22-1009 Ibibazo N Inyishu 2

Ubutumwa: 64-0823E Ibibazo N Inyishu 2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Inkumi kandi Utunganye,

Imana Iradukunda cane rwose ku buryo Yahaye umuhanuzi waYo kwishura ibibazo vyacu VYOSE kandi yashize inyishu kw’ibande.
Iyo tubikeneye, ico dutegerezwa gukora gusa ni UKWIZERA N’UGUFYONDA TUKAVUZA.

Mbega ndafise Mpwemu Yera ?

Ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, ni igihe Imana Iguhishurira kandi ukabona, UKO NIKO UHORAHO AGIZE kandi ukavyakira.

Rero ndaMufise Mwami, mu gihe Wampishuriye ubu Butumwa kandi naBwakiriye nka Uko Niko Uhoraho Agize !

Ariko, umengo ndananirwa cane rwose… none ni gute ku vya kahise kanje ?

Si ico uri, ico wari uri, canke ikintu na kimwe kuri ivyo, ni ico Imana Yagukoreye ubu. Ng’ico ikimenyamenya.

Mwami, Ntubona ivyanje vya kera kandi Ntunabona amakosa yanje menshi, menshi ubu, Wumva gusa ijwi ryanje ; SHIMWA MWAMI, NDAFISE MPWEMU YERA.

MweneData Branham, ndazi ko wavuze ko atari wewe wenyene uvuga ubutumwa, none ni nde azoba arongoye Umugeni wa Kristo mu gihe c’iherezo ?

Hamwe n’imfashanyo y’Imana, nibaza ko ndongoye Umugeni wa Yesu Kristo.

Mfise ibintu vyinshi ku mutima wanje, nokora iki ?

Nta na kimwe kindi gifise akamaro atari gukoraniriza hamwe abana b’Imana bose no kuvuga uti, « Tugende. »

Urakoze Mwami, dukora ivyo nyene. Nta na kimwe kindi gifise akamaro kuri twebwe atari Ijambo RyaWe. Mpwemu Yera WaWe Aturongorera mu muhanuzi waWe kandi dukoranira kw’Ijambo ryaWe kw’isi yose, kandi twiteguriye kugenda.

Mfise ibibazo vyinshi. Nkeneye impanuro, imfashanyo, n’inyishu. Ivyo ndabironka hehe ?

Ndi ng’aha kugira ngo ngerageze kubafasha, kuko ndabakunda. Muri abana banje navyariye Kristo. Ndabohoza umwe wese muri mwebwe. Ndababohoje iri joro; Ndababohoza umwanya wose; Ndababohoza iminsi yose nka mweneData na mushikanje.

Natwe turagukunda mweneData Branham. Turazi ko Imana Yakurungitse kuturongora no kutuyobora.
Twarabisuzumye hamwe n’Ijambo kandi biri ku murongo mu buryo butunganye.

Ni nde data mu Butumwa Bwiza ?

Muri abana banje ; Ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza, si data nk’aho yoba ari umupatiri, ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza nk’uko Paulo yavuze hariya.

Turazi ko ari Mpwemu Yera Akurongorera kuturongora, mweneData Branham. Uvuga neza nk’uko Paulo yavuze muri Bibiliya, gukurikira neza na neza ivyo wavuze, mu gihe ari ukuri, kandi ntidutegerezwa guhindura akanyuguti kamwe canke agace kamwe.

Utegerezwa gukora iki mweneData Branham ?

Nabavyariye Kristo, kandi ubu, nda—ndabashingira Kristo, ivyo bibafatanya na Kristo nk’inkumi itunganye. Ntumpemukire! Ntumpemukire ! Ugume uri inkumi itunganye.

Wadushingiye Kristo nk’inkumi kw’Ijambo ryiWe. Ntidushobora, kandi ntituzonagendana n’uwundi. Dusuzuma ikintu cose twumva n’ico dukora vyose mw’Ijambo RyaWe Ryabitswe.

Ni ikihe kintu c’ingira kamaro kuruta ibindi vyose nshobora gukora kugira mbe Umugeni WiWe, mweneData Branham?

Gumana neza n’Ijambo.

Inyishu zose ku bibazo vyacu zishobora kwegeranirizwa muri aya majambo :

GUMANA NEZA N’IJAMBO.

Ubu Butumwa NI Ijambo ry’igihe cacu. MweneData Branham ni Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Ikintu cose gitegerezwa kuja ku murongo w’Ijambo. Ijambo ntirikeneye ugusigurwa. Ni DUFYONDA TUKAVUZA,
IVYO DUKENEYE VYOSE BIRONKERWA HARIYA, KU MA BANDE.

Ufise ikintu ku mutima wawe ukenereye inyishu ? nuze wifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe turonka inyishu zacu zose, twumviriza Ibibazo n’Inyishu igice ca 2, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro ku mugoroba, mu mwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.