22-0925 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Ubutumwa: 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Munyu w’Isi,

Neza mu gihe hasa naho bitoshobora kugenda neza kurushiriza, Aduha uwundi Muzigo w’Amabande y’Uguhishurirwa. Dufise ubuserukizi buvuye k’ugutoranywa. Niyo mpamvu tuza tuvuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, kugira ngo twumvirize Ijambo Rizima Ryagaragajwe.

Igihe Imana Yarema isi, twari mu vyiyumviro vyaYo. Igihe umurezi aguma udutunga urutoki kandi akabwira Data ati : « bakoze ibi, bakoze ibi, bakoze ibi », Amaraso y’Umwami Wacu Yesu Aradutwikira. Iyo turiko turasenga, Imana Ntitubona, Yumva gusa ijwi ryacu biciye mu Maraso ya Yesu.

Satani ntashobora kuvurugana ; canke, ashobora kugerageza, ariko ntashobora gucakira umuKristo yavutse ubwa kabiri. Kuko, Imana, kuva kw’itanguriro ry’isi, Yamubonye imbere y’igihe, maze Irungika Yesu kugira ngo Amucungure, kandi Amaraso Aramuvugira. Ashobora gukora icaha gute, mu gihe bidashobora kubonwa n’Imana ubwaYo ? Nta n’ubwo akora… Ikintu conyene Yumva, ni ijwi ryawe. Ibona ubuserukizi bwawe. Amen ! Uko ni ukuri. Murabona ?

Umuhanuzi w’Imana yaratubwiye ibi bintu. Si we yavuga ; avuga gusa ivyiyumviro vy’Imana, IbiYigize vy’ibintu bitegerezwa kuza. Akoresha akanwa kiwe kugira ngo abivuge. Hanyuma amaze kubivuga, bitegerezwa gushika. « Ijuru n’isi bizovaho, ariko Ijambo RyaNje Ntirizokwigera Ryihenda.

Yatwemeje Ijambo ryaYo kenshi cane. Mbega ntiyatwemeje ko ari : Umwana w’umuntu Yihaye umubiri hagati muri twebwe ? NtiYatwemeje ko : Umuhanuzi wacu ashitsa Ivyanditswe Vyose Vyavuzwe kuri we ? NtiYatwemeje ko : turi Umugeni WiWe ? NtiYatwemeje ko : Dufise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera ?

None duhagarika umutima kubera iki ? Yaratwemeje ko ni twaguma mu ruhande rwiWe, Azodushigikira. Ijambo RyiWe Ntirishobora kunanirwa na rimwe.

Abizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa y’iki gihe bose bazokizwa. Abatizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa, bazohonera hamwe n’isi.

Mwumvirize neza shengero. Benshi cane batahura nabi, canke ntibafise Uguhishurirwa kw’Ijambo. Bumva ko twashize hejuru umuntu birenze urugero. Namba vy’ukuri wizeye ko mweneData Branham ari umuhanuzi w’Imana, rero ugurura umutima wawe n’ubugingo bwawe maze wumvirize ico: Uku Niko Uhoraho Agize Avuga.

Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni ? Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni kugira ngo Acike umwe n’Imana ?

« Muri ico gihe, Umwana w’umuntu Azohishurwa. » Iki ? Gufatanya Ishengero ku Mutwe, kuba umwe, ubukwe bw’Umugeni. Uguhamagara kw’Umukwe kuzoza neza guciye muri ibi, igihe Umwana w’umuntu Azomanuka maze Akaza mu mubiri w’umuntu kugira ngo ahurize abo babiri hamwe. Ishengero Ritegerezwa kuba Ijambo. We Ni Ijambo, kandi abo babiri bahurira hamwe, kandi mu gukora ivyo, bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu.

Bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu. Atari ico uvyibazako, atari ugutahura kwawe, atari ivyiyumviro vyawe nta n’ubwo ari ukuvuga ubutumwa kwawe. Umwana w’umuntu azohuza Umugeni n’Umukwe, kandi biriko biraba UBU NYENE.

Ubu turi mu Munsi Mukuru w’Ubukwe hamwe n’Umukwe kandi vuba tuzogenda mu Mazimano y’Ubukwe no mu Nkinga yacu.

Ijambo n’Ishengero bicika ikintu kimwe. Ico Umwana w’umuntu Akora cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.

Dushobora kubeshwaho gusa n’Ijambo Ryose Riva mu Kanwa k’Imana ! Imana Yaremeje ko umuhanuzi wacu ari Umuvugizi w’Imana w’iki gihe. Tuzi gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Yavuze, hanyuma Yaravyemeje n’Ijambo RyaYo.

Turi Ishengero-Mugeni Ryiteguye mu minsi ya nyuma. Abahamagariwe gusohoka bava mu bandi bose; irya nyoni yamijukiwe imijukiwe n’Amaraso yiWe.

Data, imitima yacu irasimbagurika, n’umutima wanje urahuzagizwa, iyo ndavyiyumviriye kandi nzi yuko Amajambo YaWe ari ay’ukuri, nta na Rimwe muri Yo Rishobora kunanirwa, nta na rimwe.

Iyi niyo nzira yonyene Imana Yateguye kubw’iki gihe. Ni inzira YONYENE yo kudahindura Ijambo na Rimwe. Mwibuke, Mpwemu Yera Ashobora kuza maze Agasiga umuntu, ariko kandi biri hanze y’Ubugombe bw’Imana. DUTEGEREZWA KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO RYAGARAGAJWE.

Namba wokwipfuza kugumana n’Iryo Jambo no kwumviriza Ijwi ry’Imana hamwe natwe, ndagutumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, umwaka wa 1964.

Ntutegerezwa kwifatanya natwe canke no kwumviririza ibande imwe mu gihe kimwe hamwe na twebwe, ariko ndakwinginze, umviriza umuhanuzi w’Imana.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane:
Matayo 24:24
Mariko 5:21-43
Mariko 16:15
Luka 17:30
Luka 24:49
Yohana 1:1
Yohana 5:19
Yohana 14:12
Abaroma 4:20-22
1 Abatesalonike 5:21
Abaheburayo 4:12-16
Abaheburayo 6:4-6
Abaheburayo 13:8
1 Abami 10:1-3
Yoweri 2:28
Yesaya 9:6
Malaki 4