Inkukuma Zirakoranira Hamwe

12/6/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

>>>21-0613 Umwami Yanswe<<<

29/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakunzi Nzoya z’Imana,

Twarabonye Imana Mushoboravyose Yafashe icicaro mu Majambo yaYo bwite, Ihumisha abanyabwenge abize n’abantu basenga muri iki gihe ca none, ariko Irayaduhishurira twebwe inzoya zishaka kwiga, inzoya z’Imana. Ntidushobora, kandi ntituzokwumviriza ijambo ry’uwundi muntu uwo ari we wese. Ntaco bitubwiye; ni izi bande,ubu Butumwa, atari ukwo ntakindi.

Igihe Yaza ubwa mbere, Yari umuntu. Igihe Yaza ubwa kabiri,Yari umuntu afise imigabane ibiri. Igihe Yaza mw’ishusho ya Yohana Umubatizi, Yari umuntu. Igihe Yaza muri iki gihe cacu, Yihishuriye ubugira kandi mu muntu. UBU Yihishura ubwiWe mu mubiri ubugira kandi muri umwe wese muri twebwe, Umugeni wiWe akunda Ijambo
.
TwaraRironse mu mitima yacu. Ivyiyumviro vyacu n’ubugingo bwacu biri mu Nyonga h’Umwana kugira ngo bibe ivyeze, kuko intama zishaka ibifungurwa vy’intama. “Intama zaNje zumva Ijwi ryaNje.” Ijambo Ryose niRyo ritubeshejeho. Si Ijambo Rimwe gusa aha na hariya, ariko Ijambo RYOSE Riva mu kanwa k’Imana, ivyo ni vyo bitubeshejeho.

Twavutse turi abana b’Imana, buzuye Mpwemu w’Imana. Twamye turi abana b’Imana, kandi tuzokwama turi abana b’Imana. Nta buryo bwo kubitandukanya kuko dufise Ubugingo Budashira. Ntitwigeze tugira itanguriro, nta n’ubwo tuzogira iherezo.

Dufise Akayungiro k’umuntu yiyumvira, Ijambo ryaYo, Ubutumwa bwaYo, Ijwi ryaYo, kandi vyaduhaye ukuryoherwa kw’umuntu yera. Twaryohewe n’ibintu vyo mw’Ijuru kandi twaronse Rirya Jambo mu mitima yacu. TwaRibonye Rigaragara imbere yacu, kandi ubu turaRibona Rigaragara MURI TWEBWE, kandi ubugingo bwacu bwose buhishijwe muri Ryo.

Hariho bamwe barindiriye umuntu munaka wundi wo kubahishurira vyinshi, vyinshi gusumba ibiri ku ma bande, vyinshi gusumba Malaki 4 wo kubarongora gusa. Ariko yatubwiye ko vyaje biciye muri Luther, hanyuma bica muri Wesley no mu ba Pentekoti, none ubu biri mu maso, ubuvugishwa. Malaki 4, kandi nta na kimwe kindi gisigaye kuza atari We ubwiWe Aza kubw’Umugeni wiWe.

Kandi yaravye inyuma acishije hariya, maze abona ivyo, yabonye umuntu munaka yambaye ivyera, yatambuka aja imbere; kandi inyuma y’ivyo yavuze ko vyasa… Yavuze ati, “MweneData Branham, yari wewe.” Kandi yavuze ati, “Watambukira hariya,” ati, “inyuma yawe, hariho abantu b’amabara atandukanye, bazinga amabendera; i Georgia, Alabama, ubwoko bwose bw’ahantu hatandukanye bagenda baja imbere”, baza mu butware aho Kristo Yariko Arahishurwa mw’iyerekwa. Yooo, haleluya.

Ni Ijambo ubwaRyo mu mitima yacu kandi Ririko riradukwegera muri Ryo. Ducira ikintu cose kivuga ko, “Hari vyinshi gusumba Malaki 4 .Ko harimwo amakosa mu Butumwa. Kw’iminsi y’Ubutumwa bw’umuntu umwe yaheze. Ko ari ivy’idini kandi birwanya Ijambo kwumviriza ibande mu mwanya umwe. Bati ntavyo rero dushaka nta kindi.” Tubeshwaho gusa n’Ijambo ry’Imana, Ijambo ryose Riva mu kanwa k’Imana ryo muri iki gihe, ni Akayungiro kacu.

Turatahura ko igikorwa c’amabande atari ica bose. Ku bakozi b’Imana abo ari bo bose ahantu aho ari ho hose, igihe ico ari co cose, ibi ntibifise intumbero yo gusuzugura inyigisho zanyu, ibi nta n’ubwo vyerekeye intama zanyu. Ubu Butumwa, n’Ubutumwa bundi bwose yavuze bwari bwerekeye twebwe, ikoraniro ryiwe. Si kubw’ikoraniro ryanyu, kiretse bashaka kubwakira. Ariko Bwerekeye twebwe, ikoraniro ryiwe.

Nahawe uburenganzira bwo kugaburira intama ziWe. Kandi nokora gusa ivyiza kuruta ibindi nyene vy’ubumenyi bwanje, mu guha intama ibifungurwa vyiza bizibereye.
Nipfuza gusubira gutomora neza ikintu kinaka. Ndazi ko benshi bavuga ibintu bitari ukuri na gatoya, kandi bivugwa kugira ngo babahende bongere babazimize.

. Ndwanya igikorwa c’Imana co mu Banyefeso 4:11. SINIGEZE mvuga, canke ndanavyiyumvira. Ahubwo, nagenywe na MweneData Branham kuba igice c’ico gikorwa c’Imana, none noshobora gute kubihakana.
. Ndwanya kuja ku rusengero. SINIGEZE mvuga, niyumvira, canke nizera ivyo. Ntidukoranira mu nyubako kugira ngo tugire ishengero kuko turi munsi y’inyubako canke tudafise ahantu ho gukoranira,ariko namba Umwami Abishatse tuzokorana igihe ukwubaka kuzorangira.

. MUTEGEREZWA kwumviriza ibande imwe mu mwanya umwe buri yinga hamwe na Jeffersonville kugira ngo mube Umugeni. SINIGEZE mvuga, nizera, canke niyumvira ikintu nk’ico. Ubuzima bwanje bwose navuze nti GUFYONDA UKAVUZA. Ku bakozi b’Imana navuze nti, shira MweneData Branham kuri alutari maze muvuze amabande.
Ariko yamara abakozi b’Imana benshi babwira abantu babo ibintu nk’ivyo, BAZI ko ntigeze mvuga canke nandika ikintu na kimwe nk’ico. Bashira ubwoba gusa mu bantu kandi bakababesha.

Mutegerezwa kwibaza ubwanyu muti, “Ni kuki abakozi b’Imana benshi barwanya kwumviriza Ijwi ry’Imana mu mwanya umwe?” Babivuga ko ari BIBI kandi ari ivy’idini ku bantu kwumviriza amabande mu mwanya umwe. Vyari bibi kandi vy’idini igihe MweneData Branham yari hano maze akabikora?

Mwiyumvira yuko iyaba abantu bokumvirije ubutumwa bwabo buriko butangazwa mu mwanya umwe, mwibaza ko bobirwanije maze bakavuga ko birwanya Ijambo ?Hari ikitagenda neza.

Imana Yaronkeje Umugeni waYo akayungiro, ni Ijambo ryaYo, Ubutumwa bwaYo, Ijwi ryaYo. Ijambo Riza ku Muhanuzi waYo. Umuhanuzi ni umusobanuzi w’Ijambo ryaYo. Vyamwe ari Ubutumwa bw’umuntu umwe kandi nta na rimwe bwabaye ubw’umurwi. Imana Yarungitse Mpwemu Yera waYo kurongora Umugeni waYo kandi Uwo Mpwemu Yera Azokwerekeza ku muhanuzi waYo, umwe YAHISEMWO kurongora Umugeni waYo kubw’Ijambo ryaYo. Imana Ntiyigera Ihindura gahunda yaYo. Yamye Irongora ihanga ryaYo ubwaYo itwikiriye mu mubiri w’umuntu.

Muratumiwe ntimutegetswe, kuza kwifatanya n’umugwi w’abantu bizera ko IJAMBO RYOSE ari Ijambo ry’Imana Ryavuzwe biciye mu ntumwa mumarayika waYo w’indwi, mu gihe tuzokwumviriza Ubutumwa : Akayungiro k’Umuntu Yiyumvira, bwavuzwe mw’ijoro kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa myandagaro umwaka wa 1965, isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 19:9
Abanyefeso 5:22-26

29/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Mukunzi Mugeni w’Ubutumwa bw’Umuntu Umwe,

Ndakenguruka cane y’uko Imana vy’umwihariko yahisemwo uwo muhanuzi w’igihe cacu imbere y’itanguriro ry’isi. Ko Yahisemwo Ubutumwa Yozana kandi Yanahisemwo kamere nyene y’uwo muntu. Yashize muri we icokwega abantu bo mu gihe cacu.
Hamwe n’intumwa yaYo yahisemwo, Yahishuriye Umugeni waYo abo ari bo n’intumwa yabo uwo ari we. Ku bandi bose, Yahumishije amaso yabo. Ntibashobora na rimwe kuva inyuma y’igihuzu kugira ngo babone Imana Yihisha mu mubiri w’umuntu.
Yaratwitwararitse cane, Yanambitse umuhanuzi wacu ubwoko bw’impuzu Yari : kamere, ivyipfuzo, n’ikintu cose, neza uburyo yategerezwa kumera ; neza yamuduhitiyemwo mu buryo butunganye, ku buryo Yashobora gusohora Umugeni waYo.

Rimwe mu mabuye maniniya yo gutsitarako umwansi agerageza gukoresha uno munsi ni ugutandukanya Ubutumwa na Bibiliya mu kuvuga ati, « Namba wotegerezwa guhitamwo hagati ya Bibiliya n’ubu Butumwa, ni ikihe wohitamwo ?»

Mbega amayeri y’umurwanizi yo kuvuga ikintu nk’ico. Namba umuntu umwe akubajije ikibazo nk’ico, ushobora kuvuga buno nyene ko batagira uguhishurirwa kw’Ijambo ukwo ari kwo kwose. Ubu Butumwa ni Kristo Ahishuwe mw’Ijambo ryiWe Bwite.

Amajambo nyene y’umuhanuzi ni :
Ubu, turabona ko Eliya yashobora kuvuga ivyo kuko Ubutumwa bw’igihe ni Ijambo ry’Imana, canke, intumwa, Ubutumwa—Ubutumwa, n’Ijambo vyari neza na neza co kimwe. Umuhanuzi, Ijambo, Ubutumwa ; intumwa, Ubutumwa, n’Ubutumwa vyari co kimwe. Yesu Yavuze Ati, « Namba Ntakora ibikorwa vyanditswe kuri Jewe, rero ntimuNyizere. » Ivyo ni vyiza. Umuntu uwo ari we wese n’ubutumwa bwiwe ni umwe.

Ntushobora gutandukanya Ubutumwa n’intumwa, bari co kimwe. Ntushobora vyongeye gutandukanya Bibiliya n’ubu Butumwa ni co kimwe. Ni Imana Isigura Ijambo ryaYo.

Turafise igiheza vyose, Icishimikizo ntanyiganyizwa, kandi iryo ni Ijambo ry’Imana. Bibiliya yose si ijambo ry’umuntu, nta n’ubwo Yanditswe n’umuntu, Yazanywe n’umuntu, canke nta n’ubwo Ishobora guhishurwa n’umuntu. Ni Ijambo ry’Imana Rihishurwa n’Imana ubwaYo, Umusiguzi waYo bwite, Kristo Yihishura ubwiWe mw’Ijambo RyiWe Bwite.
Ijambo ryiWe Ntirikeneye insiguro. Ico Avuga biciye mu kanwa k’umuhanuzi wiWe ni Ijambo ryiWe Risiguwe. Yaratugabishije kudahindura akamenyetso na kamwe ko mu ryungane, imvugo imwe kuko Ni Imana. Imana Yagaragaye mw’ishusho y’umubiri w’umuntu. Imana ubwaYo mw’ishusho y’inyuguti, ishusho y’umuhanuzi Yagaragaye mu mubiri.

Mu kwandika Bibiliya yaYo, Imana Yarungitse abahanuzi baYo, iyo yari inzira Yari Ifise yo kuzanira Ijambo ryaYo abantu biciye mu kanwa k’abahanuzi baYo. Abo bahanuzi banditse Ijambo ry’Imana Ritihenda.

Baba mu gufatanya kw’umwanya wose n’Umwanditsi. Baba umwanya wose mu Nyonga h’Umwanditsi, kugira ngo bamenye ukwo Ico Gitabu kigiye kumera. Bari bafise ikaramu mu biganza vyabo biteguye umwanya uwo ari wo wose, kugira ngo berekane ico Yavuga cose bongere bacandike.

Ariko mu gihe cacu, Yavuze akanwa ku gutwi ku muhanuzi wacu, kuko umuhamagaro waYo wari hejuru cane gusumba. Umuhamagaro waYo wari uwo guhishura Ijambo ry’Imana Ryari Ryaranditswe kandi Ryaranyegejwe muri Bibiliya yaYo kuva kw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe Yohana.

Ikintu cose kiri mw’Ijambo ryaYo, Bibiliya, ariko vyari vyaranyegejwe kuva kw’itanguriro ry’isi kandi nta n’umwe yari azi aya mabanga. Kiretse uwufise ubu Butumwa akaba yizeye ko ari insiguro ya Bibiliya, nawe nyene ntazokwigera amenya vyose vy’Ijambo ry’Imana.

Namba dutandukanije Bibiliya n’Ubutumwa bw’igihe twomera neza na neza nk’amadini.
Twoba dusoma gusa ariko ata na rimwe tumenya canke tugira uguhishuriwa kwuzuye. Ntitwoshobora na rimwe kuba Umugeni waYo. Twoba turindiriye kandi turindiriye kandi turindiriye kandi ntitwokwigera turonka inyishu.

Twosoma Malaki, Yohana, Luka, Abaheburayo, Ivyahishuriwe Yohana maze rero tukabaza tuti : « Ni hehe hari uwo Imana Yasezeranye kuza ubugira kandi mu mubiri w’umuntu no guhindukiza imitima y’abana ; kutubwira ibintu vyinshi tudashobora kwihanganira ; kuvugana natwe biciye mu mumarayika waYo w’inkomezi no kuduhishurira amabanga yose yanditswe muri Bibiliya ? Udushashara Indwi dusigura iki ? Ni ukuhe kuri kw’Ubumana, Imituragaro, uguhishurwa kw’ukuri kwiWe bwite ? »

Umuhanuzi ntumwa wacu ni we WENYENE musiguzi avuye ku Mana w’Ijambo ry’Imana. Ni we Imana Yatoye kuvugiramwo no gusobanuriramwo Ijambo ryaYo. Nka Mose, yari Ijambo Rizima kuri twebwe Ritwikiriye mu mubiri w’umuntu. Ni we Imana Yatoye gusohora Umugeni waYo.

Yaragabishije abantu kuw’iyinga uheze :

Ijambo ryaYo Rihishurirwa umwe. Niko vyamye, umuhanuzi yaza afise Ijambo ry’Uhoraho, buri gihe, igihe cose biciye mu Vyanditswe. Ijambo Riza kuri umwe. Muri buri gihe, co kimwe, no mu bihe vy’ishengero, kuva ku ca mbere nyene gushika ku ca nyuma. Abandi bafise ibibanza vyabo, ivyo ni vyo, murabe, ariko mugume kure y’Inkingi y’Umuriro.
Mugume kure y’iyo Nkingi y’Umuriro. Mbega iyo Nkingi y’Umuriro yakora iki ? KURONGORA ABANA. Umurongozi wcu w’Inkingi y’Umuriro ni Imana Ivugira mu ntumwa yaYo y’Igihe c’Indwi, iturongorera mu Gihugu c’Isezerano.
Turi abo Yahisemwo. Turi Abatoranijwe n’Imana. Turi Umugeni waYo Yahamagariwe gusohoka. Dufise Uguhishura kwaYo ejo, uno munsi no mu bihe bidashira.

Turazi umunsi wacu n’intumwa yacu. Turazi abo turi bo: Ijambo Ryagaragaye. Turi Umugeni waYo Yiteguye ubwiWe n’Ijambo ryaYo Rihishuwe.

Muze twumvirize isamunani ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, maze twumve inyishu ku vyanditswe vyose kandi vyanyegejwe muri Bibiliya. Muze kandi mubone Kristo Ahishuwe mw’Ijambo ryiWe Bwite, Ubutumwa bwavuzwe mu gitondo kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa myandagaro umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Kuvayo 4:10-12
Yesaya 53:1-5
Yeremiya 1:4-9
Malaki 4:5
uwera Luka 17:30
Uwera Yohana 1:1/1:14/7:1-3/14:12/15:24/16:13
Abagalatiya 1:8
Icete ca Kabiri ca Timoteo 3:16-17
Abaheburayo 1:1-3/4:12/13:8
Icete ca Kabiri ca Petero 1:20-21
Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3/10:1-7/22:18-19

22/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakunzi Tuzeze,
Mu gihe isi iriko yinjizwa mw’iburo, hariho ihanga ryitwa Umugeni, kandi naryo ryinjijwe. Imana Yararungitse umuntu yataye umutwe kw’isi kandi Yarakuye Umugeni muri uru ruzazane tubayemwo, Imwinjiza mu Nyonga h’Imana. Kw’isi twitwa Utuzeze, ariko ku Mana, turi amaburo yinjira mw’Ijambo ryaYo.

Izina ry’Umwami Rishimwe, ndanezerewe cane kandi ndakenguruka kuba iburo yashizweko imihiro Ijambo ry’Imana, Ubutumwa bw’igihe. Imana Yarungitse umuntu munaka kw’isi kuMuserukira nk’Umuserukizi wiWe. Imana, Yihisha ubwaYo ubugira kandi inyuma y’urusato rw’umuntu.

Isi itwikiriye kuri Ryo, ariko atari Umugeni waYo. Twarinjiye muri ico gihuzu kandi ubu twicaye imbere y’Ubwiza bwa Shekina turya Manu Yanyegejwe Ivuye ku Meza y’Imana.

Abantu biyumvira ko MweneData Branham tumugira Imana. Bari ku rundi ruhande rw’urusato gusa. Ariko ntibari kure cane y’Ijambo ry’Imana. Biyumvira ko twazimiye, ariko turazi ko tutazimiye. Mu bisanzwe, turazi neza na neza aho duhagaze. Turazi ubwoko bw’ibihuzu twadugije, n’ubwoko bw’umuyaga bubihuha. Turazi ukwo twinjiramwo, n’ukwo ivisi yacu imeze. Yagaragariye abana baYo batoya.

Dutegerezwa kubibutsa tudahengeshanya ko bitanyuranye n’Ijambo ry’Imana. Igihe Imana Yarungika Mose ku bana b’Isirayeli, Imana Yagize Mose imana kandi Yagize Aroni mwewabo, umuhanuzi. Mu vy’ukuri, abahanuzi bose muri Bibiliya bari Imana ku bantu. Yesu ubwiWe yavuze ko bari imana. Iguma Ihindura gusa icitwikiro. Ni Imana Imwe igihe cose, Ihindura gusa ishusho yaYo, muri amorphe.

« Imana Yihisha inyuma y’insato, insato za tahashi, Imana Yihisha inyuma y’urusato rw’umuntu. » Murabona, Ivyo ni vyo Yakoze. Igihe Imana Yagaragara mw’isi, Yari Yihishije inyuma y’igihuzu, inyuma y’urusato rw’Umuntu yitwa Yesu. Yari Itwikiriye kandi Yihisha inyuma y’urusato rw’umuntu yitwa Mose, kandi bari imana, si Imana ; ariko bari Imana, iyo Mana Imwe, Ihindura gusa ico Yihishijemwo, Ikora ikintu kimwe igihe cose, Izana Iri Jambo.

Bijanye n’Ijambo, Ni Imana Yigaragaje mu gihe ca nyuma hagati mw’Ihanga ryaYo, ku Rubuto rwatoranijwe, mw’ishusho y’umuhanuzi. Atari uko uwo muntu ari Imana, ariko nuko irya ngabire ari Imana Itwikiriye mu mubiri w’Umuntu.

Igihe Ijambo ryari muri Mose, Yari Imana mu mubiri. Igihe Ryari muri Yesu, Yari Imana mu mubiri. Ikintu conyene Yakoze kwari uguhindura icitwikiro caYo, atari Ijambo ryaYo kandi atari kamere yaYo, ariko, umuhanuzi wacu yari afise iryo Jambo nyene n’ako kamere nyene nk’ak’Imana.
Yari ayahe Majambo ya nyuma Imana Yatumye umuhanuzi waYo kwandika mw’Isezerano rya Kera ?

Umve, Nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo munsi w’Uhoraho uhambaye kandi uteye ubwoba utarashika.

Ikintu ca nyuma Imana Yatumye umuhanuzi wayo kwandika cari ukwo Yari Agiye kurungika umuhanuzi w’inkomezi afise impwemu ya Eliya kw’isi uwo munsi uhambaye kandi uteye ubwoba w’ukuza kwaYo utarashika.

Ni ayahe Majambo ya nyuma y’Isezerano Rishasha, igitabu canditswe n’Imana ubwaYo ? Imana Ikoresha UMUNTU yiwa Yohana kwandika igitabu. Imana Ikoresha UMUNTU abwira Yohana ico yandika muri ico gitabu. Yohana yanditse ico yabonye kandi yumvise urya MUNTU yavuze. Rero Imana Yakoresheje UMUNTU guhishura icari canditswe kandi caranyegejwe muri Bibiliya yose. Yohana yakoze iki ?

Kandi ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Maze kuvyumva no kubibona, nikubise imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge. Arambarira ati, oya sigaho; ndi umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, nuw’abitondera amajambo y’iki gitabu: Imana abe ari Yo usenga.

Yohana, ubugira kabiri, yikubise hasi kugira ngo asenge uyu MUNTU. KUKI? Yohana yabonye kandi yumvise Imana Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu, ubugira kandi. Wari umubiri utandukanye n’uwo yagendanye naWe, yaryamye hamwe naWe, yasangiye naWe, igihe Yari Atwikiriye mu rundi rusengero rwiwe rundi rwo kw’isi, ariko kuri Yohana, Yari We. Yari Imana ubugira kandi YINYEGEJE mu mubiri w’umuntu, atari ukwo nti yari kuba yikubise hasi kugira ngo amusenge.

Rero Imana Irongera Ikavuga rindi rimwe.

Kandi, ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.

Hanyuma Avuga ivy’ubumana bwiWe.

Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.

Hanyuma Amajambo ya nyuma ku Mugeni wiWe :
Jewe Yesu Ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebwe ivyo, kubw’amashengero. Ni Jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, kandi ndi ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.

Yesu ubwiWe, Abwira Umugeni wiWe Ati, ni JEWE, Atwikiriwe rindi rimwe mu mubiri w’umuntu, mu mumarayika waNje Nabarungikiye. Nzovugira muri we kandi Mpishure ibintu VYOSE Nanditse kandi bihishije mw’Ijambo ryaNje. Nzomurungika ku mashengero yose gushinga intahe.

Ni ubuhe BURYO BUTUNGANYE kuri WE bwo gushing intahe mu mashengero yanyu?

GUFYONDA MUKAVUZA!! Ni IJWI RY’IMANA.

Rero umuhanuzi abwira isi ukuntu twiyumva iki gihe.

Rero niyumvira yuko benshi muri twebwe abakuze twiyumvira co kimwe. Imana, Ifise urukoba ! Imana, Ifise urukoba. Bishobora kwumvikana nk’ubusazi, ku bantu b’isi, ariko biriko bikwegera abantu bose kuri Yo

Imana, Ifise urukoba, Yikwegerako abantu bose . Nka Yohana, tubona Imana mu mubiri w’umuntu. Nka Yohana, ntidusenga umuntu, ariko vyarahishuwe ko ari Imana Ivugana n’Umugeni waYo mu mubiri w’umuntu, nk’ukwo Yatubwiye ko Yobikoze. Ivyo ni NIKO UHORAHO AVUZE.

Muze mwinjizwe mw’Ijambo ry’Imana hamwe natwe Utuzeze, ku w’iyinga, isamunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, kwumviriza Imana Yihishije inyuma y’urukoba rw’umuntu, Idushingira intahe kandi Ituzanira Ubutumwa, Akazeze, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 ku mugoroba ukwezi kwa ruheshi mu mwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Icete ca Mbere c’Ab’i Korinto 1:18-25
Icege ca Kabiri c’Ab’i Korinto 12:11

15/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakunzi Bana Bato,
Twarafashe ingingo yacu. Ubutumwa bwaremejwe. Umwana w’Umuntu Yaragarutse mu mubiri w’umuntu kugira ngo Ahishure Ijambo ryiWe. Icitwikiro c’umugenzo caratabutse. Ng’iyi, Inkingi y’Umuriro, Igaragarira abantu bose, Yemeza Ijambo ry’iki gihe. TuraYibona, kandi turaYizera… IJAMBO RYOSE!!!

