22-1231 Ukunyinyurana

Ubutumwa: 62-1231 Ukunyinyurana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho bwo ng’aha,

Nipfuza ko tugira Isangira Ryera ubugira kandi mu mihana yacu ku Munsi Mukuru w’Umw aka Mushasha, kw’igenekerezo 31 kigarama. Amabwiriza y’ukuntu turonka umuvinyu, n’ukuntu ducumba umukate w’Isangira Ryera bishobora kuboneka ku mbuga zikurikira. Urubuga rushobora kuvomamwo ijwi ry’igikorane ruzoboneka vuba ku rubuga rwacu. Canke, ushobora kuvuza ijwi ry’igikorane murikuye ku rubuga rwa Lifeline.

Ku bo ng’aha mu micungararo ya Jeffersonville, mushobora gutora umuvinyo w’Isangira Ryera ku wa gatanu, igenekerezo rya 30 kigarama, hagati y’isaha indwi n’isaha icumi ku muhingamo, munsi y’igisenge c’Ijwi ry’Imana.

Tuzokwumviriza Kunyinyurana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 31 kigarama 1962, guhera isaha icumi n’imwe ku muhingamo ku wa gatandatu(isaha 6 z’ijoro hano mu Burundi) igenekerezo rya 31 kigarama. MweneData Branham amaze kuzana Ubutumwa bw’Ugukesha kw’Umwaka Mushasha, tuzohagarika ibande maze tugire nk’iminota icumi y’indirimbo zo gutazira mu gihe twitegurira Isangira ry’Umwami. Tuzosubizamwo ibande aho mweneData atangurira igikorane c’Ingaburo Yera. Kuri iyi bande, yakuyemwo igice c’igikorane c’ukwozanya ibirenge, ari vyo natwe tuzokurikiza.

Mu gihe duhindukiriye ku wundi mwaka mu Gikorwa CiWe, dusubire kuMushikanira ubuzima bwacu gushasha mu kubanza kwumviriza Ijambo RyiWe, hanyuma gusangira rero Isangira Ryera RyiWe. Mbega akaryo k’igiciro dufise ubugira kandi kugira imihana yacu Igicaniro co guha kaze Umwami w’Abami kugira ngo Yinjire maze Afatanye natwe.

Imana Ibahezagire.

Mwene Data Joseph.