23-0406 Guteranya Ingaburo Yera

Ubutumwa: 57-0418 Ingaburo Yera

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Giti-Mugeni washumbushijwe,

Uyu mwaka wose, ndindiranye igishika impera y ‘indwi igihe nshobora kureka kugiriranira imigenderanire n’isi vy’ukuri , nkazimya ibikoresho vyanje vyose, ngasenga umusi wose, nkumviriza Ijwi ryiWe rivugana n’umutima wanje, nkagira Isangira ryera hamwe naWe, kandi vy’ukuri nkegurira ubuzima bwanje igikorwa ciWe. BURI MUNSI wotegerejwe kuba umunsi wa pasika kuri twebwe, ariko iyi mpera y’indwi ni iy’ umwihariko cane, akaryo kubashwe ; umwanya wiharije kubwo Umugeni kugira ngo aje hamwe maze Asenge. BIRANEZEREJE CANE bagenzi. Ntevye kwibera jenyene hamwe n’Imana mu kibanza c’akabanga, hariya muri Mpwemu, nitegereza mu maso hiWe ; nifatanije n’Umugeni wa Kristo kw’isi yose, twicaye ahantu ho mw’Ijuru. Izina ry’Umwami Rishimwe ! Vy’ukuri ni impera y’indwi yari yitezwe cane kandi yubashwe mu buzima bwacu.

Yooo, reka duhagarikire hano akandi kanya gatoyi. « Ahantu ho mw’Ijuru. » Rero, ntabwo ari, aho ari ho hose hanze, kiretse ahantu ho mw’Ijuru. Dukoraniye « mw’Ijuru, » Bisigura igihagararo c’uwizera. Bisigura Yuko, namba ndi ahantu h’amasengesho, wewe uri ahantu h’amasengesho, ishengero riri ahantu h’amasengesho, hanyuma tuba twiteguriye kwakira Ubutumwa, rero tuba dukoraniye hamwe ubwacu nk’abera, basohotse, bakabatizwa muri Mpwemu Yera, bakuzuzwa imihezagiro y’Imana, bahamagawe, batoranijwe, bicaye ubu ahantu ho mw’Ijuru, turi ab’Ijuru mu bugingo bwacu. Impwemu yacu yadutumye twibera ahantu ho mw’Ijuru. Yooo, mwenedata ! ng’ivyo, ahantu ho mw’Ijuru ! Yooo, hoshobora kuba iki iri Joro, hoba iki iri joro igihe twoba twicaye ahantu ho mw’Ijuru, hanyuma Mpwemu Yera akinjira mu mutima wahindutse mushasha ugacika icaremwe gishasha muri Kristo Yesu ? Ivyaha vyose munsi y’Amaraso, mu gutazira gutunganye, twadugirije ibiganza Imana, hamwe n’Imitima yacu yadugijwe, twicaranye na Kristo Yesu ahantu ho mw’Ijuru, dusengera hamwe ahantu ho mw’Ijuru .

Woba warigeze kwicara aho hantu ? Yoo, naricaye gushika aho nuzura umunezero hanyuma mvuga nti, « Imana ntiyigeze indeka ngo mve hano. » Ahantu ho mw’Ijuru gusa muri Kristo Yesu !

Aduhezagiza iki ? Ugukira indwara kuvuye mw’Ijuru, ukumenywa mbere, uguhishurirwa, ukwerekwa, ubushobozi, indimi, insobanuro, ubwenge, ubumenyi, imihezagiro yose yo mw’Ijuru, umuhezagiro utovurwa kandi wuzuye ubwiza , umutima wose wuzuye Mpwemu, tugendagendera hamwe, twicaranye ahantu ho mw’Ijuru, ata ciyumviro na kimwe kibi kiri muri twebwe, ata n’itabi , ikanzu ngufi, iki, kirya canke ikindi, nta n’iciyumviro kibi, nta muntu n’umwe arwanya uwundi, umuntu wese avugana urukundo n’amahoro, umuntu wese arahuje umutima n’inama mu kibanza kimwe, « Rero giturumbuka haje igihinda kivuye mw’Ijuru nk’umuyaga w’inkomezi. » Ng’ivyo, « Yaduhezagije imihezagiro yose ya Mpwemu. »

Mwami Yesu akira ugutazira kwacu kuri iyi pasika y’impera y’indwi. Nutureke twinjire ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu ; reka twinjire ahera h’ahera. Nta ciyumviro na kimwe kibi, nta gusamara na kumwe, kiretse uguhuza umutima n’inama, ahantu hamwe ; rero reka haze igihinda kivuye mw’Ijuru nk’umuyaga w’inkomezi muri buri nzu zose zacu. « Ingo Mwami Yesu », turiteguye kuKubona imbona nkubone.

Kuko Umugeni yarashumbushijwe biciye mu Muco wo ku kagoroba w’Ubutumwa bw’igihe cacu ; biciye mu Butumwa bwa Malaki 4. Turagushimiye Mwami kubw’ ukugaragara kwa Kristo kwose mw’ishengero ryiWe atari ishengero ryubatswe n’amaboko, ariko ukugaragara kwose kwa Kristo yiyerekanira mu muntu , umuhanuzi wawe, kubwo ibimenyetso bihambaye n’utwumiza, hanyuma yarahishuye Ijambo ryose ry’Imana ubugira kandi kandi ubu Ririko riraba mu Mugeni wawe wo kw’isi yose. Warakoze kutureka kugira ngo tubeho maze tubone Uwu Muco wo ku kagoroba uhambaye, bijanye n’ubuvugishwa.