Twarumvirije imwe yose muri ayo ma bande, ukwo yagiye aza. Bigenda birushirizaho kutugaragarira ukwo twumviriza Imwe yose. Twarasesanguye Ivyanditswe. Ijambo ry’Imana Ryaragaragaye kandi Ryaremejwe kuri twebwe. William Marrion Branham yaraRivuze, hanyuma Imana YaraRishikije. Ni Iki? Ubumana butwikiriwe mu mubiri w’umuntu. Muvyiyumvireko! Iyo Nkingi y’Umuriro nyene Yaje kuri abo bantu banditse Bibiliya, ni iyo Nkingi y’Umuriro nyene Iri kumwe natwe iki gihe, Isobanura Bibiliya. Ijambo ryiWe, aya ma Bande, atuma tuba nka We kurushiriza ku munsi ku munsi. Tubayeho mu Nyonga hiWe kandi dusa n’ishusho yiWe ihezagiye mu gihe tugendana na We kandi Avugana natwe.

Ntimukiri inyuma ya kirya gihuzu, Bana Bato, Imana Igaragarira abantu bose.

Ntituri inyuma ya kirya gihuzu, turaYibona Igaragarira abantu bose. Ni Umutsima w’ibiterekerwa dukorerako umunsi mukuru mu gihe turi hamwe, ahantu hose kw’isi, kugira ngo twumvirize Umwana w’Umuntu Avugana natwe kandi Ahishura Ijambo ryiWe. Ni Imfungurwa z’abizera zigenewe uwizera w’ukuri WENYENE. Abandi boshaka imfungurwa zitandukanye, ariko kuri twebwe, vyarahishuwe, Imana Yarungitse Ijambo ryaYo ku Muntu Umwe, si umugwi, Umuntu umwe.

Vyamya ari ukwo, umuhanuzi yaje n’Ijambo ry’Uhoraho, igihe cose, umwanya wose, biciye mu Vyanditswe vyose. Ijambo Riza kuri UMWE. Mu gihe cose, ni co kimwe, no mu bihe vy’ishengero, kuva ku ca mbere nyene gushika ku ca nyuma. Abandi bafise ikibanza cabo, ni vyo, murabe, ariko guma kure y’iyo Nkingi y’Umuriro.

Dushaka Ijwi ry’Imana Ryafashwe kandi Ryashizwe kuma bande, Ijambo Ridakeneye INSOBANURO, INSIGURO, IJAMBO RITAGIRA AGATOSI GUSA, Manu yanyegejwe. Neza nk’ukwo Abagiriki bashaka Imana; Kandi hariya Yari neza imbere yabo, ariko ntibashobora kuYibona kubera icitwikiro. Ni co kimwe n’uno munsi, ntibashobora kuYibona kubera icitwikiro kiri ku maso yabo. Umukwe Yaje mu mubiri w’umuntu kandi Aduhuriza hamwe; Ijambo n’Ishengero ryiWe, kandi turiko turaba UMWE. Ni ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’Umuntu, Yesu Kristo mu mubiri w’umuntu ubugira kandi. Aduhuriza hamwe kandi Atujana ku Mazimano y’Ubukwe Yateguriye Umugeni WiWe.

Umviriza bana Bato, MURI IJAMBO Ryanditswe kandi Ryagaragajwe. Data Yarabahaye Uguhishura kwiWe kw’iki gihe, kandi ubu, Yabahaye Uguhishurirwa kwanyu UBWANYU, Umugeni Jambo Atunganye. Muvuge Ijambo, muri abadahagarikwa.

Ubu Butumwa ni igikorwa c’Imana gitunganye ciWe ubwiWe, si umuntu kanaka, si idini kanaka nko muri birya bihe, ariko ubwiWe, Yigaragaza ubwiWe : Uwera Luka 17:30, Malaki 4, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, Abaheburayo 13:8.

Namba murondera ikindi kintu kinaka, canke umuntu munaka wundi, wo kubahishurira vyinshi gusumba ibiri ku ma bande, mwaraBihushije bagenzi banje. Musubire kw’Ijambo ry’Inkomoko. Ijambo Ritunganye. Si jewe, si umwungere wanyu, ni IRI JAMBO, UBU BUTUMWA, AYA MABANDE, kuko ni yo YONYENE Ijwi ry’Imana yemeje kandi yagaragaje.

Muze mwumvirize rirya Jwi Ryikuyeko icitwikiro ubwaRyo kuri uyu w’iyinga isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville, mugihe tuzoba hamwe kugira ngo twumvirize Imana Ibwira Ubutumwa bwaYo Umugeni waYo : Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 mu gitondo ukwezi kwa ruheshi umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Matayo 24:24
Uwera Luka 17:28-29
Uwera Yohana 14:14
Icete ca Mbere c’Ab’i Korinto 12:13
Icete ca Kabiri c’Ab’i Korinto 3:6
Icete ca Kabiri c’Ab’i Korinto 4:3
Ab’i Filipi : 2:1-8
Icete ca Mbere ca Timoteyo 3:16
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 10:7 na 19:13
Kuvayo Ibice vya 19 na 20
Yoweri 2:28
Malaki 4:5

08/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Mukunzi Jambo,
Umugeni Ariko Aritegura kandi kuronka uwundi muvyuro mu bugingo bwacu. Mpwemu Yera Azosubira ubugira kandi kuduhuriza hamwe kwumviriza Ijambo RITWEMEZE : abo turi bo, aho twaje tuva n’aho turiko turaja.
Yemeza Amajambo yiWe yose, Amajambo yiWe yose. Vyiyumvire gusa, Amajambo yiWe yose. Kandi wari Ijambo ryiWe. Yari Ijambo, kandi wari igice c’Ijambo ryiWe. Kandi, iyo ni yo mpamvu warungitswe ng’aha, kugaragaza ikibanza cawe mu buzima.
TURI Ijambo ryiWe. TURI ikiMugize. Yatwiyumviriyeko kandi Yatumenye imbere y’itanguriro y’isi. Twari mu vyiyumviro vyiWe. Dufise ubuserukizi mw’Ijuru kuva ku gutoranywa imbere y’itanguriro ry’isi. Yaduhaye Uguhishurirwa kwiWe bwite, ejo, uno munsi no mu bihe bidashira.
Mwumvirize neza, kuko dushitse kw’iherezo. Imana Itegeka ugufata ingingo. Igihe carashitse co gukora, utegerezwa gufata ingingo. Umwana w’Imana Yaraje kandi Yashikije Ivyanditswe vyose vyavuzwe kuri We ubwiWe. Yaravyemeje n’Ijambo. Mbega uhagaze hehe?
Ikibazo utegerezwe kwibaza ubwawe uno munsi ni : Ni nde yari intuma mumarayika w’indwi Imana Yavuze imbere y’igihe ko Azorungika? Mbega yari afise, canke ntiyari afise Amajambo y’ukutihenda nk’ukwo yavuze ko Azoyagira. Mbega yarashikije Ivyanditswe vyose vyavuzwe kuri we ubwiwe? Mbega Ubutumwa yavuze burimwo amakosa?
Mbega handitswe mw’Ijambo ko dukeneye vyinshi kuruta ivyavuzwe n’intumwa mumarayika w’indwi? Mbega Yavuze ko Yorungika umuntu munaka wo gusigura ico intumwa yiWe yavuze? Mbega Ijambo Rivuga ko Azorungika umugwi w’abantu kurongora no guhuza Umugeni? Mbega Avuga ko mudategerezwa kwizera Ijambo ryose?
Namba uvuga ko wizera: Ubu ni ubutumwa bw’igihe. William Marrion Branham yari umumarayika w’indwi Imana Yarungitse guhishura amabanga yose. Ni Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe. Muze rero turabe ico iyi ntumwa mumarayika yavuze kuvyerekeye UWO yari.
Ubu, mwibuke, ntiyari Yesu Yavugana na Aburahamu hariya, Yashobora gusuzuma ivyiyumviro mu bwenge bwa Sara inyuma yiWe. Ntiyari Yesu, Ntiyari bwavuke. Ariko Yari Umuntu mu mubiri w’umuntu, uwo Aburahamu yise “Elohim, Mushoboravyose Ahambaye”. Yerekana… Kandi Yesu Yavuze Ati, “Nk’ukwo vyari bimeze mu gihe ca Sodomu,” ubu mwitegereze neza, “mu gihe ca Sodomu, niko bizoba bimeze mu kuza kw’Umwana w’umuntu, igihe Umwana w’Umuntu Azohishurwa.” Ntibikibaye nk’ishengero, murabona, ntibikibaye; Umugeni Arahamagawe, murabona. “Muri ico gihe Umwana w’umuntu Azohishurwa.” Iki? Mwifatanye n’Ishengero ku Mutwe, mube umwe, ubukwe bw’Umugeni. Uguhamagara kw’Umukwe kuzozanana neza muri ibi, igihe Umwana w’umuntu Azomanuka kandi Azoza mu mubiri w’umuntu kugira abo babiri hamwe babe umwe.
Ni ryari NDE azoza kandi ahuze Umugeni? Umugwi w’abantu ? Igikorwa c’Imana ? Umwana w’umuntu Azomanuka maze Aze mu mubiri w’umuntu guhuriza abo babiri hamwe. None uyu Mwana w’Umuntu, umuntu mu mubiri w’umuntu Azokora iki ? Kwiyunga n’Ishengero ku Mutwe, guhuza, ubukwe bw’Umugeni.
Turazi ko Umwana w’Umuntu ari Ijambo ry’iki gihe. Ariko NI NDE yari urya muntu mu mubiri w’umuntu urya Mwana w’Umuntu Yihishuriyemwo ? Yategerezwa kuba umuhanuzi ; kuko Ijambo Riza ku muhanuzi WENYENE kandi umuhanuzi ni we WENYENE musiguzi w’Ijambo ava ku Mana.
Ishengero Ritegerezwa kuba Ijambo, We Ni Ijambo, kandi ivyo bibiri bifataniriza hamwe, kandi, mu gukora ivyo, bizosaba ukugaragara kw’uguhishura kw’Umwana w’umuntu. Si umwe mu bakuru b’idini.
Bizosaba iki ku guhuza Umugeni n’Ijambo ? Si umukuru w’idini, bizosaba :
Ukugaragara : Insiguro ya kazinduzi Webster : Kwigira ikintu kinaka canke umuntu munaka.
UGUHISHURA : Isinguro ya kazinduzi Webster : Uguhishura kwa nyuma kw’amakuru yari yarabitswe mbere.
… kw’Umwana w’Umuntu. NI NDE Umwana w’Umuntu Yihishuriyemwo ubwiWe ? William Marrion Branham.
Urashobora kubona impamvu umwansi ashaka kubatuma mukekeranya yuko Ijambo Ryose Ryavuzwe ari Uko niko Uhoraho Avuze ? Mbege ibi NTIBIVUGA Uko niko Uhoraho Avuze hamwe n’ivyiyumviro vya mweneData Branham gusa, canke ico avyibazako, canke ni Ijambo ry’Imana ?
Mbega mugiye kwizera ico umuntu munaka asigura ko arivyo bishaka kuvuga, canke mugiye kwizera ico intumwa mumarayika w’indwi yagaragajwe avuga ? Mutegerezwa kwibaza ico kibazo.
Si—sindabizi, nda… Mbega murabona ico nshaka kuvuga ? Murabona, ni Umwana w’umuntu, Yesu Kristo, Azomanuka mu mubiri w’umuntu hagati muri twebwe, kandi Azogaragaza Ijambo ryiWe ko ari ukuri neza ku buryo Rizohuza Ishengero na We nk’umwe, Umugeni, hanyuma rero Azoja Muhira mu Mazimano y’Ubukwe.
Yesu Kristo, Umwana w’Umuntu, Yihishura ubwiWe biciye mu ntumwa yiWe Azohuza Ishengero ryiWe na We ubwiWe kugira ngo babe UMWE hanyuma tuzoja Muhira mu Mazimano y’Ubukwe. Ng’ivyo, mu majambo yoroshe cane.
Si jewe mvuze ivyo, si ico ndavyibazako canke iciyumviro, vyiyumviririze ubwawe. Ni Imana Ivugana n’Umugeni waYo biciye mu marayika w’indwi waYo nk’ukwo Yasezeranye ko Yobikoze mw’Ijambo ryaYo. Si umuntu, ni IMANA.
Umwansi akubwira ati, « basenga umuntu. » Ndakwihanije Satani, ntidusenga urya muntu avuga, ariko UMWAMI YESU KRISTO Avugira muri uwo YAHISEMWO kuvugiramwo.
Amen. Yaramaze kuja hamwe, murabona, tugiye mu Mazimano y’Ubukwe, si ubugeni. « … uzuza umubiri wawe… wewe ubwawe, umubiri wose w’abantu b’inkomezi, ‘kuko ubukwe bw’Umwagazi w’Intama buraje. » Ariko, Izamurwa, ni ukuja mu Mazimano y’Ubukwe. Igihe, Ijambo ng’aha Rifatana n’umuntu, kandi abo babiri bacika umwe. Hanyuma rero bikora iki ico gihe ? Bigaragaza Umwana w’umuntu ubugira kandi, si abanyetewolojiya b’ishengero. Umwana w’umuntu ! Ijambo n’Ishengero bicika umwe. Ico Umwana w’umuntu Yakoze cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.
Ng’ivyo ubugira kandi, Imana Itubwira ico Iriko Irakora ubu nyene, IDUFATANIRIZA MW’IJAMBO RYAYO RYAVUZWE BICIYE MU MWANA W’UMUNTU. Ijambo n’Ishengero (TWEBWE) turiko turaba umwe.
Mutegerezwa kwizera Ijambo Ryose. Ntimwumvirize umuntu canke ukwiyumvira kw’umuntu.
Kandi mwebwe mwicaye neza ng’aha ubu, namba mushaka ko mpamagara amazina yanyu, vyarabaye, Satani yagerageje igihe kirekire kubatuma mukekeranya kuri jewe. Ntimukore ivyo. Mushikanje, namba ukora ivyo, yemwe, u… canke, atari jewe, ariko gukekeranya gusa. Wizere gusa iri Jambo. Ntutegerezwa kunyizera, ariko wizere Iri. Murabona? Namba mvuze iri Jambo, Si Iryanje, Ni IryiWe. Ijambo ryanje riratandukanye, ariko Iri ni IryiWe.
Si ijambo rya William Marrion Branham, ni Ijambo ry’Imana, kandi Satani ashaka ko mukekeranya Ijambo Rimwe gusa.
Kandi iyo hari ikibazo ku kintu ico ari co cose, cotegerejwe kugezwa gushika aho ubona ikiri ukuri. Kandi rero mu gihe ubona ikiri ukuri, Vyaravuzwe ngo, “Kigumye!” Mu yandi majambo, “Gifate, ntukirekure, kigumye.” Mu yandi majambo, “Kigumye neza, kugira ngo ntikigucike.” Guma kuri ico ubona ko ari ciza, camaze kugezwa kandi cabonywe ko ari “ciza”. Kandi ikintu ico ari co cose cagejejwe bagasanga ko “atari ciza,” rero cikureko vuba cane uko ushobora, kije kure.
Muze tuje hamwe kuw’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, kwumviriza Data Avugira mu ntumwa yiWe Yahisemwo kudufatanya kubw’Izamurwa mu gihe Atubwira ko Yemeza Ijambo ryiwe, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 ukwezi kwa myandagaro umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane :
Mariko 5:21-43
Abami ba Mbere 10:1-3
Icete ca Mbere c’Abatesalonike 5:21
Abaheburayo 4:12

02/05/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Mukunzi Mugeni Wo Kw’isi

Muze dukoranire hamwe kuw’iyinga Isaha Umunani kw’ Isaha ya Jeffersonville ku muhingamo( zikazoba ari Isaha Zibiri z’Ijoro mu masaha y’i Burundi.) Hama duheze twumvirize twese hamwe Ubutumwa:
Ahantu Umukwe Wo Mw’Ijuru n’Umugeni Wo Kw’Isi Bazoba Muri Kazoza 64-0802

MweneData Joseph Branham

24/04/2021 IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Mugeni Mukundwa w’Umwizigirwa,

Ese ukuntu imitima yacu yahezagiwe, ukwizera kwadugijwe ku dusongero dushasha mu gihe twicaye ahantu hamwe ho mw’Ijuru kugira ngo twumve Data Avugira mu ntumwa yiWe y’inkomezi kandi Atubwira :
Kandi Nditeze, nongera Nizera, ko Nzokwama mbana namwe. Ndizera ko ari co kibanza kigufiya gusumba ibindi dufise, mu gihe turi hamwe nk’uku. Tuzoba hamwe mu Bihe Bidashira. Murabona ? Ndabikora. Nda—nda—ndavyizeye.
Turavyizeye kandi turuhukiye kuri ivyo n’imitima yacu yose.

Dufise Inkingi y’Umuriro, umuhanuzi, na Manu yanyegejwe yo kuturongorera mu Gihugu c’Isezerano. Dushigikiwe n’Amazi y’Ubugingo adafise ibinyamurobo, nta bitambara vyo kumimina, Amazi y’Ubugingo y’umusarara. Hari IKIBANZA KIMWE CONYENE ushobora kuronkamwo aya Mazi, FYONDA UVUZE.

Muze tuje hamwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville maze twumvirize : Ivyobo Vyatobotsemwo imishwena, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 ku mugoroba, ukwezi kwa mukakaro, umwaka wa 1964, maze tunywe, kandi tunywe, kandi tunywe kuri iryo Riba mu gihe Yuzuza igikombe cacu gushika ku musesekera.
MweneData Joseph Branham

17/04/2021

Mukunzi Mugeni Waconzwe,

Imana Yaramenye ko hariho ihanga kw’isi Yatoranirije Ubugingo. Yamenye ko iki cari igihe co kurungika Ubutumwa bwaYo biciye ku Ntumwa yaYo kugira ngo Asohore Umugeni. Yarabikoze. Ubu Umugeni waYo Yaramenye igihe cacu n’Ubutumwa bwaco, kandi Yaramenye abo turi bo, Icamwa c’Inkomoko c’Ijambo.

Turi urya Mugeni yaje imbere y’umuhanuzi. Yasa neza na neza n’Urya Mugeni yatambutse ubwa mbere. Igihe yatubona, umutima wiwe warasimvye kubera umunezero, kumenya yuko hariho Umugeni Azogumana n’Ijambo. Igihe yatubona, twari dukozwe n’ikintu kimwe, kandi twambaye ikintu kimwe nk’Umwe yari kw’itanguriro : Alufa na Omega. Turi urya Mugeni Jambo Atunganye.

Imana Yaraconze Umugeni waYo, Yamumatuye ku yandi mashengero biciye mu muhanuzi waYo, n’Ijambo. Ubu, inyuma y’imyaka ibihumbi bibiri, kandi bijanye n’Ijambo ryaYo Ryasezeranywe y’uko Yobikoze mu gihe ca nyuma, Yaragendeye insago ubugira kandi. Yaragendeye insago kugira ngo Igaragaze Ijambo ryaYo ry’iki gihe, neza nk’uko Yakoze mu gihe ca Mose. Nk’ukwo vyari bimeze ico gihe, niko bimeze n’ubu. Ntiyari Mose yakora birya; Mose yari umuntu. Yari Kristo.

Vyakoze iki? Vyahungabanije abaherezi, kubona abo bantu bava mu mashengero maze bakagenda. Yavuze Ati, “Namba uwo ari we wese muri mwebwe agiye mu gikorane ciWe, muzocibwa. Tuzobashira neza inyuma y’idini.” Murabe, “Nk’ukwo Yane na Yambure nabo barwanije Mose,” azoca aza ubwo nyene, bamwe muri bo. Atari, ubu, ntariko aravuga ku Bametodisiti, Ababatisiti, ng’aha, ntibarimwo. Murabona?

Ariko ni ibiki biriko birashika mu Mugeni ? Dukoranira hamwe kw’isi yose. Tugizwe n’abantu bo mu gihugu cose; kuva New York, kuva Massachussets, Maine, Tennessee, Georgia, Alabama, no mu gihugu cose no mw’isi yose. Turi Inkukuma Zikoranira hamwe. “Hazoba Umuco nko mu gihe c’akagoroba.”

Nk’umwana mutoya namye nibaza nti, “Mwami, ni gute uzoshira Ishengero ryaWe hamwe nk’ukwo Wagize Ishengero ryaWe rya mbere?” Nasomye mw’Ijambo ryaWe, ko Wamye Ubakoraniriza hamwe igihe cose Washatse kubahuza.” “Uzozana bose i Jeffersonville?” “Uzobikora gute?” “Twese tuzokenera gukoranira mu kibanza kimwe?”

Ubu narabihishuriwe, s’ugukoraniriza Umugani wiWe hamwe mu kibanza kimwe mu buryo bw’umubiri, si Umusozi Wera, ahantu Hera, UMUGENI AKORANIRA KW’IJAMBO RYIWE, kuko aho ni ho HANTU HONYENE Umugeni Ashobora kuba umwe.

Imana Yahagaritse isi kugira ngo Itume Ijambo ryaYo rishika. Satani agerageza kubihagarika; agerageza kubititura. Agerageza gutuma abantu batinya ko ni bumviriza amabande bazocibwa, bazimire. Ariko ntashobora guhagarika ibiriko biraba.

« Genda ! Mfise ubutumwa bw’umwami. » Amen. Ndi intumwa y’umwami, » Ijambo ryagaragajwe. Nariyumviriye nti, « Satani, mvira mu nzira ! Mfise Ubutumwa bw’Umwami. Ntegerezwa kugenda. » Ni Ubutumwa bw’Umwami. Reka tuBumenye, bagenzi, kuko duhamagarirwa gukoranira hamwe kubw’ugusamirana kw’Inzamba. « Kuko Inzamba y’Umwami izovuga, rero nta gihe kizoba gisigaye. »

Nta munezero uhambaye, nta gusigwa guhambaye, nko kuba twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru hamwe n’Umugeni kw’isi yose, twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugira mu ntumwa yaYo yagaragajwe kandi Rivuga Ijambo ry’Ubugingo Budashira.

Muribuka mw’iyerekwa ryanje ? Navuze nti, « Namba abantu ba Paulo binjiye, n’abanje bazokwinjira, kuko nakoze neza na neza nk’ukwo yakoze. » Ngumana neza na vyo. Izo miriyoni badugije ibiganza, bavuga bati, « Turuhukiye kuri ivyo ! »

Inkukuma zizosubira gukorana ubugira kandi kuri uyu munsi w’iyinga isamunani kw’isaha y’i Jeffersonville, kwumva Kristo ubwiWe Avugana natwe biciye mu ntumwa yiWe yagaragajwe. Ijambo turuhukirako. Muze twifatanye mu gihe tuMwumva Agabisha isi y’uko bategerezwa : Kumenya Igihe cawe n’Ubutumwa bwaco bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro mu gitondo umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumva Ubutumwa :
Hoseya 6
Malaki 4:5-62
Timoteyo 3

10/04/2021

Mukunzi Isi Itaboneka y’Amabande,

Turi iryo hanga ry’irya Si Itaboneka y’Amabande bakwegewe kw’Ijambo ryose ryavuzwe kw’ibande. Twishimiye kuvuga tuti, « EGO, twizera Ijambo ryose. Twizera ko ari ugushitswa kwa Malaki 4 :5, Luka 17 :30, Abaheburayo 13 :8, Ivyahishuriwe Yohana 10 :7. Twizera ko ari Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Twizera ko ari Ukwo ni Niko Uhoraho Avuze. »

Yooo, igihe twese dukoraniye hamwe, ibi bibanza bitoya bija hamwe, ni igitangaza. Nta dini, nta kuzirikwa ku kintu na kimwe, kiretse kuri Yesu Kristo Wenyene, nta kindi, murabona, gusa « kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru. »

Mbega iminsi iheza iyinga idasanzwe, y’intibagirana Umwami Yaduhaye mu gihe Yakwegeye Umugeni wiWe kw’Ijwi ryiWe. Yakoranirijwe hamwe kw’isi yose, kandi Yadushize ahantu ho mw’Ijuru, hanyuma rero Yaduhishuriye Ijambo ryiWe mu kutubwira Ati, « Amahoro. Ntutinye, vyose bimeze neza. Ndaje vuba kubwawe. Ntibigitevye ubu. Uri ukumurika kw’Ijambo Ryanje.

