Ubutumwa: 61-0730M Amabwirizwa Gaburiyeli Yahaye Daniyeli
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Mwebwe Mwasohotse,
Imbere y’uko Impongano ikorwa, imbere y’uko Mpwemu Yera Asukwa, imbere y’uko Isezerano rya Kera ryose Ryandikwa, nta kugaragazwa kwari gushobora kubaho. Vyategerezwa kurindira gushika muri iki gihe. Yari Arindiriye umuvugishwa waYo kandi Aturindiriye!
Ubu ibintu vyose biriko biratunganywa bigana kw’Ibuye ry’Agasongero, ku kugaragazwa kw’Abana b’Imana bariko baragaruka. Yaje mu mumarayika waYo w’inkomezi mu buryo butunganye cane, gushika aho igikorwa ciwe cari cegereye cane ica Kristo, ku buryo kizoMushira hamwe n’Ishengero RyiWe. Imana Iriko Irashira abana baYo mu kibanza cabo co kugirwa abana b’Imana kubw’Izamurwa Rigiye kuza.
Mbega ibihe bihambaye tugira, mu gihe Mpwemu Yera Ariko Aravugana natwe kandi Aduhishurira Ijambo RyaYo. Ibintu bihambaye biriko biraba, haba mw’isi kandi, ikiruta vyose, mu Mugeni.
Amatati y’isi yose ari hafi cane. Twoshobora guhinduka umukungugu umwanya uwo ari wo wose. Umuntu wese afise ubwenge arashobora kwumva amakuru, akumviriza abanyepolitike maze akamenya ko hari ikintu kigiye kuba. Ubwoba buriko burigarurira abantu b’isi.
Ni bangahe bumvise ubu buvugishwa, ko kuwa 1 Nzero, bivugwa ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyompi bizoba umunyota w’ibirunga? Ivyo nivyo dukeneye gusa. Igihe kirarenze gusumba uko twiyumvira. Murabona? Rero, nimba tugeze hafi gutyo gushika n’aho abantu b’iyi si bavuga ko iki kintu gihambaye kigiye kuba, dutegerezwa kuba maso, ibintu vyose bitunganye neza, ukwatura kwose kwakozwe, vyose biteguye, kuko tutazi neza igihe Umwami Wacu Azoduhamagarira. Kandi niYatanga ihamagara, Ati: “Duga hano hejuru,” vyoba vyiza twiteguye. Kandi bizoshika kw’isaha mutiyumvira.
Mpwemu Yera Ari hagati yacu, Avugana natwe biciye ku muvugishwa waYo, Adutegurira kuduga no kujabuka Yorodani. Turatahura ibiriko biraba biciye mu gusoma Igitabu no kwumva Ijwi RyaYo ku mabande. Imana Iriko Iravugira mu mumarayika waYo ku mabande hirya no hino kw’isi kugira ngo Iremeshe abantu baYo kandi Ibabwire Iti: “Turi mu gihe c’iherezo, ariko ntimutinye iyi si, kuko Ndi kumwe namwe, mbere NDI MURI MWEBWE. Muri Ijambo RyaNje Ryagizwe umubiri. NTA NA KIMWE MUKWIYE GUTINYA.”
Mu mezi aheze, Yatugumije mu kwiga Igitabu c’Uguhishura kwa Yesu Kristo. Twaciye mu Bihe vy’Ishengero no mu Kugirwa abana b’Imana, none ubu twiteguriye kwumva no kwiga Amayinga Mirongo Indwi ya Daniyeli.
Hanyuma hakurikira Udushashara, Ivyago, Amagorwa, inzige, umugore ari mu zuba, ugutererwa hanze kwa ca igisato gisa n’ikibengebenge, ugushirwako ikimenyetso, vya bihumbi ijana na mirongo ine na bine, n’ibintu vyose.
Nk’uko Daniyeli yabigize, turiko turasoma kandi twumva ivyo umuvugishwa yavuze ko bizoshika. Ivyanditswe biriko birashitswa. Mbega igihe gikwiye Umugeni yumviramwo ibi ubu, turavye uko isi imeze muri iki gihe.
Ishengero ryarashizweko Ikimenyetso. Ababi barushiriza gukora nabi. Amashengero arushiriza kuba ama nyedini. Abera bariko barushiriza kwegera Imana. Ingabire za Mpwemu ziriko ziratangura kugwira muri ya migwi mito mito. Turi mu gihe c’iherezo.
Turatahura ko mu minsi y’iherezo hazoba inzara, kandi ntizoba ari iy’umutsima n’amazi gusa, ariko izoba ari iyo kwumva Ijambo ry’Imana ry’ukuri. Abantu bazoja mu Buseruko, mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko, barondera kwumva Ijambo ry’Imana ry’ukuri. Amashengero azoba ari amadini kandi atagororwa, ku buryo azonanirwa kuRyumva.
Ariko turatahura, biciye mu gusoma Igitabu caYo no kwumviriza Ijwi RyaYo ku mabande, ko Urubuto rwa Dawidi Ruzoshamikishwa. Uwo mugwi mutoyi uzofyonda ukavuza, hanyuma unumvirize Ijwi ry’Imana ku mabande.
Uno munsi, iri sengesho ririko rirashitswa.
Mwami, turabona mu Bitabu, kandi no mu Gitabu caWe, Igitabu ca Yesaya, Igitabu ca Yeremiya, Igitabu ca Yakobo, Yohana, Luka, Mariko, Matayo, Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana, Ibitabu vyaWe vyose, ko turi hafi y’iherezo. Kandi twerekeje amaso yacu mw’Ijuru, mu masengesho no mu kwinginga, kugira ngo tumenye aho turi, Mwami. Turatanguye kubona umuco w’umutwenzi useruka. Kandi, Mwami, tuje kuri Wewe. Ukwizera kwacu kurarangamije kuri Wewe ubu. Dushize ku ruhande ibituremera vyose, icaha cose, ukutizera gutoyi kwose kwotwizingirako vuba, kandi ubu dusiganirwa gushika ku mpera y’umuhamagaro wacu, tuzi ko igihe cacu ari gito.
Mu gihe ubwoba bwuzuye isi kandi bagerageza kwitegurira ibigiye kuza mu kubika imfungurwa, turabatumiye ngo muze murye Manu Yanyegejwe, Iya Yateguye no kubikira Umugeni waYo.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: 61-0730M — Amabwirizwa Gaburiyeli Yahaye Daniyeli
Igihe: Kuw’Iyinga, isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi).
Ivyanditswe:
Zaburi 99
Ivyahishuriwe Yohana 1-3
Yeremiya 32
Ivyahishuriwe Yohana 5:8-14
Yeremiya 25:8-17
Daniyeli 9
Matayo 24:15
Ivyahishuriwe Yohana 7