22-0904 Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Ubutumwa: 64-0726m Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mwaconzwe kugira ngo musohoke,

Ndashaka ko abantu bose bamenya impamvu tunezerewe cane !

Twaremeye Ijambo ry’Umwami. Ijambo Ryahishuwe Ryavuzwe, n’umuhanuzi w’Imana wo muri Malaki 4. Turi Umugeni wa Yesu Kristo. Turi abagumye ari abizigirwa kw’Ijwi RyiWe Ryagaragajwe. Turi abo Yahaye Akabuyenge k’igiciro kininiya, Uguhishura kw’ukuri kw’Ubutumwa bwiWe n’Intumwa yiWe.

Imana Yafashe Ijambo ry’umuhanuzi waYo kandi Yaraconze Umugeni Yizera akanyuguti kwose n’agace kwose. Yaraduconze, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze. Turi intama z’Imana, kandi twumviriza Ijwi y’Imana Ryonyene! “Intama zaNje zumva Ijwi Ryanje,” mu gihe dufyonda tukavuza.

Turi abantu bavuye mu gihugu cose : kuva New York, kuva Massachusetts gushika Boston, Maine, Tennessee, Georgia, Alabama, no kw’isi yose. Kuva Afrika gushika Mexico, kuva i Buraya gushika Australia, dukoranira hamwe, munsi y’Ubutumwa Bumwe, Ijwi Rimwe kandi Ririko Ryegeranya Umugani kubw’Izamurwa.

Umuhanuzi wacu, intumwa y’Imana, Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri, Asemerera Ati, “Satani, mvira mu nzira, mfise Ubutumwa bw’Umwami. Ndi intumwa y’Umwami. Mfise Ijambo ryagaragajwe kubw’iki gihe.Natoranirijwe kurongora no gusohora Umugeni waYo.”

“Ndiko nsohora ihanga, ndariconga rivuye muri ibi bintu.” Kurisohora; kuryereka, Ivyanditswe, y’uko Imana Iri ng’aha; hamwe n’ukugaragara kw’Inkingi y’Umuriro.”

Imana Yamenye ko hariho abantu kw’isi Yatoranirije Ubugingo. Yamenye ko igihe cari kigeze co kurungika intumwa yaYo gusohora Umugeni waYo, rero Yarabikoze. Turi ababimenye. Turi Abo Yamenye ko bokwizeye Ijambo Ryose.

Aburahamu yamenye ko Imana Yavugana nawe Iri mubiri w’umuntu. Yamenye ikimenyetso caYo kandi yaYise U-M-W-A-M-I, Elohim, kandi yarahezagiwe n’Umwami. Twaramenye ko, nk’uko vyari biri muri ico gihe, niko bizomera igihe Umwana w’umuntu Azogaragara, Elohim, Avugira mu mubiri w’umuntu.

Turi igice caYo, n’Umwana waYo, kandi tuzogumana naYo ibihe vyose. Si kubw’umuhamagaro wacu canke uguhitamwo kwacu, ariko ni uguhitamwo kwaYo. Ntaco twakoze kuri ivyo. Ni Yo Yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho.

Uko ari ko kwose wovuga Ubutumwa , ico wokora cose, ntibishobora kwera, ntibishobora kugaragara, ntibishobora kwemezwa, Uwavuze Wenyene Ati, “Ndi Umuco w’isi,” Ijambo. Rero hatagerezwa kuza I—I—Inkomezi, Mpwemu Yera ubwiWe, kweza, canke kugaragaza, canke kwemeza, canke kugaragaza ko ico Yavuze kitaraba coshitse muri iki gihe. Umuco wo ku kagoroba Uzana ivyo. Mbega igihe!

Yaratubonye mw’iyerekwa igihe twaca imbere yiwe. Twari mu gihagararo kimwe nk’uko Umugeni Yari Ameze kw’itanguriro, Alufa na Omega. Yabonye bamwe bava mu murongo, kandi yagerageza kuMusubizayo, ariko twari abo basemerera bati, “Turuhukiye kuri Vyo.”

Mwitegereze, “Nk’uko Yane na Yambure nabo bagwanije Mose,” bamwe muri bo bazozanana aho nyene. Si, ubu, ntavuga kuba Metodisiti, aba Batisiti, ng’aha ntibarimwo. Murabona ? Ariko nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose na Aroni, niko nabo, umuntu w’umugarariji kuvyerekeye Ukuri, bononekariye mu vyizerwa n’inyigisho z’ishengero, mu gishingo ca Bibiliya.

Ukuntu dutegerezwa kwitonda cane mu kugumana n’ukuri, Ijambo Ryagaragajwe ry’iki gihe cacu. Dutegerezwa kwama twibuka maze tukamenya uwo Ijambo Rizako. Ni nde umusiguzi wenyene w’Ijambo ava ku Mana ? Ni nde Ijambo ry’igihe cacu?

Mpwemu w’Imana, ari ryo Jambo ry’Imana. “Ijambo Ryanje ni Mpwemu n’Ubugingo,” Rizoshira Umugeni mu kibanza ciWe. Kubera, Azomenya igihagararo ciWe mw’Ijambo, rero Ari muri Kristo, Rizomushira mu kibanza ciWe.

Muratumiwe kuza kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryonyene Ryagaragajwe ry’igihe cacu, no kumenya igihagararo canyu mw’Ijambo no gushirwa mu mwanya wanyu mu gihe twumviriza Elohim Avugira mu muhanuzi wiWe kandi Atuzanira Ubutumwa : Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco 64-0726M, isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Hoseya : Igice ca 6
Ezekiyeli : Igice ca 37
Malaki : 3:1
Malaki : 4:5-6
2 Timoteyo : 3 :1-9
Ivyahishuriwe Yohana : Igice ca 11

Mana, Remera muri jewe umuvyuro. Reka mbe uwo muvyuro. Umwe wese muri twebwe abe uwo muvyuro, umuvyuro muri jewe. Umpe, Mwami, kugira inzara, umpe kugira inyota. Uremere muri jewe, Mwami, igikenewe muri jewe. Umpe, kuva iyi saha, kuba uwaWe; umukozi yishikanye kurushiriza, umukozi mwiza kurushiriza, ahezagiwe naWe kurushiriza; ashoboye kurushirizaho, yicishije bugufi kurushiriza, umugwaneza kurushiriza, ashaka gukora kurushirizaho; araba cane ku bintu vyiza, kandi yibagira ibintu vya kera, n’ibintu bibi. Undeke nsiganirwe ikimenyetso c’umuhamagaro wo hejuru wa Kristo. Amen.

Rev. William Marrion Branham.