Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Nkukuma Ni muze dukoranire hamwe hanyuma twumvirize ubutumwa bwavuzwe itariki 24/11/1963mu gitondo- None Yesu Yitwa Kristo We NdaMugire Nte ? kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi)
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ukwizera Gushitse,
Ubugira kandi, mbona ko bidashoboka gushira mu majambo ico ubu Butumwa, amakete y’Urukundo y’umwihariko y’Imana, yanditswe n’Amaraso yiWe, yavuzwe n’Ijwi ryiWe, Busigura kuri twebwe. Ikindi kintu cose ntaco kivuze. TuraMukunda kuva ibwina mu mutima wacu kandi Vyaduhaye Urukundo Rushitse rwaYo. Nta na kimwe gishobora kudukura kuri iryo Jambo. Nta kundi kunyurwa mu buzima bwacu nko kuMwumviriza Avugana natwe nk’Umugenzi ku mugenzi.
Nta n’ubwo ari twebwe, ni We Aba muri twebwe, Yihamagara ubwaYo. Ni ubwina buhamagara ubundi bwina. Umunezero mwinshi wo gufyonda tukavuza no kwumviriza Imana Ikoresha ijwi ry’umuntu mu kutubwira, ko turi abatoranijwe baYo. Itubwira ko Idukunda imbere y’itanguriro y’isi; kuko Yamenye ko twoYikunze hamwe n’ivyari muri twebwe vyose, kandi ko twogumye turi abizigirwa kuri Yo no kw’Ijambo ryaYo.
Ico twakeneye cose, Yarakiduhaye. Nta na kimwe kibuze. Yari Ifise Ijambo ryaYo ryanditswe mw’ishusho ry’inyuguti kandi YaraRizigamye imyaka ibihumbi ku buryo Yashobora kutubwira Urukundo rwose rwari mu mutima waYo.
Hanyuma urukundo rwaYo rwabaye n’uruhambaye birushirije kuri twebwe mu gihe Yatubwiye Iti, “Nzoza mu mubiri ubugira kandi maze Mvugane namwe umunwa ku gutwi ku buryo hatazoba ukudatahura, uruzazane, ugukenera insiguro. Nzofata umwanya waNje maze Ngaragaze Urukundo rwaNje kuri mwebwe, kandi muzoshobora kurwumva musubire murwumve mwongere murwumve ubugira kandi. Nshaka ko mumenya, ko Data Ari muri Jewe, Ndi muri mwebwe, muri muri Jewe, turi UMWE. Umubiri wanyu ni Umubiri wanje, igufa ryanyu ni Igufa ryaNje, impwemu yanyu ni Mpwemu YaNje.
Nzobabwira ibiri mu mutima waNje vyose ido n’ido. Nzobigaragaza neza ku buryo muzomenya ata gukekeranya, ko Amajambo Nanditse kandi Navuze ari Ayanyu, kandi Ntazokwigera Atsindwa.
Nzobaha Ukwizera Gushitse, kandi Kuzoba Umutware w’ibishika vyose. Ico umwansi avuga cose, Kuzokiganza mu gihe mufise Ukwizera Gushitse muvyo Ijambo Rivuga ko muri. Ico umwansi agerageza kubabwira, nta n’ubwo mumwumviriza. Amatwi yanyu yarapfuye ku kindi kintu ico ari co cose kiretse ico Mpwemu Wanje Yamaze kubabwira. Kimase mu mitima yanyu, kandi nta na kimwe kizokwigera kibatuma muva kuri ivyo.
Ukwo Kwizera Gushitse dufise mu kumenya ko ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize, dushira uko KWIZERA GUSHITSE nyene kw’isezerano ryose Yatubwiye ko ari iryacu mw’Ijambo ryaYo. Namba turwaye kandi dukeneye ugukira, ni iryacu. Namba dukeneye ico ari co cose, dushobora kukironka, kuko twabaye abasizwe na Mpwemu WaYo. Turi ba mesiya baYo basizwe b’igihe c’iherezo, berekana ukuzuka kwa Yesu Kristo.
Ni ikintu c’urukundo mu gihe Yisutse ubwaYo muri twebwe. Twacitse Umwe hamwe na Yo kubw’ariya Mazimano y’Ubukwe Ahambaye. Mpwemu Wayo Ari ng’aha hamwe natwe no muri twebwe. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukuvyizera, ni ukuvyakira.
Ntituri intumwa mumarayika w’indwi waYo, ariko turi abahungu n’abakobwa baYo. Ibiganza vyacu ni Ibiganza vyaYo. Twizeye ibivugwa kw’ibande ko ari Uko Niko Uhoraho Agize. Ni Ijambo Rizima.
