22-0814 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Gikorwa c’Akaroruhore,
Nshobora kukwandikira gute uyu munsi, ntakwibukije ivyo umwungere wacu yavuze kuri umwe wese muri twebwe kuw’iyinga uheze ?

Ariko kumenya ko aho nshobora kuja hose… Simfise u—umugwi kw’isi, uko ndabizi, uguma iruhande yanje nk’uyu mugwi. Imana Iduhe kuba abadatandukana, kugira ngo, mu Bwami bugiye kuza, dushobore kuba hamwe, ni ryo sengesho ryanje.

Nta mugwi kw’isi ugumana n’umuhanuzi w’Imana, n’Ubutumwa Imana Yavuze ku mabande nka twebwe. Kandi kuko tubikora, tuzoba abadatandukana muri burya Bwami Bushasha hamwe nawe n’Umwami Wacu Yesu Kristo. Nta ciza na kimwe coza gisumba ivyo.

Iyi ni iminsi ihambaye kuruta iyindi mu buzima bwacu. Turahagijwe cane no kuba abasazi ba Kristo n’Ubutumwa bwiWe bw’igihe c’iherezo. Kwitwa uwataye umutwe kubera twizeye Ijambo Ryose Riri kuri ayo mabande no kuvuga, FYONDA UVUZE.

Turi ab’Ishengero Rimwe kandi Ryonyene. Ntitwabaye abanywanyi baRyo, twavukiye muri Ryo. Buri yinga tuja hamwe tuvuye kw’isi yose kandi dusunitswe n’urukundo rwa Kristo maze tukavuga tuti, « Yooo, ukuntu ndaGukunda ‘Yesu’ ! »

Twoshobora kuba abataye umutwe kub’isi, ariko Data Yaduhaye Uguhishura kwiWe bwite muri iki gihe cacu, Imana Yitwikiriye urusato, kandi vyadukwegereye, Umugeni wiWe, kuri We.

Turakunda gusa ukuntu vyiyoroheje, ariko hamwe n’ivyo, es’ ukuntu vyimbitse. Ariko utegerezwa kugira Uguhishurirwa kugira ngo ubibone, kandi TURAGUFISE.

Yinyegeje mu mwitwikiro w’umuntu, mw’Ishengero RyiWe, Yihishura ubwiWe mu kwizera kwawe n’ukwizera kwanje, twese hamwe, tugiye hamwe, tugira ubumwe bw’Imana. Sinshobora gukora ikintu na kimwe ntari kumwe namwe, ntimushobora gukora ikintu na kimwe mutari kumwe nanje, nta n’ubwo mwoshobora gukora na kimwe mutari kumwe n’Imana. Kubw’ivyo, turi kumwe bizana ubumwe, ubumwe buteye ubwoba. Imana Yandungitse kubw’iyo ntumbero ; uravyizera, kandi rero birashika. Ni ivyo gusa, murabona, vyemejwe mu buryo butunganye.

Tumeze nka ba bagabo bari mu nzira bava Emawusi urya munsi. TuraMwumviriza Avugana natwe umunsi wose. Hanyuma tukaMutumira mu mazu yacu ku buryo dushobora kwiyugarana hamwe naWe twenyene. Hanyuma Akora ikintu kinaka conyene Ashobora guko
ra, Amanyagura Umutsima w’Ubugingo Budashira. TuraMumenya ako kanya. Hanyuma tuvuga tuti, imitima yacu ntiyagurugumbiye muri twebwe mu gihe Yavuganira natwe mu nzira yose.

Buri yinga dukorana dufise igishika cinshi, twibaza tuti, « Ni igiki Agiye kutubwira no kuduhishurira iri yinga ». Tuzosangira n’abandi ibisomwa vyinshi vyo muri Bibiliya kandi tubivugeko iyinga ryose. « MwaraMwumvise igihe Yavuga. »

« Vyantwaye imyaka ibihumbi bine kugira ngo nkore Igikorwa c’Akaroruhore Canje ; ariko ubu maze imyaka hafi ibihumbi bibiri nkora ikindi Gikorwa c’Akaroruhore, Wewe, Umugeni Wanje. Nagikoze mu buryo bwaNje butigera buhinduka, nka kurya nyene nakoze Igikorwa c’Akaroruhore Canje Ca mbere, Ijambo Ryanje. Uko niko Nkora Ibikorwa Vy’Akaroruhore Vyanje, kuko ushobora kuba gusa Igikorwa c’Akaroruhore Gitunganye mu gihe gihe ari Ijambo Ritunganye. »

MweneData, ntiwiyumvire nabi kuri ibi, ariko fata umunota umwe wiyumvire. Namba Yakuye kuri We icaremwe c’inkomoko, kugira ngo AMukorere Umugeni, NtiYigeze Akora ikindi caremwe. Yafashe igice c’iremwa ry’inkomoko. Rero, namba Yari Ijambo, Umugeni Ashobora kuba iki ? Ritegerezwa kuba Ijambo ry’inkomoko, Imana Nzima mw’Ijambo.

Muvuga ivya yubire yo gufungura. Turi igice c’icaremwe c’inkomoko. Turi igice c’Ijambo ry’inkomoko. Imana Iba muri twebwe. Turi Igikorwa c’Akaroruhore caYo. Turi umugwi ugumana n’umuhanuzi waYo. Ntawodutandukanya n’umuhanuzi waYo n’Umwami Yesu Kristo. Turi UMWE hamwe naYo.

Namba namwe mwoshaka ko umutima wanyu ugurugumbira muri mwebwe nk’uko bimera muri twebwe, ni muze dufatanye kuri uyu w’iyinga isasita ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba i Burundi) nk’igice c’Umugeni muze twese hamwe tuMutumire mu mazu yacu, no mu mashengero yacu, mu gihe twumviriza Imana Ivuga kandi Iduhishurira Amajambo y’Ubugingo Budashira, mu gihe Ituzanira Ubutumwa : Igikorwa c’Akaroruhore, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 5 mukakaro, umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Yesaya 53 : 1-12
Malaki 3 :6
Matayo 24 :24
Mariko 9 :7
Yohana 12:24
Yohana 14:19