21-0919 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Ubutumwa: 65-0725M Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Watoranijwe,

Impamvu Yesu Yavuze ko Abatoranijwe Batazohendwa, ni uko bari Iryo Jambo. Ntibashobora kuba ikindi kintu na kimwe. Ntibashobora kwumva ikindi kintu na kimwe. Ntibazi ikindi kintu na kimwe.

Nta kintu na kimwe gihambaye gusumba mu buzima nko kumenya ko Imana Yatoreye umuhanuzi waYo imbere y’itanguriro ry’isi kuvuga aya Majambo. Rero, Yemeye ko Ijwi ryaYo Rifatwa ku ma bande, ku buryo twebwe, Umugeni waYo Yatoranije, twoshobora kwumva no kwisunga Ijwi ryaYo Ryafashwe ku ma bande maze Rikabikwa neza, kuko Yashaka ko tumenya ko :

. Turi Ijambo.
. Tudashobora guhendwa.
. Tudashobora kuba ikindi kintu na kimwe.
. Tudashobora kwumva ikindi kintu na kimwe.
. Tudashobora kumenya ikindi kintu na kimwe.

Yamenye ko twokeneye guterwa intege uno munsi nk’uko bitigeze kuba uwundi munsi muri kahise. Intambara zizoba zarese nk’uko bitigeze kuba na rimwe. Umugeni waYo Azoba yashizwe mu gipimo. Ariko iyaba Yoshobora kwibutsa Umugeni waYo abo bari bo, boshobora kunezerwa mu mitima yabo bazi ko ari abakunzi baYo mu Bugombe bwaYo butunganye.

Ico Satani yoduterera cose, ico dutegerezwa gucamwo cose, ubu turazi ko, Ahitamwo Umugeni, kandi turi uwo Mugeni. Ntiduterwa isoni n’Uguhishurirwa kwacu kw’Ijambo. Ntituzokwigera na rimwe tugerageza gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana. Kuri twebwe, ni Imfungurwa Za Mpwemu mu Gihe Gikwiriye. Turazi ko hazoba Abasizwe bo mu Gihe c’Iherezo, ariko TUZOGUMANA N’IJAMBO.

Namba mwokunda ivyo vyizigiro nyene, muzoze twifatanye kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize Abasizwe bo mu gihe c’Iherezo, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 nyakanga mu gitondo, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 5 :44-45
Matayo 7:21
Matayo 24:15-28
Yohana 14:12
Abefeso 1:5
2 Timoteyo 3:1-8
Abaheburayo 6:1-8
Abaheburayo 11:4
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 16:13-14
Malaki 4:5
1 Abami 22:1-28
Yeremiya igice ca 27
Yeremiya igice ca 28