22-0807 Akazeze

Ubutumwa: 64-0614e Akazeze

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ubwiza bwa Shekina,
Ese ukuntu imitima n’ubugingo vyacu vyaduze ku dusongero dushasha mu gihe twari dukoraniye hamwe kw’isi yose, twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugira mu ntumwa yaYo kandi Ritwemeza ubugira kandi, abo turi .

Yitwikira ubwiWe uno munsi, mu nzavya z’ibumba, na Shekina. Uruhande rw’inyuma rusa n’umugwi w’abera bikumbagaza hasi, insato zishaje z’ibikoko vyitwa tahashi, ariko imbere hanyegeje Ubwiza bwa Shekina.

Imana Ishimwe ! Imbere muri twebwe hanyegeje Ubwiza bwa Shekina. Twagiye inyuma y’igihuzu kandi dushobora kubona Kristo ku mugaragaro.

Uno munsi, Imana Ntikorera mu muntu, Ikora Iciye mu muntu. Yakorera mu Muntu ico gihe, Yesu. Ubu, Ikora Iciye mu muntu Yatoranirije iyi ntumbero. Imana, mw’ishusho y’umuntu; Yihinduye ubwaYo, Iva mw’ishusho y’Imana, Ija mw’ishusho y’umuntu.

Imana ubwaYo Yagaragaye mw’ishusho y’ikiremwa muntu, ku rubuto rusanzwe rwa Aburahamu, imbere y’ukurimbuka, kandi Yesu Yavuze ko vyobaye co kimwe kuri uru Rubuto cami imbere y’ukugaruka kwasezeranywe kw’Umwana.

Imana ubugira kandi Yaragaragaye mw’ishusho y’ikiremwa muntu, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze. Ni Imana Yinyegeje inyuma y’umwitwikiro w’umubiri witwa William Marrion Branham. Kiretse ugiye inyuma y’uwo mwitwikiro maze ukabona Imana, kandi atari umuntu, ahandi ho woba uhushije umugambi wose w’Imana.

Abantu bamwe bavuga bati, “Mwebwe abantu mugira mweneData Branham imana.” Yemwe, twibaza ko ibintu nk’ivyo bikora neza cane. Turazi ko bagerageza kutunegura gusa. Turazi ko tutakoze ivyo. Ariko vyongeye turazi ko batabitahuye, kuko bari ku rundi ruhande rw’urusato, ntibaje inyuma y’igihuzu.

Dushobora kuvuga dutomoye tuti, “Yemwe, ivyo nti biri kure cane y’Ijambo ry’Imana, si vyo?” Dushaka kubamenyesha gusa ko tutazimiye. Turazi aho duhagaze. Turazi ubwoko bw’igihuzu c’ubwato twateguye n’ubwoko bw’umuyaga buduhuha. Turazi inyuzi zacu izo ari zo n’iburo yacu iyo ari yo. Kandi turazi uko duhagaze.

Igihe Imana Yagaragara mw’isi, Yari Inyegeje inyuma y’igihuzu, inyuma y’urusato rw’Umuntu Yitwa Yesu. Yari Itwikiriye kandi Inyegeje inyuma y’urusato rw’umuntu yitwa Mose, kandi bari imana, atari Imana; ariko bari Imana, Iyo Mana Imwe, Ihindura gusa umwitwikiro waYo, Ikora co kimwe igihe cose, Izana iri Jambo.

Tujishiwe kw’Ijambo, Ubutumwa n’umuhanuzi w’igihe, kandi bidusunikiramwo maze bikatujana Iwacu mw’Ijuru. Turi utuzeze kw’isi, ariko Imana Yaturungikiye Iburo Isunikira Umugeni waYo hanze y’uru ruzazane, Imwinjiza mu Nyonga h’Imana. Turi iburo y’Ijambo Ryajishwe.

Imana, Yambaye urusato ! Bishobora kwumvikana nk’iburo, kw’isi, ariko bikwegera abantu bose kuri Yo.

Ubu Butumwa ni Manu Iva mw’Ijuru, Ibifungurwa vyacu twebwe abizera gusa , kandi Ikwegera Umugeni WaYo kuri Yo. Ubwiza bwa Shekina, ku Mutsima w’ibiterekerwa, BwaWubujije kugasha.

Imana Yateguye inzira uyu munsi, Ubu Butumwa n’intumwa yaYo ; Imana Yitwikiriye n’urusato. Ubu Ni Imana Yihisha muri twebwe, Umugeni Wayo, Ashobora kurya gusa kw’Ijwi ry’Imana Rinoboye Ryagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro.

Twebwe ntiturwanya vya bikorwa bitanu vy’Imana, Imana Iturinde, Imana Yabahamagariye gukora igikorwa. Bakurikira kandi bakora uko Mpwemu Yera Abarongora. Dukora gusa uko Mpwemu Yera Aturongora gukora kandi Aturongorera anatuyoborera kugumana n’amabande yonyene.

Rero, ubu, umviriza Ijambo Ryose. Ricakire. Kandi—kandi namba uRicakiriye ku mabande, canke ico ari co cose, rero gumana neza n’iyo Nyigisho y’ibande. Ntuvuge ikintu na kimwe kiretse ico ibande ivuga. Vuga gusa neza na neza ico ibande ivuga.

Kuri twebwe, UBURYO BWONYENE BWO KWUMVIRIZA : « IJAMBO RYOSE, » « NTA KINDI KIRETSE ICO AMABANDE AVUGA, » NEZA NA NEZA ICO AMABANDE AVUGA, » NI UGUFYONDA TUKAVUZA NO KWUMVIRIZA AMABANDE.

Kubw’ivyo turabatumiye kuza kwumviriza neza ico amabande avuga kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) no gucika Akazeze hamwe natwe mu gihe twumviriza Ubutumwa : Akazeze, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 ruheshi ku mugoroba umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

1 Abakorinto 1 :18-25
2 Abakorinto 12 :11