24-0414 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Munyu w’Isi,

Yooo, Mukundwa Mugeni, mbega igihe turiko turagira, twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, imbere y’Ijambo, Ririko Riraduhingura, tumenya abo turi bo, aho tuva, n’aho tugiye.

Kumenya, bivuye ibwina mu mitima yacu, ko UBU turi abahungu n’abakobwa b’Imana. Atari tuzoba, UBU turi. Turi ibigize ivyiyumviro vy’Imana.

Iyo Satani aduteye, kandi agerageza kutwereka amakosa yacu, kahise kacu, n’ibitunanira ku munsi ; iyo agerageza kudusambura mu bwenge bwacu n’impwemu yacu n’ibinyoma vyiwe, turamwibutsa gusa maze tukamubwira tuti « Imana, kuva kw’itanguriro ry’isi, yambonye mbere ; ivyo ni vyo Satani, JEWE, kandi Yarungitse Yesu gucungura JEWE. » BAM !

« Ubu rero Satani, mvako, kuko Amaraso y’Umwana waYo Avugira JEWE. Sinshobora gukora icaha. Ikosa ryanje, ego, amakosa yanje menshi, ntashobora no kubonwa n’Imana. Ikintu conyene Yumva ni ijwi RYANJE nsenga kandi ndaMutazira, kandi ikintu conyene Ibona ni ubuserukizi BWANJE. »

Ubuserukizi bwacu budukoranya kuva mu buseruko no mu burengero, uburaruko n’ubumanuko, butwungira hamwe munsi y’Ijambo Yaronkeje Umugeni waYo ku mabande. Ni co kintu conyene Izokwubahiriza ; kuko ni Inzira yaYo Yatanze.

Ni igiki Igiye kutubwira no kuduhishurira hanyuma ? TwaraYumvise Ivugira mu muhanuzi waYo kenshi cane kandi Itubwira ivyerekeye uko Imuhira hacu hashasha hazoba hameze, ariko iki gihe bigiye kuba nk’uko tutigeze twumva ikintu na kimwe kuri Ho mbere.

Imana Umuremyi Yashushanije ibi kubw’Umukunzi waYo. Murabona ? Yooo, mbega uko aho hantu hategerezwa kuba hameze, igihe, Kamere y’Imana, Imana Umuremyi Yahashushanirije ibigize Imana vyatoranijwe mu buryo bw’Imana n’Imana We—We Nyanduruko y’Ubuzima bw’Imana ! Ico Gisagara kizoba gisa n’iki ! Muvyiyumvire!

Biratugora kwigumya. Umunezero wacu n’igishika biri ku gasongero. Imitima yacu yihutira kwumva Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande kandi Itubwira ko ubu Iriko Irakora kandi Itunganya Imuhira iwacu hashasha ku buryo dushobora kubana naWe mu Bihe Bidashira.

Ni ikihe kindi tuzokwumva, kandi ni ikihe tuzohishurirwa kuw’iyinga, mu gihe Yatubwiye twese ku vyerekeye Ugutoranywa, Ubuserukizi, Ububwiriza, Umunsi w’Umunani, Umusozi Wera, Piramide, Ikoraniro Ryera ?

Turashobora gushira ubwenge bwacu ku biriko biraba ubu nyene ? Imana Iriko Irakoraniriza hamwe Umugeni WaYo kw’isi yose ku buryo Ishobora kutubwira uko Imuhira iwacu hashasha hazoba hameze. Igiye kutubwira ido n’ido. Mbega igihe c’ubwiza tuzogira.

Ku rundi ruhande, intambara zacu ntizigeze zirushiriza kuba izigoye. Satani ariko araduhonda nk’uko bitigeze biba mbere. Ibitero vyiwe ntivyigera na rimwe bigabanuka canke bigende.

Ariko IMANA ISHIMWE, UKWIZERA Ijambo ryaYo kwacu ntikwigeze kuba hejuru gusumba. UKWIZERA kwacu mu kumenya abo turi bo kwashinze inanga vyimbitse mu Bugingo bwacu, ku buryo tudashobora kunyiganyizwa.

NTA NA KIMWE dufise co gutinya ; NTA NA KIMWE co kudutera ingorane. Data Aratwitwararika bikwiye. Araturongora kandi Ayobora INTAMBUKO ZACU ZOSE. Adufashe mu Kiganza ciWe. Satani ni umuhumvyi gusa w’iherezo riri hafi, kandi arabizi. Niwe afise ubwoba, arazi ko ahanganye n’Ijambo ry’Imana Ryavuzwe ry’Umugeni kandi aneshwa igihe cose.

TURI IJAMBO. Twari muri We kuva mbere. Ntitugiye kuba muri We umunsi munaka, TURI MURI WE UBU. Namba turi Ijambo, rero dushobora KUVUGA IJAMBO, NAMBA TUZOBA TWIZEYE VYONYENE… KANDI TURIZEYE.

Ikintu ni kimwe, uri uwizeye (IJAMBO) canke uri uwukekeranya (ATARI IJAMBO). Nta gace mu mubiri wacu katizera Ijambo Rimwe. Ni ivyo ! Duhejeje kwemeza Satani : ko turi Ijambo. Dushobora kuba turi urusato munsi y’ikirenge, ARIKO NAHO BIRI UKO TURI IGICE C’UWO MUBIRI !!! Rero iyo urya mubeshi asugereje umwe muri twebwe, Umugeni Aja hamwe kw’isi yose maze TUKAMUKUBITA kandi TUMUKUBITISHA Ijambo.

Iyo indwara ije kuri umwe muri twebwe, dukoranira hamwe maze TUKAMUKUBITA ! Iyo umwe muri twebwe ageze ku kwumva ko adendebukiwe no gucika intege, twese dukora iki? TURAMUKUBITA!

Tugiye i muhira, Mugeni. Igihe kirashitse. Umugeni Yariteguye. Turi mu Bwato. Yarugaye urugi kandi turi imbere mu mutekano. Turashobora kwumva umudiho kubw’Umugeni amanuka mu nzira kugira ngo Ahure n’Umukwe.

Tuzoba turi mu nkinga yacu y’imyaka 1000, hanyuma tuzojana hamwe, na We i muhira iwacu Hazoza.

Ntimuhacikwe, bagenzi. Hariho uburyo bumwe bwonyene bwatanzwe kandi bwagaragajwe n’Imana. AMABANDE. Ni Inkingi y’Umuriro Ivuga kandi Irongora Umugeni WaYo.

Ico wokora cose, shira rirya Jwi imbere yawe n’umuryango wawe kuri uyu w’iyinga. Ukwizera kuzanwa n’ukwumva, kwumva Ijambo, kandi Ijambo Riza ku muhanuzi. Mpwemu Yera ni Umuhanuzi w’igihe cacu Avugana n’Umugeni WaYo muma Bande.

Urahawe ikaze kwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe igice c’Umugeni kizoba gifatanijwe hamwe n’ukwumviriza, bose mu mwanya umwe,, Imana Ivugira mu mumarayika waYo w’inkomezi kandi atubwira vyose vyerekeye : Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo Kw’Isi Bazoba muri Kazoza, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 2 ukwezi kw’umunani umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.