Mbega ukuntu vyari igitangaza mu gihe twese twakoranye buri munsi tunaMusenga, tuMutazira kandi tuMushima kubwo gukira indwara kwacu, gusubira kwuzuzwa Mpwemu Yera wiWe, kandi ikirushirijeho kuba ingirakamaro, kuduha Uguhishura kw’Ukuri k’Uwo Ari We mu gihe cacu.

Turanezerewe nk’ukwo tutavyigeze na rimwe mbere. Umuvyuro uhambaye waraje hagati mw’Ishengero ryiWe. Ntihashobora kuba ikosa, ugukekeranya; twaramenye ko ari We w’igihe cacu, kandi ubu twaramenye abo turi bo, Umugeni wiWe mukundwa.

Mu gihe Inkukuma zakoranye, twarasubiriye kuMushikanira ubuzima bwacu bushasha kandi twaraMubwiye bivuye mu mitima yacu tuti :

Ndi uwaWe, Mwami, nishize ubwanje kuri ino alutari, nishikanye gusa mu gihe nzi ukwo nokwigira. Ukure isi muri jewe, Mwami. Ukure ibintu muri jewe bishira; Umpe ibintu bidashira, Ijambo ry’Imana. Nshobore kubaho rirya Jambo riri hafi yanje cane, gushika aho Ijambo Rizoba muri jewe, nanje mbe mw’Ijambo. Ubindonse, Mwami. Ese ntokwigera ndaRitera umugongo. Ese nofata irya Nkota y’Umwami nkayigumya cane, kandi nkayibumbatira cane. Ubindonse, Mwami.

Iri vy’ukuri ni isengesho ry’uwizera wese. Ese tutokwigera turitera umugongo. Ese tutokwigera turyongerako ivyiyumviro vyacu canke turyibazako, ariko tugumane n’inzira yaciwe n’Imana kubw’igihe cacu, ubu Butumwa.

Yaturonkeje ivyo dukeneye vyose: umwagazi w’intama w’ikimazi, Inkingi y’Umuriro, umuhanuzi, Ijwi ry’Imana ku ma bande. Ubutumwa bw’iki gihe bwahuje ikintu cose Bibiliya Yavuzeko.

Nk’ukwo vyari ku Musozi wo Gukayangana urya munsi, igihe bari bahawe igikorwa conyene co “KuMwumva, ico ni igishingantahe cacu iki gihe, kuko Umugeni WENYENE ashaka “KuMwumva.”
Dushaka kuja inyuma y’insago. Ntaco bitwaye ikiguzi vyodutw ara, tuzofata umusaraba wacu maze tuwikorere buri munsi. Ntaco bitwaye ivyo abantu botuvugako, batadutahura, canke badutwenga, dushaka kuMukurikira inyuma y’insago.

Mukunzi Mugeni, hariho INZIRA IMWE YONYENE IDAKEKERANYWAKO, FYONDA UVUZE MAZE UMWUMVIRIZE. Umuhanuzi yavuze ko abantu bashobora gusigwa n’Imana vy’ukuri, hamwe n’uguhishurirwa kw’ukuri kuvuye ku Mana, kandi bari mu kinyoma, ariko Amabande ntashobora NA RIMWE KUBA IBINYOMA.

Muze maze mukwegerwe kw’Ijambo ryiWe hamwe natwe kuri uyu munsi w’iyinga isaha umunani ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville”, mu gihe twebwe :Tugiye kuja Inyuma y’Insago, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ku mugoroba, mu kwezi kwa mukakaro, umwaka wa 1964, maze twumvirize Ijwi ry’Imana Rivugana n’Umugeni wiWe.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Igikorane :
Abaheburayo 13:10-14
Matayo 17:4-8

31/03/2021

Bakunzi Bashitsi Mwatumiwe,

Ni hamwe n’igishika cinshi ntumiye umwe wese muri mwebwe mw’ikoraniro ryacu mpuzamakungu y’Inkukuma rya Pasika. Iheraheza ry’iyinga ry’ubwiza n’amasengesho, ugutazira, ugukira indwara, ugusukwa n’ugusubira kwuzuzwa Mpwemu Yera. Iheraheza y’iyinga nk’iryo mutigeze na rimwe mubamwo mbere.

Si ibikoirane vy’Uwa Gatanu, Uwa Gatandatu, n’Uwiyinga vy’umugenzi n’abavugabutumwa bakeya batumiwe, ni ikoraniro ry’Umugeni wa Kristo wo kw’isi yose yaMweguriye iheraheza ry’iyinga rya Pasika mu gihe tuzogaba igitero kw’ijuru mu masengesho, tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe Ridaciye iruhande mu ntumwa yiWe yatoranijwe, kandi tuzotazira Umwami Wacu Yazutse.

Twiyugaranye ku vy’isi vyose, amatelefone yacu, akazi kacu, abagenzi bacu, ibidusamaza ivyo ari vyo vyose. Twugaye inzugi zacu maze turaMutumira mu mazu yacu kubw’ihereraheza ry’iyinga ryuzuye ugutazira kudahagarara no kuMuzirikana, kandi We wenyene. Mbega akaryo dufise.

TuzoMushimira ibihe vyiza twagize uru rushana mu gihe Yaduhishuriye Ijambo ryiWe nk’ukwo bitigeze biba mbere, mu gihe twumvirije : Udushashara Indwi, Igikorwa c’Akaroruhore n’Inzamba Indwi. Yariko Aradutegurora kandi Adutunganiriza ukuza kwiWe kwa vuba. None ubu Afise Afise ikintu kinaka kidasanzwe Yatubikiye iri heraheza ry’iyinga rya Pasika.

Twumva izi ubu ivuga iti, « Twarambiwe, none dushaka gusubira mu vyo twahoramwo, ibintu ukwo vyari bisanzwe bimeze. Ubu vyose bigenda neza, twaratsinze ico kintu. Twaragize ubwoba umwanya mutoya, ko hoba hari ikintu kinaka kuri ibi, ku buyo mu gihe twagiye hafi y’Ubwato umwanya munaka, ariko imvura ntiyaguye, rero tubandanya ubuzima bwacu. »

Ariko Umugeni Asemerera ibinyuranye Ati, « IMVURA IGIYE KUGWA, TURI MU BWATO, MWAMI, nk’ukwo Ijambo ryaWe Ryabitegetse. Ngw’ino Utore Umugeni waWe, iyi si inzu yacu. Turiteguye kuza mu nzu nshasha Waduteguriye. Ntituzoshobora na rimwe kuba babandi. »

Twarabaye mu minsi ihambaye y’ubuzima wacu. Ubu, Amaze kuduha akandi karyo ko kwuzuza iheraheza ry’ihinga ryose ata kindi kintu kiretse We gusa. Iminsi twarindiriye. Iminsi twasengeye. Umwanya udasanzwe igihe dushobora kuMubwira tuti, « Mwami Yesu, Wavuze ko Ugiye kuzira Umugeni Yiteguye ubwiWe. Mwami, twizeye ko turi Urya Mugeni Wari Urindiriye. Umugeni Jambo Yizeye Akunda kandi Yizeye Ijambo Ryose. Ndashaka gukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose, kandi mu bumwe, gutazira no kuGushima, kandi twitegurire ukuza kwaWe kwa vuba. »
Ni igiki kizoMuzana ku rubuga ? Ugusugerezwa. Dutegerezwa kuba abantu basugerejwe.

Ubu nizeye ko tubayeho mu minsi twa… Canke, ahubwo, iminsi tubayemwo yotegerejwe gutuma Ishengero risugerezwa rwose. Ndizera, kuva kuri ubu butumwa muri iki gitondo buva ku Mana, atari kuri jewe, nibaza ko ivyo vyotegerejwe gutuma rino koraniro ryose risugerezwa, ko twafyinye bikwiye igihe kirekire. Twagiye mw’ishengero bikwiye igihe kirekire. Dutegerezwa gukora ikintu kinaka.

Mbega akaryo dufise ko gusugerezwa iri herahezwa ry’iyinga no guhamagara Yesu ku rubuga. Muze dukoranire hamwe n’Umugeni uyu wa gatanu, uwa gatandatu, uw’iyinga. Twarafyinye bikwiye igihe kirekire, twaragiye mw’ishengero bikwiye igihe kirekire, dutegerezwa gukora ikintu kinaka.

Nokwipfuze ko twese dufataniriza hamwe iri heraheza ry’iyinga ku gihe c’umurango c’i burasirazuba kubw’ikirangaminsi gikurikira.

KUWA GATANU

Muze tutangure iheraheza ry’iyinga rya Pasika isaha y’icenda, dusubire isaha icumi na zibiri, mu gufatanya mu masengesho no gutumira Umwami kuba hamwe natwe n’Umugeni wiWe kw’isi yose kuri iri heraheza ry’iyinga ridasanzwe, kandi twuzuze ingo zacu na Mpwemu Yera mu gihe twishikana ubwacu kuMutazira.

Hanyuma muze tuje hamwe mu masengesho isaha imwe y’ijoro mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu. Ivyiyumviro vyacu bisubire kuri urya munsi haraheze imyaka ibihumbi bibiri birenga, kuri Kaluvariyo, maze tubone Umucunguzi wacu Amanitse kuri urya musaraba, hanyuma rero dusomemwo izina ryacu hariya:

Igihe ushobora gusoma ushiramwo izina ryawe hariya, “Yacumitiwe ibigabitanyo vya William Branham, Yajanjaguriwe icaha ca William Branham”, ni ico gihe amahoro aza. Ni ikintu ca rusangi gusa, vyari ivyanje. Vyari ivy’umuntu ku giti ciwe. Nari muri ivyo. “Mu mishishagu yiWe, William Branham yarakize indwara.” Rero biratandukanye.

Mu guheraheza, isaha indwi zo mw’ijoro, twumvirize urubanza ruhambaye gusumba izindi rwo mu bihe vyose, mu gihe tuzokoranira ku Ntebe yiWe kugira ngo twumvirize Ubutumwa : Urubanza bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ndamukiza umwaka wa 1964.

KWA GATANDATU

Kuwa gatandatu, isaha icenda ku muhingamo, isaha icumi na zibiri n’isaha zitatu, dusubire dufatanirize hamwe amasengesho.

Hanyuma, kuwa gatandatu, isaha indwi zo mw’ijoro, tuzofataniriza hamwe twese kugira ngo twumirize IJAMBO : Urya munsi kuri Kaluvariyo, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 ukwezi kwa nyakanga umwaka wa 60. Mbega ukuntu uzoba umunsi w’igitangaza.

KUW’IYINGA

Muri ico gitondo gihambaye kandi c’igitangaza c’izuka, tuvyuke kare, nkukwo mweneData Branham yabikora, isaha ya satanu, kugira ngo dushimire Uhoraho kuba Yazuye Yesu mu bapfuye :

Isaha icumi n’imwe iki gitondo, akagenzi kanje gatoya gafise igikiriza gitukura kagurukiye kw’idirisha maze karankangura. Wamenga umutima wako mutoya woturika, kavuga gati, « Yazutse. »

Isaha umunani muze dufatanye bivuye ku mutima ubugira kandi mu runani rwacu rw’amasengesho, dusengeranira kandi twiteguriye kwumva Ijwi ry’Imana :

Isaha igenda tuzoja hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa bwacu bwa Pasika : Icagirizi, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 mukakaro mu gitondo umwaka wa 1963

Isaha icumi na zibiri ku mugoroba, ubugira kandi tuzoje hamwe mu masengesho, tuMushimira kubw’IHERAHEZA RY’IYINGA RY’IGITANGAZA YADUHAYE HAMWE NAWE N’UMUGENI WIWE.

Kuri beneData na bashiki bacu bo hakurya y’amazi, ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe kw’isaha y’i Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho biri kuri iki kirangaminsi no kw’ibande yo kuw’iyinga mu gitondo. Ndatahura, yamara, ko kwumviriza Amabande yo kuwa gatanu no kuwa gatandatu ku mugoroba kw’isaha y’i Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, rero muzumve amahoro muzokwumvirize aya ma bande mu mwanya ubashobokeye. Ariko ndipfuza ko dukorana twese kuw’iyinga, isaha zitatu, isaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize hamwe ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.

Mufyonde ng’aha muronke ikirangaminsi mushobora gusohora mu buryo bwa PDF

Ndipfuza vyongeye kubatumira n’abana banyu, gufatanya mu bikorwa vy’ivyigano no mu dupfindo YF, umuryango wanyu wose uzoshobora kunezererewa. Twiyumvira ko muzobikunda cane, kuko vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzokwumviriza kuri iri herahezwa ry’iyinga.

Mufyonde ng’aha kugira ngo murabe ibikoresho bikenewe ku migambi ya Creations. Imigambi mushobora kuyiraba ng’aha (mu congereza gusa).

Muvyonde ng’aha ku dupfindo tw’ihereheza ry’iyinga ya Pasika.

Ni iteka nk’iryo kuri jewe kubatumira n’umuryango wanyu kuja hamwe n’Umugeni kw’isi yose kw’ihereheza ry’iyinga ryose ry’UGUTAZIRA, GUSHIMA NO GUKIRA INDWARA. Ni iheraheza ry’iyinga rizohindura ubuzima rwanyu.

MweneData Joseph Branham.

27/03/2021

Mukunzi Eva wa Kabiri,

Tuzokwama twibuka umunsi Umwami Yakoraniriza hamwe Umugeni wiWe, kuva mu bihugu vyose vyo kw’isi, kugira ngo Atubwire Ati, « Uri umuryango waNje muniniya, Igikorwa caNje c’Akaroruhore, umuryango waNje, Eva waNje wa kabiri. Ubu uriteguriye itongo, Inganji y’Imyaka Igihumbi.

Igikorwa c’Akaroruhore n’Umugeni, N’igice ciWe, gitegerezwa kuba ugushitswa kw’Ijambo. Ijambo Ryarashitse, kandi twiteguriye Ukuza kw’Umwami.

Mbega uyu Mugeni Agiye kubikora gute ? Mbega uru Rugano Rugiye kubikora gute ? Yatubwiye ko Malaki 4 -n’Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7 vyotunganije Umugeni wiWe. Atari uburyo bwo gukora kw’idini, atari umugwi w’abantu, ariko intumwa mumarayika wa 7 azobigarukana, nk’ukwo vyari bimeze ubwa mbere, kw’Ijambo ry’inkomoko.

Murabe, Ivyahishuriwe Yohana 10 :1 gushika 7, amabanga yose ategerezwa guhishurirwa Umgeni, biciye ku ntumwa y’Ishengero ry’i Lawodikiya.

Namba amabanga YOSE ategerezwa guhishurwa n’iyo ntumwa, rero nta bundi buryo bwiza kuruta bwo kuronka amabanga yose nk’uburyo Imana Yatanze, GUFYONDA UKAVUZA no kwumva Ijwi ry’Imana rivuga ako kanya mu muhanuzi wiWe kandi rihishura amabanga yiWe yose.

Ndaryohewe cane kandi ndanezerewe cane. Nta kindi kintu c’akamaro muri iyi si atari buno Butumwa, iri Ijambo ryiWe, rirya Jwi. Ndazi ko umwe wese muri mwebwe avyumva kumwe. Bose basangira Ijambo bahejeje kwumva, mu guhamagarana canke mu kwandikiranira igice bakunze.

Birya wabitahuye… wow… nshaka kuvuga WOW!!

Sinigeze numva NA RIMWE ubu Butumwa gutya mbere. NTA NA RIMWE.

Nashoboye gute guhusha iki gice muri iyi myaka yose?

Ahejeje kumbwira ko nari Igikorwa c’Akaroruhore ciWe, IMANA ISHIMWE.

Mbega ikete ry’urukundo. Akavunji k’inzahabu k’akavunji k’inzahabu ku kavunji k’inzahabu.

Ntivyoshobora kugaragara neza gusumba.

Ni gute umuntu ashobora kutabona Ibi….

Ni ivyo gusa Avuga.

Rero ubu nipfuza gukora ico kintu kimwe hamwe n’umwe wese muri mwebwe. Inyuma y’Ubutumwa bw’ejo muzoba muriko murandikiranira kandi muhamagarana kandi muvuga nk’abasazi. Yinjiza umusumari kandi afataniriza vyose hamwe kubwa Eva wiWe.

Ndashaka no kubatera intege. Namba mwizeye ko uyu ari umumarayika wa 7 ntumwa y’Imana. Namba mwizeye ko ubu Butumwa ari Ijambo ry’iki gihe. Mwizeye Ijambo ryose. Namba mukurikiye UBUTUMWA BW’UMUNTU UMWE, RERO IBI BICE NI IVYANYU.

Turi ng’aha! Turi kw’iherezo. Ivyo si ibintu vy’ubupfu gusa vy’umuntu. Ni NIKO UHORAHO AGIZE.

Umuhanuzi w’Imana ni uwusobanura Ijambo ry’Imana avuye ku Mana .

Ntushobora kwongeraKo ikintu kimwe, canke gukura Ko Ijambo rimwe.

Umuntu yambaye umubiri, nk’umuvugishwa, kandi yari Elohim Ahishura ivyiyumviro vyari biri mu mutima wa Sara, inyuma yiWe.

Imana, mw’ishusho y’umuntu, yashobora guhishura ivyiyumviro vy’abantu; umuntu umwe, atari icumi na babiri; umuntu umwe, ntaco bitwaye ukwo ivyiganano vyongana. Bari bafise Umwe

Ni ikihe cemezo c’ukuri? Yesu Yavuze Ati, «Ko mwizera yuko Jewe Ndi We.» Kandi We ni Ijambo.

Umuhanuzi ntibisigura gusa «uwerekwa canke uwuvuga ibintu bitaraba,» bisigura «uwuhishura Ijambo ryanditswe… Ijambo ryasezeranywe kubw’ico gihe.

Rero Imana Irungika umuhanuzi waYo, ngo… kandi umuhanuzi ni Ijambo Rizima Ry’Imana, Ryagaragajwe.

Yesu, Umwana w’Imana, Yihishura ubwiWe kubw’Ivyanditswe, Atuma birya Vyanditswe (ivyateguriwe uno munsi, nk’uko vyari biri wa munsi, n’iyindi minsi) biba bizima. Kandi kuRyizera, ni icemezo ca Mpwemu Yera.

Hanyuma mumenya gute nimba ari Ijambo? Umwe wese avuga ibi ?

Ni isezerano ryo muri Bibiliya ry’ico gihe rigaragajwe.

Uku ni uguhishurwa kwuzuye kwa Yesu Kristo. [MweneData Branham akubise kuri Bibiliya yiwe—Umwanditsi.] Kandi Udushashara Indwi twari tunyegeje amabanga, y’ico Vyose Vyari.

Kandi ni gute Mesiya Azo… abantu baMwizera bazobimenya, kiretse bama mw’Ijambo, kugirango bamenye ico Ari!

Ubu Butumwa, iri Jwi, aya ma bande, ni yo YONYENE, yemejwe n’Ijambo ry’Imana ry’iki gihe. Ni VYOSE KURI TWEBWE. Nta kindi tuzi, nta kindi dushaka, kandi ntidushobora kwumviriza ikindi. Ntiturwanya umuntu n’umwe wundi, dushigikiye gusa GUFYONDA UKAVUZA.

Egoo, Bana b’Umuco, mwemere Ijambo ryiWe, mugume mugenda kandi muRyitegereze ryuguruka birushirije. Ico umuntu uwo ari we wese wundi yovuga ntimuRiveko. Mugume gusa muri Ryo kandi mugume mugendana na Ryo, muRyitegereze ryuguruka kandi Ryihishura ubwaRyo. Ijambo ni Urubuto; urubuto mw’ivu ryiza ruzovyara ubwoko bwaryo.

Muze mwumvirize Ijambo ry’Imana Ryuguruye kandi Ryihishuye ubwaRyo hamwe n’ibihugu vyo kw’isi. Eva wiWe wa kabiri, kuw’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza : Umunsi Mukuru w’Inzamba, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa mukakaro umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Abalewi 16

Abalewi 23:23-27

Yesaya 18:1-3

Yesaya 27:12-13

Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7

Ivyahishuriwe Yohana 9:13-14

Ivyahishuriwe Yohana 17:8

20/03/2021

Bakunzi Gikorwa c’Akaroruhore Cashumbushijwe n’Imana,

Uru rushana rwabaye igihe gihebuje kandi kidasanzwe kuruta ibindi mu buzima bwacu. Twarize, kandi Yaduhishuriye igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Cabaye igihe tutazokwibagira na rimwe.

Dushobora kubona ibintu vyiteguriye kujana Ishengero mu Nyonga ha Kristo. Umugeni Ariko Arafata ishusho. Turiko turambara imyambaro y’ubukwe, twitegura ubwacu. Turashobora kubona imico irabagiza. Turazi yuko turi kw’iherezo. Turi ng’aha. Twarashitse. Araje KUBWANJE NO KUBWAWE !!

Urubuto Cami ubu rurakoranye, rwiteguriye izuka, ruri hafi kwimburwa. Alufa yabaye Omega. Rurya rubuto rudatunganye rwaguye mw’itongo rya Edeni ubu rwaragarutse ku Rubuto Rutunganye, Eva wa kabiri, Umugeni Jambo waYo w’ukuri ubugira kandi. URI URYA MUGENI JAMBO MUGENZI WANJE.

Mbega umunezero wo kumenya ko turi Umugeni WaYo Atunganye, mu bugombe bwaYo Butunganye. Yavuganye n’imitima yacu m’Uguhishura, kandi Yahishuye ko turi Igikorwa c’Akaroruhore caYo cuzuye cashumbushijwe.

Vyatwaye Data imyaka ibihumbi bine kugira ngo Akore Igikorwa c’Akaroruhore ciWe ca mbere. Ubu Yamaze iyindi myaka ibihumbi bibiri Akora ikindi Gikorwa c’Akaroruhore, TWEBWE, Umugeni wiWe, wa Kristo. Yabikoze mu buryo bwiWe butigera buhinduka, kimwe n’ukwo Yakoze Igikorwa c’Akaroruhore ca mbere, Ijambo ryiWe.

Ubwo ni bwo buryo bwonyene Yakoze Igikorwa c’Akaroruhore CiWe, kuko Ashobora kuba vyonyene Igikorwa c’Akaroruhore igihe We ari Ijambo Ritunganye, kandi Ubu Butumwa ni IJAMBO RYIWE RITUNGANYE, Rikora Umugeni wiWe Atunganye.

Namba Yafashe kuri We, Imfura mu vyaremwe, kugira ngo Areme Umugeni wiWe, Ntiyigeze Arema ikindi caremwe. Yafashe igice c’iyo mfura mu vyaremwe . Rero, namba Yari Ijambo, Umugeni Ategerezwa kuba iki ? Ageterezwa kuba Ijambo ry’inkomoko, Imana Nzima mw’Ijambo.

Turashobora gutahura, ko turi Ijambo ry’inkomoko ritagira amarabaga canke injebejebe. Turi kirya gice cakuwe muri We, cagarukanywe. Satani ntashobora gusubira kuduhenda. Ntituri umugeni umwe yakozwe n’umuntu, turi Ijambo Rizima mu gikorwa.

Ni igihe c’iyimbura. Tureze neza.Ubu turiteguye ukuza. Ibango rya mbere n’ibango rya nyuma ni kimwe. Ubutumwa bwa mbere n’Ubutumwa bwa (kabiri)ari bwo bwa nyuma ni ikintu kimwe. « Ndiho, Nari muri Alpha, Ndi muri Omega. »

Umuryango w’Igikorwa c’Akaroruhore waragarutse, Kristo n’Umugeni wiWe, biteguriye gusubira mu Rugo rwabo. Umugeni arurumbishwa no kubona ivyo Yatubikiye vyose ino mpeshi. Dufise igishika cinshi kandi twiteze ibihambaye. Muze dufatanye kuri uyu munsi w’iyinga isamunani, kw’isaha y’i Jeffersonville, mu gihe Mpwemu Yera Azokwinjira mu ngo zacu kugira ngo Avugane natwe Aciye ku muvugizi wiWe, kandi Atuzaniye Ubutumwa : Igikorwa c’akaroruhore, bwavuzwe kw’igenekerezo ya 5 ukwezi kwa mukakaro umwaka w’ 1964.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Yesaya 53 :1-12

Malaki 3 :6

Matayo 24 :24

Yohana 12 :24

Yohana 14 :9

Ivyahishuriwe Yohana 3:20

13/03/2021

Mukunzi Busho Butoya,

Ni iki tuzi ubu, ata gukekeranya na gatoya, caduhishuriwe ?

TURI UMUGENI !!

