24-0428 Ibibazo N Inyishu 1

Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bumviriza Amabande ;

Sinshobora nyene kubivuga bikwiye, nta NA KIMWE kuri twebwe gihambaye nko kwumviriza Ijwi ry’Imana biciye mu ntumwa mumarayika yagaragajwe w’igihe cacu. Uguhishura gukurikirana n’Uguhishura Umwami Ariko Araduhishurira. Nta kurandira kuri Ivyo. Ubutumwa Bwose ni nk’aho tutigeze tuBwumva mbere. Ni Ijambo Rizima, Manu Nshasha, Imfungurwa Z’Imana Zabikiwe Umugeni WaYo, kandi ico dutegerezwa gukora gusa ni UGUFYONDA TUKAVUZA.

Twumviriza vyose vyerekeye Ukuzamurwa KWACU kugiye kuza vuba. Tugiye… IMANA ISHIMWE TUGIYE MU Mazimano y’Ubukwe. Yadutoranirije kuba Hariya mu Kumenya kwaYo mbere, kandi nta na kimwe kigiye kubihagarika. Ijambo ng’aha Rifatana n’umuntu, kandi abo babiri bacika Umwe. Rigaragaza Umwana w’umuntu. Ijambo n’Ishengero bicika Umwe. Ico Umwana w’umuntu Akora cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.

Imbere yuko mbandanya, mutegerezwa kuba mushaka kubisoma ubugira kandi !! Ni gute dushobora kureka umurwanizi ngo aducinyize ? Mwumvirize ivyo turindiranye igishika. Mwumvirize abo turi bo. Mwumvirize ibiriko biraba UBU.

Turiko turaja hehe ? Mu Mazimano YACU y’ubukwe twatoranirijwe n’Ukumenya kwaYo mbere, aho TWEBWE, Ijambo ryaYo n’Ishengero, bicika UMWE NA WE, kandi ico Umwana w’Umuntu Yakoze cose, DUKORA CO KIMWE !!

Rero twarumvise vyose vyerekeye Aho tuzoba muri Kazoza. Imana Umugezi Yatunganije Igisagara CACU Gishasha, aho Izobana NATWE, Umugeni WaYo. Yaracubatse kandi Yashize ikintu cose gitoya neza na neza ku rugero RWACU ; neza ivyo TWEBWE twokwipfuje. Ahantu hatazokenerwa umuco, kuko Umwagazi w’Intama Uzoba Umuco Wacu. Aho umuhanuzi azoba iruhande yacu ; azoba umubanyi wacu. Tuzorya kuri biriya biti, tuzogendera muri ariya mabarabara y’izahabu gushika kw’isoko maze tunywe. Tuzogendera muma paradizo y’Imana, hamwe n’Abamarayika bagurukira hejuru y’isi, baririmba indirimbo. Imana Ishimwe ! Haleluya !

Yemeza Ijambo RyaYo kuri twebwe ; Yo, Inkingi y’Umuriro, Yafashwe ifoto hamwe n’intumwa mumarayika waYo kugira ngo Yemeze kandi Ibwire isi Iti, « Ni MuMwumvirize. » Ntidutegerezwa gukekeranya Ijambo na Rimwe, kuko si ijambo ry’umuhanuzi, ni Ijambo ry’Imana Ryavuzwe ku Mugeni Wayo. Rero Yatubwiye, ko dufise ubuserukizi buvuye ku gutoranywa, buturemesha. Yo ntitubona, Yumva gusa ijwi ryacu biciye mu Maraso ya Yesu. Turatunganye mu maso yaYo.

Ubwina buhamagara ubundi bwina nk’uko bitigeze biba mbere, kandi Data Ariko Aratwuzuza n’Ijambo ryiWe Rihishuwe. Ikintu cose dukeneye kumenya carafashwe ijwi kandi caraduhawe. Mu bisanzwe nta kurangira kuri ubu Butumwa bw’Ijambo Rizima. Nta na kimwe gihambaye gusumba kumenya ko TURI Umugeni WaYo. Ivyizigiro mu kumenya ko kwumviriza rirya Jwi, Gufyonda Tukavuza, ari Ubugombe bw’Umwami butunganye ; Umugambi waYo Yatanze.

Hari vyinshi cane bigiye kuza ! Ni Ijambo Ritarangira ry’Amazi Mazima ku Mugeni WaYo. Ntitwigeze tugira inyoka nk’uko mu buzima bwacu bwose, ariko ntitwigeze tumarwa inyota nk’uko mu gihe tunywa kandi tunywa uko dushaka kwose.

Ku munsi w’iyinga wose, Umugeni aranezerwa cane kuba akoraniye hamwe n’igice c’Umugeni kw’isi yose, kwumviriza ico Agiye guhishura gikurikira. Yatubwiye ko namba tudashobora kuza ng’aha kuri iri Shengero, muje kw’ishengero ahanaka ; mujeyo.

Ntidushobora twese gukoranira imuhira ku muhanuzi ; icicaro ciwe gikuru aho yashizwe, ariko dushobora guhindura amashengero yacu, canke Amazu yacu mw’amashengero, aho tumushira kuri alutari. Aho dushobora kugaburirwa IJAMBO RITUNGANYE NK’UKO RYAHISHUWE.

Nta koraniro rihambaye gusumba, nta gusigwa guhambaye gusumba, nta hantu hahambaye gusumba nko kuba twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, twumviriza Ijwi ry’Imana.

Ndabatumiye kuza kwumviririza hamwe natwe Ijwi Ry’Imana Ryagaragajwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe Ivugana natwe ubugira kandi biciye mu ntumwa mumarayika waYo, kandi Yishura ibibazo vyose dufise ku mitima yacu, kandi Itwemeza ko turi Umugeni WaYo.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa bwo kuw’iyinga : Ibibazo n’Inyishu 1, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 mu gitondo, ukwezi kwa myandagaro, umwaka wa 1964