Umuhanuzi waYo ni umwungere wacu. Mu gihe twumviriza Ijambo Ryafashwe kw’ibande, twizera ko ari Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Dufise Ukwizera Gushitse kwo kuvyizera.
Ejo ntuzosa n’uwundi munsi n’umwe. Tuzofata Ukwizera Gushitse Kwacu Yaduhahe kandi tuzoGushira ku co ari co cose dukeneye, kandi tuzokironka mu gihe Inkingi y’Umuriro Izovugira mu ntumwa yaYo Yatoye kandi atubwira ati :
Murazi ico nabakoreye? Mwanyise, « umwungere wanyu » ; kandi mwavuze ukuri, kuko ndi we. Namba jewe, umwungere wanyu, nashingiwe intahe na Yesu Kristo yuko nkora igikorwa ciWe, rero mwizere Ijambo Ryanje. Mu gukora iki gikorwa c’ukwizera, mu kubarambikako ibiganza, ndirukanye indwara n’imibabaro bibagora. Ni mwizere ibi, kugira ngo mwishurwe imitwaro yanyu, ukwo yoba iri kwose, kuko ibintu vyose bishobokera abizera. Kandi iyo musenga, mwizera ko mwaronse ivyo mwasavye. Kandi ndagerageza kwizera ko nabironse, kandi mu mutima wanje ndakiriye ugukira ukwo ari kwo kwose kwanyu, ndakwakiriye, ivyo vyakoretse. Ndavyizeye, ndavyizeye n’ibiri muri jewe vyose.
Twizera hamwe n’ibiri muri twebwe vyose, ko Ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana, Ryavuzwe, Ryafashwe kw’ibande Ryagaragajwe kandi Ryabikiwe iki gihe. Twizeye ko ico dusaba cose, tuzokironka, kuko ni UKO NIKO UHORAHO AVUZE KO ARI IVYACU.
Ni muze dufatanye ku w’iyinga isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) kugira ngo mwakire ico mukeneye cose mu gihe twumviriza umuhanuzi w’Imana atubwira ukuntu twakira : Ukwizera Gushitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo ya 23 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1963.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni NyenIcubahiro gihambaye,
Mu gihe twari twicaranye ahantu ho mw’Ijuru kw’isi yose kuw’iyinga, twumviriza Ijwi Ryonyene ry’Imana Ryagaragajwe Rivugana na twe. Nk’uko vyama, twari turindiranye igishika cinshi kwumviriza ico Yari Agiye kutubwira. Ni igiki Mpwemu Yera Yari Agiye kuduhishurira uno munsi ?
Dushobora kuba twarumvise Amajambo yiWe kenshi mbere, ariko twamenye ko urya munsi wari ugiye kuba utandukanye. Twari tugiye kwumva ikintu kinaka tutari bwigere twumva mbere. Twari tugiye kwakira n’Uguhishurirwa kwinshi gusumba uko twoshobora kwibaza. Yari Agiye kwugurura imitima yacu, ubwenge bwacu n’ubugingo bwacu, no guhishura ikintu kinaka categerezwa guhishurwa UBU, mu gihe caco gikwiriye.
Rero vyarashitse. Amajambo ahambaye kuruta ayandi Umukwe Yoshobora kuvuga no guhishurira Umugeni, « Uri ukunengesera kwuzuye kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri, NyenIcubahiro gihambaye. Ico nari ndi cose, Nagisutse muri Kristo ; ico Kristo Yari cose, Nagisutse muri WEWE. URI Umugeni Jambo Wanje Atunganye Yatoranijwe. »
Ibitugize vyacu vyose vyasimbasimbishijwe n’umunezero. Data Yatubwiye gusa, ko turi Umugeni WiWe. Turi abo Akunda. Twanyengeterewe n’Ijambo ryiWe, kandi Ijambo ryiWe RYONYENE. Inda zacu zugawe ku kindi kintu ico ari co cose. Yararindiriye, kandi Yaradukunze… KUBWACU!!
Kandi ndabapfinde ? Ntiyigeze Arungika uwundi muntu munaka kutubwira aya Majambo, Yaraje maze Agerera mu mubiri w’umuntu ubugira kandi, ku buryo Yashobora kuvuga Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi kandi ATUBWIRA Ati, “Ndagukunda, mukundwa Mugeni Wanje.”