Ndashobora kwumva amashimwe, za haleluya, ugutazira n’ugusemerera bije bivuye ku Mugeni kw’isi yose. Umugambi uhambaye wa Data ubu uruzuye. Nta kibazo kikihari. Nta kwibaza kukihari. Uguhishurwa kwaraduhawe. Turi abo Yahisemwo, Yatoranije, umukundwa wiWe ; TURI UMUGENI !!

Ubumwe bw’Umugeni wiWe ntibwigeze buba ubuhambaye nk’iki gihe. Umugeni ntiyigeze agira ukudakekeranya y’uwo ari we, nk’iki gihe. Ntitwigeze tunezerwa cane, ntitwigeze duhazwa cane, canke tunezerezwa nk’ukwo turi uno munsi. TURI UMUGENI !!

Bamwe bizeye kandi baruhukiye ku mabango atanu yo kubahishurira vyinshi kurushiriza. Twebwe siko biri. Twizeye ko Ijambo ryiWe Ridakeneye insiguro n’imwe. Twizeye ko YaRivugiye mw’Ijwi Yahisemwo, Ryafashwe ku ma bande ku buryo dushobora kuRyumviriza, rero turuhukira kandi twizeye Ijambo ryose Ryavuzwe.

Nta muvugabutumwa, nta mwigisha, intumwa, umuhanuzi canke umwungere bashobora gushira hamwe Umugeni, dushobora kubereka gusa IKINTU CONYENE KIZOTUNGANYA KANDI KIZOSHIRA UMUGENI HAMWE. Imana ubwaYo Ivugira mu ntumwa mumarayika w’indwi.

Ivyo ni « Ukwo niko William Branham avuze ? » Ivyo ni “UKWO NIKO UHORAHO AVUZE!” Yamara, Ni umuntu atandukanye nanje, ariko uburyo bwonyene Ivugiramwo ni muri jewe.

Aya yari amabwirizwa kw’ishengero ryiwe. Ushobora kuba utari uwo mw’ishengero ryiwe; kubw’ivyo, ntivyoba ivyawe.NI TWEBWE GUSA. Yabwiye umwungere wiwe ico gukora igihe atari ng’aha… kandi turabikora.

Kandi, rero dufise umwungere w’igitangaza, umuntu w’Imana w’ukuri, kandi ndabishima. Namba mwibuka, iyerekwa, haraheze umwaka, yuko Ibifungurwa vyabitswe muri iki kibanza. Kandi ivyo ni vyo neza na neza.

Ijwi ry’Imana Ririko Riregeranya Umugeni waYo nk’ukwo bitigeze biba mbere. Twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru mu gihe umumarayika w’Indwi w’Imana ahishura Agashashara k’Indwi, Imituragaro Indwi, Ugukwegwa kwa Gatatu, n’ikintu cose dukeneye co kuja mw’Izamurwa.

Ubwami bw’Imana buraje. Turiko turava mu vyijiji birushirije tuja mu biboneka. Tugiye kugira umuvyuro dukoraniye kw’isi yose. Muze mufatanye natwe kuri uyu munsi w’iyinga isamunani ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza ivyari vyaranyegejwe kuva kw’itanguriro ry’isi, kandi ubu vyahishuriwe Umugeni waYo, mu gihe tuzokwumviriza : “Agashashara k’Indwi, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 ku mugoroba, ukwezi kwa 3, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Gusubira mu Vyagezwe 29:16-19
Abami ba Mbere 12:25-30
Ezekiyeli 48:1-7, 23-29
Matayo 24:31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8:1
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14

3/6/2021

Hɔ̃ Lɔlɔ̃awo Si Wo Le Ƒuƒom Ɖe Nukuku La Ŋu,

Afisi nukuku la le la, afima hɔ̃wo woaƒo ƒu le. Eye Nya ma ŋu ko hɔ̃wo ate ŋu ƒo ƒu le. Ke edze be míatso nya me, ameka sie míaƒe ŋkeke me ƒe Nya si ana be Eƒe hɔ̃wo woaƒo ƒu la le?

Mawu de Nyawo Mose ƒe nu me. Mikpɔea, enye Mawu ƒe susuwo siwo geɖe Mose ƒe dzi me; eyi azɔ be yeaɖewo gblɔ, ekema ezua Nya La.

Nukae na Mawu ƒe hɔ̃wo le Ƒuƒom mahã? Nu ɖeka ko lia si ate ŋui: Mawu ƒe Gbe na míaƒe ŋkeke si woɖe gblɔ to Eƒe gbedasitsɔla kple dɔla 7lia dzi amesi dzi woɖo kpe, ke Ele Eƒe Ŋugbetɔ la nuƒom hele Eyama wɔm ɖekae le xexeame godoo geɖee wu tsã, eye naneke mele tetɔge esia o.

Dzidzɔ kae nye esi yɔa míaƒe dziwo me fũ kple Gbedasi ɖesiaɖe si Ŋugbetɔ la sea ɖedu. Ɖee míate ŋu dze eŋu bubu kpɔ be, Mawu ƒe susuwo ŋutɔ le nuƒom na mí to Eƒe dɔla sesẽ dzi hele gbɔgblɔm na mí be:
“Nye Ŋugbetɔ Lɔlɔ̃a Mienye eye Nyee Nye Srɔ̃ wò Kɔkɔe la. Meɣla nusiawo de ame mamleawo katã negbe mi, nye lɔlɔ̃tɔwo, Nye ametiatiawo. Mienye ŋutilã tso Nye ŋutilã me, ƒu tso Nye ƒu me. Nye Ŋugbetɔ nuteƒewɔla mienye”.

Nuwuwu meli na nusi ɖem Wòle fia mí kple gblɔm na mí o. Míesea Gbedasi la le kɔsiɖa katã me, emegbea ne mía katã míeƒo ƒu ɖeɖu ɣeyiɣi ɖeka me be míase Eƒe Gbe, abe alesi Wòfia nu mí be míawɔ ene la, Ezua Gbedasi yeye na mí keŋkeŋ. Ɖeko wòle abe míese Esia gbeɖe kpɔ tsã o ene. Míaƒe dzi doa ɣli kple dzidzɔ. Aƒetɔ, be woabu eŋuti kpɔ, be woƒo Wò Ŋugbetɔ nu ƒu ɖedu, hele Gbedasi Sia tututu sem, eye Nèle Esia ɖem fia mía katã ɖedu le ɣeyiɣi ɖeka me.

Le ɖekawɔwɔ me la, Ŋugbetɔ le Anyiehe Amerika le ɣli dom…ŊUTIKƆKƆE! Ŋugbetɔ la le Afrika le dzidzɔ kpɔm hele kpodzom le woƒe afɔwo dzi hele gbɔgblɔm be: Hallelujah!

Le Europa, Asia, Finland, Australia, ƒukpo ɖesiaɖe me, aƒewo me, hamewo, kɔƒewo, tso anyigba ƒe dzogoe eneawo me la, Eƒe Ŋugbetɔ, wokatã ɖedu le ɣeyiɣi ɖeka me le Eyama sem wòle nuƒom hele gbɔgblɔm na mí bena, “Mele mía nuƒom ɖedu. Gamesu na Míaƒe srɔ̃ɖeŋkekenyuie la. Miedzra miaɖokuiwo ɖo to Nye Nya sese dzi. Nye Ŋugbetɔ lɔlɔ̃a mienye. Míaƒe srɔ̃ɖemɔkeke la va ɖo.”

Le susu ɖeka kple tame ɖeka me la míedo ɣli hele ha dzim:

Dzoxɔxɔ to ɖeɖefia me le nye dzi me,
Le nye dzi me, le nye dzi me,
Dzoxɔxɔ to ɖeɖefia me le nye dzi me,
Le nye dzi me, ɖaasi.
Ke dzidzɔm ŋutɔ, dzidzɔm ale gbegbe, ɖeɖefia la le nye dzi me.

Ɖeko miase Gbɔgbɔ Kɔkɔe wòado ɣli, le miaƒe dzi me. Abe alesi wònɔ le míaƒe Aƒetɔ me ene, esime Wòkpɔ Yerusalem ta me, Eŋutɔ ƒe dukɔ, mikpɔea, hegblɔ be, “Yerusalem, Yerusalem, zi nenie medi be, maƒo wò nu ƒu ɖedu, abe alesi koklonɔ ƒoa viawo nu ƒu ene, gake melɔ̃ o.” Ɖeko miase Gbɔgbɔ Kɔkɔe wòagblɔ be, “Zi nenie medi be Maƒo mia nu ƒu, mikpɔea, gake mielɔ̃ o.”

Gake Ele hatsotso sue aɖe nu ƒom. Ele mía nu ƒom hele ɖem fia mí be míenye EƑE ŊUGBETƆ NYA SI LE ƑU NU ƑOM ƉE NUKUKU LA ŊU.

To Nya ɖesiaɖe sese kple edzixɔxɔ se me ɖeɖe koe miate ŋu xɔ ŋugbedodowo katã siwo le nyaƒokawo dzi. Edze be miase Nyaƒokawo ale be miaxɔ wo.

Meɖe kuku na be woaɖo nye gbedodoɖa ŋu nam. Eye wɔe be Mawuvi ɖesiaɖe si woyɔ la, amesiwo gogo teƒe sia hele nya sem, alo amesiwo nyaƒoka alé dzi na la, ɖe mɔ be le ɣeyiɣi ma me la…

Le ɣeyiɣi si me miase Gbe ma le NYAƑOKA LA dzi la miaxɔ:

Mele wokatã biam na Mawu ƒe Fiaɖuƒe la, le gɔmeɖokpe sia dzi be menyae be esiae nye Mawu ƒe Nya si ɖem wole fia. Fiẽ Kekeli la nè klẽ, Fofo. Mede wo asi me na Wò, le Yesu Ŋkɔ me. Amen.

Ɖee wò hã nèdi be yeaxɔ gbedodoɖa sia, ɖeɖefia sia, kple yayra siawoa? Ate ŋui. Tu mí Kɔsiɖagbe sia le ga 2 wole me, Jeffersonville ƒe game, esime míaƒo ƒu le nukuku la ŋu aɖase : Nyabiabia Kple Ŋuɖoɖo Le Nutrenuawo Ŋu 63-0324M.

Nɔvi. Joseph Branham

27/02/2021

Mukunzi Mugeni Ntama Wahamagawe,

Ese ukuntu imitima yacu yasimbaguritse kubera umunezero mu gihe INKUKUMA zakoranye kuva kw’isi yose kandi bumvirije Ijwi ry’Imana Rivugana na twe ubugira kandi kandi Ritubwira Riti, « Nta kundi kurindira. Nta kundi kwibaza. Ibintu vyose biriko biraja mu mwanya neza nk’ukwo Nababwiye ko vyobaye. IGIHE KIRASHITSE MUGENI WANJE. »

Ubushakashatsi bw’ubumenyi bwaVyemeje isi. Ukugaragara kw’Ijambo kwaraVyemeje Umugeni waYo. Uku Guhishura kuva ku Mana, kandi Ni Ukuri ! Iminsi twari twiteze iri NG’AHA. Umwanya uwo ari wo wose tuzobona, n’amaso yacu bwite, abera basinziriye bari barindiriye kandi bakumbuye kuba hamwe natwe. Ba data… ba mawe… beneData na bashikibacu, n’umuhanuzi ubwiwe agiye kugaragara. Bazogaragarira imbere y’amaso yacu kandi batubwire bati, « Igihe CASHITSE. Birarangiye. Ibintu vyose birateguye kubw’amazimano yacu y’ubukwe. »

Iminsi y’Abanyamahanga iraharuwe, buzuye ubwoba. Igihe c’Imibabaro kiregereje kuri bo. Ariko turiko turahuzwa n’Ijambo, twumviriza Ijwi ryaYo mu gihe Udushashara turiko turugururwa, kandi twiteguye gufata urugendo rwacu mu kirere.

Turi intama z’Imana kandi twaramenye neza Uwo Yari We igihe Yiha umubiri maze Agatwara ivyaha vyacu vyose kuri Kaluvariyo. Twaramenye neza Uwo Ari We muri iki gihe cacu Ijambo Ryihinduye Rikiha umubiri ubugira kandi. Kandi ubu turamenya ukugaragara kwiWe kwa nyuma, abo TURI BO, abancunguwe biWe, abatsindanishirijwe, Umugeni Jambo Atagira agatosi, Imana Igerereye mu mubiri wacu.

Yaratubwiye ico dutegerezwa gukora kugira ngo tube Urya Mugeni Jambo. « Intama zaNje ziraNzi kandi ntizizokurikira uwo zitazi. » « Ntimukurikire abo mutazi. Gitegerezwa kuba ikimenyetso cagaragaye c’iki gihe, ariko intama zaNje zizoBibona kandi zizoVyizera. »

Ijambo Rivuga ko tubayeho mu gihe c’Inkukuma : Iminsi y’Ijwi. Turi abo batahura Ijambo Ryose n’Uguhishura kw’Ukuri. Tumenya ko hari uburyo bumwe bwonyene ku Mugeni bwo gutungana, utegerezwa kugumana na rirya JWI. Iryo Jwi ryonyene rishobora gutunganya Umugeni waYo.

Ariko, abo bose bafise amazina yabo mu Gitabu c’Ubugingo, Imana Izobahamagara. BazoRyumva. « Intama zaNje zumva Ijwi ryaNje, » niko Yesu Yavuze. Ikintu conyene dutegerezwa gukora ni ukugira umuhamagaro w’intama. Impene ntiziWuzi. Murabe. Ariko, murabona, umuhamagaro w’intama, « Intama zaNje zumva Ijwi ryaNje. » Kuki ? Ijwi ni iki ? Ndashaka kubabwira Ijwi ico ari co. Ijwi ni i—ni ikimenyetso ca mpwemu.

Ntidushobora gukurikira uwo tutazi, gitegerezwa kuba kirya kimenyetso ca mpwemu cagaragajwe c’Ijwi ryo muri iki gihe. Si amajwi, ni IJWI. Hariho IJWI RIMWE ryonyene, kandi utegerezwa GUFYONDA UKAVUZA MAZE UKUMVIRIZA KANDI UKUMVIRA IJAMBO RYOSE.

Benshi batsitazwa n’ibi, ariko atari Umugeni waYo. Ni nde yuguruye Udushashara? Umuhanuzi. Ni nde yahishuriwe amabanga yose? Umuhanuzi. Ni nde afise Amajambo y’ukutihenda y’iki gihe cacu? Umuhanuzi. Umugeni avuga Ijambo ati, “turuhukiye kw’IJAMBO RYOSE” ryari irya nde? Umuhanuzi.

Umugeni aruhukiye kw’Ijambo ryose Ijwi Ryavuze biciye ku muhanuzi mumarayika w’Indwi. Namba Umugeni yatoranijwe yabonye asemerera kandi avuga ngo turuhukiye kw’ijambo ryose wavuze, rero hariho uburyo bumwe bwonyene bwo kuba Umugeni waYo mugenzi wanje, utegerezwa kwumva RIRYA JWI.

Kandi ndakubwire, igitondo kimwe igihe Yesu n’Umugeni wiWe bazogaruka kw’isi, hazobaho iparadiso y’Imana hariya. Ivyo, Yooo Mana We, abo barwanyi ba kera b’intambara, bazomanuka baciye hariya hamwe n’abagenzi babo n’abakunzi babo. Indirimbo z’ingabo z’Abamalayika zizokwuzura ikirere . “Yooo, wakoze neza, mukozi waNje mwiza w’umwizigirwa. Ni winjire mu munezero w’Umwami, waguteguriwe, nk’ukwo wotegerejwe kuba warawugize hariya, imbere yuko Eva atangura kwivundagaza mu caha.” Amina. Fyuuu! Ego.

Muze twifatanye kuw’iyinga isamunani ku muhingambo, isaha ya Jeffersonville, kandi dukoranire hamwe kw’Ijwi Imana Yahisemwo guhamagariramwo Umugeni waYo, maze twumvirize “Agashashara ka Gatandatu”, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa 3 umwaka w’ 1963.

Mutegerezwa kwiyumvira muri mwebwe nyene, ivyo bishobora kuba ari ibisanzwe? Inyishu ni EGO, ni IMANA MU BICIYE BUGUFI. Umviriza ico umuhanuzi waYo avuga kandi wizere Ijambo ryose. Imana Yamubwiye Iti, “Kora kuburyo abantu bakwizera!”

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa.

Kuvayo 10:21-23
Yesaya 13:6-11
Daniyeli 12:1-3
Matayo 27:45
Uwera Yohana 10:27
Ivyahishuriwe Yohana 6
Ivyahishuriwe Yohana 11:3-6

20/02/2021

Bakundwa b’ Ic’ijana c’abagize Umwe kw’Ijana,

Kwiyumvira gusa, ko dutumira Umwami w’Abami Aganza Abaganza mu mazu yacu aciye bugufi mw’isi yose buri yinga. Ntashaka ko amatapi asaswa kugira ngo tuMuhe ikaze, Ashaka gusa ko tumuhereza imitima iciye bugufi ku buryo Ashobora gufata imitima yacu iciye bugufi maze Akaduhishurira ibintu vyiza Abikira abaMukunda bose.

Ariko nyene si inzu iyo ari yo yose canke abantu abo ari bo bose, ariko nyene ni ku mugwi mutoya wihariye Yatoranije. Umugwi w’abantu Yadodoye ku rugi rwabo, maze bararwugurura.
Ubu, turahimbawe vyonyene kandi turakenguruka cane rwose ku vyo Yadukoreye, ikiganza gihambaye c’insigabwenge c’Imana Nzima ! Mbega ni ikihe kintu gihambaye coshobora kubaho, ni abantu bagiriwe ibakwe bangahe twoshobora kubaho, vyoruta kugira imbere yacu Umwami w’Abami, n’Uganza Abaganza ?

Turanezerewe kandi turakenguruka cane, ntituzi gusa ico gukora ! TURI ic’ijana c’abagize umwe kw’ijana bumviriza kandi bizera IJAMBO RYOSE Avuga kandi Atubwira.

« Ndi Ijambo Ryihinduye Ryihaye umubiri, Nzobahishurira Imituragaro Indwi, kandi bizobaha Ukwizera kw’izamurwa. Kuko mwizera Ijambo Ryose, Muri Umwamikazi waNje Yatsindanishirijwe kandi Nzobaha Izina Rishasha. Nzobahishurira ugukwegwa kwa Gatatu. Mushobora Kuvuga Ijambo, kuko muri Ijambo. Narabashumbushije ibintu vyose. »

« Ubu ndafise ikintu kinaka co kubabwira ciza cane nyene. Kiriko kiraturira neza mu mutima wanje. Nizigiye ko mutacibagira. Nararetse umumarayika ntumwa waNje ababone mwese mwambaye imvune zera. Mwebwe bashikibacu mwari hariya n’imishatsi yanyu imanuka gushika ku mafyinga yanyu, ibirenge bitambaye ibirato, mwebwe mwese mwagenda mwiruka neza muja kuri we. »

« Kandi rero Naramuretse araraba hirya ahandi hantu kandi hariya mwaje muri umugwi w’abagabo. Mwari abagabo bakiri batoya, nko mu myaka ya mirongo ibiri. Mwari mufise imishatsi yirabura, n’imishatsi y’inginagina. Namwe mwari mwambaye imvune zera, kandi mwiruka muja kuri we nuko mwatanguye kumugwa munda musemera muti, «MweneData w’igiciro ! »

« Naramudugije maze ndamushira hejuru cane, ku kintu kininiya kiri hejuru, kuko kw’isi yari umurongozi wanyu. Mwaramukurikiye nk’ukwo yaNkurikiye JEWE. »
« Ubutumwa yategerezwa kubabwira bwari butunganye cane ku buryo ntashobora kuBuzeza Umumarayika wo mw’ijuru, rero Narabumuhaye. Umuhanuzi waNje wo kw’isi umumarayika ntumwa, William Marrion Branham. Namuhishuriye iki Gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana cose kandi Namubwiye kukibaha. »

« Ni umuhanuzi nkukuma waNje. Mwibuke, nta bundi bushobozi burungikwa inyuma yuko irya nkukuma ihambaye imaze ivuze. Namuhaye amabanga yose kugira ngo ayabahe, nk’ukwo Navuze ko Nobikoze. Ikintu cose mukeneye kiri muri ubwo Butumwa bwafashwe ku ma bande yavuze, kuko si amajambo yiwe, ariko ni AMAJAMBO YANJE KURI MWEBWE. »

« Ntimwibagire na rimwe, kandi mwibuke ivyo mwavuze kuri we igihe yababona hariya. »

Ni kuki ntashobora kubona Yesu ? Yavuze ati, « Yemwe, ubu, Azo—Azoza umunsi umwe. Kandi Azoza kuri wewe, ubwa mbere, hanyuma rero uzocirwa urubanza. » Yavuze ati, « Aba bantu ni abakijijwe kubera wewe wabarongoye. »

Kandi navuze nti, « Mushaka kuvuga ko, kuba ndi umurongozi, yuko na… yuko Azoncira urubanza ? » Bavuze bati, « Ego. » Kandi navuze nti, « Mbega umurongozi wese ategerezwa gucirwa urubanza gutya ? » Bavuze bati, « Ego. »

Navuze nti, « Ivya Paulo vyo ni gute ? » Yavuze Ati, « Azotegerezwa gucirwa urubanza hamwe n’abiwe. »

« Yemwe, » navuze nti, « namba umugwi wiwe winjiye, n’uwanje uzokwinjira, ‘kuko nigishije neza na neza Ijambo Rimwe. » Ivyo ni vyo. Navuze nti, « Aho yabatije mw’Izina rya Yesu, nanje niko nakoze. Nigishije…
Kandi amamiriyoni yarasemereye, icarimwe, bati, « Ivyo ni vyo turuhukiyeko. »

Hari UBURYO BUMWE bwonyene bwo kuba hariya mugenzi wanje, mu Gufyonda Ukavuza, no kuruhukira kw’Ijambo Ryose Ryavuzwe n’inkukuma y’Imana umuhanuzi ntumwa.

Muze muruhukire kw’Ijambo Ryose hamwe natwe kandi mube ic’ijana c’abagize umwe kw’ijana, kuw’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville mu gihe twumviriza Agashashara ka Gatanu, 63-0322.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Daniyeli 9 :20-27
Ivyakozwe n’Intumwa 15 :13-14
Abaroma 11 :25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6 :9-11
Ivyahishuriwe Yohana 11 :7-8
Ivyahishuriwe Yohana 22 :8-9

13/02/2021

Bakunzi Nkukuma Mukoranye

Mfise igishika co gufatanya namwe kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana rivugana natwe imbonankubone biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi, mu gihe Itumenagurira Agashashara kaYo ka 4, kandi Ibwira umwe wese muri twebwe Iti, « Wavyawe naNje, rero ntushobora gukora icaha. Amaraso Yanje ari Wo muti uhanagura ico ryose uri aho kubwawe. Ndagicagagura kandi ndagisubize ku wonona. »

Igihe Satani aMbwiye ati, « Baragirwa n’icaha ! », Ndamubwira nti, « Ntibagirwa n’icaha, bose barera. Sinshobora no gusubira kuvyibuka. Nta caha bafise namba. Ni abaNje. Babwiye umusozi ngo ‘shinguka’ kandi ntibakekeranye mu mitima yabo, ariko bakizera ivyo Navuze, BIZOSHIKA kandi bashobora kuronka ivyo basavye. Ni abana b’inkukuma banje bacunguwe. »

« Twana twanje dutoya tw’inkukuma murindire gusa gushika aho iyo Imituragaro Ndwi yumvikanisha amajwi Yayo kuri mwebwe. Murashobora gufata Ijambo ry’Imana no kuRikoresha hariya. Muzohimbagura kandi mukate. Mushobora kwugara amajuru. Mushobora kwugara iki, canke gukora kirya, ico mushaka cose. Umwansi azokwicwa n’Ijambo rivuye mu kanwa kanyu kuko rikarishe gusumba inkota y’ubugi bubiri. Mushobora gutuma haza amajana y’amamiriyaridi y’amatoni y’isazi ni mwabishaka. Ico muvuga cose, kizoshika, kuko ni Ijambo ry’Imana rivuye mu kanwa k’Imana kandi namye nkoresha umuntu kugira ngo Ijambo ryaNje Rikore. »

Imbere yo kuba Ijambo, ni iciyumviro. Kandi iciyumviro gitegerezwa kuremwa. Ni vyiza cane. Rero, ivyiyumviro vy’Imana vyacitse iremwa igihe vyavugwa,kubw’Ijambo. Ivyo, ni igihe Ibikweretse nk’iciyumviro, iciyumviro caYo, kandi kiraguhishurirwa. Rero, kiracari iciyumviro gushika ukivuze.

Muvuga ivy’ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa. Imitima yacu, ivyiyumviro vyacu, ubugingo bwacu birashima kandi birasemerera, biti, «Imana ishimwe, haleluya. » Yaratweretse ivyiyumviro vyaYo. Ubu turabihishurirwa. Dushobora kuBivuga.

