26-0419 Uguhitamwo Umugeni

Ubutumwa: 65-0429e Uguhitamwo Umugeni

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mumugeni Watoranijwe,

Mugihe tuzoba turiko twumviriza ubu Butumwa, Uguhitamwo Umugeni, hari bamwe biyumvira ko umuvugishwa ariko aravuga gusa kandi akatwigisha ku bijanye na kamere n’igihagararo umugabo akwiye kurondera igihe ariko arahitamwo umugore ashaka kurongora. Ivyo ni ukuri, ni vyo, ariko hariho ikete ry’urukundo ry’ukuri rihishijwe mu Majambo YiWe. Ivyo Ariko Arahishurira Umugeni WiWe ni ibintu vyimbitse gusumba. Imana Iriko Iramubwira Itaziguye, Iramubwira ivyo Yariko Irarondera muri We, n’impamvu Yamuhisemwo kuva mu ntango. Yashaka ko Amenya ko Yamutoye ngo Abe UMUGENI WIWE MUKUNDWA, uwo Yashaka ko basangira Ubugingo bwaYo Budashira.

Mu ntango, Imana Yariko Irarondera Umugeni Yoba Afise Kamere nk’iyaYo. Uwo Impwemu YaYo nyene Yokwibonekeza muri We. Yashaka Umugeni Yamwihebeye cane, n’Ijambo RyaYo ry’isezerano, gushika aho Ubwenge nyene bwari muri Yo bwoba muri We. Ategerezwa kubumbwa nk’uko Iri.

Yashaka ko Amera nkaYo, bakaba umubiri umwe, amagufa amwe, impwemu imwe, Agasa naYo muri vyose. Abo bompi bakibera UMWE.

Ntiyogize igitsure. Ntiyokwiyumviriye irindi Jwi na rimwe. YoMubereye umwizigirwa kandi agororotse, atitayeho kuvyo uwo ari we wese yoshobora kuvuga. YoYifatiye kw’Ijambo RyaYo. Ivyo Yavuga vyose, YOKWIZEYE IJAMBO RYOSE, naho vyofata igihe kingana gute kugira ngo bishike, YoRyizeye. Yogumana n’Ijambo RyaYo.

YoYikunda, kandi Yo Yonyene. Ntiyategerezwa kuMuha ubutunzi bwinshi, Yari Afise Akabuyenge k’igiciro kininiya, Uguhishurirwa kwaYo kw’ukuri. Yomenye, ko bari UMWE kandi co kimwe. Mpwemu WaYo Yogerereye muri We. Ivyo Yari Akeneye vyose, YobiMuhaye ; ivyo Yategerezwa gukora vyonyene kwari ugusaba no kwizera, kandi Yobikoze.

Yari Azi ko Izomara igihe kininiya yagiye kuMwubakira inzu ifise vyose nyene bijanye n’ivyo Akunda. Yariko Irayubaka nk’uko nyene We Yobikunda. Yari Izi ko umunsi umwe Yogaruka kubera We, nk’uko Yamusezeraniye, ko ico gihe bogira Amazimano y’Ubukwe ahambaye y’imyaka igihumbi. Hanyuma, Bojana muri iyo Nzu nziza yari YaMwubakiye kugira ngo Babaneyo Ibihe Bidashira.

Nta kindi kintu gifise akamaro kuri We. Nta kindi kintu Yoshaka. Yari kunyurwa cane no kunezerwa no kugira Uguhishurirwa kwo kumenya ico Iri n’ico Ari. Yari kumenya ko Izoshitsa Ijambo RyaYo. YARI KUNYURWA, KUKO YABA AZI KO ARI WE YATOWE KUBA UMUGENI WAYO.

Bene Data na bashiki bacu, Imana y’ububasha yo mw’Ijuru n’isi Yaravye mu Bihe Bidashira vyose kandi YAGUHISEMWO… WEWE NGO UBE UMUGENI WAYO MUKUNDWA YAHISEMWO.

Ndabatumiye kuza kwifatanya nanje n’igice c’Umugeni WaYo kuri uyu w’inyinga, mu gihe Ivuga biciye mu mumarayika waYo w’inkomezi kandi Itubwira ko turi Umugeni WaYo Yahisemwo.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 65-0429E / Uguhitamwo Umugeni
Igihe: 12:00 ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi).

Ivyanditswe:

Itanguriro 24:12-14

Yesaya 53:2

Ivyahishuriwe Yohana 21:9.