24-0407 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi banywi bo kw’Iriba rya Arutwaze,

Umugeni ntazosubira kuba wawundi inyuma y’impera y’iyinga rya Pasika y’intibagirana Umwami Yaduhaye. Twari twiyugaraniye hamwe na We, tuganira kandi tuMusenga impera y’iyinga yose. Ukubaho ng’aho kwiWe kwuzuye amazu yacu n’amashengero yacu.

Twari dufise ivyo turindiriye bihambaye. Twari tuzi ko ubu bwari Ubugombe bw’Umwami kuri twebwe. Imana Yari Igiye gukora ikintu kinaka. Twugaraniye hanze isi n’ibisamaza vyayo vyose. Twari dufatanije kw’isi yose mu nama imwe. Twari twicaranye twese ahantu ho mw’Ijuru, twiteguriye ko YOVUGANA natwe inzira yose.

Imitima yacu yariko irataka iti, « Mwami, Urushirize kungira nkaWe. Ntegurira ukuza kwaWe kuri hafi. Umpe Uguhishurirwa kurushirije. Mpwemu Yera Wawe Yuzuze agace kose kangize. »

Mu gihe igikorane cose catangura, twavugira muri twebwe, tuti, « Bishoboka gute ? Narumvirije ubu Bubumwa ubuzima bwanje bwose, ariko ubu busa n’aho ari Bushasha, nk’aho ntari narigeze kubwumviriza mbere. Yariko Arahishurira Ijambo RyiWe imitima yacu n’ubugingo bwacu nk’uko bitigeze biba mbere. »

Uguhishura kw’agakura kuje ubugira kandi mu mitima yacu… Ni We… WE. Ni Mpwemu Yera ubwiWe AVUGANA NATWE ADACIYE KU RUHANDE.

Si jewe ! ni We ! We ! Ni We nyene ! Narababwiye neza, Yafashe umubiri wanje gusa, Yafashe ururimi rwanje gusa, Yafashe amaso yanje, kuko Yari Azi ko nzobiMwegurira, ku buryo Yaje gusa maze Antuma ndabikora. Rero si jewe. Ni We ! Kandi si jewe hariya hamwe namwe, ni We hariya, hamwe namwe. We ni Ukuzuka n’Ubugingo. Ewe Mana, Mana ; vyizere. Yemwe, bantu ; MuMwizere. MuMwizere. Ari ng’aha.

Yaduhaye Uguhishurirwa ko kumenya ko AMABANDE ari Ijwi ry’Imana Rivugana natwe muri iki gihe. Ayo mabande ni Amajambo yiWe, Ijwi RyiWe… IJWI RYIWE, ryafashwe amajwi kandi RYABITSWE ku buryo dushobora KUMWUMVIRIZA Avugana natwe Amajambo y’Ubugingo Budashira. Ni Inzira YiWe Yatanze kubw’Umugeni WiWe.

Ni Amazi ya Arutwaze Afutse, Asukuye, Abirabira kandi Abiragira. Uko twanywa menshi, niko twasemerera tuti, « Ayandi Mwami, AYANDI. Uzuza igikombe canje Mwami, Cuzuze Mwami. Kandi Yarabikora ! Uko tunywa menshi, NIKO ADUHA MENSHI.

Hanyuma Satani yatangajwe ko yatsinzwe n’ubushobozi bw’Ubutumwa Bwiza. N’Imana yo mw’Ijuru Yategetse kandi Yarungitse umumarayika wiWe kutubwira Ubutumwa Bwiza. Biciye ku Mana Yanditse Ijambo kandi Yarungitse Umumarayika WaYo Yari ng’aho kwemeza Ijambo RyaYo. « Va mu bantu, mw’Izina Rya Yesu Kristo ».

Umurwanizi YATEGEREZWA kuva ku muntu wese arwaye, umuntu wese ababaye. Ubu ubushobozi bw’Imana bwaratuzuriye ku kugira amagara meza n’inkomezi ubugira kandi.

Hanyuma, bivuye ibwina mu mitima yacu, twavuze tuti :
Ubu ndemeye ko Yesu Kristo, nk’Umwana w’Imana Yazutse, Ari We Mukiza Wanje, Ni Umwami Wanje, Ni We Ankiza indwara. Ubu nakize. Ndakijijwe. Nzobaho kubwiWe, We Yampfiriye. Nzozukira ng’aha mu buzima bushasha, mbandanya gukorera ivyiza Uwa… kuMukorera Uwazutse kubwanje. Haleluya ! »

Aya ni Amazi ya Arutwaze tunywa ku munsi ku munsi. Ni ryo riba ryonyene riza neza na neza rivuye mw’Ijuru ritemba igihe cose. Ririgenga. Ryama rifuse kandi risukuye. Ntiryigera ritega. Ni Amazi Mazima Adahengashanya guhinduka, Ahishura ikintu kinaka gishasha ku Mugeni igihe cose.

Ryama ribiragira. Ntidutegerezwa kuripompa, kurihuha, kurikanya canke kwifatanya naryo. Ni isoko y’Imana y’Amazi Mazima, kandi ntidushobora kwibaza kunywa ikindi kintu.

Twumva uno munsi ngo, « Amazi yacu niyo meza kuruta ayandi mushobora kunywa. Twayacishije mu ntambuko 7 z’ikigikorwa co kuyayungurura. Hanyuma twongeyemwo ivyunyunyu vyose TWAYUNGURUYE mu mazi twiyumvira ko Mukeneye kuvuga ko yanonosowe. »
Imana Ishimwe, ntudutegerezwa kwigerezako canke gukekeranya ivyo tunywa canke ivyongewemwo canke vyayunguruwe. Ivyo dukeneye VYOSE biri mu Mazi yacu. Ico dutegerezwa gukora conyene ni GUFYONDA TUKAVUZA no kunywa mu gihe Ridudubiza.

Mbega ukwirurwa mu kunywa aya Mazi. Twogenze ibirometero kugira ngo tuYanyweko gusa, ariko ntidutegerezwa. Tuyatwara ahantu hose tugiye. Mu mazu yacu, mu mashengero yacu, kukazi, dutwaye imodoka yacu, dutembera… TURANYWA, KANDI TUKANYWA, TWONGERA TUNYWA.

Wa si we, ingo unywe kw’isoko Imana Yatanze. Ni ho hantu HONYENE udashobora kugira ikibazo no kuvuga uti, « Ndasaba ko Mpwemu Yera Andinda kutanywa ico ari co cose ntotegerejwe. NI AMAJAMBO YOSE ATAGIRA AGATOSI YEMEJWE ATEMBA AVA MU MIGEZI Y’IJURU.

Nta handi hantu Umugeni Wiwe Ategerezwa kunywa !
Ni muze Kunywa hamwe natwe kw’Iriba rya Arutwaze kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 ku mugoroba, ukwezi kwa mukakaro, umwaka wa 1964.
mweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Zaburi 36 :9
Yeremiya 2 :12-13
Uwera Yohana 3 :16
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 13