22-0731 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana

Ubutumwa: 64-0614m Ugukurwako Umwitwikiro KwImana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo Ryanditswe,

Buri ndwi bigenda biba vyiza kurushiriza. Kuw’iyinga, twaronse akaryo ko kuraba, no gufata ingingo, TWABONYE IKI? Mbega twabonye umukozi w’imana, OYA! Mbega twabonye umwungere wacu, OYA! Igihe twaraba hirya y’umwitwikiro w’umubiri w’umuntu twabonye Yesu Kristo Yihishura kandi Yigaragaza.

Mu gihe twumviriza ayo ma bande uko yaza, vyarushirije kuja ku mugaragaro, namba ufise amatwi yo kwumva n’amaso yo kubona. Ubu tubona Imana neza. Igihuzu caratabuwe, kandi tubona Imana Iri imbere yacu neza, Inkingi y’Umuriro Yigaragariza bose.

Yahumishije bamwe, ariko kuri twebwe, Yahishuye Ukuri. Imana Yahaye ubwiza intumwa yaYo imbere yacu, kurya nyene Yabikoreye Mose.

Ntimukiri inyuma y’ico gihuzu bana Bato, Imana Yaraje Igaragara imbere yanyu.

Ni ibiki ? Ubumana Butwikiye mu mubiri w’umuntu. Imana, mw’ishusho y’umuntu, Yihisha mu maso yabo. Bashobora kubona gusa umuntu, bakavuga ko umuhanuzi w’Imana akora amakosa, kandi nawe ubwiwe niko yavuze, bagerageza kwigisha abantu ko hariho amakosa ku mabande. Ariko kuri twebwe, Umugeni WaYo Yatoranijwe, turumviriza Imana hanyuma ntitubonemwo amakosa.

Umwe yabonye umuntu, uwundi yabonye Imana. Murabona ? Kandi yari Imana Itwikiriye mu kiremwa muntu, vyose ibikora neza, ariko ni ukwizera kwanyu kw’ivyo mutabona.

Kuri twebwe, tuzokwizera kandi dukurikire amakosa y’umuhanuzi w’Imana yagaragajwe, namba ahari, imbere yuko twizera Niko Uhoraho Agize yaYo.

Mose ntiyategerezwa gukubita igitandara kabiri. Iyo mpwemu nyene yari kuba yavuze muri ico gihe iti, « Murabona, Mose akora amakosa. » Ariko amazi yaraje ukwo biri kwose, kandi namba utanyoye kuri iryo bita ikosa rya Mose, warapfuye. Niko bimeze iki gihe. Ng’ivyo ibirego.

Mose yari afise Ijambo. Rero mwibuke, Ijambo Rimaze kugaragazwa, Mose yasubira kuba Mose ubugira kandi. Murabona ? Ariko mu gihe rirya Jambo Ryari muri we kugira ngo Ritangwe, yaba ari Imana ; yemwe ntiyaba akiri Mose.

MweneData Branham yari afise Ijambo. Ijambo Rimaze kugaragazwa, mweneData Branham yasubira kuba mweneData Branham ubugira kandi, ariko mu gihe Iryo Jambo Ryari muri we kugira ngo Ritangwe ku bantu, ku ma bande, yaba ari Imana ; ntiyaba ari mweneData Branham. Rero twiga, ko ibiri kuma bande ari Amajambo y’Imana, kandi nta makosa ari mu Majambo y’Imana.

NtituVyizera gusa, ariko tuBibamwo. Igihe abandi bose baBija kure, tuBigumako. TuraVyizera. Ntaco bitwaye ico uwo ari we wese akora canke avuga, turaVyizera kandi rero dukora dushingiye kuri Vyo. Namba utabikora, rero ntuVyizera.

Niko mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo. Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushiremwo ivyiyumviro vyanyu, muvuge gusa ivyavuzwe kuri izo bande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yategetse gukora, ntimwongere kuri Vyo.

