ku vyiyumviro vyacu bwite, twarapfuye kur’ivyo vyose. Ubugingo bwacu burahishijwe, kandi twahambwe mw’Izina rya Yesu Kristo, hanyuma tuzurwa hamwe na We. Kandi aho ari hose, ni ho natwe turi.

Twarahondaguye dukoresheje iminwa yacu turasohoka, wa dayimoni we, tugutera ibisasu vy’aya majambo ngo: “UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE.” Amaherezo turiko turumva akayaga gashasha. “UKU NI KO UHORAHO AVUZE.” Ng’aho turaje, wa dayimoni we; imitwe yacu yamaze gusohoka hanze. “UKU NI KO UHORAHO AVUZE, WARANESHEJWE.”

Tunesha idayimoni dukoresheje iki?

Ijambo!
Reka tubivuge: Ijambo! Ijambo! IJAMBO!!

AYANDI MABWIRIZWA Y’IMYIMENYEREZO

Ubu rero, iyo umwansi ateye maze akagerageza kuvuga ati: Utegerezwa gukora iki, utegerezwa gukora kiriya; ko ata co umaze; ko utabereye; ko utakize, ko ugifise za ngorane zawe nyene.” None muzokora iki?

“Mva imbere.” Paa!! Ata guca ku ruhande, koresha Ijambo. Yaba ari idayimoni, yaba ari umwansi, yaba ari indwara, yaba ari ubumuga, caba icari co cose, fata iryo Jambo urikoreshe nk’inkota. Kandi nimba urikubitishije ubwa mbere bikamera nkaho atacahindutse, subira urikubitishe cane, subira urikubitse cane, subira urikubitishe cane.

Twakira Ijambo twisunze gusa ibi: “Ima;na Yarabivuze.” Kandi ivyo bishiraho imigenderanire hagati yacu. Inzira yose hagati yacu na Yo yaruguruwe. Tuvuga duti, “Sinzi igihe nzobironka, ariko ngiye kubironka. IMANA YARABIVUZE. Amakenga yose YARAVUYEHO… wanashima dukekeranya ugukekeranya kwacu.”

Turwanya umurwanizi kandi tugafata Ijambo ry’Imana. Nimba novyiyumvamwo, canke sindavyiyumvemwo, uko vyogenda kwose, Imana Yarabivuze. Ivyo biba birangiye.

Kurikize aya mabwirizwa, basirikare mwe, kugeza ku kantu kose. Subiremwo aya Majambo igihe umwansi ateye. Si amajambo yanyu; ni AMAJAMBO YAYO, KANDI AMAJAMBO YAYO NTASHOBORA KUNANIRWA. Yaraduhaye ububasha bwose bwo gukoresha Ijambo RyaYo mu kutugira Ijambo RyaYo. Igihe Satani atera, musomere amabwirizwa yanyu.

AMABWIRIZWA Y’UMUGABISHA WACU.

Ng’ibi neza na neza ivyo nshaka ko mukora.

Subiramwo iyi ndahiro kandi wizere Ijambo ryose kugira uronke ugucungurwa kwuzuye:

Satani, mva imbere! Ndiko ndasohoka ng’aha.

Sinkigumye ndyamye ng’aha, Sinkigumye nicaye ng’aha. Si nkiri kur’iyi mbuga ishaje y’umurwanizi. Ndiko ndicira inzira yanje nsohoke, muri iki gitondo.

Ndi inkona. Amen! Haleluya!

Hanyuma ndashaka ko ukora ibi:

Gwana ukoresheje aya majambo uti, “UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE. UKU NI KO UHORAHO AVUZE.”

Ca akenge, uvuge uti, “Ijambo RyaWe ni ukuri.”

