23-0108 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Ubutumwa: 65-0718e Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bashakashatsi b’ubutare,

Hariho iriba rya arutwaze ry’Uguhishurirwa ridudubiriza imbere muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere. Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, kandi twamye twizeye Ijambo Ryose, ariko ubu Ryabaye Iryagaragariye muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere.

Ubu ni wo mwanya, ubu ni co gihe turiko turafungura ku bintu vy’akabanga vy’Imana binyegejwe isi. Ikintu abo bantu batwenga ni co kintu dusengera. Ikintu abo bantu bita « ubusazi », tucita « Igihambaye ! » Imana Yaduhishuriye ko hariho inzira imwe yonyene yo kuba Umugeni WaYo, ni GUFYONDA TUKAVUZA.

Ariko Imana Ishimwe, dufise Ibifungurwa vyanyegejwe, Ibifungurwa vya mpwemu, ku buryo tubayeho ku buntu n’imbabazi ry’uguhishura kwa Yesu Kristo muri iyi minsi ya nyuma, Yigaragaza ubwiWe mw’ihanga ryiWe.

Hamwe n’Ubutumwa Bwose Umugeni Yumva, Atwemeza ko ari Ubugombe Butunganye BwiWe. Si ivyo TWIYUMVIRA ko Avuga, canke ivyo TWIYUMVIRA ko bisigura, NI NEZA NA NEZA ivyo Avuga kandi abandi ntibashobora gusa kuBibona ; barahumishijwe. Imana YaraBinyegeje. BaraBiraba neza, ariko ntibaBibona. Kuri twebwe, NI VYO TUBONA GUSA.

Mu gihe tuba dukoranye buri yinga, si twe tubona turumvise ivyo Aja kutubwira no kuduhishurira. Kuri uyu w’inyinga, Ntazoduha utuvunji tw’inzahabu duto duto twanyegejwe, Agiye kuzoduha ikirundo nyamukuru c’ubutare maze AGISUBIREMWO N’URWAMO RWINSHI yongere Agisubiremwo kugira ngo Amenye neza ko twaBitahuye.

• Umuhanuzi yari yarabaye igihe kirekire cane mu Nyonga h’Imana, abanahuzi bo mw’Isezerano Rya Kera, canke igihe ico ari co cose, igihe baba mu Nyonga h’Imana gushika aho bacika Ijambo, Ubutumwa Bwabo ni Ijambo ubwaRyo. Kandi, mwibuke, yavuze « UKO NIKO UHORAHO AGIZE. »

• Tubona ko igihe umuntu aje, arungitswe avuye ku Mana, yagenywe n’Imana, afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa biba ari kimwe kandi ari co kimwe.

• Rero igihe umuntu aje afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE, we n’Ubutumwa ni ikintu kimwe.

• Ijuru Rirabitangaza, Bibiliya Irabitangaza,Ubutumwa burabitangaza, vyose ni co kimwe.

• Umuhanuzi, Ijambo, Ubutumwa ; intumwa, Ubutumwa, n’Ubutumwa, vyari co kimwe.

• Umuntu uwo ari we wese n’ubutumwa bwiwe ni ikintu kimwe.

Muravuga ivy’Ubutare bw’Inzahabu.

Namba mufise Uguhishurirwa na gukeya, nibaza ko abitomora neza, Ubutumwa n’intumwa ni CO KIMWE. Murumva ivyo yavuze… CO KIMWE!! Rero ntimushobora gutandukanya intumwa n’Ubutumwa, bakozi b’Imana.

Mutegerezwa gushira INTUMWA mw’ishengero ryanyu hamwe n’UBUTUMWA yazanye bitari uko ntimuba mwemera UBUTUMWA BWOSE. NTIMUBA MURI UMUGENI.

Yooo ! Ubugira kandi, bigira Ubutumwa n’intumwa nk’ikintu kimwe. Imfungurwa za mpwemu zirateguwe, kandi ni muri iki gihe .

Kuri twebwe, twizeye igihe c’Imana tubayemwo, intumwa Yarungitse, Ijambo Ryose yavuze; ibi bintu ni Imfungurwa Zanyegejwe.

Ese ukuntu dukunda ubu Butumwa, kandi igihe nyene twiyumvira tuti, “Hashobora kuba ibindi gute ?” Ashira ibuye ry’ukunengesera kuri Bwo mu kutubwira abo turi bo ubu.

Ntimubona ububasha bw’Imana Nzima mw’Ishengero Rizima, Umugeni ? Abarwaye barakira, abapfuye barazuka, ibimuga biragenda, impumyi zirabona, Ubutumwa Bwiza buravugwa mu nkomezi zaBwo, kuko Ubutumwa n’intumwa ari co kimwe. Ijambo Riri mw’Ishengero, muri uwo muntu.

Iryo Jambo MURI TWEBWE. Turi Ubwo Butumwa. Dufise ububasha. Ubu Butumwa na twebwe TURI UMWE!! Muravuga ivyo kururumba n’ukururumba twongera tururumba.

Umugeni ni igice c’Umugabo, Ishengero ni co kimwe na Kristo. “Ibikorwa nkora namwe muzobikora.”

Turi igice c’Umugabo!!

TURI CO KIMWE NA KRISTO!!

Mwiyumvira ko vyumvikana nk’ibihambaye ubu, kandi bihezagira umutima wanyu gusoma gusa ibi vyavuzwe n’umuhanuzi, murindire gusa gushika aho muzokwumva Ijwi Ry’Imana Ribibabwira umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro ku mugoroba mu Burundi) igihe tuzokwumviriza Imfungurwa za Mpwemu mu Gihe Gikwiriye, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro ku mugoroba, umwaka wa 1965.

Muratumiwe kuza kwifatanya natwe. Namba mutabishoboye, MUVYONDE MUVUZE igihe ico ari co cose, Ubutumwa ubwo ari bwo bwose, aho ari ho hose, maze mwumvirize intumwa y’Imana ibazanira Ubutumwa bw’Imana.
MweneData Joseph Branham.

Niko bimeze uno munsi, ko Umutsima w’Ubugingo abana baryako, Ukurikira Ubutumwa bw’Imana, kugira ngo Bubagaburire mu gihe c’ici.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
1 Abami 17:1-7
Amosi 3:7
Yoweri 2:28
Malaki 4:4
Luka 17:30
Yohana 14:12