Turakunda kuririmba, turakunda gufatanya, turakunda gukorana n’abizera, ariko ico dukunda kuruta ibindi vyose ni ukwumviriza Ijwi ry’Imana; Uko Niko Uhoraho Agize, Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Ubutumwa bwose ni ikete ry’urukundo ry’umwihariko KURI TWEBWE. Yashize Ijambo Ryose Yashaka kutubwira kw’ibande ku buryo twoshobora kuyumviriza twebwe ubwacu.
Agiye kuzotubwira no kuduhishurira iki kuri uyu w’iyinga mu gihe tuzoba dukoranye? Ni ikihe gihe ?
Imana Yavugiye mu muhanuzi wacu mu gihe cacu kandi Yavuze ko ibintu vyinshi bitashobora gushika imbere y’uno munsi. Turabona ibihugu n’isi vyunga ubumwe nk’uko bitigeze biba mbere. Twiyumvira ko igikomunista cari ikintu co muri kahise kandi casambuwe, ariko ubu tubona ko ari kizima rwose cane kandi ari igikoresho mu biganza vy’Imana, nk’uko yavugishijwe kandi yatubwiye ko ariko vyari bimeze.
Isi yiyumviriye ko iterabwoba ryari ryaheze, kandi ko ata gusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda ikihari. Ariko uno munsi, ugusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda kwabaye ikintu kiriho. Ikintu cose kiri mu mwanya waco neza nk’uko yatubwiye ko vyobaye. Igihe kiri hano.
Kuw’iyinga, ubugira kandi AZOVUGANA NATWE ADACIYE KU RUHANDE, umunwa ku gutwi, kandi tuzokwumviriza irindi kete ry’urukundo ryavuzwe kandi ryabikiwe twebwe gusa kugira ngo twumvirize. Mbega Azotubwira kandi Azoduhishurira iki? Ni ikihe gihe? Ni igiki kiriko kirashika?
Imana Iriko Yegeranya Umugeni WaYo. Ariko aja hamwe, Avuye mu Buseruko no mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko.Hari igihe co kwegerana, kandi kiriko kiraba ubu. Yegeranirizwa iki? Izamurwa.
None ni iki Ubu Butumwa Bukora mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana kw’isi yose? Bwunga ubumwe bw’Umugeni hamwe n’Ijambo. Ijambo Ni Imana. Umukwe Ni Ijambo. Umugeni ni uwumviriza rirya Jambo, kandi turiko turaja hamwe mu Bumwe. Turiteguriye Ubukwe aho ducika Umwe hamwe n’Ijambo.
Ukwo Data Ari, naNje niko Ndi; kandi ukwo Ndi, niko namwe mumeze; kandi ukwo mumeze, niko Ndi. Kuri urya munsi muzomenya ko Ndi muri Data, Data akaba muri jeWe, jeWe muri mwebwe, na mwebwe muri Jewe.” Murabona? Kuri “urya munsi.” Umunsi uyuhe? Uyu munsi! Turabona amabanga yari yaranyegejwe y’Imana ahishurwa. Yooo, ese ukuntu ivyo ndabikunda!
Ubu niwo mwanya. Ubu nico gihe. Umugeni Yariteguriye Umukwe ubwiWe. Turiko turumviriza mu gihe twumva akamo ko mu gicugu “Ehe, Umukwe Araje!” Turi neza na neza mu gihe c’iherezo.
Ni muze mwungane ubumwe natwe mu gihe twunga ubumwe kw’Ijambo, kuw’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri i Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Ritubwira ko ari “Igihe co kwunga ubumwe n’Ikimenyetso, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 myandagaro mu mwaka wa 1963.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukundwa uMushika ku Mutima wiWe, Ndi n’iteka rihambaye rwose mw’isi. Umwami Yanyemereye kuMubereka ubwiWe, ku buryo Ashobora kuvugana namwe Adaciye ku ruhande kandi Akabahishurira Ijambo ryiWe Ryose.
Si umuntu w’Imana gusa, Ni Imana UbwaYo, Inkingi y’Umuriro, Mpwemu Yera Avugana namwe Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi, kandi turi n’iteka n’ibakwe ryo kwita umuhanuzi waYo Yahisemwo, UMWUNGERE WACU.
Ntitwigera twibaza namba ivyo twumviriza ari umuntu, iciyumviro ciwe, ico yibaza, canke insiguro yiwe y’Ijambo. Ni Imana ubwaYo Ivugana natwe, ni UKO NIKO UHORANO AGIZE.
Ndazi ko abantu batsitara kuri ivyo vyoroshe, ariko niVyo tunyweramwo. Kuko nico kintu conyene kimara inyota yacu kandi gihaza ubugingo bwacu. Ni Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kuri twebwe, Ni Ijwi ry’Imana. Ni Ubutumwa bw’igihe. Kubw’ivyo, Ni Ijambo, Ijwi, Amabande, ATARI IVYO NTA NA KIMWE !