Mwami, sinzokwitaho na gato uko niyumva, ivyo umuntu uwo ari we wese avuga, canke ivyo jewe ubwanje mvuga. Vyose ndabizibiye, ndazibiye inzira zose vyocamwo, nzibiye intambamyi zose, amakenga yose n’ukutizera kwose nigeze kugira. Uko nigeze kwiyumva kwose, indwara yose nigeze kugira, ico cose cigeze kumbamwo, ivyo vyose ndabigwije n’ubusa. Ndiko ndaza ntumbereye ku mpwemu yanje.

UKWIZERA kwawe kuzotangura kuduga, kuduga cane. Maze uMubwire uti, “Ewe Mwami, manuka. Wavuze ko Wampaye uburenganzira bwo kwihitiramwo.”

“Ni ko uri, mwana waNje.”

Ni vyiza cane, ndakinguye umutima wanje n’ubwenge bwanje.

“Niwinjire, Mwami Yesu.”

Fata Ukwizera, iyi Nkota ya Mpwemu, UKU NI KO UHORAHO AVUZE.

Koma akaruru uti: “Haleluya!” Amen.

Hanyuma, honya umwansi wese ari imbere yawe. Amen. Uko niko biri. Temagura umwansi wese. Nimba hari impwemu y’imizimu, ituma wiyumva u… Yinkuremwo ukoresheje Ijambo ry’Umwami.

AMABWIRIZWA YAWE YA NYUMA, WA MUSIRIKARE WE.
BWIRA UMWANSI UTI :

“Mva imbere.” Paa!

Umukubise Ijambo. Yaba ari idayimoni, yaba ari umwansi, yaba ari indwara, yaba ari ubumuga yaba ari ikindi cose, fata iri Jambo urikoreshe nk’Inkota. Kandi nimba urikubitishije ubwa mbere bikamera nk’aho ataco bihinduye, subira urikubitishe cane, subira urikubitishe cane, subira urikubitishe cane. Subira urikubitishe cane gushika utoboye umwenge, nk’uko umuswi wikura mu kibarara ; canke nk’inkona, kuko usanzwe uriyo. Hondagura kugira usohoke muri ico kibarara ca kera c’indwara. Icire inzira usohoke, vuga uti: “Haleluya! Uwukurikira ari hehe?” Amen. Iyo ni yo ntambara. Uwo ni we musirikare. Uwo ni we musirikare w’umusaraba. Egome, mugenzi. Kuraho umwansi wese mu nzira. Kubera iki? Kubera iki?

Twebwe turi, Urubuto cami Rw’Aburahamu Rwatoranijwe imbere y’igihe.

Imana Ishimwe! Umwansi wese yaraneshejwe. NTA KINTU NA KIMWE gishobora guhagarara imbere y’Ijambo ry’Imana, kandi twebwe turi Ijambo ry’Imana. Turi Urubuto rwaYo Cami, kandi isezerano ryose ni IRYACU.

Igihe carashitse, Umugeni Yizera Ijambo ryose kandi Agenza nk’uko Rivuga. Twitegura ubwacu mu kwumviriza no mu kwizera Ijambo RyaYo.

Nimba hari ico ukeneye, nimba ushaka kwuzuzwa Mpwemu Yera, nimba ushaka gukira indwara, nimba ushaka ko idayimoni yose yirukanwa, nimba ushaka kuba Umugeni wa Kristo, ubu ni co gihe; kwumviriza no kwizera Ijwi RyiWe ni aho nyene.

Nimba wipfuza ibi bintu kandi ukaba ushaka kuba imbere y’Umwami, hafi yiWe kuruta uko wigeze kuhaba ubwa mbere, niwifatanye natwe kur’uyu w’Iyinga, isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe Umugabisha wacu w’inyenyeri zine Azoba Ariko Arigisha Umugeni WiWe Mikaya w’inkomezi ingene banesha idayimoni yose, umwansi wese, ingene ubohoka, ingene wuzuzwa Mpwemu Yera, no kwitegurira Ukuza giturumbuka kwiWe.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: Intambara Ihambaye Itigeze Kurwanwa. 62-0311