Ntimugire ubwoba bana b’Inkukuma, Ijambo ryaYo Riba muri twebwe. Satani ntashobora kutubabaza, ni umubeshi gusa, vuga Ijambo. Yaradutoranije kuva kw’itanguriro. Yaturungikiye intumwa nkukuma yaYo ya nyuma kwihishura ubwaYo no guhamagara Umugeni waYo. TwaraMumenye. Twaramenye abo turi bo. Tugume dusiganirwa gushitsa ku ntumbero yacu, ntibizoteba ubu, Araje ku bwacu.

Namba wokunda kuronka uku gukaburwa kubw’uguhishurirwa, n’uze wumvirize Ijwi ry’Imana Rivuga kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, kandi uMwumvirize Ahishurira Umugeni waYo Agashashara kiwe ka kane.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza ubutumwa « Agashashara ka Kane » bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa 3 umwaka wa 1963.

Uwera Matayo 4

Uwera Luka 24 :49

Uwera Yohana 6 :63

Ivyakozwe n’Intumwa 2:38

Ivyahishuriwe Yohana 2:18-23, 6:7-8, 10:1-7, 12:13, 13:1-14, 16:12-16, 19:15-17

Itanguriro 1:1

Zaburi 16:8-11

2 Samweli 6:14

Yeremiya 32

Yoweri 2:28

Amosi 3:7

Malaki 4

06/02/2021

30/01/2021

27/01/2021

Bakunzi mwatoranijwe,

Umugeni aracariko araryohererwa mubwiza bw’Ijambo yumvirije kuw’iyinga. Imitima yacu ifise umunezero, impwemu zacu ziri hejuru ; ukumenya yuko turi Abatoranijwe biWe kuriko kuragaragara neza kurushiriza umunsi kumunsi mugihe twumviriza Umuturagaro w’Ubutumwa kandi uratubwira uti ” Umve Nzobarungikira Eliya umuvugishwa. Azoba Ijwi Ryanje kuri mwebwe. Azobahishurira amabanga yaNje. Rizobaha ukwizera kw’izamurwa mukeneye kugira mube umugeni wanje.”

Ivyo dukeneye vyose biri muri IZO NDYA ZABITSWE. Yavuze ati ” Ntakintu nzokora ntagihishuriye umuhanuzi waNJe. Narabimuhishuriye kandi azobibahishurira.” Rero, ivyo dukeneye vyose biri KW’IBANDE.

Ariko yaratuburiye, dutegerezwa kwitegurira ukuza kwiWe igihe cose. Dutegerezwa kuguma kw’Ijambo umwanya wose. Intambara irashushe kandi hari inzira imwe yonyene yo gutsinda umwansi,ni IJAMBO.

Ni ibiki ndiko ngerageza kuvuga ? Sindiko ngerageza kubatera ubwoba, kubakanga. Nsha- nshaka ko mwomera magabo. Ni mwitegure, musenga burimunota. Muvavanure n’ibintu vyanyu vy’imburakimazi. Nimuje gusa mubikorwa hamwe n’Imana, kuko igihe kiregereje kurusha uko muvyiyumvira.

Dutegerezwa kuja mubikorwa. Ijambo ryiwe ryotegerejwe kuba mubwenge bwacu no mumitima yacu buri munota wa buri munsi. Mugihe tuvyutse buri gitondo, mugihe turi kukazi, dukubura inzu, dutwara abana kw’ishure, tugendesha imodoka, mumangazini, ivyo ari vyo vyose tuba turiko turakora, dusabwa kwiyumvira kw’Ijambo no kwifatanya nawe uko umusi wose ungana.

Igihe kiregereje Mugeni, kiregereje cane. Ariko aragaragaza Ijambo ryiWe imbere yacu umusi kumusi. Turiko tubandanya tumera nkaWe buri munsi.Icijiji kiriko kiraba umuco neza na neza nk’uko Yavuze ko Vyobaye.

Nimuze tugume muma sengesho uno munsi ejo n’iminsi yose. Ntimureke satani ngo akugwishe, ni mureke Ijambo ribaduze hejuru. Mureke Data Abibutse mugihe mwifatanya naWe. NTIMUGIRE UBWOBA, NDIKUMWE NAMWE IBIHE VYOSE. NIMUVUGE GUSA IJAMBO, KUKO MURI IJAMBO RYANJE.

Igihe kiregereje, umukwe Ariko araza gutora umugeni wiwe yarindiriye igihe kirekire. Ibintu vyose vyo ku munota wanyuma biriko biratunganywa. Turumva Amakurudumu y’umukogote ariko araza. Mwitegure kandi murindirane igishika. Mbega ni ibiki aza gukora no kumpishurira uno munsi ?

MweneData Joseph Branham

23/01/2021

Mukunzi Mugeni w’Inzahabu Itagira agasembwa,

Mbega woshaka gusoma ikete ridasanzwe nyene rivuye ku Mwami Wacu Yesu Yandikiye wewe gusa ? Mbega woshaka kuMwumva Akubwira ico Akwiyumvirako ?

« Kuri Jewe, umeze nk’Izahabu Itagira agasembwa ; ukugororoka kwawe kwawe niko kugororoka KWANJE. Ibikugize ni ibingize vy’ubwiza JEWE ubwaNje. Akaranga kawe nyene kabonerwa muri JEWE. Ico NDI, urakigaragaza. Ico NARI NDI, kigaragarira muri wewe. Nta kosa riri muri wewe. Uri uw’ubwiza hose, imbere n’inyuma. Kuva ku ntango gushika kw’iherezo uri igikorwa CANJE, kandi ibikorwa VYANJE vyose birantunganye. Mu bisanzwe, muri wewe hateraniye kandi hagaragazwa ubwenge buhoraho n’intumbero ya JEWE UBWANJE. »

Mbega umuntu abisesa gute ? Mbega umuntu abitahura gute ? Naho tudashobora kubikora, turashobora kuvyemera kubwo kwizera, kuko Imana Yabivuze.

Iranadukunda cane ku buryo Yadutoranije kugira ngo guhishura amabanga yiWe ahambaye.

Bibiliya Yanditswe imbere y’itanguriro y’isi. Kandi Kristo, nk’Umwagazi w’Intama, Yishwe imbere y’itanguriro y’isi. Kandi wewe, Umugeni wiWe, izina ryawe ryashizwe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama imbere y’itanguriro y’isi.

Ariko, aya mabanga yose yamatanishijwe agashashara mu gihe cose. Twakeneye Umuvyeyi Mucunguzi wo kuza no guharanira uburenganzira bwiWe, ariko nta muntu yari ahari yoshoboye kubikora, nta muntu n’umwe mw’Ijuru, nta muntu n’umwe kw’isi, nta muntu n’umwe munsi y’isi. Nta n’umwe yari abereye no kuraba ico Gitabu.

Rero Umwagazi w’Intama waraje uvuye ku Ntebe, Yuzuye Amaraso ahantu hose. Ni We Yabonywe ko Abereye. Ariko kugira ngo umugambi uhambaye w’Imana uherahezwe, Yategerezwa kugira umuntu kanaka Yumva ko yari abereye guhishura amabanga yiWe yose ahambaye, n’ihanga Yashaka kuyahishurira.

Yamaze gutoranya umumarayika wiWe w’inkomezi wo kuyahishura imbere y’itanguriro y’isi, n’umugwi w’abantu badasanzwe Yise umugeni waYo. Izina ry’uwo mumarayika w’inkomezi yari William Marrion Branham. Uwo mugwi w’abantu badasanzwe ni MWEBWE, Umugeni waYo Yatoranije.

Kandi Yafashe Igitabu (ishimwe !) Yuguruye Igitabu, maze Amenagura Udushashara, hanyuma Ikirungika kw’isi, ku mumarayika waYo w’indwi, kugira ngo agihishurire ihanga ryaYo !

Mbega ukuntu dukenguruka kuba tuzi ko turi ihanga ryaYo, umumarayika ntumwa waYo ariko aragihishurira.

Mbega ni ayahe mabanga ahambaye yandi yahishijwe kuva kw’itanguriro ry’isi azoduhishurirwa uru rushana ?

Kandi rero hagiye kuza Imituragaro Ndwi y’igitangaza atananditswe na gatoya. Ivyo ni vyo. Kandi ndizeye yuko, muri iyo Mituragaro Ndwi, izohishurwa mu gihe ca nyuma mu ntumbero yo gukoraniriza hamwe Umugeni kubw’ukwizera kwo kuzamurwa.

Amabanga yose yarahishuriwe umumarayika ntumwa wa 7 w’Imana. Ni we wenyene ashobora kuyahishurira Umugeni. Rero ibanga ry’Imituragaro Ndwi riri muri ubu Butumwa. Ndizera ko ririko rirahishurwa kugira ngo rikoranirize hamwe Umugeni kubw’ukwizera kwo kuzamurwa.

Ariko ndibaza, igihe ayo mabanga atangura kuza, Imana Yavuze Iti, « Bigumye ubu. Rindira akanya gatoya. Nzobihishura muri kirya gihe. Ntuvyandike, na gatoya, Yohana, kuko bobitsitarako. Bireke gusa—gusa, urabona. Ariko Nzobihishura muri kirya gihe aho bizoba bikenewe gukorwa. »

Twizeye ko iki ari ico gihe. Imana Ifise uburyo bumwe bwo kubihishurira ihanga ryaYo. Umuhanuzi waYo. Rero namba mwoshaka kuronka Uguhishurwa kw’Ikimatanishijwe Udushashara, Imituragaro Ndwi, n’amabanga yose yari yarahishijwe, muze dufatanye mu gihe tuzokwumviriza uwo Imana Yatoranije kubihishura, kubiduhishurira, kuw’iyinga isaha ya samunani ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, mu gihe twumviriza Agashashara ka Mbere bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ukwezi kwa 3 umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira ukwumviriza Ubutumwa.

Uwera Matayo 10:1/11:1-14/24:6/28:19
Uwera Yohana 12:23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
2 Abatesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2/10:1-7/12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16/19:11-16
Malaki igice ca 3 n’igice ca 4
Daniyeli 8:23-25/11:21/9:25-27

16/01/2021

Bakunzi Bantu Bacunguwe,
Uru rugiye kuba urushana ruhambaye kuruta urundi rwose mu buzima bwacu. Hamwe n’umunsi wose mushasha, Azoduha Uguhishurirwa guhambaye kuruta kw’uwo Yari We, Uwo Ari We UBU, n’abo TWACITSE.

Azotubwira ukuntu Adukunda kandi ko Yari Arindiriye uru rushana ko rushika, ku buryo Ashobora kuduhishurira umugambi wiwe wuzuye w’ugucungurwa muri Ibi Bimatanishijwe Udushashara Ndwi. Uzoba umwe mu minsi y’ubwiza kandi y’ingira kamaro kuruta iyindi isi yigeze kumenya.
Mwumvirize ibizoshika muri runo rushana.

Ibi biradondoye muri iki Gitabu Kimatanishijwe Udushashara Ndwi turiko turavugako ubu. Ni vyiza. Igitabu co Gucungurwa, vyose bidondaguriwemwo ng’aha. Ibintu vyose Kristo Azokora kw’iherezo bizoduhishurirwa muri iyi ndwi, mu Bimatanijwe udushashara Ndwi, Imana Ibiturekuriye. Murabona? Ni vyiza. Bizohishurwa. Kandi bizohishurwa, ukwo udushashara twuguruka kandi tuzobimenyeshwa, rero turashobora kubona uyu mugambi wo gucungurwa uwo ari wo, n’igihe n’uburyo uzokorwa. Vyose bihishijwe muri iki Gitabu c’ibanga ng’aha.

Ukwizera kwacu kuzokwongerekana gushike no ku rugero ruhambaye mu gihe Adusigurira ico ugucungurwa kwacu kuvuga kuri twebwe. Azotubwira yuko dutunze icemezo c’inyegu ntabanduka c’Ubugingo Budashira, bisigura ko dutunze ikintu cose Adamu na Eva batakaje. Tuzogira ububasha bwuzuye, burenze nk’imana ntoya, kuko turi abahungu n’abakobwa biWe. Tuzoganza nk’abami n’abaherezi kw’isi mu Bihe Bidashira hamwe naWe.

Ukuntu tuzohezagirwa mu gihe umumarayika wiWe atubwira ukuntu Imana Yamurungitse mu misozi kare igitondo kimwe maze Agashira inkota y’Umwami, Ijambo ryiWe, mu kiganza ciwe, kandi ikwiranye n’ikiganza ciwe mu buryo butunganye. Azoduhishurira icabaye mw’ijuru igihe Umwagazi w’Intama Wegera imbere maze Ugafata Igitabu Ugikura i buryo bw’Uwari Yicaye ku Ntebe. Hanyuma ukuntu Yacuguruye, Yakuyeko Udushashara maze Akakirungika mw’isi, ku mumarayika ntumwa wiWe w’indwi, kugira ngo aKiduhishurire twebwe Umugeni wiWe.

Tuzomera nka Yohana urya munsi; ikintu cose mw’Ijuru, ikintu cose mw’isi, ikintu cose munsi y’isi, icaremwe cose, ikintu cose kindi kizotwumva tuvuga tuti, “Amina! Imihezagiro, n’ubwiza, n’ubwenge, n’inkomezi, n’ubushobozi n’ubutunzi, ni ivyiWe.”

Ubu nyene tuganzanya na Kristo, dufise ububasha ku caha, isi, umubiri, n’umurwanizi. Ni Kristo muri twebwe, Ashaka kandi Akora ibiMuhimbara. Ubu twicaye ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, tuMwumviriza Atubwira mu mumarayika ntumwa wiWe ahambaye.

Hariho umwanya w’imihezagiro nk’iyo iza muri uru rushana. Igihe nk’ico isi itigeze imenya. Ni igihe co Kwimbura, kandi vuba umwe wese ashobora kwicara munsi y’igiti c’umusukoni kandi atwenge kandi anezerwe kandi abeho Ibihe Bidashira mu Nyonga HiWe hamwe n’umunezero wuzuye.

Imana Iriko Irategura Umusozi WaYo Wera, Itongo Rishasha ryaYo rya Edeni kubw’Umugeni n’abakozi baYo, mu gihe c’Imyaka Igihumbi y’inkinga hano kw’isi. Mu gihe Adamu na Eva bari mw’itongo kandi bataheraheje imyaka igihumbi, ubu, Yesu, Adamu wacu wa nyuma, na Eva wiWe, TWEBWE, Umugeni wiWe, tuzoheraheza umugambi wose w’Imana.

Muze mwicare mu Nyonga ha Mpwemu Yera mu Gufyonda Tuvuza, kuw’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, mugihe twumviriza umumarayika ntumwa wiWe w’indwi azana : Icanzo Hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishijwe Udushashara Ndwi 63-0317E.

Tuzoba dusemerera kandi tunezerwa kandi tuvuga Haleluya.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:

Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32:1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/Igice ca 5/1:1-7/11:18

13.01.2021

Bakunzi Bantu Munezerwa,
Mbega ukuntu tubiragira hariya mu mitima yacu iki gihe mu gihe tuzirikana kandi dusenga Umwami, tuMushima kubw’Uguhishurirwa Yaduhaye. Ukwihishura ubwiWe muri iki gihe cacu.

Ni Imana, Ivugira mu Ntumwa mumarayika ahambaye, umwungere wacu, umuhanuzi wacu, ubuzima bwiwe bwibiye muri Kristo. Itara ryiWe rikwega ubuzima n’umuco biva mu butunzi bw’Urwavya Nyamukuru, ubuzima nyene bwa Kristo. Ni Imana Yihisha ubwaYo mu Vyicishije bugufi, Hanyuma Ikihishura muri Ivyo Nyene ku Mugeni waYo.

Kuko Yaduhaye ukwo Guhishurirwa, ubu TWEBWE tuvoma twese mw’Isoko imwe. Twaribijwe twese mu Rwavya Rumwe. Twarapfuye twebwe ubwacu kandi ubuzima bwacu bunyegeje hamwe na Kristo mu Mana.

Twarashizweko ikimenyetso na Mpwemu Yera. Nta muntu ashobora kudukura mu kiganza ciWe. Ubugingo bwacu ntibushobora gukorwako. Ubuzima bwiwe buboneka, buca ibibatsi kandi bukayanganira muri twebwe, butanga umuco n’ukugaragara kwa Mpwemu Yera kw’isi.

Satani ntashobora kudukorako. N’urupfu ntirushobora kudukorako, kuko urupfu rwaratakaje uruboyi rwarwo ; imva yaratakaje intsinzi yayo.

Ni mwumvirize Umwami Avuga kandi Adutera intege uno munsi.

Iryo Jambo ntiryigeze Ryihenda mu kanwa k’abaKristo bizeye. Kandi muri iki gihe ca nyuma Riri ng’aha Rifise inkomezi kandi Rirahambaye kurushiriza ibihe vyose mu mugeni Jambo w’ukuri. Yooo, busho buto, mwa nkehwa zikengeretse, guma kw’Ijambo, Ryuzuze akanwa kanyu n’umutimwa wanyu, nuko umunsi umwe Imana Izobaha ubwami.

Munezerwe kandi muhimbaze Umwami uyu munsi ku vyo Yakoze vyose, kuvyo Agiye gukora, kandi ntimwigere mwibagira ivyo Ariko Aradukorera iki gihe nyene.

MweneData Joseph Branham.

09/01/2021

Bakunzi Tuzeze,
Turatandukanye n’ivy’iki gihe c’iterambere. Twacitse utuzeze, abadasanzwe, n’abarenze muri beneData na bashikibacu. Turi ihanga ryihariye, abaherezi ba mpwemu, ihanga cami, ishikanwa ry’ikimazi ca mpwemu ku Mana, n’ivyamwa vy’iminwa yacu, duha icubahiro Izina ryaYo mu kuvuga ko twizeye Ijambo ryose Yavuze mu mumarayika ntumwa wiWe w’indwi. Twitwa utuzeze : Abantu b’amabande, kandi turanezerewe cane kwitwa BAMWE MURI BO.

Mbega ni kuki tuvyizera ukwo? Twarategetswe n’umumarayika ntumwa w’indwi yagaragajwe n’Imana gukora gutyo.

Rero, ubu umviriza buri Jambo. Rifate. Kandi—namba uriko urarishira ku ma Bande canke ikintu ico ari co cose, rero gumana neza n’iyo nyigisho y’i bande, ntuvuge ikintu na kimwe kiretse ico Bande Ivuga. Gusa Vuga neza na neza uko bande ivuga. Murabona ? Rero, kuko, bimwe muri ivyo bintu tugiye gutahura vyinshi kuvyerekeye ibi ubu. Igituma bitahuwe nabi. Murabona? Kandi ntukekeranye, vuga gusa ico bande ivuga, ntihagire ikindi kintu uvuga. Murabona ? Kuko simvuze Ivyo kubwanje. Ni We aBivuze, murabona. Kandi kenshi uruzazane, abantu barahaguruka maze bakavuga bati, « Yemwe, naka na naka yaraBivuze ko bisigura nk’uko. » Gusa—gusa bireke uko nyene biri. Murabona, uko niko dushaka Bibiliya. Ukwo Bibiliya Ibivuga gusa niko tubishaka, gusa—gusa nk’uko. Ntugashire insobanuro yawe bwite kuri vyo. Vyaramaze gusobanurwa, murabona.

Mbega uburuhukiro, mbega amahoro Umugeni afise. Vyarahishuwe ko hari inzira imwe yonyene yo kutazazanirwa mu vyo kanaka na kanaka avuga ko bisigura. Hariho inzira imwe gusa yo kuvuga neza na neza ico Amabande avuga, FYONDA UVUZE, nk’uko bidakeneye insobanuro.

Twamye twizeye Ubu Butumwa, ariko ubu hariho ikintu kinaka gitandukanye, hariho impinduka yashitse mu Mugeni waYo. Twari twicaye mu Nyonga h’Umwana w’umuntu kandi turiko turasoroma. Ni bwo buryo bwonyene Umugeni ashobora kuba yiteguriye igenya, AFYONDA AVUZA KANDI AGAMBURUKA.

Bizoshika nyene nk’ukwo twavuze. Abantu b’Imana bariko barategurwa n’Ijambo ry’Ukuri rivuye ku ntumwa kuri iki gihe. Muri we hazoba ukunengesera kwa Pentekoti kuko Mpwemu Azosubiza abantu neza aho bari bari kw’itanguriro. Ivyo ni “Niko Uhoraho Agize.”

Ivyo bigurugumbisha gusa ubugingo bwacu. Dushaka kuvuza induru no gusemerera. Ntidutegerezwa kwibaza, canke kwijijanya imitima, canke no kwizigira turi mu Bugombe bwaYo butunganye, dufise “Niko Uhoraho Agize”. Twarateguwe n’Ijambo ry’Ukuri mu GUFYONDA TUKAVUZA. N’ikiringo co kwumviriza Ibihe Ndwi vy’Ishengero cabaye igitunganye. Twarabonye ubuvugishwa bushitswa ku gihe.

• Twararonse umukuru w’igihugu w’Umukatolika kandi tuzoronka uwundi ata gukekeranya.

Iki gihe, mu gihe twumviriza ubu Butumwa, ubu buvugishwa bwarashitse.

Twarabonye ibintu vyo mw’isi biri ku runtonde n’Ijambo ku buryo butunganye.

• Ishengero n’igihugu, idini na politike biriko biraja hamwe.
• Lawodikiya, “uburenganzira bw’abantu”, canke “ubutungane bw’abantu.”
• Ibihugu VYOSE biriko birahaguruka kandi bisaba ukungana, mu mibano no mu butunzi.
• Maraya azosenya uburyo bwo gukora bw’amafaranga bw’iki gihe.

Vyerekana ko igihe c’Imana cama gitunganye.

“Igihe kiregereje.” Igihe nticari cegereje mbere. Mu bwenge n’ubutunzi bw’Imana uku guhishura kw’inkomezi (naho kuzwi neza ku Mana) ntikwashobora kuza gushika ng’aha. Rero ubwo nyene twize ikintu nyamukuru – uguhishura kw’Imana kwa buri gihe kuza muri ico gihe conyene, n’igihe cihariye. Murabe kuri kahise ka Isirayeli. Uguhishura kw’Imana kuri Mose kwaje ku gihe cihariye conyene ca kahise, kandi cane cane vy’umwihariko kwaje mu gihe abantu baririye Imana. Yesu ubwiWe, yaje ku kunengesera kw’igihe, We Yari uguhishura kwuzuye kw’Ubumana. Kandi muri iki gihe (Lawodikiya) uguhishura kw’Imana kuzoza mu gihe gikwiriye. Ntikuzoza gukekeranya, nta n’ubwo kuzoza imbere y’igihe. Mwiyumvire ibi kandi mubirabe neza, kuko turi mu gihe ca nyuma uno munsi.

Nka mwebwe, narahezagiwe cane mu gihe numviriza kandi nasoma Ibihe Ndwi vy’Ishengero, nzi yuko yari Imana mu gihe gikwiriye. Imana Yanshize ku mutima kubandanya n’igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana mu rushana rwose.

• Nizeye ko twakironse neza urushana rwose, ku buryo twashobora gusa gufata igitabu cose c’Ivyahishuriwe Yohana no kukirangiza neza. “Iyerekwa ry’I Patimo.”
• Kandi Ivyo Bimatanishije Ishashara bitegerezwa kwugururwa mu gihe c’iki gihe c’ishengero, n’amabanga indwi ya nyuma y’Imana ategerezwa kum-… kumenyekana. Yooo, nokwipfuza kukigumya gusa urushana rwose no kukirangiza. “Igihe c’Ishengero Ryo Muri Efeso.”
• Ni kw’iherezo ry’igihe, kandi ikintu cose kigwa neza ng’aha mu kibanza kimwe, ku buryo kubw’ivyo dutegerezwa kuronka neza igihe c’urushana gisigaye kugira ngo tubikure mu nzira, ariko tu… kuronka Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana, kubona ukuntu bifatanye hamwe. “Inkumi icumi, N’Abayuda Ibihumbi Ijana na Mirongo Ine na Bine”.
• Hanyuma ivyo twarabirangije, twadugije biriya, twakwegeye ibindi hasi gutya kandi twatanguriye kuri birya, maze turavyigisha. Yooo, ivyo vyoba neza nk’ijuru ritoya, si vyo? Kwicara gusa urushana rwose tubirimwo, kwicarana gusa n’Umwami. “Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca Kane igihimba ca 2”.

Sinshobora kurindira urushana rwose kwicarana gusa n’Umwami mu gihe Aduhishurira igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Tuzobona Ijambo Rishikijwe kandi Rigaragajwe imbere y’amaso yacu. Kizoba igihe c’ubwiza cane ku Mugeni waYo.