Turi mu bumwe twese hamwe munsi y’Umutware umwe nka Isirayeli ya kera. Imana Imwe, Yagaragajwe biciye mu Nkingi y’Umuriro, kandi Yihishura ubwaYo biciye mu muhanuzi waYo, ko We ari Ijambo. Imana Imwe, Inkingi y’Umuriro Imwe, inzira imwe uno munsi. Imana Ntiyigera Ihindura kamere yaYo. Umugambi waYo ntiwigera uhinduka na gato ku vyo Yatanguriyeko, kuko Ntigira umupaka kandi umugambi waYo n’ivyiyumviro vyaYo vyose biratunganye.
Niyo mpamvu turindiranye igishika cinshi co kwumva ico Igiye kuduhishurira kuw’iyinga. Yavuze ko Yakubise hirya no hino yaRyo, imbere n’inyuma yaRyo, kandi YanaRyerekanye mu Vyanditswe n’ukurikirane rwavyo, gushika aho tumenya ko ubu Butumwa ari Ukuri bidasubirwako. Nta kosa ririmwo.
Ariko kuw’iyinga, Mpwemu Yera Agiye gufata Ubu Butumwa maze Abushire aho Buri ubu. Azobwubakira neza aho Bwatanguriye, maze Abwubake neza gushika mu gihe ca none.
Ni muze tunywere gatoya mu vyo Imana Igiye kutubwira no kuduhishurira biciye mu mwungere wacu kuw’iyinga :
Imana Yansavye kubabikira Imfungurwa : imboga nziza, zinoboye, ng’aha muri iyi nyubako. Kandi iki gihe, tugiye kuronka umutekero wose kw’ibande. Izobahishurira Yesu Kristo mu gihe tubayemwo. Ubu Butumwa Buzobagaburira kandi Bubahe inkomezi. Buzobaha inkomezi za mpwemu kubw’igikorwa kibarindiriye.
Ni mureke ndababwire rindi rimwe mu gihe nzi ko mukunda kuyumviriza : muri kirya gitigiri yarobanuye, yatoranije, abo bonyene bazoyumviriza. Muri Umugeni Yatoranije Atazogwa ariko Azoguma kuri Rirya Jambo Ataravye ico abasigaye bose b’isi bategerezwa kuRivugako. Muri Umugeni Jambo!
Imana Yabahishuriye iri banga rihambaye, kandi ni Ukuvuka Gushasha. Ubu Ibahuriza hamwe aho uguhishura kuri mu mwumvikano ntangere. Imana Ibivuga biciye mw’Ijambo ryaYo mu bikorwa bimwe, ibintu bimwe Yakoze, Ituma Ijambo Rigaragarira muri mwebwe.
Ese mutokwigera mwibagira, ko Mpwemu Yera, Wenyene, ari Umuhishuzi w’uguhishura kuvuye ku Mana kwa Kristo, kandi Yabibaye mu bihe vyose. Mwibuke, ibihe vyose ! Ni nde Ijambo ry’Uhoraho Ryajeko ? Umuhanuzi, wenyene.
Ndatahura ko mbwira ibihumbi bikoraniye kw’ibande, dufise igikorwa c’ibango c’amabande kw’isi yose. Kandi bisa naho dushobora gukorera ibande ng’aha imeze neza incuro icumi gusumba aho ari ho hose handi. Ndizigiye gusa ko umugabo wese n’umugore wese bumviriza iyi bande, bazotahura.
Rero ni ahabo namba bashaka kwumviriza ibande iyo ari yo yose, ariko sinshaka ko muhusha ibi. Mwebwe abantu b’ibande ; mu mashamba n’aho ari ho hose muyumviririza, ubu mwumvirize.
Dufise amabande y’ivyo twizeye. Dufise amabande ku rutonde rw’ishengero, ukuntu twigenza ubwacu mw’ishengero ry’Imana, ukuntu dutegerezwa kuza ng’aha hamwe no kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru.
Nizigiye ko bose kw’ibande batahura ivyo. Namba mutsinzwe, mugaruke kuri iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe nzoba ndi kumwe namwe uko kingana. Mwibuke, Uku ni Ukuri, kwa NIKO UHORAHO AGIZE. Ni Ukuri. Ni Ivyanditswe.
Umutware ni Umubiri vyacitse ikintu kimwe. Ni Imana Igaragarira muri mwebwe, ihanga ryaYo. Ni yo mpamvu umugabo n’umugore batakibaye amahasa ; bari umwe. Imana n’Ishengero ryaYo ni umwe. « Kristo muri mwebwe, » uguhishura guhambaye kw’Imana.