Mufyonde muvuze kandi mwizere IJAMBO RYOSE nk’uko Imana Yadutegetse gukora. Ni akanwa k’Imana kavugira mu gutwi kw’Umugeni WaYo.

Imana Yatwikiriye kandi Yagaragaje Mose, mu mwitwikiro, mu kwitwikira ubwaYo n’Umuriro Umwe, Inkingi y’Umuriro Imwe Yamanutse. Kuva—kuva ico gihe… Kuri bo, Rero bashobora kwumva gusa Ijambo ry’Imana. Murabitahura? Ijambo gusa, bumvise Ijwi ryaYo. Kuko, Mose yari, kuri bo, Ijambo Rizima.

Imana Ntihindura, kandi Ntishobora guhindura umugambi waYo. Ni Yesu Kristo Wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Rero, kuri twebwe, umuhanuzi waYo yagaragajwe, William Marrion Branham ni Ijwi ry’Imana Ryacu, kandi ni Ijambo Rizima ry’igihe cacu.

Rero si Ijambo Ryanditswe gusa kuri twebwe, ni ibintu vy’ukuri. Turi muri We. Ubu turaryoherwa. Ubu turaMwihweza. Ubu turaMubona, Ijambo, Yigaragaza ubwiWe. Biranyegejwe, hanze hariya, kuko (kuki?) Biranyegejwe mu mubiri w’umuntu. Murabona?

Naho vyogenda gute, ntibaBibona. Kuki? Ntivyarungitswe kuri bo.

Kubera ko uBibona, uriteguriye kuMwumva Akubwira ubugira kandi UWO URI WE ? Iyo Arabira hejuru mu bihome vy’Ubwiza maze Akakubona, Abona nde?

• Mbona Ijambo Ryagaragajwe. Ico Yavuze ko Yokoze muri iyi minsi ya nyuma, ndakibona gikura. Ndabona abana barya Urya Mutsima wa Shekina Uje Uvuye mu kwera kw’Ijambo, baRyizera. Amen!

• Rero ducika igice ciWe, mu gihe uri umwitwikiro uMutwikira. Uri igice ciWe, mu gihe Kristo ari muri wewe, mu gihe Kristo Yari Ijambo ry’Imana. Kuko Imana Yari muri We, YaMugize Imana. Kandi mu gihe Kristo Ari muri wewe, ivyizigiro vy’Ubwiza, ucika igice ca Kristo.

• “Wewe,” Havugwa hati, “muri ivyete vyanditswe,” canke, muri Ijambo Ryanditswe, Ryagaragajwe,” nta na kimwe gishobora kwongerwa kuri Ryo. Ntushobora kuvuga uti, “Ndi icete canditswe,” kandi ubayeho ubundi bwoko bunaka bw’ikintu kinaka atari ico Ibi Vyamaze kwandikwa, kuko nta na kimwe gishobora kwongerwako canke ngo gikurweko.

Izina ry’Umwami Yesu Kristo Rishimwe. ARATUBONA. TURAMUBONA. Turi Ijambo RyiWe Ryagaragajwe uno munsi.

Ni muze dufatanirize hamwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi) mu gihe Imana Iri imbere yacu; Inkingi y’Umuriro Itwikiriwe mu mubiri w’umuntu, kandi Itubwira Ijambo dutegerezwa kubamwo muri iki gihe. Ni Ubwiza bwa Shekina butweza. Imitsima y’ibiterekerwa k’uwizera.

Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, Ubutumwa
Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 ruheshi mu gitondo, umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Matayo 24:24
Luka 17:28-29
Yohana 14:14
1Ab’I korinto 12:13
2Ab’I korinto 3:6
2Ab I korinto 4:3
Ab’i Filipi 2:1-8
1Timoteyo 3:16
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 10:7
Ivyahishuriwe Yohana 19:13
Kuvayo igice ca 19
Kuvayo igice ca 20
Yoweri 2:28
Malaki 4:5