Bigiye kuzosaba igikorwa ca Mpwemu Yera kuko ntibishobora guhishurirwa ku muntu uwo ari we wese atari umugwi udasanzwe w’abantu. Bizosaba umwe afise uguhishurirwa kw’ubuvugishwa. Ivyo bizosaba ubushobozi bwo kwumviriza Imana Ivuga. Ivyo bizosaba inyigisho y’insigabwenge.

Muri umugwi wa barya bantu. Murafise ukwo guhishurirwa kw’ubuvugishwa. Murafise ubushobozi bwo kwumviriza Imana. Mwizeye Ijambo ryose ry’inyigisho yanyu y’insigabwenge.

Muze, mukoranire kw’Ijambo ryaYo hamwe natwe, kuw’iyinga, isaha umunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, maze twumvirize inyingisho z’Umuturagaro w’insigabwenge w’Imana, mu gihe twumviriza, Imana Yihisha mu Vyicishije Bugufi Ikihishura Muri Ivyo nyene 63-0317M

Ndipfuza ko dutangurira ku murongo wa 94, inyuma y’igikorwa co gushikanira Imana urusengero. Namba Umwami Abishatse, kandi tukiri ng’aha, ndipfuza kuvuza ico gice c’ubwo Butumwa kubw’igikorwa cacu co gushikanira Imana urusengero inyuma yo gusubiramwo kwubaka inyubako yacu.

Igihe Imana Yanshira ku mutima kubandanya uru rushana n’igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana, nagiye ku kiranga minsi canje kuraba igihe iyi minsi yorangiriye. Mu gihe twumviriza Ikimatanishije Ishashara c’Indwi, hazoba ari mu mpera y’iyinga ya nyuma y’urushana hamwe n’impera y’iyinga ikurikira uzoba ari umunsi wa mbere w’impeshi. IMANA ISHIMWE!!

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa:

1 Ingoma 17:1-8
Yesaya 35:8/40:1-5/53:1
Malaki Igice ca 3
Uwera Matayo 11:10, 11:25-26
Uwera Yohana 14:1-6
1 Ab’i Korinto Igice ca 13
Ivyahishuriwe Yohana Igice ca 21

30/12/2020

Bakunzi Nyana Mu Ruhongore,

Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kandi uteye ubwoba utarashika.

Yashikije Ijambo ryiWe nkuko Yasezeranye kandi Yarungitse umuvugishwa wiWe ahambaye Eliya kugira agarukane imitima y’abana kuya ba se. Uwuzoseruka afise ugukiza ku mababa yiwe(ibikorane vy’ugukira ingwara ) kandi Umugeni azokura nk’inyana mu ruhongore ( arya gusa indya zabitswe ). Uwari ategerejwe gusubiza ibintu vyose ku murongo, guhishura amabanga yose yanyegejwe no guhamagarira Umugeni gusohoka.

Twaratahuye uyu mumarayika ntumwa ahambaye, kandi izina ryiwe ni William Marrion Branham, natwe turi wa Mugeni Jambo yarungitswe guhamagarira gusohoka.

Mu gihe avuga, ni ikete ry’urukundo kuri twebwe. Ni Amavuta y’agaciro ya Mpwemu ; Asukwa mu mutima wawe, kuko atari amajambo y’umuntu, ariko Amajambo y’Umwami wacu Yesu Kristo ubwiWe, mu gihe Avuga umunwa ku gutwi Abwira umuvugishwa wiWe kugira abwire Umugeni wiWe.

Benshi ntibazi uwo ari we, canke gutahura ukungene botegerejwe kwitondera kuvuga ivyo avuga GUSA. Atari ukwongerako canke gukurako ku Butumwa bwiWe.

Yatubwiye ko hagiye kuba benshi boserutse hanyuma bakizera ko na bo ari abatorewe kurongora Umugeni, ariko uwo mukenyezi yatoranijwe ntazozimira, kuko bizera neza na neza ico umuhanuzi avuga.

Turarindiriye uko kuza kw’umuntu akomeye. Ashobora kuza mu gihe canje, ashobora kuza mu gihe c’abakiri bato, sindabizi. Ashobora neza kuba ari hagati yacu, ntidushobora kubivuga. Mpwemu Yera Ari hano ngo Aturongore gushika ico gihe, rero igihe uwo murongozi azoturongora azokwama asizwe na Mpwemu Yera ; uwo— uwo Eliya , vy’ukuri, azoza.

Mpwemu Yera Yasutswe kandi Ahabwa umwe wese muri twebwe ku musi wa Pentekote Azoturongorera kuri uyu murongozi ahambaye yasizwe na Mpwemu Yera, kandi Azotwambutsa… IMANA ISHIMWE !!

Turi mu misi yo kurangiza Umwaka wa 2020, ariko kandi turi mu misi ya nyuma y’isi hamwe n’iminsi y’ukuza kw’Umwami Yesu kugira Atujane mu Mazimano Ahambaye y’Ubukwe.

Mbega n’ibiki twabayemwo tunabona bishika muri uyu mwaka, bitigeze bishika igihe na kimwe muri kahise k’isi ?

Imana Iriko Ishira hamwe Umugeni waYo. Ariko Arishira hamwe, kuva mu Buseruko n’Uburengero, no mu Buraruko hamwe no mu Bumanuko. Hari igihe co kuja hamwe, kandi biriko biraba neza ubu. Mbega ni kubw’iyihe mpamvu ariko Aja hamwe? Izamurwa. Amina! Imana Iriko Iramutegura. Ego mugenzi, kuja hamwe ! Mbega Aja hamwe n’iki ? N’Ijambo ! “Kuko Ijuru n’Isi bizokugwaho ariko Ijambo ryaNje Ntirizokurwaho.” Ariko Yiyunga ubwiwe na NIKO UHORAHO AGIZEAtitayeho ivyo idini iryo ari ryo ryose canke uwundi muntu uwo ari we wese avuga. Ariko Ariyunga ubwiwe. Ariko Aritegura. Kuki ? Niwe Mugeni. Ukwo ni ukuri. Kandi Ariko Ariyunga ubwiwe n’Umukwe wiWe, murabona, kandi Umukwe ni we Jambo. ” Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo Yari Imana. Kandi Jambo Yambaye umubiri abana natwe.”

Dushobora kubona mu gihe dusoma icanditswe no kwumviriza Ijambo yuko turi ku muhero. Tubayeho mu misi ya nyuma, urunganwe ruzobona Yesu Kristo Agaruka kw’isi. Abera batwitangiye imbere bipfuje kubona iki gihe, bararindiriye iki gihe, ariko ubu rero cashitse, kandi turi muri co.

Reka tuje kure y’ibintu vyose uyu mwaka uza hanyuma tugire inyota no kwitegurira cane cane ukuza kwiWe.

• Ico ni igikorwa cawe, kwitegura.
” Umugeni Yariteguye. ” Imyambaro yararishwe. Irateguwe, ariko utegerezwa kwitegurira kwambara iyo myambaro.

• Agiye kuza kubw’ Umugeni, wa wundi ativanga n’isi canke ivy’isi. Yogejwe mu Maraso y’Umwagazi w’Intama. Yatanze urukundo rwiWe— rwiWe kuri We wenyene. Urukundo rw’Isi rwararangiye kandi rwarapfuye muri We. « Ubukwe bw’Umwagazi w’Intama burageze, kandi Umugeni wiWe yariteguye. »

Nipfuza ko twumviriza ubu Butumwa bukurikira mu gihe umwaka wa 2020 ugira urangire, kandi twitegurira ibintu vyose Atubikiye mu kigega umwaka uza.

Kuwa kane ku muhingamo, 31/12, isaha witoreye, muze tuzokwumvirize ubutumwa butangurira Umwaka Mushasha: Ivyahishuriwe Yohana, Igice Ca Kane Ikigabane ca 1 60-1231

Kuwa gatanu mu gitondo, 01/01, isaha witoreye, reka tuze twumvirize Ubutumwa bw’Umwaka Mushasha: Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Ikigabane ca 2 61-0101

Kuw’iyinga, 03/01, reka tuze dukoranire hamwe isaha umunani z’umuhingamo, isaha y’i jeffersonville kugira twumvirize ubutumwa : Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Ikigabane Ca 3 61-0108

MweneData Joseph Branham

26/12/2020

Mukunzi Mugeni Jambo Ritunganye

Umugeni Afise umunezero mwinshi n’igishika gihambaye mugihe twitegurira kwumviriza ubutumwa bw’ibuye ry’agasongero bw’igihe ca nyuma c’Ishengero ry’ i Lawodikiya. Nico gihe gihambaye kuruta ibindi bihe vyose, ni Intumwa iruta izindi zose zo mubihe vyose, iriko iregeranya ihanga rihambaye cane muri iki gihe cose.

Ntiharigera haba igihe kimeze nk’igihe tubayemwo. Isi irashobora kwumviriza Ijwi ry’Imana neza na neza nk’uko ivyanditswe vyatubwiye mbere na mbere mw’Ijambo ryaYo. Ivyahishuriwe Yohana 10:7, mu minsi y’IJWI. Nimwitegereze, SI AMAJWI, ARIKO IJWI.

Imana Yasezeranye kurungika Umumarayika ahambaye muri iki gihe canyuma kugira ahishure amabanga yose yari yarahishijwe Isi n’Ijuru bitarabaho. Azoba umumarayika ntumwa agaragajwe kurusha abandi bose, kuko yatoranirijwe gusohora Umugeni waYo.

Benshi bazomutera akagere. Bamwe bazovuga ko udashobora kwizera ivy’avuga vyose ; kiretse gusa avuze neza na neza , Niko Uhoraho Agize. Ngo hari amakosa mubutumwa bwiwe. ngo siwe wenyene, yuko hari abandi bahamagawe baranasirwa kubwo kurongora Umugeni no guhishura ukuri.

Ijambo rivuga ko hazoba umugwi w’abantu watoranirijwe ukwizera Ijambo ryose iyi ntumwa yatumwe n’Imana yavuze; kuko ico yarungitswe gukora cari ” Hamagarira abantu kukwizera” .

Mbega none, twotegerejwe kwizera gusa bimwe muvyo yavuze? Mbega Ijambo ryoba rivuga riti, ” Nzobarungikira Eliya uwuvugishwa nanje munyuma ndabarungikire abandi bantu kugira bababwire icoba ari Ijambo nikitari Ryo ? “

Amajambo yanje azotsindwa, ariko Amajambo y’Imana ntananirwa. Nimuze dusome ububasha IMANA IZOHA umumarayika ntumwa w indwi.

Ninde none azogira ububasha bwo kutananirwa aribwo buzoshumbushwa muri iki gihe ca nyuma kuko iki gihe ca nyuma kigiye gusubira ku kugaragazwa kw’Umugeni Jambo Atagira agasembwa? Ivyo vyerekana ko tuzosubira kuronka Ijambo ubugira kandi nk’uko ryari ryaratanzwe ryose, kandi rigatahurwa ryose muminsi ya Paulo. Nzobabwira uwuzoba abufise. Azoba ari umuvugishwa nk’uko vyagaragajwe neza na neza, canke kugaragazwa neza na neza birushije kuruta uko vyabaye kuwundi muvugishwa uwariwe wese uhereye mugihe ca Enoki kugeza muri ikigihe, kuko uyu mugabo ategerezwa kuzoba afise neza na neza igikorwa c’ubuvugishwa bw’ibuye ryo kunengesera, kandi Imana Izomugaragaza. Ntazokenera kwivugira we ubwiwe Imana Izomuvugira biciye mw’ijwi ry’ikimenyetso. Amen

Imana Ishimwe!! Haleluya!! Ijwi twumviriza mugihe dufyonda tukavuza, ryatanzwe mubugororotsi kandi ryumviswe mubugororotsi, KANDI RIRIKO RIRAVUGA AMAJAMBO ADASHOBORA KUNANIRWA. ( Kazinduzi Webester : kudashobora kubesha.)

Ese ukuruhuka Umugeni afise mugihe twumviriza Ijambo ry’Imana ritagira agasembwa. Ntagukekeranya, ntakurondeza hirya no hino, ntibikenewe ko tuja kwumviriza uyu canke kuja kwumviriza urya wundi ; turabifise vyose MW’IJWI RIMWE MW’IBANDE.

Nimuze tugende turondere no guhanagura neza utundi tuvunji tw’izahabu no kuraba ico Imana yavuze kumu marayika wacu.

Azokwumva gusa ibivuye ku Mana
Azoba afise” Niko Uhoraho Agize ” kandi azoba umuvugizi w’ Imana.
Azoba akanwa k’Imana.
Azogarukana uwatoranijwe w’Igihe canyuma.
Azogarukana ukuri.
Rero nimuze duhanagure neza utuvunji tw’izahabu mugihe azoba ariko aratuvugako, uyo mugwi udasanzwe yahamagaye, yatoranije, no kubahitamwo ngo bizere Ijambo ryose; UMUGENI WIWE.

Kandi abo batoranijwe nawe mugihe canyuma nibo bazogaragaza neza na neza Umwami kandi bazoba umubiri wiWe, kandi bazoba ijwi ryiWe kandi bazokora ibikorwa vyiWe. Haleluya! Murabibona? Muri iki gihe ca nyuma, ahari irindi hanga ubugira kandi mugihugu, rizoba rirongowe n intumwa yaryo,iryo hanga rizoba ijwi rya nyuma mugihe ca nyuma.

Ishengero ntirikiri ” Akanwa ” k’Imana. Ni akanwa karyo ubwaryo. Ijwi ry’Imana rizoba muriryo. Ego niko biri, kuko mugice canyuma c’i vyahishuriwe Yohana umurongo wa 17 havuga hati, ” Mpwemu n’umugeni bavuga bati ngw’ino. ” Yahaye Umugeni ijwi. Uwatoranijwe ntashobora guhendwa.
Muvuga ku kukuruhuka, yaduhaye Ijwi ryiWe kandi ntidushobora guhendwa twe naWe turi UMWE.

Rero, impera yacu kubwo kuguma turi abizigirwa kuri uwo muhanuzi no kwizera Ijambo ryose mukwumviriza iryo Jwi.

Abo bakira uwo muhanuzi mw’izina ryiwe bwite bazokwakira impembo y’igikorwa c’uwo muhanuzi. Kandi abo bamwumviriza bazohezagirwa kandi bazocika igice c’uwo mugeni w’igihe canyuma avugwa muvyahishuriwe yohana 22:17, ” Kandi Mpwemu bo nawa mugeni barahamagara, bati Ngw’ino. ”

Nimba woba ukeneye kwakira iyo mpembo, ingo wifatanye natwe kuri uwu w’iyinga igihe c’isaha umunani z’umuhingamo isaha y’i Jeffersonville kugira twumvirize igihe c’Ishengero ry’i Lawodikiya 60-1211e, canke nk’uko nkunda kucita Kahise K’ubuzima Bwanje.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditse vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Malaki 4 :1-6
Matayo 2 :14-15
Matayo 17 :9-13
Luka 1 :14-17
Abaroma 11 :15-27
Ivyahishuriwe Yohana 3 :14-22

23/12/2020

Mukunzi Mugeni Wakunzwe,

Ese ukuntu twama tunezerererwa ingwati y’agakiza kacu, ariyo mpembo yacu yo ngaha kw’isi gusa. Asangwa ingwati ari iy’igitangaza, bizomera gute nitwahabwa umurava wose ? Bizoba bihambaye!

Nshimye gufata aka karyo kugira nipfurize umwe wese muri mwebwe n’umuryango wanyu imihezagiro myinshi y’Umwami, muri kino kiringo c’iminsi mikuru.

Twame twibuka ivyo umuhanuzi wacu yatwigishije. Ntabwo ari ivyerekeye père Noël no guha umuntu utuganuke, uwo ni umugenzo wa katorika. Kandi si n’ivyerekeye akana mu bwato bw’inka. Dusenga Yesu Kristo Yazutse, Imana Nyen’inkomezi, mu Bumana bw’Umwana waYo.

Kuri uyu munsi wa Noheri, ku mwanya twitoreye, reka turyohererwe akaganuke gahambaye kuruta bwose katari bwigere gahabwa umwana w’umuntu; Mpwemu Yera wiWe, mu gihe Avugira mu muhanuzi wiWe abwira Umugeni wiWe Akunda, hamwe no kutuzanira ubutumwa, Ingabire y’Imana Ihishijwe 60-1225

MweneData Branham Joseph

19/12/2020

Bakunzi mwebwe muruhutse,

Turanezerewe ko turiko turafungura imfungurwa za Mpwemu Yera zitarimwo igufa canke urubuto muri zo. Ni imikate ivuye mw’ijuru yitwa Manu, kandi ipfutswe impande zose n’uburyohe bw’Ijuru. Tuvyita imfungurwa za Bande kubwo Umugeni wa Bande.

Dufise imeza yuzuye ibi bifungurwa kandi twebwe intama ico dutegerezwa gukora ni kubirigata hanyuma tukabirigata rero ingorane zacu zose zizoherengetera. Turizera yuko turi mu kibanza kimwe kandi duhuje umutima n’inama kandi haza ijwi rivuye mw’ijuru giturumbuka mu mazu yacu no mu mashengero. Ni ijwi ry’Imana rivugana n’umugeni wiwe yatoranije.

Yamye atubwira, Eva yarahenzwe, Mowabu yarahenzwe, Inkumi isinziriye izohendwa, n’Ishengero ryarahenzwe, Ariko TWEBWE NTITUZOHENDWA, kuko twagumanye n’Ijambo. Ntidushobora, ntituzonashobora gutirimutswa.

Mbega Ibihe vyiza ibi Bihe vy’Ishengero vyagiriye Umugeni. Amajambo y’Imana Yavuzwe biciye mu muhanuzi wiwe haraheze imyaka mirongo itandatu, ariko arashitswa ubu. Iyerekwa Daniyeli Yabonye haraheze imyaka Ibihumbi bibiri ririko rirashika uyu munsi. Turashobora gusoma hanyuma tukabona ubuvugishwa bugaragazwa mu makuru ya buri munsi.

Abayobozi bakuru ba Visa, ibanki ya amerika, umugwi w’abadadanza n’ayandi mashirahamwe 500 biyunze mw’ishirahamwe kubwo ubu Kapitalism harimwo na Vaticano. Iyo nama, irongowe na Papa Francisco, izohimiriza ubu Kapitalism kwinjira cane kugira itere intege abarongozi, bashire politike ibereye maze bagabanye ubusumbasumbane mw’ishirahamwe.

Amashirahamwe yiyunze afise amadorari amamiriyaridi arenga ibihumbi n’inusu vy’amadorari akoreshwa mu butunzi. Inama y’ubu capitalisme yatangaje ugukorana na Vaticano ariyo izoba « munsi y’uburongozi » bwa Papa Francisco.

Bibiliya Itubwira, muri Daniyeli 8 :

23 Igihe ingoma yabo igira ihere, abanyabicumuro bamaze kugwira, hazovyuka umwami w’umujinya azi guhirikana.

24 Ububasha bwiwe buzoba bukomeye ariko ntibuzoba ari ububasha bwiwe ubwiwe :

Ubu, Papa ariko ashitsa isezerano kugira ngo rihe inkomezi ububasha bwiwe n’amashirahamwe yo kw’isi yose, amadini, n’abarongozi bo kw’isi, ivyo vyose birongowe n’umukenyezi w’umuyuda yitwa Lady Lynn forested de Rothchild.

… kandi azohonya bikwiye, hanyuma azotera imbere maze ashire mu ngiro, hanyuma ahonye abahambaye b’ihanga ryera.

25 Akenge kiwe kazotuma ivyo ubugunge birorana ;

MweneData Branham Yavuze « Ubugunge » buriko burakoreka.

… Kandi azokwishira hejuru mu mutima wiwe hanyuma amahoro azokwonona benshi : Azohagarara agwanye Umwami w’Amahoro ; ariko azotikizwa. Ata gitabara.

MweneData Branham Yavuze ibi hagati y’imyaka Itatu n’inusu.

Rero, Igihe aronse amafaranga yose, « nuko, Azohagarika iri sezerano yari afitaniye n’abayuda, » nk’uko Daniyeli yavuze ko yobikoze « Hagati y’igice ca nyuma y’amayinga mirongo indwi » ya Daniyeli. Kandi rero, MweneData uzokora iki ? Azokwegukira ubudandaji bwose bwo mw’isi n’ubucuruzi, Azogiriranira amasezerano n’Isi kuko azoba afashe mu minwe ubutunzi bwo kw’Isi yose, neza na neza. Kandi muri ico gihe, abo bahanuzi babiri bazogaragara ku rubuga hanyuma bazohamagara ivyo bihumbi ijana na mirongo ine na bine, none hazoca hashika iki ? Neza na neza ikimenyetso c’igikoko, co mu vyahishuriwe Yohana 13, kizoshika, ‘ kuko azoba afise mu minwe, ubudandanji bwose, ubucuruzi bwose, n’ibintu vyose vy’Isi hanyuma hazoca hashika iki ico gihe ? Hazoshirwaho Ikimenyetso ca ca gikoko ku buryo « Ata muntu azogira ico agura canke agurisha, kiretse yaradomweko ikimenyetso. »

Satani ashobora kukubuza amahoro muri iki gihe, none noshobora gufata ikimenyetso c’igikoko ? Ni murabe ico umuhanuzi yatubwiye :

Itegereze kubwo uwatoranijwe gukora ibi, ntibishoboka neza na neza vy’ukuri. Ntazoshobora kubikora. Murabona. Kuko azokora iki ? Murabona ? « Ariko azotitura amaraso y’isezerano… » Rero, murabona, asangwa yaratoranijwe akaba no muri uyu mugwi, ntashobora kubikora. Ntibishoboka kubwiwe kubikora. Izina Ry’Umwami rihabwe Icubahiro. NTIBISHOKA kuri twebwe kubikora, turi « MURI UWO MUGWI ! » Turashobora kuruhuka twibutse kwa guhindugwa guhambaye Imana Yahaye Umuhanuzi wacu, Ukuntu yohagaze hariya ari kumwe natwe, kuko WE Azoba atujejwe twese ukuntu azoza kuri WE ubwa mbere hanyuma Azocigwa urubanza kubwo ijambo yatwigishije.

« Mbega niko bizoba no kuri twebwe ? Mbega Paulo Azohagarara ? » Yavuze ati, « Ego, na Paulo Azohagarara hamwe n’umugwi wiwe yigishije. » Navuze nti, « Nigishije ubutumwa nyene Paulo yigishije »

Kandi izo Miriyoni z’abantu zadugije ibiganza zivuga ziti, « Aho niho turuhukira. »

Nimuze muduze ibiganza vyanyu hanyuma muruhuke namwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha umunani z’umuhingamo ku masaha ya Jeffersonville, mu kwumviriza ubutumwa : Inkumi cumi n’abayuda ibihumbi ijana na mirongo ine na bine 60-1211M
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe dusoma mu kwumviriza ubutumwa « Inkumi cumi n’abayuda ibihumbi ijana na mirongo ine na bine »
Kuvayo 21 :1-6
Daniyeli 7 :8-12
Uwera Matayo 24 :24, 25 :1-13
Abanyefeso 4 :30
Abaheburayo 6 :4-8
Ivyahishuriwe Yohana 7 :1-4, 7 : 9-17, 13 :15-18, 14 :1

16/12/2020

Mukunzi Shengero Ridafise Udusembwa n’Amarabaga,
Ese ukuntu dushima uno munsi ku bintu vyose Yadukoreye, no ku bintu vyose Ariko Aradukorera. Igihe tuje kuri We mw’isengesho, hanyuma tukagerageza kugaragaza ibiri mu mitima yacu, ntibishoboka. Rero, nk’ibindi vyose dukora, tugaruka kw’Ijambo, kuko Ari VYOSE KURI TWEBWE.

Yooo, reka twunamike imitwe yacu gusa tuvuge tuti : « Data, turaGukunda. TuraGukunda. Yooo, ese ingene tuGukunda ! TuraGushimira gusa, cane rwose, Mwami. Yooo, imitima ya—yacu y’umuntu ikenye ntishobora kuvuga ivyo twiyumvamwo, kubw’ukuntu Watwogeje mu Maraso YaWe Bwite. Twari abanyamahanga, Mwami. Twa—twakunda ibintu vy’isi, kandi twese twari—twese twari twaracumuye hariya mu bintu vy’isi, kandi Wamanutse kubw’ubuntu bwaWe Uramvura ibiganza vyaWe vyera vy’agaciro mw’iborero ry’ivyaha aho twari, Uradutora, Uradutoranya, Uratwoza, Uradutunganya, Udushiramwo Impwemu nsha, maze Uduha kwerekeza urukundo rwacu ku bintu vyo mw’ijuru. Ese ukuntu tugukunda Mwami ! »

UBUNTU bwaWe BUTANGAJE Data. Kwiyumvira ukuntu WEWE Wadutoranije, WEWE Waratwogeje hanyuma WEWE Wadushizemwo Mpwemu waWe. Ego, Mwami, turagukunda !