Ivyanditswe:
1 Petero 5:8-10
Abanyefeso 6:10-17
Daniyeli 12:1-7

26-0927 Imana Umutunzi W’Ikigongwe

Ubutumwa: 65-0119 Imana Umutunzi W’Ikigongwe

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa Mwebwe Muri Ibintu Bigize Imana,

Muri Ijambo ry’Imana Ryigaragaje, Ryari Ryarasezeranywe mur’iki gihe. Mwamye muri Ryo. Ntimuzoba; ahubwo ubu muri abahungu n’abakobwa b’Imana; kuko Imana, mutunzi w’ikigongwe Yari Ibafise mu vyiyumviro vyaYo kuva kw’itanguriro.

Imbere yuko yambara umubiri ng’aha kw’isi; imbere yuko haba ikintu na kimwe, wari umaze kuba kimwe mu biYigize. Yari Izi izina ryawe. Yari Izi ibara ry’umushatsi uzogira. Yari Izi vyose kubikwerekeye.

Maze igihe wumva Ijwi RyaYo Rikubwira, hari ikintu muri wewe caciye gisemerera; wari uzi iyo wavuye kandi ugana kuri Ryo. Waramenye ko kwari Ukuri.Waramenye ko yari Inzira Yahiswemwo n’Imana uyu munsi, kuko iyo Mbuto Yamye muri wewe.

Ubu ariko aradutwara ku mababa y’inkona. Ijambo Ritubwira ko Yamye Igereranya abavugishwa baYo n’inkona. William Marrion Branham ni intumwa nkona y’Imana yemejwe mur’iki gihe. Ayo ni yo mababa y’inkona ategerezwa kudutwara akatujana mu Gihugu c’isezerano, kuko we, inkona muvugishwa y’Imana, ifise Ubutumwa bw’Imana, ihamagara gusohoka kandi ivuga Ijambo RyaYo, ngo izane umugeni waYo ku gutungana.

Dukurikiye William Marrion Branham hamwe n’Ubutumwa bwiwe bwo kubohora, ni Imana tuba dukurikiye. Kandi Bibiliya Yavuze Iti, “…ntibahoneye hamwe n’abatizeye.” Kuko Imana Yabagiriye ikigongwe cinshi; kuko bagenda bakurikiza amabwirizwa yaYo.

Imana Ishaka ko dukurikiza amabwirizwa yaYo, kandi amabwirizwa yaYo avuga ati: Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Nimuvuge GUSA ibiri kuri ayo mabande. Ijwi RyaNje Ni Ryo Jwi ryonyene Rivuga Amajambo Atagira amakosa. Avuga neza ata gatosi, namwe mukayakira ata gatosi biciye mw’Ijwi RyaNje. Ni co gituma Ijwi ry’Imana Riri ku mabande ari Ryo Ririmwo ivyo vyose mukeneye, kuko Jewe, Imana mutunzi w’ikigongwe caNje narabibateguriye. Ni yo Nzira Nateguye uyu munsi.

Imana, mutunzi w’ikigongwe Yarabahisemwo kandi Ibatoranya imbere y’igihe kugira turonke uku Guhishurirwa kwo kwumviriza iri Jwi. Imana, mutunzi w’ikigongwe Yari Izi ko muri iki gihe c’iherezo, hobayeho ugutahura ibintu nabi cane, amajwi menshi atandukanye hamwe n’insiguro nyinshi zitandukanye z’ubu Butumwa, twari dukeneye rero Ijwi Ritagira amakosa, n’Inzira itunganye twoshobora gucamwo, kugira ngo twiyumviririze ubwacu, Ijambo ku Rindi no ku Rindi, neza na neza ivyo Yashaka kubwira Umugeni waYo.

Ntushobora gufata gusa ivyo uwundi muntu yavuze. Utegerezwa gufata ivyo Imana Yavuze. Yavuze Iti: “Ijambo ryose ry’umuntu wese ribe ikinyoma, iRyaNje Ribe AriRyo ry’ukuri.”

