Ubutumwa: 65-0725M Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 26-0517 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 24-0804 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 23-0115 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 21-0919 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 20-0405 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 18-1021 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
- 17-0115 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Nkona Zikoranira Hamwe,
Umutwe w’Ubutumwa bw’iri yinga wonyene urahishura mwene ukwo kumenya Mpwemu Yera ku Mugeni. Kwiyumvira ko hazoba abasizwe b’ukuri bazohaguruka muri iki gihe, bafise ugusigwa kw’inkomoko kwa Mpwemu Yera nyene kwari ku muvugishwa wacu, ariko bikaba ari ibinyoma.
Ijambo Ritubwira ko bazokora ibimenyetso n’ibitangaza, baronke imvura imwe, imihezagiro imwe nk’umuvugishwa w’ukuri. Abantu bazova mw’Ijambo ry’ukuri Ryemejwe ry’igihe baja mu vyipfuzo vyabo bwite, birundaniriza abigisha, bababwira ibibanezera.
Bizoba vyegereye cane Ijambo ry’ukuri gushika aho bizohakwa hafi guhenda Abatoranijwe.
None ukwo gusigwa kuzoba kuri hafi na hafi gute? Bizoba vyoroshe gutahura ukuri n’ikinyoma? Umuvugishwa yatubwiye ko Umwami Dawidi, umuntu yari ameze nk’uko umutima w’Imana umeze, afise ugusigwa kuri we, yaronse uguhishurirwa kw’ukuri; ariko vyari ibinyoma.
NI IBIKI!! Reka ivyo vyinjire akanya gatoya. Umwami Imana Yatoye yari afise ugusigwa kw’ukuri n’uguhishurirwa kw’ukuri, ariko vyari ibinyoma! Intama z’Imana zizotegerezwa kuba maso cane kugira ngo zimenye ko ivyo ziriko zirumviriza ari ugusigwa kw’ukuri canke ukw’ikinyoma; kuko amerekero yabo y’ibihe bidashira ashingiye kuri izi ngingo.
Turazi ko Imana Yashizeho abakozi b’Imana benshi b’ukuri basizwe bo gufasha kurongora no kugumiza Umugeni WaYo mw’Ijambo. Ijambo RyaYo Rivuga gutyo, kandi turakengurukira cane Umwami kuri umwe wese muri bo. Bahamagariwe kuba abungere b’ubusho bwabo. Ni bo bazobuzigama mw’Ijambo. Mu kubigira, ntibategerezwa kunanirwa kuvugiriza ubusho bwabo Ijwi ry’Imana RYONYENE Ryemejwe.
Nk’uko duhejeje kwumva ingene umuntu wese ashobora gukosha, mbere afise ugusigwa kw’ukuri n’uguhishurirwa kw’ukuri. Ariko Umugeni Arashobora kuruhuka Aremye, kuko Imana Yaratanze inzira itunganye kugira ngo bashobore kwama bumviriza UGUSIGWA KW’UKURI, UGUHISHURIRWA KW’UKURI, UKO NIKO UHORAHO AGIZE KW’UKURI; GUFYONDA NO KUVUZA GUSA.
“Aho Umuvyimba uri,” ni ho Manu Iri, ni ho Ijambo Riri, “ni ho inkona zizoba zikoraniye.”
Aho Umuvyimba uri, niho twebwe Inkona tuzokoranira. Aho Inyama nshasha ziri, Ijambo Ry’igihe, Ubutumwa bw’igihe. Kandi nta hantu hashasha ho kurya iyo Manu kuruta kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga ubwaYo.
Iryo ni Ijambo RyaYo. “Umuntu ntazobeshwaho n’umutsima gusa, ariko azobeshwaho n’Ijambo Ryose.” Murabona? Abatoranijwe barabizi. “Ijambo ry’icaduka, canke ijwi ry’icaduka, ntibazorikurikira.”
Impamvu tutazo… kandi tudashobora kuzimira, ni uko turi Ijambo hamwe n’uku Guhishurirwa. Ntidushobora kuba ikindi na kimwe. Ntidushobora kwumviriz ikindi na kimwe. Ntituzi ikindi na kimwe.
“NDIHO!” Si “Nari, canke Nzoba.” “NDIHO,” igihe c’ubu, Ijambo ubu. Si Ijambo Ryariho, Ijambo Rizoza; Ijambo ry’ubu. Murabona? Murabitahura ? “NDIHO!” “NDIHO” ni Ijambo. “Ubwa mbere Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana.” Mbega ni ko biri? “NDIHO.” “Imana Yantumye nk’umuvugishwa waYo, kwemeza ibi ko ari ukuri. Ndi inyishu kuri iri Jambo, Yambwiye kumanuka ng’aha no gukora ibi.”
Kandi igihe yabikora, Farawo yavuze ati: “Yemwe, turafise abahungu benshi mu mugwi wacu bashobora gukora ivyo, na bo nyene,” abigana.
Yesu Yavuze Ati, “Ubu, ivyo bizosubira kandi mu minsi ya nyuma,” murabona, bivugira ico kintu nyene.
Umwami Ashimwe. Muvuge ivyerekeye ivyizigiro ku Mugeni. Igihe ufise uku Guhishurirwa, niho umenya ko uri Umugeni WiWe Yatowe, Yatoranijwe, umukunzi wiWe.
Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande, tuba turiko turumviriza Umwana w’Umuntu, ari We Kristo. Ni We Atugaburira. Ntitugaburirwa n’umuntu; umuntu, amajambo yiwe azonanirwa. Ariko tugaburirwa Ijambo ry’Umubiri Ritananirwa ry’Umwana w’Umuntu.
Namba ushaka kumenya neza 100% ko wumviriza Uko niko Uhoraho Agize, n’uze wifatanye n’igice c’Umugeni kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Riduhishurira ibintu vyose vyerekeye abasizwe mu gihe c’iherezo.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Abasizwe Bo Mu Gihe C’Iherezo 65-0725M
Ivyanditswe:
Matayo Mweranda 5:44-45 / 7:21 / 24:15-28
Luka Mweranda 17: 30 / 18: 1-8
Yohana Mweranda 14:12
Abanyefeso 1:5
II Timoteyo 3:1-8
Abaheburayo 6:1-8 / 11:4
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7 / 16:13-14
Malaki 4:5
I Abami 22:1-28
Yeremiya: Igice ca 27 n’ica 28