Muri iki gihe c’uruhendo, ku buryo ata kindi kintu mw’isi dusigaranye, Mwami. Nta kintu gisigaye kubw’isi, ni—ni—ni igihe c’iherezo. Turabona kubwa Bibiliya, igihe cose caraheze. Ubu turi kw’iherezo, tugenda twihuta. Nta gihe gisigaye ngo Yesu Aze. Ewe Mana, Rurumbisha imitima yacu, ntutureke ngo tugume duhagaze.

Ewe, Mwami, ese ukuntu dushima yuko ururumbisha imitima yacu mu kuduhishurira Ijambo ryaWe nkuko bitigeze kuba. Turashobora kubona, biciye mu kwumviriza Ijambo ryaWe, yuko turi kw’iherezo. Ivyanditswe biriko Birashitswa imbere y’amaso yacu buri munsi.

Mwami, iri ni isengesho ryacu rivuye i bwina mu mitima yacu.

Kandi ubu, Mwami, ndasenga ngo Uje gushira ubugingo bwacu mu biganza vyaWe, Utwoze, Utugorore, kuko Bivugwa yuko Wari, « Uje kubw’Ishengero Ritagira agasembwa canke injebejebe. » Reka icuma ca Mpwemu Yera gikure gusa injebejebe zose muri twebwe, kandi turindiranye igishika ukuza kw’Umwana w’umuntu.

Amen Amen.

MweneData Joseph.

12/12/2020

Mukundwa Mukenyezi wa Kristo,

Murakejwe!

Ese ingene duhimbawe kuba twaratorewe kwitwa Umugeni w’Agaciro wa Yesu Kristo. Tuzoba aho hose Umukwe wacu Ari. Ntituzosigwa naWe. Ntituzokwigera tuMuva i ruhande. Tuzosangira naWe Intebe y’ubwami. Tuzokwambikwa igitsibo n’ubwiza n’icubahiro vyiWe.

Ni igihe gihambaye kandi kinejereje cane mu buzima bwacu. Ibihe isi yose yipfuje kandi yari irindiranye igishika.
Yesu Aje gutora Umugeni wiWe yatoranijwe.

Umukwe naWe nyene Arahimbawe. Ariteguye kandi Arindiranye igishika iki gihe kuva kw’Itanguriro ry’Igihe.
Abashitsi biwe baratumiwe kandi baremeye ubwo butumire bwiWe. Yaduteguriye amazimano ahambaye, hamwe n’imeza ingana n’ibirometero 1609 vy’uburebure.

We ubwiWe Azoba Arikumwe natwe, hanyuma Abe Imana Yacu. Azohanagura amosozi yose ku maso yacu. Nta rupfu rozosubira kubaho, canke amarushwa, nta n’amarira, ntan’ukubabara kuzobaho: kuko ibintu biriho ubu bizoba birangiye kandi ntituzovyibuka ukundi.

Kandi Yamye Atwubakira urusago rushasha tuzobamwo. Igisagara cera, Yerusalemu nsha, imanuka iva kuri We mw’ijuru, categuwe nka kurya umugeni ategurwa kubwo umugabo wiwe.

Kuko ibintu vya kera vyarakuweho. Ese ukuntu bitangaje. Amasezerano atangaje y’Imana yose agashitswa. Vyose bizoba birangiye. Ihinduka rizoba ryarashitse. Umwagazi w’itama n’umugeni wiWe bazobana ibihe bidashira mu gutungana kwose kw’Imana.

Hama, ni irihe zina umugore ahabwa iyo agiye ku mugabo? Ahabwa IZINA RYIWE. Tuzohabwa IZINA RYIWE.

Yooo, ni nk’ubuki mu gitandara kuri twebwe, tukaba twamye tuburigata igihe twumviriza amakete yiWe y’Urukundo iminsi yose. Gusa tubandanya Twakaka kuri buri kavunji k’Izahabu.

Yamye Atubwira yuko twakiriye ihishurwa ry’Ubumana bwiWe buhambaye. Si umu perisona wa kabiri mu butatu, ariko Imana ubwaYo Yambaye umubiri Ibana natwe.

Ni Jewe Rembo. Ni Jewe Nzira. Ni Jewe Kuri. Ni Jewe Muco. Ni Jewe Alufa na Omega. Ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma. Ni Jewe Data. Ni Jewe Mwana. Ni Jewe Mpwemu Yera. NDI uwuriho Muzima w’Ibihe Bidashira.
Hama Avugana natwe biciye mw’itegeko ry’ubuMana, yatumenye ubwa mbere na mbere yuko twari kuba Umugeni wiWe.

NiWe YaDutoranije; si twebwe twaMutoye.
YaraDuhamagaye; ntitwizanye. YaraDUpfiriye. YaraTWogeje mu maraso yiWe bwite. YaTWishuriye umwenda. Dukomoka kuri We kandi kuri We Wenyene. We ni Umwami wacu kandi turi ubwami bwiWe, ubutunzi bwiwe bwamaho. Twaritanze twese kuriWe kandi Yaravyemeye.

Umugeni wiWe arindiranye igishika kwumviriza ikete ry’urukundo kuri uw’umunsi w’indwi isaha umunani z’umuhingamo, ku masaha ya Jeffersonville, mu gihe Aza kutuzanira –Igihe c’ishengero rya Filadelfiya 60-1210. Araja gusubira kuduhishurira, turi rya Jambo- Mugeni ry’ukuri ritoshoboye kunyiganyizwa, ariko twagumye kandi twizeye Buri Jambo.

MweneData Joseph Branham
(Mukenyezi wa Kristo)

Ivyanditswe dusoma mukwitwigurira kwumviriza Ubutumwa
“Igihe c’Ishengero rya Filadelufiya”:
Matayo 1:1-2
Matayo 1:17-23
Matayo 16:13-18
Yohani 5:19
Yohani 10:5
Yohani 10:7
Yohani 10:27
Ivyakozwe n’Intumwa 15:13-14
Abaroma 2:29
Abanyefeso 2:19-20
Ivyahishuriwe Yohani 2:13
Ivyahishuriwe Yohani 2:17
Ivyahishuriwe Yohani 3:7-12
Ivyahishuriwe Yohani 3:15
Ivyahishuriwe Yohani 7:9-17
Ivyahishuriwe Yohani 21:1-2

05/12/2020

Ikete rivuye kwa mweneData Joseph Branham.

Bakunzi Kunengesera kw’Imana,

Ese ibihe bihambaye Umugeni ariko aragira mu gihe duca muri iki cigwa gihambaye c’igitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Imana Ihishura Ijambo ryaYo ku Mugeni waYo nk’uko Itari bwigere Ibikora.

Turabona ukuntu Imana Yamye Ifise umugwi mutoya munaka wagumanye Ijambo ryayo mubihe vyose. Igihe satani yatangura gushiraho igikorwa cahindutse inyigisho, igihe cose hamyeho umugwi w’ inkehwa utashobora kuzimizwa, ariko washobora kugumana iryo Jambo.

Igihe satani yahindutse uw’inkomezi nyinshi hama abantu batangura kumusenga, wa Mugore yatoranijwe ntiyanyiganyijwe bari basizwe, kuburyo batanze ubuzima bwabo kubuntu hama bagumana Ijambo.

Nk’uko twumva Ijwi ryaYo Rivugana natwe, Aratuburira ukuntu iyo mpwemu irongora nabi ikanazimiza. Ukungene yama igerageza kuzana ibisubirizi mugishingo c’Ijambo ry’inkomoko. Ibihe vyose igerageza gusubiriza uburongozi bwagaragajwe bwa Data n’izindi nzira canke uburongozi butandukanye.

Aratubwira yuko Inyenyeri ndwi ari Intumwa ziWe ndwi; kandi Azifise mukiganza ciwe. Ntiziza munkomezi n’ububasha bwazo ariko ni inkomezi n’ububasha vy’Imana Yazihaye biciye muri Mpwemu Yera. Zozo ni Ijambo mu gihe cazo.

Uno munsi turabona Yesu Kristo Yihishura ubwiWe biciye muri Mpwemu wiWe mumumarayika Ntumwa wacu. Umumarayika, we bivanye n’ Ijambo, yamurikiye isi n’icubahiro ciwe. Nk’uko Mose yarameze ku bana b’abisirayeli, arafise Ihishurirwa ku gihe cacu. Turabona Umwami Yigaragaza ubwiWe hamwe nawe kandi Akamuha inkomezi ziWe kugira arongore Umugeni wiWe.

Rero aratuburira ubugira kandi ingene dutegerezwa kwiyubara ubugira kandi kugira tugumane Inyenyeri yiWe; Intumwa n’ umurongozi wiWe w’igihe cacu. Iyo mpwemu izogerageza kandi kuzana iyindi nzira, n’uburongozi butandukanye. Aradusaba kwibuka y’uko bizoba vyegeranye kuburyo vyoshoboye kuzimiza uwatoranijwe IYABA vyoshoboka. Ariko NTIbishoboka, kuko tuzogumana n’Ijambo nk’uko TURI IJAMBO Kandi ntidushobora kuzimira.

Ntibihagije ko We ubwiWe Yishize hamwe n’ishengero ryose, ivyo twabonye igihe yabonetse ahagaze hagati y’ibiterekwako amatara indwi vy’izahabu. Kandi ntibinahagije yuko tubona vya bikorwa bitanu vyo mu banyefeso kane (intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abavugabutumwa, abungere ).
Kuko mu gihe cose ishengero rigenda kure y’inzira y’ukuri, kandi si abakristo basanzwe gusa ariko ni ubusumbasumbane bw’umugwi w’abakozi b Imana—abungere bari mubuzimire nk’ intama.

Ariko atubwira neza na neza yuko mugihe cose ishengero n’ibikorwa bigenda kure y’inzira yukuri. Baja kure y’Ijambo ry’inkomoko. Batangura kwinjiza ivyiyumviro vyabo bwite, ivyo bashaka gukora n’uburongozi kubantu. Hanyuma ni igiki Imana Itegerezwa gukora?

Hanyuma Imana IriYiyizira mugikorwa nk’Umwungere Mukuru mubikorwa vyaba bagabo ndwi kugira Irongorere ubwoko bwayo k’ukuri n’inkomezi nyinshi z’ukwo kuri.

Imana Ishimwe… Umwungere Mukuru ubwiWe YAJE MUGIKORWA C’umumarayika WIWE w’indwi, kugira ngo aturongorere ku kuri n’inkomezi nyinshi z’Ijambo.

Yashizeho uburongozi budasanzwe muraba bagabo Yitoreye ubwiWe kandi biciye munama yubugombe bwiWe bwite .

Ese ukuntu dushobora kuruhuka turemye tuzi neza yuko Imana Yahisemwo INTUMWA YACU biciye munama izwi y’ubugombe bwiWe bwite kugira ngo Iturongorere kuriWe.

Reka twinjize umusumari Ubugira kandi dukoresheje Ijambo . Iyo aza kuba ari amajambo yanje, canke amajambo yanyu, NTAKINTU NAKIMWE, vyovuze, ariko aya ni AMAJAMBO YIWE, kandi kubwivyo aya ni Amajambo y’Imana afise ubugingo kandi ATEGEREZWA GUKURIKIRWA.

Igihe wumva umuntu munaka avuga ati, « murashimikira cane ku Ntumwa , » ntibaba bafise gusa Ihishurirwa ry’Ubutunwa bw’ikigihe c’iherezo. Hamwe wovuga uti: Ndizeye ubu Butumwa; ni neza na neza umumarayika ntumwa w’igihe c’ishengero ry’indwi kandi arashitsa Ivyanditswe vyavuzwe kuri we. Nimba vy’ukuri ushaka ukunengesera kw’Imana mu bugingo bwawe, rero ndasaba ko Imana Igugishurira iri Jambo.

Ariko We ni intumwa yiWe kandi uwo ariwe wese yogize ukunengesera kw’Imana yokurikiye intumwa nk’uko intumwa ikurikira Umwami biciye mw’Ijambo ryiWe.

Ni intumwa yonyene ishimika kandi iturongora kugira tuyikurikire nk’uko ikurikira Kristo. Si umuntu yakira icubahiro, kandi twebwe ntidusenga umuntu, ariko tubona kandi twizera ko ata wundi atari Yesu Kristo Muzima kandi Yihishurira umugeni wiWe Aciye mumumarayika ntumwa wiWe yatoreye kurongora Umugeni.

Kuri twebwe, kugumana n’Ijambo no gukurikira Intumwa yiWe nk’uko Yatugeze, ni GUSA GUFYONDA NO KUVUZA MAZE TUKAGUMANA N’ IJWI RY’IMANA KUMA BANDE .

Nimuze kandi mwuzuzwe no kunengesera kw’Imana, mugihe twumviririza hamwe uwo Yahisemwo, biciye munama Yatoye yaYo, yatowe kugira aturongore, ngo atuzanire Ubutumwa: Igihe C’Ishengero Ry’I Sarudi 60-1209 isaha umunani z’umuhingamo kw isaha y i Jeffersonville.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa, « Igihe c’Ishengero ry’I Sarudi. »

Ivyahishuriwe yohana 3:1-6

02/12/2020

IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakundwa Bana b’Umuco,

Ese ukuntu dukunda kwumviriza Ijambo mugihe We Atubwira ubwiWe mubuMana bwiwe buhambaye. «Ndi Uwufashe inyenyeri indwi mu kuboko kwanJe kw’iburyo; uwari yarapfuye, kandi akaba Ari muzima. Ndi uwufise inkota ikarishe y ubugi bubiri . Mumaso hanje hameze nk’imbeya z’umuriro kandi ibirenge vyanje bisa n’umuringa w’umwakaka. Ndi uwambere n’uwanyuma, Alufa na Omega. NDI Imana Mushobora vyose. »

Rero Yatubwiye ingene Azoturungikira Umumarayika Ntumwa wiwe ahambaye azoba umwigisha muri Mpwemu, kandi azotwereka ibimenyetso n’ibitangaza. Azoduhishurira ingene azoba uwunesha atunganye n’ingene azoronka izina rishasha. Azomuha « Ihishurirwa ridasanzwe» ryico We ari kandi Azomenya ibiMwerekeye vyose. Azoronswa ya Manu ihishijwe, wa mutsima w’ibiterekerwa, hama awuduhe,twebwe Umugeni wiWe.

Yaratubwiye ingene uyu Eliya azotubera Ijwi ry’Imana koko. Azoba uwo Ijambo ryiWe riturukako, kandi azoba afise insobanuro yubuMana y’Ijambo ryiWe. Azoba Umumarayika w’umuco ahambaye azoza mu nkomezi, kandi azoturongorera ku Mwami Yesu Kristo.

Azoduhishurira ibintu vyose vyerekeye malaya ahambaye mw’Ijambo ryiWe n’ukuntu yari afise abana. Ukungene yaretse urukundo rwiwe rwa mbere hama aca ahinduka umunikolayi n’umupagani. Yasambanye n’Ijambi ry’Imana kandi ubu yarapfuye muri Mpwemu kandi azoca mumibabaro.

Ariko kuri twebwe, Umugeni wiWe Ariko Araduha IHISHURIRWA RIVUYE MW’ IJURU, kandi kuri urwo rutare Azokwubakako Ishengero ryiWe, kandi Amarembo y’ikuzimu ntazoRishobora.

Ese ingene dukayangana mu gihe umuco wiwe utumurikira, no kutubwira yuko tumeze nk’inzu yaka umuriro kumunsi w’umuyaga w’igihuhusi, twishwe isi n’ijuru bitarashigwaho, mwozwa mu Maraso yaNje, mwuzuzwa Mpwemu waNje, hamwe n’ibimenyetso nibitangaza bibakurikira. Muri ubusho bwaNje butoya bwagumanye n’ Ijambo ryaNje.

Nimuze dupfukame muvyumba vyacu iri joro ry’uno munsi; twebwe naWe gusa hariya, dushima twongera tuvugana nawe bivuye ibwina mumitima yacu:

Ndanezerewe cane konshobora kuvuga yuko NDI UMWE MURI BO.

MweneData Joseph Branham

28/11/2020

IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakunzi Mwitunganiriza Ibikorwa

Data Wa twese Wo mw’Ijuru, Izina ryaWe Ryubahwe, Ubwami bwaWe buze, ivyo Ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’Ijuru. TuraGusaba ngo Ube hamwe natwe, Data, kandi Uduhezagire, wongere Udufashe kuba Abitunganiriza ibikorwa b’abanyabwenge muri iki gihe cuguhagarika umutima gukomeye mu bantu.

Yooo mbega ukuntu dukunda igihe c’Imana. Cama GITUNGANYE. Ifise umwanya n’igihe ku kintu cose. Isaha yaYo yama iri ku gihe gikwiye. Ntizoja inyuma umusegonda n’umwe. Ikintu cose kizoshika nyene neza na neza igihe Imana Yavuze ko cobera.

Impamvu y’uwu mwanya udasanzwe two… Mpwemu Yera Yashize ku mutima wanje uku kugabisha kw’icemezo, yuko, « Ishengero muri iki gihe Ryoronka ubu Butumwa. » Kuko, ndizera y’uko ari Ubutumwa budasanzwe bwo muri Bibiliya, kuko Buhishura Kristo mw’Ishengero ryiWe muri iki gihe.
Es’ukuntu dushobora kuruhuka dutekanye iki gihe kuko Ubutumwa ubwo ari bwo bwose twumviriza buri mu bugombe bwiWe bwuzuye, mu gihe ciWe gikwiye. Sinizera ko ari ivy’igiturumbuka, canke ukugomba kw’umuntu,igihe turiko turumviriza Ibihe Ndwi vy’Ishengero muri iki gihe.

Mu 1960, Mpwemu Yera Yahishuriye umumarayika ntumwa wiWe w’ 7 yuko cari igihe ciwe co kuburira umugeni wiWe, no kubazanira Uguhishurirwa kw’Ibihe Ndwi vy’Ishengero.

Kandi bwari ubwa mbere muri kahise kacu kubona umuntu w’Umukatolika atorerwa kuba Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe.

Yatubwiye kwibuka ubuvugishwa Umwami Yamuhaye mu 1933 ; ukuntu bokwemereye abagore gutora, kandi mu gukora ivyo, botoye umuntu atari we. John F. Kennedy yatsinze amatora arushije akantu gatoya umukuru w’igihugu yahahora w’umurepublicani Rishard M. Nixon. Vyaragaragaye ko amatora yononywe n’amamashini y’amatora yibwe.

Rero, inyuma y’imyaka 60 y’ico gihe, Umwami Aturongora kwumviriza Ibihe Ndwi vy’Ishengero ubugira kandi mu gihe kimwe nyene umukuru w’igihugu w’Umukatolika yatowe muri Reta Zunze Ubumwe. Vyongeye ni ubwa mbere muri kahise umugore atorewe kuba icegera c’umukuru w’igihugu. Aya matora kandi yagiyemwo impari ko yononywe n’umukuru w’igihugu yahahora Donald J. Trump.

Yatubwiye ukuntu Constantino yashizeho Inama y’i Nikaya kugira ngo YUNGE ishengero kandi abategekere hamwe maze abagire umwe. Yari afise mu vyiyumviro vyiwe guha inkomezi ubutegetsi bwiwe, mu buryo bunaka kubakomeza no kubafataniriza hamwe ivyo bikaba vyomugira umutegetsi ahambaye kuruta abandi mw’isi. Ubunikolayiti n’ubupagani bwafataniye hamwe maze bukora, buvyara idini rya mbere.

Ico gihe hariho nk’intumwa n’abasenyeri igihumbi n’amajana atanu baje muri iyo nama, ariko bakoresheje uruhendo kugira babaganze, kandi batoye yuko ishengero ryoshirwa munsi y’ubugenduzi bw’abapapa n’abasenyeri.

Yatubwiye ukuntu Ahabu ubwa mbere yakoresheje amayeri yiwe kugira ngo akomeze ubwami bwiwe no kubuha umutekano mu kurongora umugore Yezebeli. Cari igikorwa ca politike co GUFATANYA abantu no gukomeze ubwami bwiwe.

Kandi barasenga igisato cahaye inkomezi ca gikoko, kivuga ngo, Ni nde ameze nk’ico gikoko? kandi ni nde ashobora kukirwanya?

Twaraburiwe n’Ijambo yuko hariho umuntu umwe gusa afise inkomezi zikwiye zo gukora ivyo, kandi uwo ni papa.

Yavuze ati,

“Muze twitunganirize hamwe, kandi tuje hamwe.”

Umukuru w’igihugu yatowe Biden yavuze ivyo Papa Yohani Paulo wa II yavuze igihe yahamagarira abanyamerika “kutagira ubwoba.” Kandi yasubiyemwo indirimbo y’abakatolika mw’ijambo rya mbere yavuze nk’umukuru w’igihugu atowe, Biden yabonye ukwizera kwiwe nk’inzira yo gukira, no kuganza.

Iyinga rimwe imbere y’umunsi w’amatora, ari muri Georgia, yasubiyemwo igihe kirekire ikete rya papa ku basenyeri rya vuba rivuga riti “Fratelli Tutti” Bisigura “twese turi mu bwato bumwe.”

Mu makuru mashasha, umunyamakuru yavuze :

Muri rusangi, ivyo Biden yahisemwo kuvuga vyerekana ko ashobora kuba yiyumvira ukuntu ukwizera bwite kwiwe kwa Katolika kworongora ukwo abona yorongora igihugu kigizwe n’Abakatolika hamwe mbere na benshi batari Abakatolika.

Igihe c’Imana KIRATUNGANYE. Turabona ibintu bigezeweho bigaragazwa n’ubuvugishwa. Ivyanditswe biriko birashika. Umukuru w’igihugu w’umukatolika n’umugore w’icegera c’umukuru w’igihugu BAFATANYA ishengero na reta kugira ngo bakomeze ubwami bwabo nka Ahabu na Constantino. Igihe kiriko kirashika neza na neza nk’uko umuhanuzi yatubwiye.

Ariko Imana ntiyari kumwe nabo. Imana Yari hehe? Yari kumwe n’abera baYo mu kazu kamwe gatoya, canke mu nzu yo munsi.

Umwami Ashimwe. Umugeni waYo ariko arakora iki? Ari hamwe, ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, yumviriza Imfungurwa z’Intama.

Muze dufatanye kandi tube igice c’Ivyanditswe biriko birashitswa, mu gihe twumva Ijwi ry’Imana Ritubwira ku munsi w’iyinga isaha umunani ku muhingamo, isaha y’ i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize: Igihe c’Ishengero ry’i Tuwatira 60-1207.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza ubutumwa, “Igihe c’Ishengero ry’i Tuwatira.”

Ivyahishuriwe Yohana 2:18-29, 13:1-4, 13:6-8, 13:14.

25/11/2020

IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bakunzi Hanga ry’amaBande,

Reka tuvugire hamwe duti, « Izina ryiWe ni Rishimwe! »

Nta majambo ahari yo gukoresha novugamwo umunezero, urukundo n’amahoro biri mumutima wanje mugihe numviriza ubu butumwa, nk’uko vyari bimeze ubwa mbere.

Ese Uguhishurirwa Ariko araha Umugeni wiwe. Ese icemezo gihezagiye dufise yuko turi umugeni wiwe yatoranijwe. Yavuze biciye mumuhanuzi wiwe kandi yasengeye TWEBWE , abatoranijwe biwe KU MABANDE, twari kumenya yuko ubu Butumwa ari insiguro ivuye ku Mana y’ijambo yahawe kugira arihe Umugeni waYo.

Buri munsi turya kw’ijwi ry’Imana mugihe rivuga biciye mu mumalayika Ntumwa wayo yagaragajwe kandi Ikaduhishurira n’Ijambo ryaYo.

Bavuga ko twishimikiza cane uyo mumalayika kurusha Yesu. Icubahiro cose cotegerejwe kuba kuri Yesu. NIKO BIRI. Ubu butumwa si amajambo y’umumalayika waYo, ni Amajambo y’Imana. Ntidusenga umuntu, ariko Imana IRI muri uwo muntu. Nico kintu nyamukuru kuri ubu butumwa.

