23-0101 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ubutumwa: 65-0718m Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ugiye mu Gihugu c’Isezerano,

Ni igiki kigiye kuba uyu Mwaka Mushasha ?

Umugeni Yariteguye ubwiWe mu kugumana n’Ijambo. Twarafashe Isangira Ryera, twashize Ikimenyetso ku muhana wacu, kandi twarishizeko ikimenyetso ubwacu n’Ijambo ry’ukuri, Ryagaragajwe. Ntitwagize imyumvikano, ariko twagumye ubwacu turi inkumi kw’Ijwi ry’Imana ry’ukuri.

Mbega igihe c’ubwiza tubayemwo. Ni igihe abahanuzi bose bipfuje kubona ; iki gihe nyene. Turazi mu bisanzwe ko Ishengero Ryiteguriye kugenda. Amasaha ya nyuma yo kwugara ariko aregereza kandi turiko turazimanganira vuba mu Bihe Bidashira. Dutegerezwa kuguma mu murongo kandi tugumize amaso ku Nzira Imana Yateguye y’igihe cacu : Ijambo RyaYo, umuhanuzi waYo, ari we Jambo ry’igihe cacu.

Yazanye Kristo ng’aha gute ? Kubw’Ijambo ry’abahanuzi. Ni vyo ? Azozana Umugeni waYo ng’aha gute ? Kubw’ Ijambo ry’abahanuzi.

Hashobora gukorwa iki ? Ni igiki gitegerezwa gukorwa ? Yatubwiye ico dutegerezwa gukora : kubaza umuhanuzi, Bibiliya, aho tudashobora kwongerako canke gukura kuri Ryo. Namba tubikoze, Imana Idukura mu Gitabu c’Ubugingo.

Igihe kirarengeranye cane, dutegerezwa kuba mu Bugombe BwaYo Butunganye kugira ngo tube Umugeni WaYo. Nta na rimwe dushaka gukorera Imana igikorwa atari Ubugombe bwaYo naho coba cumvikana neza gute. Imana Yatanze isizerano ry’ukuntu Yari Igiye kubikora iki gihe. Imana Yabivuze ng’aha nyene mw’Ijambo ryaYo, ukuntu Yobikoze.

Umugeni WaYo IzoMutwara gute ? Kubw’ Ijambo, atari ku mukogote mushasha, atari kubw’ iciyumviro c’umunyetewolojiya munaka. Ariko bijanye n’Ijambo Ryayo IzoMumenyekanisha . Rero ntushire ikintu na kimwe kuri Ryo canke ukure ikintu na kimwe kuri Ryo . Rireke uko Rimeze. Murabona ?

Ku bantu bamwe, bishobora kuba bizazanye mu gihe hariho abahanuzi benshi basizwe bavuga ico ari co Ubugombe bw’Umwami bw’iki gihe. Bavuga bati, « Ni bibi kuvuza amabande mw’ishengero, mweneData Branham ntiyigeze abivuga. Igikorwa c’ivugabutumwa ubu ni ngira kamaro kurushiriza, kandi ni inzira yateguwe n’Imana y’iki gihe. Gumana n’umwungere wawe. »

Rero, ni vyiza kwumviriza amabande, ariko atari mw’ishengero ? Ntidutegerezwa kwizera Ijambo ryose riri ku ma bande, gusa ivyo Mpwemu Yera Atubwira ibiri kandi bitari Ijambo ? Kwumviriza igikorwa c’ivugabutumwa bizotunganya Umugeni ? Namba ntagumanye n’umwungere wanje sinshobora kuba Umugeni ? Namba mvuza amabande gusa, ndi inyuma y’Ubugombe Butunganye bw’Imana ?

Uwizera wese ashaka gukora ivyiza hamwe no kuba mu Bugombe Butuntanye bw’Imana. Nta n’umwe ashaka gukora nabi canke kuba mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo. Hategerezwa kuba inzira nziza kandi igororotse.

Ni abahe bavugabutumwa dutegerezwa kwumviriza… bose ? Dutegerezwa gusuzuma ivyo bavuga ko ari Ijambo iyo dutashe imuhira mu kwumviriza amabande, canke twotegerejwe gufata ijambo ryabo ? Icishimikizo Ntanyiganyizwa ni iki rero, ijambo ry’umwungere wacu, canke ico mweneData Branham yavuze kw’ibande ?

Bategerezwa kwigisha Ijambo, amen. Bategerezwa kugumiza Ijambo imbere y’abantu, amen. Ariko ntibategerezwa gufata ikibanza c’umuhanuzi w’Imana. Ntibafise akamaro gusumba Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe. Bashobora KUVUGA IBIRI KU MA BANDE VYONYENE. Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa c’Umugeni.

