22-0911 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Banywi b’Iriba ry’Amazi Arutwaze,
Ntituri ingurukizi, turi icamwa c’Ijambo ry’Inkomoko. Mpwemu Yera ubwiWe, Yareze , Aragaragara, hanyuma Yimenyekanisha kuri twebwe. TwaraMwakiriye mukunengesera kwiWe, mu bushobozi bw’ukugaragara kwiWe n’uguhishura kw’Ico Ari, hanyuma twahindutse igice cavyo. Birarengeye ubuzima kuri twebwe.

Mpwemu Yera ubwiWe Yavugiye mu rwavya ruciye bugufi rutabereye maze Avuga ati : « ng’ubu Ububasha budasubirwamwo bwanJe, Ijambo ryanJe , Ritware maze ubandanye, hanyuma uzane Ubutumwa. » Yatwaye Ijambo ryaYo maze araduconga ngo dusohoke, kugira ngo atugire Umugeni wiWe.

Yarahungabanije abapatiri mu kubona abantu baheba amashengero maze bakagenda kuvuza ama bande bavuze bati : « namba umwe muri mwebwe yitabiriye ivyo bikorane azotaramurwa, tuzomushira hanze y’idini ryacu ».

Bishuye bati : mugerageza kuduca intege ariko turabandanya uko biri kwose! Turi mu rugendo n’Umwami Yesu, Urutare rwakubiswe, dufungura imfungurwa z’ umumalayika, Manu ibitswe ivuye mw’Ijuru, kandi tunywa kuri urwo Rutare. Ntidutegeretwa kugira ikibazo c’ivyo turiko turanywa, ni IJAMBO RITUNGANYE gusa.

Twama turonka umuvyuro ubandanya. Isoko yacu yama idudubiza, iguma idudubiza iguma idudubiza kandi iguma idudubiza. Nta herezo ryaYo. Dufise amazi meza afutse buri gihe dufyonda tukavuza. Tubayeho kubw’ivyo kandi twisunga ivyo. Ikintu conyene dusabwa gukora ni ukuba ng’aho maze tukinywera.

Tubeshejweho n’iryo riba ridudubiza buri munsi, ntidutegerezwa gukwega, kwimba, gupompa, canke ico arico cose; kurikira gusa inzira yiwe yateguye ku buntu. Urashobora gukurikira integuro zose zashwizeho n’abantu ukwo ushaka, amariba yose ya kera yawe y’amazi adatemba; ku bwacu, twarashitse kw’iriba ryiwe ritunganye. Ni umunezero wacu. Ni umuco wacu n’inkomezi.

Ni Amazi yanje. Ni Ubugingo bwanje. Ni Uwukiza indwara wanje. Ni Umukiza wanje. Ni Umwami wanje. Ikintu cose nkeneye ndakironka muri We. None ni kuki ngerageza kuja ku kindi kintu ?

Kuri twebwe, nta handi hantu twogenda atari kw’isoko y’Imana Yateguwe. Ntitwigera tugira ikibazo c’ivyo tunywa. Ntidutegerezwa gushiraho akayungiro gashobora gusohora imicafu ariko kagasiga umutobe wanduye. Turafise gusa amazi ya Arutwaze atanduye, arimwo ivyunyunyu n’ingaburo tuba dukeneye.

Yaratwijeje ubugira kandi Ati, « Bane banje batoya ntimusubire kugira ubwoba, mufise icemezo c’inkomoko ca Mpwemu Yera. Mwaranyeretse yuko mwizera buri Jambo ryose. Mwararyakiriye, MURI ABANJE. TURI UMWE. UMUGABO N’UMUGORE.

Mu kanya nje kukurondera, mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Ndiko ndagutegurira Inzu nshasha. Muzonezereregwa ukuntu Nayiryohoye. Ndazi ko ari ibigoye kuri wewe ubu kandi ufise ibipimo n’ibigeragezo vyinshi hamwe n’imitwaro yawe iremereye. Ariko ntiwibagire, nta kintu utegerezwa gutinya, Naraguhaye Ijambo ryaNje. Uri Ijambo ryaNje. Naramaze kugukorera ibintu vyose. Vuga ijambo kandi ntukekeranye. Urafise Ukwizera kwaWe, vyongeye umuhanuzi waNje yaguhaye ukwizera kwiWe.

Nokwipfuje ko mwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize ubutumwa IVYOBO VYATOBOTSEMWO IMISHWENA 64-0726E hama tunywe kuri iyo soko ya arutwaze mugihe idudubiza Ijambo ritagira agasembwa, ridakeneye akayungiro ako ari ko kose.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :

Zaburi 36:9
Yeremeya 2:12-13
Yohana 3:16