24-0310 Umunsi Mukuru WInzamba

Ubutumwa: 64-0719m Umunsi Mukuru WInzamba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bana b’Umuco,

Ese ukuntu dukenguruka kuba tugendera mu Muco WiWe. Kuba igice c’uwo Muco, twamenyekaniye hamwe n’uwo Muco. Guhamagarwa no gutoranywa naWe. Turi Umugeni wa Kristo, Yamenyekaniye hamwe naWe. Ubu abo babiri ni Umwe.

Sinoshobora na rimwe kuvyandika kenshi cane. Ntidushobora na rimwe kubivuga bihagije. Ubu Butumwa busigura VYOSE kuri twebwe. Kumenya ko dufise Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo RyiWe birengeye ikintu cose twoshobora gushira mu majambo.

Kuba tubayeho muri iki gihe no kuba igice c’ibiriko biraba, ni icubahiro gihambaye cane Imana Yoshobora kuduha. Nk’uko vyari bihambaye kuba twicaye mu bikorane kuri Branham Tabernacle, tubona kandi twumviriza umumarayika w’Imana azana ubu Butumwa, BIRANAHAMBAYE GUSUMBA kubaho muri iki gihe, n’iki kiringo, no kuba ugushitswa kw’iryo Jambo.

Imana mu Mugambi waYo uhambaye, Yaciye Inzira yuko twoshobora kuba dukoranye kw’isi yose, twumviriza Ijwi ry’Imana twese mu mwanya umwe, gutunganywa n’Ijambo RyaYo. Kuba turindiriye kwumviriza kw’isegonda iyo ari yo yose umumarayika ntumwa wacu w’indwi avuga ati:

“Ng’Uwo Umwagazi w’Imana Akura icaha co mw’isi !”

Ntihigeze haba ikintu na kimwe nkaco kuva kw’itanguriro ry’igihe. Uguherahezwa kw’Umugambi Uhambaye w’Imana uriko uraba, UBU NYENE, kandi turi igice cawo. Umunsi Uhambaye w’Umwami Uregereje.

Amabanga yose yarahishuriwe Umugeni n’umumarayika ntumwa w’Imana. Udushashara, Ibihe, Imituragaro, Ukwizera kw’Izamurwa, Ugukwegwa kwa Gatatu. VYOSE vyaravuzwe kandi biri kuma bande ku buryo Umugeni Ashobora kuvyumviriza asubira yiyongeza kandi BIRADUTUNGANYA.

Mpwemu Yera Yaragarutse mw’Ishengero ubugira kandi ; Kristo ubwiWe, Yihishuye mu mubiri w’umuntu, mu gihe c’akagoroba nk’uko Yasezeranye.

Ubu ni wumvirize neza Mugeni, bicakire.

Twarasohowe n’Ijambo ; Kristo ubwiWe Yaradusohoye. Yarishize ku mugararo ubwiWe kuri twebwe ; Abaheburayo 13 :8, Luka 17 :30 ; Malaki 4, Abaheburayo 4 :12, ibi Vyanditswe vyose Yasezeranye.

Ni Yesu, Umwana w’Imana, Yatwihishuriye ubwiWe muri ibi Vyanditswe vyari vyaratoranirijwe iki gihe, BISUBIRA KUBA BIZIMA.

Kandi kuVyizera, ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera.

Imana Yarungitse umuhanuzi waYo gusohora Umugeni waYo. Ijambo Ritubwira ko umuhanuzi ari Ijambo ry’Imana Rizima, Ryagaragaye. Ni ikimenyetso ca nyuma isi izoronka ; Yehova Avugira mw’ishusho y’umuntu.

Umuntu mu mubiri w’umuntu, nk’umuhanuzi, naho biri uko yari Elohim Ahishura iciyumviro cari mu mutima wa Sara inyuma yiWe. Kandi Yesu Yavuze Ati, « Nk’uko vyari mu gihe ca Loti, niko bizoba ku gushika kw’iherezo ry’isi, igihe Umwana w’Umuntu, » atari Umwana w’Imana, « igihe Umwana w’Umuntu Azoba ariko Arahishura. »

Umugeni Arabizi ko namba udahengeshanya kuba mw’Ijambo, ntuzomenya Uwo Ari We. Barazi akamaro ko kugumiza iryo Jwi imbere yabo buri munsi mu gufyonda bakavuza.

Ubu Umugeni Ategerezwa kuva mu nzira, maze Akaduga, kugira ngo ba bahanuzi babiri b’Imana bo mu Vyahishuriwe Yohana bashobore kugaragara ku rubuga kugira ngo bavuze Inzamba y’Indwi. Kubamenyesha Kristo.

Ni muze mube igice c’ubuvugishwa buriko burashitswa kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha imwe yo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe umuhanuzi w’Imana Azana Ubutumwa, Umunsi Mukuru w’Inzamba, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 mu gitondo ukwezi kwa mukakaro mu mwaka wa 1964, azobwira Data kandi avuga ati,

Nkumbure hariho bamwe mu bihugu, kw’isi yose, iyi bande ishobora guhurira nabo iwabo, mu mashengero. Turasaba, Mwami, ko mu gihe hariko haraba igikorane, ku—ku… canke ko ibande iriko iravuzwa, canke aho ari ho hose twoba turi, canke—canke uko twoba tumeze kwose, ko Imana Ihambaye Yo mw’Ijuru Yubahiriza ukuri kw’imitima yacu, muri iki gitondo, maze Igakiza ababikeneye.

MweneData Joseph Branham.


Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Abalewi 16
Abalewi 23 :23-27
Yesaya 18 : 1-3
Yesaya 27 :12-13
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 9 :13-14
Ivyahishuriwe Yohana 17 :8