Ni co gituma Imana, mutunzi w’ikigongwe, Yateguriye Umugeni waYo inzira yo kwumviriza Ijwi RyaYo amasaha 24 kuri 24, iminsi 7 kuri 7, iminsi 365 mu mwaka, biciye mu gufyonda no kuvuza, kugira ngo Abeshweho no kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga kuva ku munwa gushika ku gutwi no mu mutima waBo.

Turi Ijambo RyaYo Ryambaye umubiri. Nta bushobozi dufise, ariko yaduhaye ububasha bwayo. Umwe wese muri twebwe arabufise. Niwabwanka, uzoguma aho uri. Ariko nitwabwemera, buzokora ibirengeye cane ivyo twoshobora kwiyumvira, kuko Imana Yuzuye imbabazi zaYo.

Kandi iyo umugabo canke umugore, sindaba uko ivyawe vyifashe, ufise ububasha bw’Imana biciye kw’isezerano, kuko yuzuye imbabazi kandi yasezeranye gukora ibirengeye cane. “Niwabwira uyu musozi uti: ‘Va ng’aho ushinguke,’ kandi ntukekeranye mu mutima wawe, ahubwo ukizera ko ivyo wavuze bizokubera kuno” Nta bushobozi ufise, ariko ufise ububasha.

Umugeni ashobora gusa gutunganywa no kuba umwe biciye mu kwumviriza Ijambo RyaYo Ritunganye Yateguriye iki gihe: Ijwi RyaYo. Ni Ryo Jwi ryonyene Rishobora gushira hamwe Umugeni Rikanamushikana ku gutungana. Ni ryo Jwi ryonyene Imana Yatubwiye ko dutegerezwa kwumviriza no GUKURIKIRA.
Nk’uko vyari kuri Mose, Mwenedata Branham yari azi ko ari we yatowe kugira ngo aturongore, twebwe abana, mu Gihugu c’Isezerano, kuko isezerano yararihawe. Kandi ategerezwa kudutwara mu Gihugu c’Isezerano.

Umuvugishwa wacu nkona yaratwigishije akoresheje ibigereranyo. Isezerano rya Kera Ryari igitutu c’Isezerano Rishasha. Yatubwiye ukuntu dutegerezwa kuba maso cane n’ivyo dutegerezwa gucunga muri iki gihe c’iherezo. Yaratuburiye ku vyerekeye impwemu ya Kora, no kuvyerekeye Datani, hamwe n’akagwi kabo k’abatizera, n’ukuntu bagerageje kwishushanya. Bagerageje kwongeramwo ikintu mu mugambi w’Imana.

Ntibakunda umugambi ushingiye k’umuntu umwe. Ntibawukunda. Bashaka ko bagira ico na bo bakora. Kora yavuze ati: “Ntawovyemera, hari abandi bantu bera benshi kukuruta, wewe Mose. Ukora nk’aho hari isi yonyene ku… Nako ukora nk’aho ari wewe wenyene uri kw’isi” Maze avuga ati: “Je—Je…ntiwari ukwiye kubikora gutyo. Kandi hariho abandi bagabo benshi ng’aha”

Benedata na bashikanje, sindiko ngerageza gutandukanya amashengero mu kuvuga no mu gusubiramwo ibi bintu; Mpwemu Yera ni we ariko arakora iryo tandukaniro. Nimwumvirize ubu Butumwa tugiye kwumviriza. Umuvugishwa n’Imana niwe ariko aragabisha Umugeni ku vyo ategerezwa kugabako. Ariko aratubwira ivyo iyo mpwemu yakoze ico gihe, kandi ko izosubira kubikora mur’iki gihe cacu.

