23-0115 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Ubutumwa: 65-0725M Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bakoraniriza Hamwe Intama mu Ruhongore,

Birampagije cane kandi ndakengurukira Umwami kuba umwe wese muri mwebwe mukoranira mu Ruhongore rw’Intama z’Imana buri yinga, ahantu hacu h’akabanga tunyegejwe, tugaburirwa kandi tubeshwaho na birya Bifungurwa Vyanyegejwe. Ni Uguhishura kwa Yesu Kristo, Atwigaragariza kandi Atwihishurira ubwiWe.

Yarinyegeje ubwiWe ku buryo abandi baBiraba neza kandi ntibaBibone, ariko kuri twebwe, Umugeni WiWe Yatoranije, turaBibona biri ku mugaragaro kandi twizeye Ijambo Ryose. Twagumanye n’Ijambo n’umuhanuzi wiWe mu gihe bari Umwe kandi co kimwe.

Namba uri umwana w’Imana, uzogumana n’umuhanuzi w’iyi Bibiliya. Ni Ijambo.

Abahanuzi benshi basizwe iki gihe bavuga bati, “Ni Mpwemu Yera utegerezwa kugumana naWe, si umuhanuzi.” Nk’abahanuzi ba kera, namba dufise ikibazo, hategerezwa kuba inyishu itomoye. Dutegerezwa kuja KW’IJAMBO kugira turabe ico umuhanuzi yavuze imbere yacu.

Ariko hariho Kristo Impwemu imwe y’inkomoko, kandi iryo ni Ijambo Ryihaye umubiri nk’uko Yasezeranye kubikora.

Kristo Impwemu IMWE y’inkomoko Yasezeranye, Malaki 4, Luka 17, Umwana w’Imana Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu.

Ego, hariho abantu basizwe. Ego, bafise umuhamagaro. Ego, bafise Mpwemu Yera w’inkomoko. Ego, bafise impamvu nziza n’intumbero nziza.

None tumenya iciza n’ikibi gute ?

Itegereze, barasa. Basizwe co kimwe. Ariko itegereze, « Ku vyamwa vyabo… »

Ndanka kuvuga ibi bintu ariko isaha irarenganye kandi igihe kirihuta. Ibi ni ivyavuzwe kandi vyigishijwe iki gihe n’izo mbwebwe z’inkazi Paulo yagabishije kw’ishengero, kandi abasizwe b’ibinyoma mweneData Branham yavuze ko boje. Bari ng’aha muri twebwe, neza nk’uko babivuze.

Ng’aha hari igice c’ikete ryanditswe n’umukozi w’Imana. Icamwa cabo kigerageza guterera ugukekeranya ku muhanuzi w’Imana. Bagabisha abantu babo ko turi imana mu gukurikira umuhanuzi no Gufyonda Tukavuza.

Mwumvirize ukuntu ibi ari ivy’uruhendo.

Mbabajwe n’uko iyi dayimoni yinjiye mu butumwa bwacu ku buryo ubu twita ibitabu vy’inyigisho za William Branham IJWI RY’IMANA. William Branham ntiyari mu bisanzwe ijwi ry’Imana, ariko ahubwo ijwi ry’umuntu Imana Yakoresheje. Bibiliya Ntiyigeze Ivuga ko yari ijwi ry’Imana, ariko ahubwo Bibiliya Imwerekana nk’ijwi ry’umumarayika w’Indwi. (Ivyahishuriwe Yohana 3 :14 ; 10 :7)

Tuje kw’IJAMBO kandi tureke umuhanuzi w’Imana ashire ku mugaragaro iyi nyigisho y’ikinyoma.

*Namba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko bishobora kumvikana, ariko, NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

None uzokwizera nde, uyu muhanuzi yasizwe w’ikinyoma, canke INTUMWA MUMARAYIKA W’INDWI W,IMANA YAGARAGAJWE ? Ushobora kwicara gute munsi y’umukozi w’Imana uwo ari we wese yokwizera canke akigisha ibintu nk’ivyo ? Vyoba vyiza ugiye mw’Ijambo mu gihe hakiriho umwanya.

