22-1002 Ibibazo N Inyishu 1

Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Branham Tabernacle,

Namba udashobora kuza ng’aha kw’ishengero, rondera ishengero ahantu hanaka ; ujeyo. Namba udashobora kwumviriza amabande hamwe natwe, umviriza amabande ahantu hanaka. Kuvuza no kwumviriza amabande ni ikintu ngira kamaro gusumba ibindi vyose uwuvuga ubutumwa, umwigisha, intumwa, umuhanuzi, umuvugabutumwa canke wewe, mushobora gukora.

Aha ni icicaro co muhira ; ni icicaro gikuru canje ; ng’aha ni ho tugerereye. Rero, bigumize mu bwenge bwawe icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzotahura ikintu kinaka. Icoshika cose, iki ni icicaro gikuru cacu, ng’aha nyene. Kandi mubigumize mu bwenge hama uzogaruke kuri iyi bande umunsi umwe, iyo wanyumvise ndabivugishwa. Ni vyiza, muvyibuke.

Umuhanuzi yariko arakora iki ? Kubika imfungurwa. Kubika imfungurwa ku buryo tuzoronka Ikintu Kinaka co gufungura, Ikintu Kinaka tuzokorerako umunsi mukuru. TuKironka kuma bande yacu mu gafuto k’icumba cacu.

Yavuze ko hazoba ikigega kimwe gitoya conyene mu gihugu cose, ikigega kimwe gitoya. Yashizeyo ibikenewe vyinshi : Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Udushashara, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Muhira ho muri kazoza, Kwemeza Ijambo RyaYo, ivyo vyose ni ivyacu twese, ku buryo twoguma ng’aha gusa maze tukumviriza yaramaze kugenda.

Bisa n’aho yagiye kuva kera, ariko turacibuka, ko ibi bintu ari ivy’ukuri. Ubu ni ubuzima dutegerezwa kugenderamwo twenyene.

Ibigega BIRUZUYE. Nta bindi Bifungurwa vyemejwe n’Imana ubwaYo ko ari IJAMBO RITAGIRA AGATOSI ata kwandura Rifise.

Namba wipfuza gukora umunsi mukuru hamwe natwe, turaguhaye ikaze kwifatanya natwe, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzoja ku Meza maze tugafungura nk’umushitsi wiWe.

Ibibazo n’inyishu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.