24-0421 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Ubutumwa: 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shengero Mugeni,

Umwana w’umuntu Yaraje maze Yihishurira Umugeni WiWe mu mubiri w’umuntu. YaraBivuze, TuraVyizera, kandi YaraVyemeje. Turi Ishengero Mugeni Wiwe turiteguye ubwacu mu kwumviriza no kwizera Ijambo Ryose Riva mu kanwa kiWe.

Hazoba Izuka ry’abapfuye. Azovyemeza. Hazoba Izamurwa ry’Ishengero. Azovyemeza. Hazoba Inganji y’Imyaka Igihumbi. Azovyemeza. Hazoba Amajuru Mashasha n’isi nshasha. Azovyemeza, kuko Ijambo RyiWe niko Ryavuze.

Turi bamwe mu bazoba hariya. Azovyemeza. Turi bamwe bagizwe igice c’Ijambo RyiWe. YaraDutoranirije kuzoba Hariya. Hagiye kuba Izamurwa mu kumenya kwiWe ibintu bitaraba kandi nta na kimwe kigiye kubihagarika, tugiye kuba hariya !

Satani Yaragerageje igihe kirekire gutuma abantu bakekeranya Ijambo Rimwe gusa Ryavuzwe. Ntimubikore. Mwizere gusa Ijambo Ryose. Mutegerezwa kwizera Ijambo Ryose kugira ngo muzobe hariya. Si ijambo ry’umuhanuzi, ni Ijambo ry’Imana Ryafashwe amajwi kandi Ryabitswe ku ma Bande.

Umuherezi mukuru, umusenyeri, umukaridinari, umwungere ? « Imana ! Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana. » Tumenya gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Ivuga, hanyuma Ikavyemeza? Yemeza Ijambo RyaYo.

MUTEGEREZWA kwizera Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana. Yaremeje ko ari Ijambo RyaYo ku mabande. Yaremeje ko William Marrion Branham ari intumwa mumarayika waYo ; Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu. Abatizera bose Ubutumwa n’intumwa bazohona.

Ubu, sindiko ndabwira neza na neza rino koraniro. Ibi vyafashwe amajwi, murabona, kandi Bija kw’isi yose. Muratahura, bantu bo mw’isi, ko Ijambo Rimwe, Ijambo Rimwe, si iryungane rimwe, si igice kimwe, Ijambo Rimwe, ni Ryo Ryonyene Eva atizeye.

Yo Ni Ijambo kandi turi igice c’Ijambo ryaYo. Ni yo mpamvu turi ng’aha, gushimangira ikibanza cacu mu buzima. Kwizera Ijambo Ryose. Kugumana n’Ijambo. Kwereka Umugeni Ijambo Ryose Riri kuma Bande.

Mu gihe cacu, Umwana w’umuntu Yarahishuwe. YARIFATANIJE n’Ishengero ku Mutwe ; Yafatanije ubukwe bw’Umugeni. Umuhamagaro w’Umukwe waraje. Umwana w’umuntu Yaraje mu mubiri w’umuntu gufataniriza abo babiri hamwe. We Ni Ijambo. Turi Ijambo RyiWe, kandi abo babiri bafatanirijwe hamwe.

Bizosabwa ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’muntu… Si umukuru w’ishengero… Yesu Kristo Azomanuka mu mubiri w’umuntu muri twebwe, kandi Azotuma Ijambo RyiWe Riba Iry’ukuri rwose ku buryo Rizofatanya Ishengero na We nk’umwe, Umugeni, hanyuma rero baje Imuhira mu Mazimano y’Ubukwe. Amen.

Ukugaragara kw’Ijambo kuzofatanya Umugeni. Kugaragaza Umwana w’umuntu ubugira kandi, si abanye tewolojiya b’ishengero. Umwana w’umuntu ! Ijambo n’Ishengero bicika kimwe. Ico Umwana w’umuntu Yakoze cose cari Ijambo. Twebwe, Umugeni wiWe, tuzokora co kimwe.

Twafatanijwe na Mpwemu Yera, Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe, kandi twiteguriye kuja mu Mazimano y’Ubukwe. Ijambo Ryaradufatanije, kandi abo babiri bacitse UMWE.

Tuvuga AMABANDE, AMABANDE, AMABANDE. Mutegerezwa kuvuza amabande mu mazu yanyu, mu mashengero yanyu. Turanegurwa ko dushimikira cane ku kuvuza amabande. Ni kuki tuvuga ivyo ? Ni Nde Avugana NATWE ku mabande ?

Rero, mwibuke, ni Yesu Yavugana na Aburahamu hariya, yashobora guhishura ivyiyumviro biri mu bwenge bwa Sara ari inyuma yiWe. Ntiyari Yesu, NtiYari bwavuke. Ariko yari Umuntu mu mubiri w’umuntu, Aburahamu yise “Elohimu, Ushobora Vyose Ahambaye”.

Namba wizeye ko Umwana w’umuntu Yahishuwe mu gihe cacu ; Imana Ivugira mu kanwa k’umuntu, ni gute uwo ari we wese atoshobora kubona akamaro ko kuzana iryo Jwi nk’IJWI NGIRA KAMARO GUSUMA AYANDI MUTEGEREZWA KWUMVIRIZA ?

Sindiko ndanegura abandi batabona kandi batizera ivyo twizera, ni beneData na bashikibacu, ariko NDAHAGIJWE CANE, NDUJUJWE CANE, NDEMEZWA CANE ko ibi ari uburyo Imana Yatanze ku Mugeni WaYo. Nta kindi nshobora gukora. Kubwanje n’inzu yanje, Gufyonda tukavuza ni bwo BURYO BWONYENE.

Rindi rimwe ndatumiye isi kuza no kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 myandagaro umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane:

Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 5:21-43
Uwera Mariko 16:15
Uwera Luka 17:30
Uwera Luka 24:49
Uwera Yohana 1:1
Uwera Yohana 5:19
Uwera Yohana 14:12
Abaroma 4:20-22
1Ab’I Tesalonike 5:21
Abaheburayo 4:12-16
Abaheburayo 6:4-6
Abaheburayo 13:8
1Abami 10:1-3
Yoweri 2:28
Yesaya 9:6
Malaki 4