Ikosa riteye ubwoba ryarakoze n’umugwi w’ubutumwa mu kugira imana William Branham mu kumugira icishimikizo ntanyiganyizwa. William Branham ntiyigeze aba icishimikizo ntanyiganyizwa ! Ijambo ry’Imana ni Ryo cishimikizo ntanyiganyizwa.

Amen, Ijambo ry’Imana Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu. Ijambo ry’Imana Ryaje kuri nde, wewe canke WE ? Ni nde musobanuzi w’IJAMBO RY’IMANA yavuye ku Mana, wewe canke WE ? Ni nde Inkingi y’Umuriro Yagaragaje kuba Uko Niko Uhoraho Agize, wewe canke WE ?

Kubera ko ufise abantu babiri, ufise ivyiyumviro bibiri.

Ntidukeneye abantu babiri canke ivyiyumviro bibiri, dukeneye gusa ico umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande.

Kandi bitegerezwa gushika ku cimikizo ntanyiganyizwa ca nyuma, kandi icishimikizo ntanyiganyizwa canje ni Ijambo, Bibiliya.

Ni ivyo, neza nk’uko wavuze, Bibiliya ni iyiwe ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu, ariko rero avuga ati :

Ndabazi, beneData, mundaba nk’icishimikizo ntanyiganyizwa canyu.

Rero ni murindire gatoya, vyumvikana nk’ibinyuranye n’ivyo WAVUZE. Yavuze ko tumuraba ko ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu.

Mu gihe nkurikira Imana, nk’uko Paulo yavuze mu Vyanditswe, « Mu nkurikire, nk’uko nkurikira Kristo. »

Ivyo ntibisizwe ? Ntiyari azi ico yariko aravuga ?

Ni igiki umuhanuzi w’Imana ahejeje kutubwira mw’iyinga riheze ?

Tubona ko iyo umuntu aje, arungitswe n’Imana, yagenywe n’Imana, afise UKO NI KO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa ni ikintu kimwe kandi ni co kimwe.

Yavuze ko udashobora kubitandukanya, ni co kimwe, ariko uvuga ko twotegerejwe ?

William Branham ntatandukanye n’umuntu uwo ari we wese apfa, kuko yari umuntu w’ibimeze nk’ibishobisho, nk’uko Eliya yari ameze.

Amen, yari umuntu gusa ata nkeka, ariko yari UMUNTU Imana Yatoye guhishura Ijambo ryaYo Ryose, no kuturongorera mu Gihugu c’Isezerano. Yari uwo Imana Yavuze, zana abantu kuKWizera .

Co kimwe, yasizwe, yigisha Ubutumwa Bwiza bwa pentekoti, ariko ahakana isezerano ry’igihe ca none ry’Ijambo Ryagaragajwe. « Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi n’ibihe bidashira. »

Tumenya gute itandukaniro namba ari abasizwe na Mpwemu Yera b’ukuri ? Aduha uburorero kugira tumenye abahanuzi b’ibinyoma ku muhanuzi w’ukuri.

Balamu na Mose, Mikaya na Zedekiya, Yeremiya na Hananiya. Muri co gihe cose, bose bari abahanuzi b’Imana basizwe, ariko ico atubwira gukora, GUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YAGARAGAJWE. Ubwo ni bwo buryo BWONYENE bwo kumenya neza ko ukurikira Inzira Imana Yateguye, kandi uri mu bugombe butunganye bwaYo.

Na jewe jenyene ndi hafi igihe Abikora. Nari ijwi ryonyene Yakoresheje, kubivuga. Ntivyari ivyo nari nzi ; ni ico nihebeye gusa jewe ubwanje, ico Yavugiyemwo.

Ivyo ni vyo Umugeni Ashaka kandi Akeneye gusa. Ijwi Rimwe. Ubutumwe Bumwe. Intumwa imwe.

Yooo Data, ese ukuntu dukenguruka ku buntu n’imbabazi vyaWe kuri twebwe. Watubwiye ko ata kintu na kimwe kidashoboka kuri weWe. Nta kintu na kimwe kidashoboka hamwe natwe. Kuko ibintu vyose bishobokera abizeye, kandi TURIZEYE.

Ni muze dufatanye kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe dufise Ijwi Ry’Imana Ryatoranijwe Ritubwira ku vyerekeye Abasizwe b’Igihe c’Iherezo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.