24-0505 Ibibazo N Inyishu #2

Ubutumwa: 64-0823E Mituna Mpe Biyano #2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ijambo Ritunganye,
Turindiriye gusa Ukuza kw’Umwami. Tugumiza amatara yacu asukuye, yuzuye Amavuta, twumviriza Ijambo Rihishuwe umurango n’ijoro. Dusenga, buri saha ; atari buri munsi, buri saha. Tuguma gusa twiteguye mu kugumamwo, kandi twizeye, IJAMBO RYOSE.

Turindiriye, buri mwanya, abasinziririye mu mukungugu w’isi ko babanza kwikangura. Mu kanya gatoya, tuzobabona ; ba dawe, ba mawe, abagabo bacu, abagore bacu, beneData na bashikibacu. Ng’abo, bahagaze neza imbere yacu. Tuzomenya muri uwo mwanya, ko twashitse, ko igihe cashitse. Ukwizera kw’Izamurwa kuzokwuzura ubugingo bwacu, ubwenge bwacu n’imibiri yacu. Hanyuma iyi mibiri yacu ibora izokwambara ukutabora mu Buntu bw’ukuzamurwa bw’Umwami.

Hanyuma rero tuzotangura kuba hamwe. Twebwe Abakiri bazima kandi dusigaye tuzohindurwa. Iyi mibiri ipfa ntizobona urupfu. Ako kanya, hazoba nko gukubura hejuru yacu… tuzohindurwa. Tuva mu mutama tuja mu musore, tuva mu mutamakazi tuja mu nkumi.

Haheze akanya, tuzoba turiko turatembera nk’iciyumviro hamwe n’abo bamaze kuzuka. HANYUMA… IMANA ISHIMWE… tuzozamuranwa nabo gusanganira Umwami mu kirere.

Mbega igihe kigiye kuza ku bwacu. Umwansi AGERAGEZA kutugumiza dusinzikaye, dufise agahinda, kandi twihebuye, ariko Imana Ishimwe, ntabishobora. Dufise Uguhishurirwa rw’Uwo Ari We; Uwo Yarungitse kudusohora; abo turi bo, atari abo tugiye kuba, ABO TURI BO UBU. RERO Vyaramase mu BUGINGO, UBWENGE N’IMPWEMU VYACU, kandi nta na kimwe gishobora kubidukurako. Tubizi gute? Imana niko Yavuze !

Uru si Urusago rwacu, ni urwawe rwose, Satani, urashobora kurwegukira. Nta gice carwo dushaka kandi ntitukirukeneye. Dufise Ahantu ho kuba muri Kazoza hatwubakiwe. Kandi hagati aho, Satani, twararonse itangazo, HARATEGUYE. Urwubako rwaraheze. Ivyo guheraheza vyose biri mu mwanya wavyo. Kandi tugufitiye ayandi makuru, VUBA CANE, Agiye kuza kutujana ku buryo dushobora kuronka imyaka 1000 yuzuye y’Inkinga hamwe naWe, kandi ntutumiwe, kandi ntuzoba uhari.

Mbega ibintu vy’ubwiza ubu Butumwa Buduhishurira igihe cose Dufyonda Tukavuza. Imana UbwaYo Yaramanutse, kandi Yavugiye mu kanwa k’umuntu ku buryo Yashoboye kutubwira ibi bintu vyose. Yaradutoye kandi Yaduhaye Uguhishura KWUZUYE kwaYo UbwaYo.

Yari Ijambo Ryihaye umubiri, si Ijambo ry’igihe ca Mose, Mose yari Ijambo ryo muri kirya gihe ; si Ijambo ry’igihe ca Nowa, Nowa yari Ijambo ryo mu kirya gihe; atari igihe… Ijambo ry’Igihe ca Eliya, Eliya yari rirya Jambo rya kirya gihe; ariko Yari Ijambo ry’igihe c’uwo mwanya, kandi baba mu bihe vyaheze.

Uriteguye ?… Ng’ibi biraje. Ni igisasu cigwiza kabiri kandi kiremereye, kandi turaBikunda cane!!

Ico kintu nyene kirisubiriza! Ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, igihe Imana Iguhishurira kandi ukabibona, UKO NIKO UHORAHO AGIZE hanyuma ukavyemera. Si ico uri, ico wari uri, canke ikintu na kimwe kuri ivyo, ni ico Imana Yagukoreye ubu. Ng’ico ikimenyamenya.

Haleluya, Yarinjije umusumari. UBU tuMwumvirize Awutsindagira.

Yaduhaye ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, Yohana 14. Yavuze Ati, « Mfise ibintu vyinshi vyo kubabwira. Simfise umwanya wo kubikora, ariko igihe Mpwemu Yera Azoza, Azobabwira, Azobibutsa ibintu Nababwiye, kandi Azobereka ibintu bigiye kuza. » Ntimubibona ? Ng’ico ikimenyamenya. Ni ukuvuga ibigiye kuba kandi bi… kugira Insiguro ivuye ku Mana y’Ijambo Ryanditse. None, ivyo si ikimenyamenya c’umuhanuzi ?

Mpwemu Yera ni umuhanuzi w’igihe cose. Ni umuhanuzi w’igihe cacu. Ijambo Riza GUSA kuri uyo muhanuzi. Ni Imana Ivuga kandi Yihishura ubwaYo biciye mu muhanuzi waYo. Ni Ijambo ry’igihe. Ubu Butumwa, KU MABANDE, ni insiguro itunganye y’Ijambo, hamwe n’ukugaragara kw’Imana.

« Igihe ibitunganye bizozira, ivy’ibice bice bizovanwaho. » Rero ibi bintu vyose vyo gusimbagurika nk’umwana, kugerageza kuvuga mu ndimi, n’ibi bintu vyose bindi, Igihe ibitunganye… Kandi dufise uno munsi, ku mfashanyo y’Imana, insiguro itunganye y’Ijambo rifise ukugaragara kuvuye ku Mana ! Nuko ivy’ibice bice bizovanwaho. « Igihe nari umwana, navuga nk’umwana, natahura nk’umwana ; ariko igihe naba umugabo, nashize kure ibintu vy’ubwana. » Amen!

Ibitunganye vyaraje, insiguro itunganye y’Ijambo. GUFYONDA TUKAVUZA. Ivyo vyonyene nivyo Umugeni Akeneye, kandi ni vyo vyonyene Ashaka.

Muze kandi Mufyonde Muvuze hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kandi mwumvirize IJAMBO RITUNGANYE, RIFISE INSIGURO ITUNGANYE, N’UKUGARAGAZWA KW’IMANA mu gihe twumviriza:

64-0823E Ibibazo n’Inyishu#2

MweneData Joseph Branham.