Si ico ndavyibazako ; ni Ubushobozi bwaYo, ni Ijambo ryaYo. Yarabisezeranye ; ng’ibi. Yavuze ko vyobaye ng’aha, none ng’ibi. Muri abana b’Imana. Si muzoba ; MURI BO UBU !
Uzuza igikombe cacu Mwami, turakidugije Mwami, Uze maze umare iyi nyota y’ubugingo bwacu. Mutsima wo mw’Ijuru, Utugaburire, gushika aho ata bindi dushaka. Uzuza igikombe cacu, Ucuzuze kandi utugire abuzuye. Mbega igihe c’umuvyuro tugiye kuzogira kw’isi yose mu gihe tuzokorana kuw’iyinga kwumviriza : Kristo ni Ibanga ry’Imana Ryahishuwe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya mukakaro umwaka wa 1963 isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri mu Burundi). MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma : Matayo 16:15-17 Luka igice ca 24 Yohana 5:24 Yohana 14:12 1 Ab’i Korinto igice ca 2 Abefeso igice ca 1 Ab’i Kolosayi igice ca 1 Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Kuma Gatoya, Icuma Gikuru canke ico woba uri cose,
Twese turi Umubiri wa Kristo, mu gihagararo cacu, mu mwumvikano, tugerageza kuMukorera akazi dushobora. Nta bindi bibazo na bimwe kuri twebwe, atari Ijambo ryiWe, ubu Butumwa.
« Ndaba hirya no hino mu gikorwa c’Imana canje bwite gitoya giciye bugufi ; Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira, kandi mbona ico Bikora ; uguhamagara no kwegeraniriza hamwe umugwi w’Umugeni. Ni ukurotsa Ipine mu yindi Pine ».
Turazi ko atari umuntu, Ni Ijambo ry’Imana Ririko Rirashira Umugeni hamwe. Ibintu tubona bikoreka nta wundi abikora kiretse Imana. Nti hakiriho za “nkumbure rero, vyoshoboka, bisa naho vyoshobora kuba”, NI IMANA !!
Twarashitse harya hantu, ahari Imaragarita y’igiciro kininiya kuri twebwe. Twagiye kure y’ikintu ico ari co cose c’uko uwo ari we wese wundi atubwira ikinyuranye na Ryo. Ntituraba ku co umuntu yashitseko canke avuga, turaba ku co Imana Yavuze n’ico Yasezeranye ko Yokora muri iki gihe cacu, kandi turaYibona Ibikora.
Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu. Ikintu cose turi , ikintu cose twabaye, ikintu cose twipfuza kuba, kiri kuri ubu Butumwa. Kirengeye ubuzima kuri twebwe. Nk’uko bitigeze mbere muri kahise k’isi, turabona Imana Itanga imburi, Itegura urubanza. Ibisasu kirimbuzi biri mu bubiko bwavyo, ikintu cose kirateguwe.
Iki gihe, si ku mugwi mutoya w’abantu gusa, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Nowa, canke mu minsi ya Aburahamu ; ni Imana Iburira abantu kw’isi, Ivugira mu muhanuzi waYo, iyi ni imburi yanyu ya nyuma.
Itubwira Iti, « Imbere yuko Nshobora kureka ngo iki kintu kibe, Ndiko Ndagira ihamagara rya nyuma, neza nk’uko Nabikoreye Sodomu, ni muveyo. Ni mwitegure. Hariho ikintu kinaka kigiye kuba. »
Turi ubwo Busho butoya. Turi abo Data Akunda kandi turindiranye igishika Ukuza kwiWe kuri hafi. Isi iriko irasenyagurika iruhande yacu hose, ariko turi mu karuhuko no mu mahoro.
Turazi ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Ntaco bitwaye aho turi mw’isi, Imana Yateguye inzira dushobora twese guhuriramwo kw’Ijambo ryaYo, kw’Ijwi ryaYo. Ni Inzira Imana Yatanze.
Kandi uyu muhanuzi yabayoboreye ku nzira Imana Yatanze. Ubu, ni Uburyo bw’Imana bwo gukora ibintu. Murabona?
Ni Muze muhungire urubanza rwimirije hamwe na twe maze twumvirize : Imana Ntirengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 mukakaro umwaka wa 1963, kuri uyu w’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville (isakumi na zibiri i Burundi). Ni Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ritubwira riti : Iyi ni inzira yaNje yateguwe y’iki gihe.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa : Yesaya 38:1-5 Amosi Igice ca 1