24-0303 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi muryango w’igikorwa c’akaroruhore,

Mbega ukuntu ubu Butumwa buheruka bwabaye ubw’igitangaza ku mugeni wa Kristo. Imana yikurako umwitwikiro ubwayo imbere yacu, yihishura ku mugaragaro. Isi ntishobora kubibona, ariko kuri twebwe, umugeni waYo, nivyo gusa dushobora kubona.

Twaramenye igihuzu hanyuma turaMubona ku mugaragaro. Imana, mu rukoba rw’umubiri w’umuntu. Ijambo Ryihinduye umubiri, neza na neza nk’uko yabisezeranye muri Luka 17 hamwe na Malaki 4. Yinyegeje ubwiwe mu mwitwikiro w’umuntu, mu muhanuzi wiWe no mw’ishengero ryiWe.

Turi abantu ba mbere bahiriwe mw’isi igihe twumviriza Imana ivuga biciye mu ntumwa mumarayika wayo maze atubwira,

Ndabashimiye. Ndanezerewe cane kwifatanya namwe. Ndanezerewe cane kuba umwe muri mwebwe. Imana ibane namwe. Izobikora. Ntizobasiga. Ntizobaheba. Ntizobasiga. Mwaramaze kumena igihuzu ubu.

Twacitse utuzeze kuri buri muntu wese, mbere no mu kibano cacu, ariko turahimbawe cane, turashimye cane, kubwo uguhishurirwa kw’ijambo ryaYo yaduhaye kubw’iki gihe. kuba abasazi kubwa Kristo n’ijambo ryiwe ryagaragajwe. Twashize ukwizera kwacu mu kwizera kw’umuhanuzi wiWe kandi twiyunze turi hamwe, turiko tugira UBUMWE buhambaye bw’Imana. Nta kintu ashobora gukora tutahari; ntakintu dushobora gukora uwo muhanuzi adahari kandi ni nk’uko tutashobora gukora ikintu na kimwe n’Imana idahari. Kubw’ivyo twese hamwe tugira UBUMWE, Isano, Imana, Umuhanuzi wayo, Umugeni wayo. Twahindutse igikorwa c’akaroruhore.

Vyayitwaye imyaka ibihumbi bine kugira ireme igikorwa ca mbere cayo c’akaroruhore. Rero, vyayitwaye imyaka ibiri kugira ireme, ikindi gikorwa cayo c’akaroruhore, TWEBWE, Umugeni wayo, umuryango wayo uhambaye w’igikorwa c’akaroruhore, Adamu wa kabiri hamwe na Eva wa Kabiri. Turiteguriye ubu rya tongo, inganji y’imyaka igihumbi. Yaratubumbabumvye ubugira kandi kandi ubu turiteguye. Turi umugeni Jambo wiwe atunganye, igice c’ukurema kwiwe kw’inkomoko. Umutumba, intimatima n’igishishwa, bikoraniye mu rubuto ubu, vyiteguriye kuzuka kandi vyiteguriye kwimburwa. Alpha yahindutse omega. Urubuto rwatewe, rwaraciye mu ntambuko hanyuma ruhinduka urubuto ubugira kandi.

Urubuto, rwaguye mw’itongo rya Edeni, hanyuma rupfira hariya, rwaragarutse. Urubuto rudatunganye rwapfiriye hariya, rwahindutse urubuto rutunganye, Adamu wa kabiri.

Ubu twahindutse adamu wa kabiri, umugeni w’ukuri, urubuto, rwahindutse ijambo ry’inkomoko ubugira kandi. Dutegerezwa kugira ibisabwa vyose vy’ijambo kugira ducike urwo rubuto. Ntidushobora kugira igice c’urubuto ; ntidushobora gukura, dutegerezwa kuba urubuto rwose.

Hari ikintu kimwe gusa casigaye, iyimbura riri hano. Tureze. Twiteguriye ukuza. Mu gihe c’iyimbura. Urubuto rwasubiye ukwo rwari rumeze ubwa mbere. Umuryango w’igikorwa c’akaroruhore waragutse, Kristo n’umugeni wiwe. mu gutera intege umuhanuzi wiwe n’umugeni wiwe, Uhoraho yahaye umumarayika waYo ahambaye iyerekwa. Yamuhaye icijiji c’ico turi, umugeni wiwe. Mu gihe twaca iruhande yiWe yavuze, twari abigeme batoya baberewe. Yavuze ati, ‘’ twese twari tuberewe kuriwe mu gihe twarengana.

Mu mpera, bamwe baravuye mu mumurongo hanyuma bagerageje uko bashoboye gusubira mu murongo. Rero yaciye atahura ikintu kinaka ngirakamaro, bariko baritegereza hanze ahandi hantu, ntibariko baramwitegereza. Bariko baritegereza rirya shengero ryinjiwemwo n’akajagari.

Ese ukuntu tunezerewe kandi dushima , si twebwe, ari imbere, ntitwavuye mu murongo canke ntitwamukuyeko amaso.

Rero igikorwa c’akaroruhore hamwe n’umwana w’Imana, igikorwa c’akaroruhore ni umugeni kandi ni igice ciwe, gitegerezwa kuba ugushitwa kw’Ijambo. Ijambo ryarashikijwe kandi turiteguriye ukuza kw’Umwami.

Ese ukuntu duhimbawe no kumenya, ko turi umuryango waYo w’akaroruhore, umugeni w’ukuri waYo. Ijambo ryarashikijwe, kandi turiteguriye ukuza kw’Umwami.

Turabatumiye kuza kwifatanya natwe uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kwisaha ya Jeffersonville mu kwumvirizanya natwe ijambo hanyuma duhinduke igice c’umuryango w’Imana w’igikorwa c’akaroruhore mu gihe tuzokwumviriza Umuhanuzi atuzanira ubutumwa: Igikorwa c’Akaroruhore 64-0705.

MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ubutumwa:
Yesaya 53: 1-12
Malaki 3:6
Matayo 24:24
Mariko 9:7
Yohana 12:24/14:19