Muvy’ukuri, singerageza gukoraniriza abantu kuri vya bikorwa bitanu, ntibanashobora gushira hamwe Umugeni. Ndiko ngerageza kubakoraniriza kw’Ijambo ry’Imana Ritunganye, Ritagira imvange, ari Ryo Jwi ryonyene Rishobora gushira hamwe Umugeni.

Twama twumvise ibi nyene muri iki gihe, ngo: Mwenedata Branham si we wenyene ashobora kuvuga Ubutumwa, natwe twahamagariwe kuvuga Ubutumwa. Mu vy’ukuri barahamagawe, ariko nk’uko vyari biri ico gihe, akamaro ko kwumviriza iryo Jwi no kwizera ko ari Ubutumwa bw’umuntu umwe, bagaca birondeza inyendamuvano zo KUTAVUZA Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo, bagashira ibikorwa vyabo hejuru kurusha Ryo.

Kandi Bibiliya ivuga iti: “Bakurikiye inzira ya Balamu, bahonera mu mugararizo wa Kora.” Bahoneye mu mugararizo! Umugararizo wa Kora wari uwuhe? Wari uyu: “Mbega wibaza ko ari wewe wenyene muntu wera? Mbega, Imana…twese turi abera. Ishengero ryose ni iryera. Umwe wese…ni twese dukoraniye hamwe, ni vyo dutegerezwa gukora.” Aho ni ho bahonereye bamaze gukora uko. Kandi mu vy’ukuri twari tubikwiye. Twari dukwiye kumera gutyo.

Ubu Butumwa, Iri Jwi RyiWe, Ni Ryo Jwi ryonyene Ryavuzwe mu buryo butomoye kandi Ryakirwa n’Umugeni mu buryo butomoye. Abakozi b’Imana b’abizigirwa bategerezwa guhimiriza abantu kugumana n’iri Jwi, biciye mu kuvuga no gusubiramwo Ubutumwa. Ariko si ukuBuvuga gusa; BATEGEREZWA KUBUVUZA mu mashengero yabo, bakabwira abantu babo ko ARI RYO JWI RIHAMBAYE KURUTA AYANDI YOSE, kugira ngo Umugeni ashobore kwumviriza Ijwi ry’Imana, rivuye ku Mana ubwaYo.

Nta kintu na kimwe kiruta kwumviriza Ijwi ry’Imana. Nta gusigwa na kumwe kubaho kuruta ugusigwa kuri ku mabande. Nta yindi nzira ihari yo gushira hamwe Umugeni, kiretse iyiciye mw’Ijwi ry’Imana Riri ku mabande. Nta yindi NZIRA ITUNGANYE Ibaho atari UGUFYONDA NO KUVUZA NO KWIZERA IJAMBO RYOSE WUMVISE. Vy’ukuri, Ni Imana mutunzi w’ikigongwe caYo Yagiriye Umugeni waYo. Niyo nzira yaYo ITUNGANYE yateguye mur’iki gihe.

Ndabatumiye ngo muze kwifatanya natwe munsi y’ugusigwa guhambaye kuruta ukundi kwose ko muri iki gihe cacu, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku murango kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi),* igihe tuzoba turiko twumviriza Imana Ivugana kandi Yigisha abana baYo Ijambo Ritunganye, mu kutuzanira Ubutumwa bwitwa:

Imana Umutunzi w’Ikigongwe, 65-0119.

Mwenedata Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

Abanyefeso 2:1-5

26-0913 Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ubutumwa: 60-1211e Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

26-0906 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1211M Inkumi Cumi, n’Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine na Bine.

MweneData Joseph Branham

Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ubutumwa: 60-1210 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1210 Igihe c’Ishengero ry’i Filadelufiya.

MweneData Joseph Branham

26-0823 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Mesagj: 60-1209 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1209 Igihe c’Ishengero ry’i Sarudi

MweneData Joseph Branham

26-0809 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize 60-1207 Igihe c’Ishengero ry’i Perugamo.

MweneData Joseph Branham