22-0918 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ncuti z’Umuhanuzi,
Umutima wanje ubiragizwa n’umunezero iyo niyumviriye kuri twebwe dukoranirijwe hamwe kuri uyu w’iyinga no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Nta munezero uhambaye mu buzima bwanje uruta uwo kuba mu nyonga za Mpwemu Yera no kuMwumviriza Avugana n’Umugeni wiWe, umunwa ku gutwi.

Nta kindi kintu na kimwe muri iyi si kinzanira umunezero n’amahoro atari Ijambo ryiWe. Iyo numvise gusa, « Mwaramutse Bagenzi, » ndicara, ngatuza maze nkanywa kuri iryo riba rya arutwaze mu gihe avuga Ambwira Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kwiyumvira, ko Imana Yamurungitse kuri JEWE NAWE,
kandi ko turi ABAGENZI b’umuhanuzi w’Imana akaba n’intumwa .

Aradukunda cane ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wiWe kugira ngo atubwira vyose vyerekeye Aho tuzoba muri kazoza. Yari anezerejwe cane no kutubwira vyose biherekeye, no mu buryo bw’ido n’ido gusumba ivyabwiwe Yohana. Yaduhishuriye ko atari umurwa wa kwadarato, ariko ni umurwa wa piramide, aho Umwagazi w’Intama Azoba ku gasongero kandi Azoba Umuco w’isi.

Yatumenyesheje ko amabarabara azoba akozwe mw’ izahabu n’amazu tuzobamwo azoba akozwe mw’ izahabu ibonerana. Ashira neza na neza akantu kose bihuye n’ivyo dukunda, hamwe n’ivyo twipfuza gusa. Nta na kimwe Yasize kidakozwe. Umugezi wo mw’Ijuru Yayikoreye TWEBWE gusa, Abakunzi baYo.

Ibiti vy’Ubugingo bizoba biri hariya, kandi bizoba bizokwama ubwoko icumi na bubiri bw’ivyamwa. Amarembo y’uwo murwa ntazoba yugaye mw’ijoro, kuko nta joro ribayo hariya, Azoba Umuco Wacu.

Ni nde agiye kuzoba hariya ?

Ni nde yarokotse mw’isi nshasha hamwe na Nowa umuhanuzi ? Abinjiranye nawe mu bwato. Nivyo ? Abo ni bo bazoyigendagenderako. Murabona ? Abinjiranye na Nowa, kubw’ubutumwa bwiwe, ni bo bagendagendeye kw’isi nshasha inyuma y’umubatizo wayo wo mu mazi.

Avuga TWEBWE bagenzi banje ! Turi mu bwato bwacu bw’iki gihe ; Ijambo ryaYo, Ubu Butumwa, hamwe n’umuhanuzi wacu Nowa. Kandi muri kirya Gihugu, urya Murwa aho Umwagazi w’Intama ari Umuco, azoTUmenya. Turi abantu biwe, utubuyenge twiwe mu gitsibo. Twavuye mu Buseruko no mu Burengero, tuja mu Murwa Wubatswe n’imfuruka zine. Ca Gisagara Aburahamu yarondera.

Nk’uko mbona Ijambo Ryigaragaza ubwaRyo, ndabizi, ata gukekeranya na gatoya, utubuyenge tw’igitsibo canje tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi, ico Gihe.

Turashobora no gutangura kwibaza… Umuhanuzi w’Imana yavuze, ko YAMENYE, ata gukekeranya na gatoya, ko TURI utubuyenge tw’igitsibo ciwe, kandi tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi ico gihe. Haleluya… Imana Ishimwe… Izina ry’Umwami Rishimwe.

Bagenzi, namba twibaza ko ari igitangaza ubu twicaranye hamwe kw’isi yose, twumviriza kandi turya kw’Ijambo ryiWe kuri izi bande, bizocura iki igihe tuzobana na We muri uwo Murwa !

Umuhanuzi w’Imana azoba umubanyi wacu wo hafi. Tuzosangira nawe kuri ivyo biti, kandi tuzotemberana muri ayo mabarabara. Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tugana kuri iyo soko, tunywa kuri iyo soko, dutembera mu ma paradiso y’Imana, hamwe n’Abamarayika bakwiragira kw’isi, baririmba indirimbo.

Yooo, ese uwo Munsi uko uzoba umeze ! Urusha agaciro ibintu vyose. Inzira isa n’inzitane, rimwe na rimwe iragora, ariko, yooo, bizoba bito cane igihe nzoMubona, bito cane. Amazina mabi n’ibindi bavuze bizomera gute, bizomera gute igihe nzoMubona muri urya Murwa mwiza, mwiza w’Imana ?

Bagenzi, ndindiranye igishika co kubona, no kwibera muri urya Murwa. Nkumbuye kuba hariya hamwe n’Umwami n’Umukiza Wacu, umuhanuzi wiWe, kandi hamwe n’umwe wese muri mwebwe.

Ndiko ndaja kuri uriya Murwa Mwiza Umwami Wanje Yateguriye abiWe; Aho Abacunguwe bose bo mu bihe vyose baririmba “Ishimwe!” bakikuje Intebe Yera. Rimwe na rimwe mfise igishika cinshi c’Ijuru, n’ubwiza bwaRyo nzobona hariya; mbega umunezero nzogira igihe nzobona Umucunguzi Wanje, muri uwo Murwa Mwiza w’izahabu!

Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe, bagenzi b’umuhanuzi, mu gihe dukoranira ku Ntebe YiWe kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe isaha zitandatu z’umutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoMwumviriza Atubwira ivyerekeye : Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo kw’Isi Bazoba muri Kazoza, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro umwaka wa 1964. Nshobora kubasezeranira, Uzoba Umunsi w’Intibagirana mu buzima bwanyu.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 19:28
Yohana 14:1-3
Abefeso 1:10
2 Petero 2:5-6
2 Petero igice ca 3
Ivyahishuriwe Yohana 2:7
Ivyahishuriwe Yohana 6:14
Ivyahishuriwe Yohana 21:1-14
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4
Yesaya 28:10
Yesaya 65:17-25
Malaki 3:6