24-0225 Akazeze

Ubutumwa: 64-0614e Akazeze

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bagenzi Bakundwa,

Ni isaha zitandatu z’umuhingamo i jeffersonville, isaha imwe y’ijoro muri africa, isaha zine zo mu gitondo muri Arizona ;umugeni yamye akoraniye hamwe kw’isi yose. Twarindiriye indwi yose iki gihe. Turindiriye ico twiteze gihambaye, turindiriye yuko Imana yovugana natwe biciye mu kanwa k’ikiremwa muntu mu nzira y’intumwa Mumarayika w’indwi wayo w’inkomezi. Turiko turasenga, dusenga tuti, ‘’ Mwami Ntegura, nsiga, kandi umpe uguhishurirwa kurushirije.’’

Turahagijwe, kuko tuzi tudakekeranya y’uko umuhanuzi, kandi ari Umuhanuzi wenyene afise amajambo y’Ubugingo kubw’iki gihe. Birashoboka ko vyose tutoshobora kubisigura, ariko turazi yuko twizera buri Jambo kandi turyumiyeko.

Turazi, nk’uko Uhoraho yakoranye na Mose, Imana yiteguriye gushira hejuru Umuhanuzi wayo imbere yacu. Ico gihe, yaranyiganyije imisozi. Iki gihe, anyiganyiza amajuru n’isi.

Igihe cashitse. Imitima yacu iriko iragurugumbira muri twebwe. Turiko turumva ururirimbo ruhayagiza Igihugu cacu rutanguye kuvuzwa. Mu guhuza imitima n’inama, umugeni wo kwisi yose arahaguruka hanyuma agatangura kuririmba, IZERE GUSA, Ibindi vyose birashoboka, Izere gusa. Imana yiteguriye kuvugana natwe.

Turumviriza:’’ Mwaramutse bagenzi.”

Imitima yacu iranezerwa mu kwumviriza aya majambo atatu gusa. Umuhanuzi yarampamagaye jewe umugenzi waYo. Rero aratubwira Ati,

Ndabakumbuye mwese. Ntaco bintwaye aho nja hose, jewe- jewe… si, si mwebwe. Ndafise abagenzi, kw’isi yose, ariko si- simwebwe mwese. Hariho ikintu kinaka cerekeye uyu mugwi mutoya… sindabizi. Ndabiyumvirako… nta mugwi mfise kw’isi, uko nshobora kumenya, ugumana nanje nk’uyu mugwi. Ese Imana yoduhezagira kugira ngo ntitube abotandukana, mu bwami bugiye kuza, ese twese twoba hariya niryo sengesho ryanje.

Ni ukuhe guhishurirwa guhambaye Imana iza kuduhishurira uyu munsi? Mbega tuza kwumviriza iki? Nkumbure twaravyumvirije incuro nyinshi imbere y’aho, ariko uyu munsi biza kuba ari ibitandukanye, gusumvya uko vyigeze kuba mbere.

Ni ibiki? Imfungurwa z’uwizera. Umutsima uvuye mw’ijuru tuzogaburirwa. Umutsima wa twebwe gusa, umugeni wayo. Ni ubwiza bwa Shekina kuri uyo mutsima udutuma tutononekara.

Abo hanze baratwitegereza maze bakavuga bati,’’ mbega mwebwe muriko mukora iki? Muriko murumviriza amabande gusa? Bantu mwe vyukuri muri utuzeze.”

Imana ishimwe!! Turanezerewe cane, kandi turashimiye uhoraho kubwo kuba utuzeze; turi utuzeze kubwiWe kandi kubwo Ijambo ryagaragajwe ryiWe. Turanezerewe no kubwira isi,” EGO, NDIZERA IVUGABUTUMWA RYA BANDE. NDIZERA GUFYONDA UKAVUZA. NDIZERA KO ARI RYO JWI NGIRAKAMARO GUSUMBA AYANDI MUSHOBORA KWUMVIRIZA. EGO, NDIZERA KUGARUKANA AMABANDE KURI ALUTARI.”

Igihe igihuzu c’imigenzo cakugwaho, murashobora kubona yuko Imana iguma ari Imana y’ijambo ryayo. Iracashitsa ijambo ryayo. Ni- ni Imana, mwene Ijambo ryayo.

Ntaco bitwaye ic’uwundi muntu wese yokora canke yovuga, turavyizera, hanyuma tukabikorerako. Namba mutabikora, rero ntimuvyizera. Ntimuri hirya y’igihuzu. Kirya gihuzu gikomoka k’umuntu umwe. burya Butumwa ni bumwe.

Ndizigiye kandi ndizera yuko mwumvise ugutahura kwa Mpwemu c’ivyo Imana yagerageje gushika mw’ishengero itabivuze hanze. Murabona? Ni ikintu, igihe kanaka, dutegerezwa kuvuga ibintu muri ubwo buryo uko vyotegerezwa, bamwe vyobatuma basohoka, abandi bagenda, abandi bagashinga inanga. Ariko bikorwa neza. Bitegerezwa gukorwa muri ubwo buryo.

Ijambo ryahishuriwe Umuhanuzi w’Imana. Si umugwi, abafarisayo, canke abasadukayo, canke agace kanaka, canke umuryango munaka. Ni UMUHANUZI! Imana yarondeye umuntu umwe. Ntiyarondeye babiri canke batatu. Yafashe umuntu umwe. Niwe afise Ijambo kandi wenyene.

Rero vyoshoboka yuko bamwe bashobora kuvuga bati, ‘’ ushatse kuvuga yuko Imana yokora nk’uko nibigirankana.” Ata nkeka yarabikoze. Irabikora nibigirankana.

Nk’uko bavuze haraciye imyaka amajana, twumva vyabintu nyene uyu munsi tuti,’’ ariko hariho abandi bantu hano Imana yahamagaye.” Uko ni ukuri. kandi mu gihe bakurikiye maze bagakurikiza, amen, ariko iyo umwe agerageje guhaguruka hama agafata ikibanza c’Imana Imana yahaye Umuhanuzi wacu yatoranirijwe maze akagenwa kubwo ico gikorwa, dutegerezwa kugumana n’ijambo ryagaragaje Ijwi ry’Imana kubwo igihe cacu.

Itegereze, urupfu, rube kure yavyo ubu. mutegerezwa kuvyinjiramwo biciye muri iki gihuzu, bitari uko ntibizoshoboka. Ni gute Imana yoshobora kutugirira Imbabazi, ariko mwibuke uko vyari biri igihe Imana yagaragaje ivyari inyuma y’ico gihuzu. Itegereze ivyari inyuma y’ico gihuzu, Ijambo! Vyatwikiriye iki? Ijambo! Vyari ibiki? Ryari Riri mw’ isandugu y’isezerano. Ryari Ijambo, ico gihuzu canyegeje. Murabona? Kandi Yesu yari iryo Jambo, kandi nubu ni iryo Jambo, hanyuma igihuzu c’umubiri wiwe caraRinyegeje.

Kuri twebwe, ni ukugaragazwa! Birengeye Ijambo, ni ukuri ! amen !
Turazi ko kubandi turi utuzeze, kandi vyokwumvikana ko turi abasazi kub’isi, ariko bikwegera abantu bose kuri we.

Ingo hanyuma mwiyunge n’Ijambo hamwe natwe uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza umuhanuzi abwira isi ukuntu turi Utuzeze 64-0614E.

Turanezerewe kandi turahimbawe kuvuga ico turi.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
1 Ab’Ikorino 1:18-25
2 Ab’Ikorinto 12:11