Ntimwishushanye n’uyu mukozi w’Imana:

Hama rero umuntu munaka ahagaze kumuryango, ( haraheze imyaka myinshi aha kw’ishengero) umukozi w’Imana yavuze ati, « Yemwe, Imana Ishimwe, sinshaka umuntu uwari we wese kumbwira ivyo. » murabona? Yavuze ati, « nshaka icubahiro cose ko kija ku Mana. » navuze nti, « yemwe, ni uko bimeze. » Murabona ? kandi navuze nti, « Yemwe, ndabikunda, nanje ubwanje. » navuze nti, « Nanje ndabikunda vy’ukuri. » hama navuze nti, « Ntegerezwa kuba umunyakuri. » hama yavuze, yavuze ati, « Yemwe, sinshaka ko abantu bamvugako ivyo, Imana Ihabwe Icubahiro! » navuze nti, « Hari itandukaniro rimwe gusa hagati yanje nawe: ndi imvugakuri kuri ico kintu, ariko wewe siko uri. »

Reka dusubire kwitegereza amajambo make gusa hama turabe akamaro IMANA yashize kuri uwo mumarayika .

Imana Yamuhaye: insobanuro y’ubuMana wampaye.

Yaronse : « Manu ihishijwe. » Manu idahabwa ikoraniro ryose.

Yari: Ihishurirwa ridasanzwe kubera yategerezwa kwigisha abandi.

Ninde yaronse uku guhishurirwa?: Uguhishurirwa kw’Ijambo kwahawe umumarayika wa kirya gihe.

Vyari ibiki? : Ni ihishurirwa rinini ku rugero runaka rw’ico Kristo Ari, n’imiburiburi umuhamagaro uhanitse ku rugero runaka.

Ninde yagenzura ivyo yavuga? : Umumarayika yari mubiganza vyiwe munsi y’ubugenzuzi bwiwe bwite.

Afise ubushobozi nyabaki ?: Kwongereza inkomezi zikomeye ziva kuriWe, buva mu kiganza ciwe c’iburyo.

Amajambo y’uyu mumalayika afise akamaro nyabaki? : Bari munkomezi zitangaje mugihe bari aha kwisi; kuko bo ni Imico iva kuriWe, itanga Umuco kuri kirya gihe c’Ishengero.

Rero reka tuvyemeze gusa.

Ninde ari Umumarayika ntumwa w’indwi? : Umumarayika Ahambaye w’ Umuco azoza kuri twebwe.

Umumarayika azokora iki? : azoturongorera hanze, Mpwemu Yera Ahambaye, aza mubushobozi, kandi azoturongorera ku Mwami Yesu Kristo.

Muvuga yuko, ariko aravuga kuvyerekeye Mpwemu Yera atari umumarayika wiWe : Birashoboka ko atabizi, ariko azoba ng’aha umwe muri ino minsi.

Mpwemu Yera ntazomenya Uwo ari We?

Ntari ng’aha ubu ariko Azoza umunsi umwe?

Ariko avuga kuvyerekeye UMUMARAYIKA W’UMUCO, INTUMWA Y’IGIHE C’ISHENGERO RY’INDWI.

Ariko n’iki Imana Izokorera Umumarayika waYo? : Imana Izomumenyekanisha. Ntazokwimenyekanisha ubwiwe, Imana Izomumenyekanisha. Imana Izogaragaza abaYo. Ivyo nivyo Yavuze igihe Yesu Yari ng’aha kandi ntibaMumenye, murabona. Yavuze ati, « Nimba ntakora ibikorwa vya Data, rero Ntimunyizere; Nimba Nkora Ibikorwa vya Data, kandi ntimushobore kunyizera, rero ni mwizere ibikorwa. »

Nico gituma uyu mumarayika ari Umwungere wacu: Ntuzokwigera ubaho muburyo buhanitse kurusha umwungere wawe. Ni mwibuke gusa ivyo, murabona. Kandi rero… kuko ari Umwungere Akugaburira. Nimba ari umwungere, ategerezwa kumenya aho Manu iri, kugira agaburire i— intama

Kandi twebwe umugeni tuvuga duti: « aho niho turuhukira! »

MweneData Joseph Branham

21/11/2020

IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Mukundwa Mugeni Bumana Buvuga,

Mugihe Isi iri mu ruzazane, uguhagarika umutima n’ubwoba bwinshi, Umugeni Ariko arumviriza rya Jwi mu mazu yacu, mu mashengero yacu,mu modoka zacu; tugendagenda n’utuntu dutoya mu matwi yacu, mugihe intumwa yaYo itubwira yuko Imana Iriko Iratwitegerereza kuva kw’isonga ry’ibitandara, atari mumwonga munaka Ibona kunanirwa kwacu hanyuma Ikaducirako iteka, ariko Itubona muburyo Ikeneye, muburebure bw’urukundo n’imbabazi vyaYo. Turi TWENYENE naWe, tumubwira ko tudakeneye impanuro zivuye ku mujenama uwo ari we wese, turafise « Turafise niko Uhoraho Agize » muri twebwe.

Tuzohagarara nka Yosuwa na Calebu. Igihugu cacu c’isezerano kiriko kiraza imbere yacu nk ‘uko bakoze muri kirya gihe. Yatubwiye yuko Yosuwa gisigura « Yehova-Umucunguzi, » kandi yerekana umurongozi wo mu gihe ca nyuma azoza kw’Ishengero, kwa kundi Paulo yaje nk’umurungozi w’inkomoko.

Twebwe tumeze nka Calebu, bamwe basigara hamwe na Yosuwa. Yosuwa yari Umuhanuzi yarungitswe n’Imana. Imana Yashize uburongozi bunengesereye mu biganza vya Yosuwa kuko yari yaragumanye n’Ijambo. Imana Yashobora kwizera Yosuwa wenyene . Yavuze yuko bizosubira kumera uko muriki gihe canyuma… ya ngorane nyene, kwa kudatekana nyene.

Abandanya Atubwira mu gihe ico ari co cose ukungene Umugeni ategerezwa kuba Ameze kugira Agumane rya Jambo n’uwo Imana Yagenywe ngo abe umurongozi yashizweho kandi yagaragajwe w’ukuri kubw’igihe cacu.

Muravuga yuko ari Mpwemu Yera. Nivyo, ariko Imana Yasezeranye muri iki gihe canyuma yuko Yorungitse Umumarayika ntumwa wiwe w’indwi kurongora abana baYo, neza na neza nkuko yabikoze mu misi ya Mose; neza na neza nk’uko yakoze mu bihe vyose. Imana Ntirigera Ihinduka. Umugambi wayo wama ari wa wundi.

Rero reka dufate imburi y'Ivyanditswe hano. Mbega ntihari  mu misi ya Mose aho Imana Yagaragaje ko Kora yahagurutse no kugwanya uwo muvugishwa ahambaye? Yahaririye na Mose hama yemeza ko yarafise ubushobozi nawe buvuye ku Mana bwo kurongora Ihanga kandi ko n’abandi bari bafise ubwo burenganzira bw’uguhishurirwa kuvuye ku Mana nka Mose. Yahakanye ububasha bwa Mose.

Uno munsi iyo mpwemu ivuga iti, « Ntushobora kwizera Ijambo ryose riri ku mabande, » « Uri hanze y’Ijambo mu gihe wizera ivyo, » « Hari itandukaniro riri hagati ya Bibliya n’amabande ».

Ntegerezwa gusa kuvuga ng’aha ko turi nk’abanyefeso ba kera. Turazi Ijambo Mwene Data Branham yatwigishije. Turizera Ijambo ryose yatwigishije. Si amajambo yiwe, ariko Amajambo y’Imana yavugiye muri we neza na neza nka kurya kwa Paulo.

Bitegereje izo ntumwa z’ububeshi mu maso hama bavuga bati, « Ntimuriko muravuga ivyo Paulo yavuze. Rero muri abanyabinyoma. » Yooo, ivyo birurumbisha umutima wanje. Ni musubire kw'Ijambo! Mu vy’ukuri simwe mugeza intumwa, umuhanuzi n'umwigisha, NI IJAMBO RY'IMANA RIBAZA. Imwe muri ino misi hagiye kuzoza umuvugishwa ku gihe c'Ishengero rya Lawodikiya kandi muzomenya ko ari uw’ukuri avuye ku Mana canke atari we. Ego muzomenya, kuko nimba ari Uwuvuye ku Mana AZOBA MURI IRYO JAMBO NEZA NA NEZA NK’UKO IMANA YARIHAYE PAULO. NTAZOCA I RUHANDE Y’IJAMBO IGIHE NA KIMWE, NTA N’AKANYUGUTI NA KAMWE. Muri ico gihe ca nyuma, igihe hazogaragara abavugishwa b’ibinyoma, nimubitegereze hanyuma murabe ukungene bazoguma bababwira yuko hamwe mutobizera nivyo bavuga muzotakara; ariko igihe wa MUVUGISHWA W’IGIHE CANYUMA azotangura igikorwa, nimba ari wa muvugishwa vy’ukuri, azosemerera ati, « nimusubire kw’ijambo canke muzimire. » ntazokwubaka ku guhishurirwa canke ku nsiguro yiwe bwite, ariko kw'Ijambo. Amina, Amina!

Rero ni irihe Ijambo Ry’igihe cacu? Bibiliya gusa atari amabande?

Rero, Paulo yariko aravuga ivyo ku bamwumviriza b’Abaheburayo. Rero, ntibari bafise ibifata amajwi, nk’uko tubifise ng’aha. Ariko bari bafise abanditsi baba bicaye aho, baryandika neza na neza nk’uko Paulo yaryigisha.

Kandi uko niko riri ubunyene ngaha. Turarironka biciye mu vyuma bifata amajwi, kandi izi bande zija kw’isi yose murabona, kugira vyerekane yuko ari Ukuri. Ukwizera kwacu si uko ibinyoma, Ni neza na neza Yesu Kristo Yazutse, ca kintu nyene. Rero ntidutegerezwa kuRyirengagiza.

  57-0901M-Abaheburayo, Igice Ca Gatatu

Riraho kugira bose basome no kwumviriza. Nk’uko babikoze mu misi ya Paulo, mu gihe bari bafise abanditsi, turiko turaronka rya Jambo nyene biciye mu vyuma bifata amajwi. Ese ukuntu bari impumyi batanagira ihishurirwa !

Kubera twizera Ijambo ryose, turiko turahinduka wa Mugeni Jambo agaragara mu kunengesera kwose yasezeranijwe ko yoje. Turi agace ku mubiri wiWe, igufa mu magufa yiWe, Mpwemu wa Mpwemu wiwe. Turi umugeni jambo wiwe azokora vya bikorwa nyene Yesu Yakoze.

Igihe umuntu avyawe na Mpwemu, yuzuye Mpwemu mu kwizera, afata iryo jambo mu mutima wiwe kandi akarishira mu kanwa kiwe, kuko ni ukuvuga ko ubuMana buba buriko buravuga. Umusozi wose utegerezwa gushinguka Satani ntashobora guhagarara imbere y’uwo muntu.

Mbega igihe ciza tubayemwo. Turahoze, turuhutse, kandi nta bwoba dufise. Umusozi wose utegerezwa gushinguka satani ntategerezwa guhagarara imbere yacu. Imana Iriko Ivugana natwe itubwira biciye muri buri butumwa twumviriza ukungene turi rya jambo ry’ubugingo ryavuzwe ko rizoza biciye muri ibi bihe vy’Ishengero.

Nimba ushaka kuronka iyo mihezagiro ihambaye cane y’ibihe vyose; kwumviriza Ihishurwa rihambaye cane ritari bwigere rivugwa Isi n’Ijuru bitarashigwaho, ifatanye natwe isaha umunani zuzuye zo ku muhingamo, isaha y’i jeffersonville kugira twumvirize Igihe c’Ishengero ry’i Perugamo 60-1207.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu gutegura kwumviriza ubutumwa, « Igihe c’Ishengero ry’i Perugamo ».

Guharura 23:8-9
Ivyahishuriwe Yohana 2:12-17 , 17:1-5 , 17:15

18/11/2020

Mukunzi Mugeni Utunganye,

Bakunzi mwacunguwe, Mbega ikindi gihe gihambaye twagize kuri uwu w’iyinga mugihe twari twicaye hamwe kandi twumviriza Mpwemu Yera Avugana Natwe biciye mu mubindi watoranijwe, kandi Aduhishurira Ijambo. Igihe ikoraniro ryari rirangiye , Yasubiye kudutera intege Atubwira,ko tuzoMumenya, kandi ko twacunguwe, nitwahagarara iruhande yiWe, tuzoMumenyera ku nkovu z’imisumari mu biganza vyiWe.

Hama Yatubwiye kugendera hamwe n’Izina rya Yesu, no kwunama kubirenge vyiWe mu gukoraniriza imiryango yacu hamwe no kugira amasengesho yo mu muryango.

Yaranatubwiye ukungene twotegerejwe kumwegera muri rino joro mugikorane cacu c’amasengesho.

“Yooo, Shengero ry’Imana, ibi ntibibarengane! Uwusenga amaze kugenda agashikira umwana w’Imana kandi mukwizera aMurambikako ibiganza vyiWe(yoo, Mana we! ), itegereze hariya mumaso hiWe arya mate ari mumaso yiWe, amaraso ajojota mumaso hiWe Yumva ububabare bwa « Mana yanje! Mana yanje! Ni igiki kikumpebesheje? » yooo, mwenedata hamwe wobona ikiguzi catanzwe Ariko Aragupfira, nico Yari Ari, Emmanuel, Imana Ipfa mukibanza cawe.”

Mbega ikindi gihe ciza tuza kugira mukwifatanya naWe.

MweneData Joseph Branham.

20-1007

Mukunzi Mugeni Utunganye,

Muze tuje imbere y’Umwami iri joro kandi dukubite ibipfukamiro ubwacu mu kwicisha bugufi, kugamburuka, no mu gusenga imbere y’Imana Yacu Nzima, maze tuYibwire kutugira ingeso nziza , ubwenge buzima, ukwihangana kuzima, ukwubaha Imana kuzima. Kuduha Inkomezi nzima zivuye ku Mana Nzima.

Ariko arakora iki ? Ibintu bimwe n’ivyo Yesu Yakoze, atambuka nk’uko naWe Yatambuka, akora ibintu bimwe Yakoze. Kuko, si ikintu co mu bwenge. Hariho ibiriho bivyemeza.

Si ikintu co mu bwenge gusa, turi ico kintu kiriho. Turiko turacika Igihagararo c’Umuntu Atunganye. Abahungu n’abakobwa b’Imana, ikibanza co kubamwo aho Ishobora kuba kandi Igatangariza isi Iti, « Uyu ni Umugeni waNje Atungane yashumbushijwe vyuzuye Agumana n’Ijambo ryaNje. »

Abiwe batoranijwe bamwe bisunga kandi barindiriye yuko iki gihe gishika haraheze imyaka ibihumbi. Bari barindiriye ko iri Shengero Ryinjira mu gutungana kugira ngo haze ukuzuka.

Igihe caramaze gushika. Kiriko kirashika kandi kiriko kiragaragazwa muri umwe umwe wese muri twebwe. Izamurwa riri hafi. Umugeni waYo Yariteguye mw’Ijambo Ryavuzwe. Ingo Mwami Yesu.

MweneSo Joseph Branham.

20-0912

Bakunzi munywa kw’Iriba rya Arutwaze,
Mbega ukuntu biteye igomwe kunywa kuri rirya Riba rya Arutwaze. Ijambo Ritavanze, Ritagira agatosi, Ripfutse Rivuye kw’Isoko y’Amazi y’Ubuzima, aho dushobora kunywa igihe ico ari co cose imitima yacu ibishaka. Yaraje kandi yamaze inyota y’ubugingo bwacu, mu gihugu kigadutse kandi cumye.

Iyo dufise akabonge, dushobora kunywa. Iyo intambara yarese, dushobora kunywa. Iyo dukeneye gukira indwara, dushobora kunywa. Igihe ico ari co cose, ahantu aho ari ho hose dushobora gufyonda tukavuza maze tukumva Data Avugana natwe kandi Avuga Ati : Mwaramutse bagenzi, mbega mukeneye iki uno munsi, ugukira indwara ? Murakeneye kumenya mudakekeranya ko muri abaragwa b’abahungu n’abakobwa banje ? Murakeneye inyishu ku kibazo mufise ku mutima wanyu ? Canke mukeneye gusa kwicara munsi y’ugusigwa kwa Mpwemu Yera hanyuma mukanywa gusa kandi mukanywa kandi mukanywa maze mugahembuka mu bugingo bwanyu ?
Ijambo ryiWe, Ubu Butumwa, Budushira mu nyonga za Mpwemu Yera ako kanya. Rimwe na rimwe turarwana tugerageza kwinjira mu Nyonga hiWe, ariko turazi yuko ako kanya nyene dufyonze tukavuza, turi munsi y’Ugusigwa kwa Mpwemu Yera. Twarabihishuriwe, kandi turizeye n’ibitubamwo vyose ko ari Ijwi ry’Imana Rivugana na twe Ridaciye ku ruhande biciye mu kanwa k’umuntu YAtoranije. Ni kuki umuntu uwo ari we wese afise ubwenge bukwiye yoshaka kunywa ku yindi soko ?

Mu gihe twumviriza izi bande, Rirakwiragira mu bihugu vy’abanyamahanga no kw’isi yose, ahantu aho ari ho hose uwo ari we wese ariko arumviriza. Ririko rirahamagara umuntu wese w’intege nke, ubugingo bwose bwatakaye, umubiri wose urwaye, Urubuto rwose rwatoranijwe, maze Rikababwira Riti, Murashobora kuronka ivyo mukeneye, namba mutokekeranya kandi mwizeye Ijambo Ryose, kuko si jewe mvugana namwe, ni WE Ankoresha gusa kugira ngo mvugane namwe. »

Ni wibaze gusa rero, iyo uba warabayeho kera mu bindi bihe, igihe c’umusunikano utewe n’abahahuzi b’Imana n’Amajambo yatangajwe, ni mu ruhe ruhande wokunze kubamwo kera hariya ?

Yemwe, ufise uguhitamwo kurya nyene uno munsi. Ririteguye kugarukana Ijambo Ritunganye hariya, kandi Ijambo Rije kubw’Umugeni Jambo. Nk’uko u – umugore ari igice c’umugabo, cakuwe muri we, niko n’Ishengero Rizotegerezwa kuba Ishengero Ryumvira Ijambo, Ijambo ryose ryo muri Bibiliya; atari uburyo bwo gukora, imigenzo, canke ikintu na kimwe congeye kuri Ryo. Rizotegerezwa kuba mw’Ijambo ritavanze, ritanduye, ritagira agasembwa..

Mwari gukora iki muri ico gihe rero, kujana n’uburyo bwo gukora kwabo kw’amadini, canke inyigisho zabo n’umupatiri wabo, canke mwari kuba muri bamwe mu bagumye kw’Ijambo Ryahishuwe ryo muri ico gihe ?

Yavuze ko tutariko turubaka uruhome, turiko turubaka inzu. Mu kwubaka inzu utegerezwa kuyubaka neza na neza ukurikije igicapo barabirako atari uko inzu yawe izokwononekara yose. Igicapo barabirako cacu ni Ijambo. Ijambo ry’Uhoraho Riza ku muhanuzi waYo, nta na rimwe riza ku ba patiri, Riza ku bahanuzi. Umuhanuzi ni umusiguzi GUSA avuye ku Mana w’Iryo Jambo. None ninde azokwubaka inzu yaYo.

Bisaba uwasizwe avuye mw’Ijuru, arungikwa gukora ivyo. Niko vyamye, muri buri gihe.
Ubugira kandi, isi, n’Uwatoranijwe waYo bagiye guca mu mibabaro yo kuramukwa. Ni murabe gusa ku bintu Yatubwiye vyobaye biriko biraba mw’isi no mw’Ishengero ryaYo muri iki gihe. Turabibona bishitswa imbere y’amaso yacu nyene. Muri buri gihe Data Yararungitse intumwa ziWe: Paulo, Irene, Martin, Columba, Luther, Wesley, no mu gihe cacu, William Branham. Igihe kw’isi haza intumwa iyo ariyo yose, mu buryo bw’umubiri no mu buryo bwa mpwemu, isi yaragira imibabaro yo kuramukwa.

Bisaba umubabaro, agatengo n’ukumererwa nabi, ariko imibabaro yo kuramukwa ya nyuma n’igihe biregereje. Turabona isi ukuntu imerewe, uruhagarara hagati y’ibihugu. Turabona uruhagarara ruri ku mugeni rwo kuguma ku ma bande no kwizera Ijambo ryose. Biragoye, ariko Ni ukuvyarwa kw’Umugeni wiWe. Izamurwa riri hafi.

Tuzokorana ubugira kandi isaha indwi zo ku muhingambo, kw’isaha y’i Jeffersonville kugira ngo tunywe kuri iryo Riba rya Arutwaze no kwumviriza Ijambo mu gihe Atubwira, ko ubu turiko turaca mu Mibabaro yo Kuramukwa ya nyuma 65-0124.

MweneSo Joseph Branham.

20-0909

Bakunzi Mwahembutse,

Ese ukuntu tunezerewe kandi dukenguruka ko turiko twibera mu Nyonga h’Imana. Iyo isi ivuze iti, « Ndi muri nyabarega gusa uno munsi », dushobora kuvuga tuti, « Naho ibintu vyogenda neza canke nabi, turibagira ibintu vyose kuko twashitse kw’Isoko, Umugezi wa arutwaze, Ukuba ng’aho kwa Kristo guhoraho kandi Yatubwiye ati, ‘Ntimugire ubwoba. Muri Umugeni waNje. Ndi kumwe namwe ku ntambuko yose y’inzira. Sinzigera NA RIMWE ndabasiga canke ndabata.

Ni Isoko idakama y’Ubugingo kandi uko tuMwumva, niko bizana akayaga keza, kandi uko hakanya, niko bimera neza gusumba kandi birushirizaho gusosa !!

Isengesho ry’umuhanuzi ryarishuwe.
Reka bishike, Mwami. Reka Amajambo yaWe agaragazwe mu mitima y’abana baWe. « Amazi kw’isi igadutse kandi yumye ». Mana Y’ibihe bidashira, Umviriza isengesho ry’umusavyi waWe kandi Uduhe uwo muhezagiro. Amina

Yooo, mbega ukuntu dukenguruka ku guhembuka Wamye uduha. Ni Imana y’Ubushobozi yo mw’Ijuru, Iri hagati muri twebwe, Ivugana na twe umunwa ku gutwi, Itubwira mu Butumwa uBwo ari Bwo Bwose twumviriza. « Muri abatoranijwe banje. Mwagumanye n’Ijambo ryaNje. Ntimwahinduye n’akajambo na kamwe canke umutwe w’ijambo. Muriko muranywa kw’Isoko yaNje nababikiye, rero ntimuzigera munyoterwa. »

Muri iri joro Data, turashaka kuduza amajwi yacu kuri wewe maze tuvuge tuti,
Uzuza igikombe canje, Mwami
Ndakidugije, Mwami
Nuze maze umare iyi nyota y’ubugingo bwanje
Mutsimwa wo mw’Ijuru, ngaburira gushika aho
Mpaga hamwe ntorenzako uwundi
Uzuza igikombe canje, cuzuze kandi unkize

MweneSo Joseph.

20-0826

Bakundwa Bera,

Ese Ukuntu Umwami Yamye Aduhezagira mu gihe twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, Munsi y’ugusigwa amavuta kwiWe guhambaye, twumviriza Ijambo ryiWe. Muri buri Butumwa twumviriza, Agenda Arushirizaho kuduhishurira.

Ku munsi w’iyinga, Yaranatubwiye ikintu kidasanzwe. Muri iri joro, turashobora kuronka akandi karyo gahambaye.

Iyo ubugingo buriko burasemerera; nk’urya mugore yari afise ingorane y’ubutinyanka, yakoze ku mpuzu yiWe. Bibiliya ivuga iti, “Yagumye hamwe.” Vyaramuhagaritse. Vyiyumvire, vyiyumvire gusa; ukuntu u – uguhamagara kw’irya mpumyi imwe, umusabirizi ashaje ataco amaze, hamwe n’ivyaha vy’isi n’umutwaro kuri We, Ariko Araja i Yerusalemu ngo Abe ishikanwa ry’icaha, ariko uguhamagara kw’ubugingo bw’umuntu umwe kwatumye Ahagarara maze Aguma hamwe.
64-0620e – Imana Irafise Umwagazi W’ Intama Watanzwe

Vyiyumvire, iyo tuMuririye, Ico Yoba Ariko Arakora cose, bizoMuhagarika maze bitume Aguma hamwe ngo Yumvirize ico tuMusaba. Ese ukuntu Uhambaye Data.

Reka tuMuririre muri iri joro, tuzi yuko Aza kuguma hamwe maze Akumviriza ugutakamba kwacu.

Imana Ihezagire umwe umwe wese muri mwebwe.

MweneSo Joseph Branham

An Independent Church of the WORD