Hariho ibisabwa bitanu vyawe. Bitegerezwa kuba uko. Umwanya waYo, igihe caYo, igihe Yavuze ko vyoba ; n’umuntu Yatoye; kandi bitegerezwa kuza ku muhanuzi; kandi umuhanuzi ategerezwa kuba umuhanuzi yagaragajwe.

Sindiko ndagerageza gucirako iteka igikorwa c’ivugabutumwa canke mvuge ko badavise ikibanza, Imana Ibindinde. Ndiko ndavuga gusa, ko kuvugiriza abantu Ijwi ry’Imana riri ku ma bande ari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi igikorwa c’ivugabutumwa gitegerezwa gukora. Ikintu cose mvuga, canke umukozi w’Imana avuga, canke umunywanyi w’ishengero asanzwe avuga, gitegerezwa kuba ijambo ku rindi kuvy’ umuhanuzi w’Imana yavuze.

Nanka ko munshavurira kandi mwiyumvira ko ndwanya umwungere wanyu, ivyo sivyo biri mu mutima wanje. Nshaka gusa ko Umugeni Ahurizwa hamwe n’ikintu CONYENE dushobora guhurirako, UBU BUTUMWA.

Mu gihe c’ukudahuza nk’uko, uruzazane, ubutandukane hagati y’abantu, nizeye ko ubu Butumwa tugiye kuzokwumviriza kuw’iyinga ari bumwe mu Butumwa bw’ingira kamaro gusumba ubundi bw’iki gihe cacu.

Reka twugurure imitima yacu maze tubone ico Imana Ibwira ishengero, abantu bumviriza amabande, n’abantu dufatanije ku buhinga ngurukanabumenyi mu mahanga yose.

Imbere y’uko dushobora kwinjira mu Gihugu c’isezerano, hariho ikintu kinaka dutegerezwa gukora. Ijwi ry’Imana Rishaka ko twumviriza neza vy’ukuri kandi ntitunanirwe gutahura ico Avuga.

Yavuze neza nk’igihe Mose yabwira Isirayeli, amaze kugaragazwa n’Imana n’Inkingi y’Umuriro, kandi yamenye ko yemejwe kuba umukozi w’Imana wo kubarongorera gusohoka. Ariko imbere yuko binjira mu gihugu, yababwiye ati, “Uyu munsi ntanze ijuru n’isi kw’ivyabona bizobagiriza, ntimwongereko ikintu na kimwe ku vyo navuze, canke ngo mukureko Ijambo kuri Vyo.”

Rero ndavuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite kuri Ryo, muvuge gusa ivyavuzwe kuri izo bande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yabategetse gukora, ntimwongere kuri Ryo!

Ivyo ni UMWAMI MANA Yacu Adutegeka ko du shobora KUVUGA IVYAVUZWE KU MABANDE VYONYENE. Ntidushobora kwongerako, gukurako, gushiramwo ivyo tuvyibazako, ivyiyumviro vyacu, insiguro yacu kuri Ryo. Muvuge gusa ivyavuzwe ku mabande.

Namba wizeye aya majambo yavuzwe n’umuhanuzi Yagaragajwe n’Imana ko ari ukuri, rero ni gute GUFYONDA UKAVUZA bidashobora kuba ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi Umugeni Ashobora gukora?

Yimenyekanishije gute igihe Yaza ? Mu muntu afise impwemu ya Eliya kuri we, yasohotse avuye mu bugaragwa. Azokwimenyekanisha ku mugeni WiWe gute ? Yasezeranye co kimwe muri Malaki 4, imbere yuko Ahonya isi, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Sodomu.

Mukunzi Mugeni w’Igihugu c’Isezerano, ufise UGUHISHURIRWA kw’ukuri. Uri mu Bugombe Butunganye bw’Imana. Waramenye uwo uri we. Uri mu Mugambi w’Imana mu Gufyonda Ukavuza. Uri Ijambo. Uri igice c’Umukwe. IMANA ISHIMWE !!!

Ni ubuhe buryo bwo gutangura Umwaka Mushasha. Umugeni Yunze ubumwe, Akurikira itegeko ry’Imana mu Gufyonda Akavuza.

Ni muze ubwanyu mwitegurire Izamurwa hamwe natwe isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza “Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana” Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro umwaka wa 1965M.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 4:1-4
Gusubira mu Vyagezwe 4:25-26
1Ingoma 13
1 Ingoma 15:15
Zaburi 22
Mariko 7 :7
Yoweri 2 :28
Amos 3 :7
Malaki 3
Matayo 11:1-15
1 Abakorinto 13:1