22-0821 Umunsi Mukuru WInzamba

Ubutumwa: 64-0719m Umunsi Mukuru WInzamba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Fyonda Uvuze,

Kuri buri munsi w’iyinga turakorana tukwumviriza Igikorwa c’Imana Gikurikirwa neza na neza mu mwanya kiriko kiraba, gihambaye kuruta ibindi mu mateka y’isi. Turiko tubaho ibihe vyiza vya mbere vyabayeho mu gihe dukoranira kwumiriza Ijwi ry’Imana ! Ni Yesu, Umwana w’Imana, Yihishura Abicishije mu Vyanditswe, Atuma Ivyanditswe Vyatoranirijwe iki gihe, n’ibidi bihe vyose, Biba Bizima. Kandi kuVyizera, ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera.

Ikimenyamenya c’ukuri co kuba ufise Mpwemu Yera si ukuja gusa kw’ishengero buri yinga ; Nuko wizera yuko « Ndiho, » Ijambo ry’igihe cawe. Ijambo ry’iki gihe ni iki ? Umuhanuzi w’Imana ni Ijambo ry’iki gihe kandi ategerezwa kugarukana abantu kw’Ijambo, kugira ngo Umugeni amenye Umugabo Wiwe, amenye Uwo bashakanye, Ijambo Ryahishuwe.

Ubuzima bwiwe bwite, ibikorwa vyiwe bwite, birahishura kandi bikagaragaza Ijambo ry’iki gihe.

Ni Mpwemu Yera Agaruka mw’Ishengero ubugira kandi ; Kristo, Ubwiwe, Ahishuriwe mu mubiri w’umuntu, mu gihe co ku kagoroba, kurya nyene Yasezeranye yuko Yobikoze. Ndazi yuko ibi bibaniga gatoya, ariko mutegerezwa gusoma hagati y’imirongo kugira mubibone, ivyo bigatuma ishusho iza.

Turi Urubuto cami rwa Aburahamu, Umugeni. Ikimenyetso ca nyuma Aburahamu yigeze kubona imbere yuko umwana w’isezerano aza cari igiki ? Imana, mw’ishusho y’ikiremwamuntu, cashobora kumenya ivyiyumviro vy’abantu. Umugabo umwe, si icumi na babiri, umugabo umwe.

Ndazi ko abantu benshi batemeranya ng’aho, ariko ndazi yuko ari ivyo. Ndabizi. Si kubera ndabivuga yuko namwe muca mubivuga; kuko, ntibiva muri jewe. Ivyiyumviro vya—vyanje si ivyiwanje ubwanje. Icabimbwiye cose, nimba Cihenda, aho rero sivyo. Ariko sindabivuga bivuye kuri jewe, ndabivuga bivanye nivyo Uwundi Muntu Yavuze. Uwo Muntu Wundi ni Imana Yavuganye natwe Igakora ibi bintu vyose Yakoze, Ikagaragara, murabona, nico gituma nzi yuko ari ukuri

Twumviriza ivyiyumviro nyakuri vy’Imana ; atari ivyiyumviro vy’umuntu, ariko ni ivy’Imana. Umuhanuzi wacu ni umuhishuzi w’Ijambo Ryanditswe.

Turatahura yuko kuvuza amabande mu mazu yanyu canke mu mashengero yanyu atari ivy’abantu bose, ariko kuri kubwacu, niyo NZIRA YONYENE. Dukunda kwumva Ijwi ry’Imana Rivugana natwe ata handi Riciye. Ntidukeneye insobanuro canke insiguro n’imwe ; ni Imana Ivugana natwe umunwa ku gutwi.

Kuri uyu w’iyinga tuzokwumviriza Imana Ivugana natwe kandi Itubwira ingene Yeretse umuhanuzi waYo icijiji cacu hakurya. Ingene urya Mugeni yariko amuhanga amaso, amuvugisha, kandi twari duhagararanye na we. Twariko turagendera neza na neza imbere y’Umwami.

Rero Imana Ivugira mu muhanuzi waYo Irahanura ubugira kandi Irongera Ivuga Iti :

Birashoboka ko hoba hari abantu mu bihugu bitandukanye, kw’isi yose, bazoronka iyi bande mu ngo zabo canke mu mashengero yabo. Twosaba, Mwami, ko mu gihe c’igikorane, ku—ku… canke igihe iyi bande iriko iravuzwa, canke aho tuzoba turi hose canke—canke ukwo tuzoba tumeze kwose, Imana Ihambaye yo mw’Ijuru Yubahirize iki kiri mu mitima yacu iki gitondo, maze Ikize ababikeneye, Ibahe ivyo bakeneye.

Namba mwumviriza Amabande hanyuma mukizera yuko Ari Ijwi ry’Imana ku gihe cacu, rero ico mwoba mukeneye ico ari co cose, Imana Izoba Iriko Iravugira mu ntumwa yaYo kandi Ivuge Iti, “Bahe ico ari coc ose bakeneye.”

Ivyo bishobora gushika gusa biciye mu GUFYONDA UKAVUZA mugenzi.

Namba wipfuza kwumva Imana Ivuga kandi Isobanura Ijambo ryaYo bwite Yihishurira mu mubiri w’umuntu, no kuronka ico mukeneye ico ari co cose, ni muze mufatanye natwe ku w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, (Isaha cumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) mu gihe twumva Imana Ivugana natwe mu gihe twumviriza : Umunsi Mukuru W’Inzamba 64-0719M.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Abalewi 16
Abalewi 23: 23-27
Yesaya 18: 1-3
Yesaya 27: 12-13
Ivyahishuriwe Yohana 10: 1-7
Ivyahishuriwe Yohana 9: 13-14
Ivyahishuriwe Yohana 17: 8