Ubutumwa: 61-0730E Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
- 26-1129 Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
- 25-0209 Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
- 16-1125 Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi nkunda cane,
Hariho ibintu vyinshi bihambaye biriko biraba, kandi hari n’ibindi vyinshi bihambaye tubikiwe. Imana Iguma Ihishurira Ijambo RyaYo kandi IRishitsa buri munsi. Turiko turamenya igihe tuzodugirako kandi tuguma twitegura. Twerekeje amaso yacu ku Mana biciye mu masengesho no mu kwinginga, kandi Iriko Iraduhishurira igihe turimwo. Nta gihe gisigaye, Iraje kudutora, twebwe Umugeni WaYo Ikunda cane.
Ariko ubwa mbere na mbere, Imana Iriko Irasemerera n’Ijwi rirenga biciye ku mumarayika waYo, kugira ngo Iburire abantu baYo ko bategerezwa KuYumviriza.
“UKU NI KO UHORAHO AVUZE: Imana ntizogira ico Ikorana n’Ishengero RyaYo Ritabanje gusubira mu gihugu caRyo c’amavukiro, ari co Butumwa bw’iki gihe. Nimugaruke ku ntango!”
Muvy’ukuri, ivyo ndabikunda. Iyo nshoboye kwumva umuvugishwa n’Imana ahagurukanye UKU NI KO UHORAHO AVUZE, mweneData, ivyo biba birangiye. Kubwanje ivyo biba birangiye. Nta kindi kiba gisigaye.
Yoo, ese kuntu nivyo tubikunda! Kuri twebwe, ivyo biba birangiye.Turiko turakora neza na neza ivyo Yatwigishije gukora. Nkako, ntitwigeze tuva kw’Ijambo RyiWe ry’intango; twamye turi kw’IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE, kuko niryo UKO NI KO UHORAHO AVUZE!!
Birashobora gushika ntidushobore gutahura ivyo tubwirwa vyose canke ivyo duhishurirwa vyose, ariko ikintu kimwe tuzi neza, ni uko twizera Ijambo ryose Riri ku mabande. Ico ni co gipimo nyakuri co kumenya ko uri Umugeni WiWe.
Turi wa mugwi w’abantu umuvugishwa n’Imana yabonye hakurya y’Igihuzu c’Igihe. Amajwi yacu ni yo yariko arasemerera avuga ati: “Twizeye Ijambo ryose wavuze.”
Turiteganye igishika cinshi kandi tuguma dusenga, amaso yacu tuyahanze mw’Ijuru, mu kurindira ukuza kwiWe.
Nkuko vyagenze kuri Daniyeli, Imana Yarumvise amasengesho yacu, Iramanuka kugira ngo Iduhishurire ivyo Yashinze ku Bayuda no kuri Yerusalemu, mbere no gushika ku mpera y’ivyo bintu vyose.
Yabwiye Daniyeli Iti: ” Hisha ayo Majambo, kandi ushire ikidodo kuri ico Gitabu gushika mu gihe c’iherezo.”
Uwo munsi w’igihe c’iherezo ni ubu nyene. Twarawushitsemwo. Turi Umugeni WiWe Akunda cane, uwo Yari Amaze igihe Arindiriye.
Ni Igihe ca nyuma c’Ishengero. Ubutumwa n’intumwa ni Kimwe, kandi biriko birahishura VYOSE.
Ihishurwa nyakuri rya Yesu Kristo, ryari ryarahishijwe gushika muri iki gihe, UBU RYAHISHUWE.
Si Umuntu agira gatatu, si Umuntu agira kabiri, si Umuntu agira gatatu, ahubwo ni Umuntu Mana. Ayo yandi mabanga yose y’Imana azohishurwa, kuko vyanditswe ng’aha, muri iki Gitabu, kandi azohishurirwa urunganwe rwo mu gihe c’iherezo.
Ijambo ry’Imana Ririko Rirahishurwa kuruta uko vyigeze kubaho ubwa mbere, kugira ngo Ritegurire Ishengero iduzwa no gutaha i Muhira!! Ishengero Ritegerezwa GUSUBIRA KU MABANDE. Gusubira mu gihugu caRyo c’amavukiro, ku ntango. GUSUBIRA KU BUTUMWA BW’IGIHE, GUSUBIRA KURI RYA JWI RY’INTANGO RYABAHAMAGAYE. GUSUBIRA KURI UKO NI KO UHORAHO AVUZE.
Kuri uyu w’iyinga, bwire umwungere wanyu muti: “Uyu munsi reka twumvirize Ijwi ry’Imana kama. Ijwi Imana Yitoreye ubwaYo kugira ngo RiYivugire. Ijwi Rizodushikiriza Umwami Yesu igihe Azogarukira. Ijwi ryonyene Imana ubwaYo Yivugiye Iti: Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.”
Nta rindi Jwi Rishobora kuba RIHAMBAYE kurusha iryo Jwi. Niryo Jwi twese dushobora kwishura duti AMEN kw’Ijambo ryose Rivuze.
Murahawe ikaze kugira ngo mwifatanye n’igice c’Umugeni kiri hirya no hino kw’isi yose, mu gihe Imana Izoba Iriko Iravuga kandi Ihishura urutonde nyarwo rw’igihe c’Ukuza kwaYo.
Hazoba ari ugusigwa gukomeye kuruta ukwo mwigeze kwumva.
Tuzokoranira hamwe isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) kugira ngo twumvirize:
61-0730E – “Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli”
MweneData Joseph Branham