*Hanyuma Umuco wo ku kagoroba waziye iki ? Ni akahe kamaro k’Umuco wo ku kagoroba ? Gushumbusha. Whew! Murabitahura ? [Ikoraniro rivuze riti,” Amen.”-Umwanditsi] Umuco wo ku kagoroba ufise intumbero imwe nk’iyo Umuco wo mu gatondo wari ufise, gushumbusha ivyari vyarakuweho n’ibihe vy’umwiza, kubwa Roma. Imana Igiye kuzoshumbusha, mu kwatsa Umuco wo ku kagoroba(Iki?) Gushumbusha Ijambo ry’Imana ryose ubugira kandi, Ukugaragara kwose kwa Kristo mw’ishengero ryiWe. Ikintu cose yagikoze, neza na neza uko yari yaragikoze, niko bizoba ubugira kandi mu gihe c’Umuco wo ku kagoroba. Murabona ivyo nshatse kuvuga? Yooo, mbega ivyo si igitangaza? [“ Amen.”] Kandi kugira tumenye yuko tubaye hano ngo tubibone ubu, Umuco wo ku ka goroba , neza na neza bijanye n’ubuvugishwa.

Umugeni w’ukuri ntahagarikira ku gutsindanishirizwa n’ukwizera, naho Azi yuko ivyaha vyiwe bimeze nk’uko umenga ntavyo yakoze; ntahagarikira ku kwezwa, naho yogejwe maze ashirwa iruhande kubwo igikorwa, ntahagarikira kuri Pentekoti, naho yaronse Umubazito wa Mpwemu Yera , ariko Arabandanya yerekeza kw’IJAMBO RY’IGIHE CACU: Malaki 4, Ijambo ubwaryo ryihaye umubiri ubugira kandi mu kiremwa muntu. U, “Nzoshumbusha niko Uhoraho Agize,” Ibizozana Ukwizera kw’Izamurwa ku Mugeni. Kandi Iryo Jambo ryagaragajwe Riza GUSA mu kwumviriza Amabande, Izina ryiWe ry’Igitangaza Rishimwe.

Umwe muri bo , Martin Luther, yatanguye kwatsa Umuco. Harabayeho Umuco mutoyi, inkomezi ntoya gusa z’ugutsindanishirizwa n’ukwizera.

Munyuma haje Wesley, ahambaye ,ukwezwa.

Inyuma ya Wesley, haje abakomeye kumusumba, aba pentekoti, umubatizo wa Mpwemu Yera mu wundi muhanuzi ahambaye. Murabona?

Ariko mu minsi ya nyuma, ya Malaki 4, Eliya ategerezwa kuza afise Ijambo ry’Ukuri. “ Ijambo ry’Umwami ryaje ku muhanuzi.” Mu gihe c’imico yo ku ka goroba , ategerzwa kuza, gushumbusha no kugarukana. Iki? “ Kugarukana imitima y’abana ku kwizera kw’Imana.” Umuco ugira kane!

Ingo mukoranire kw’Ijambo, mu mazu yanyu, ku mpera y’indwi ya Pasika kandi mureke dusenge Umwami. Zimya Amaterefone yanyu kiretse gufata amafoto , kwumviriza umutsima wa buri munsi, no kuvuza Bande biciye muri application ya Table, ku rubuga rwa Lifeline canke ku kiraro co kuvomako ubutumwa.

Nipfuje yuko twese twokoranira hamwe twisunze urutonde rukurikira:

KU WA KANE

• Mw’ijoro ryo ku wa Kane niho Umwami Yesu Yasangira n’Abigishwa biWe irya nyuma, mu guhimbaza Pasika imbere y’Ukuvayo kw’abana b’Isilayeli. Mbega akaryo duhawe ko kwifatanya n’umwami mu mazu yacu, imbere y’impera y’iyinga yejejwe, hanyuma tukaMusaba kugira Aduharire ivyaha vyacu, hamwe no kuduha ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Mana, suzuma imitima yacu ubu. Hoba hariho Amaraso hariya , Mwami? Asangwa atayariho, turasavye yuko-yuko Woyashiraho ubu, shiburira kure Ivyaha vyacu hanyuma ubipfuke, kandi bizotandukana natwe, Mwami, ivyaha vy’iyi si, kugira ngo dushobore kwera no kugaragara kuri Data wa twese ubu igihe dufashe u-umubiri n’amaraso yasesetse y’Umwagazi w’intama y’Umwana w’Imana, Umukiza wacu.

Reka twese dutangure isaha icumi na zibiri z’umugoroba, kw’isaha yo mu karere k’iwanyu, hanyuma twumvirize Ingaburo Yera 57-0418

Mu gukurikira ubwo Butumwa, tuzokoranira mu miryago yacu mu mazu yacu hanyuma dufate ingaburo y’Umwami.

Tuzoronka vuba ikiraro co kuvomako bande n’igikorwa c’Ingaburo Yera, canke, Bizoshirwa kuri Voice Radio.

KU WA GATANU

Mureke tuze tugende gusengera hamwe n’Imiryango yacu isaha zitatu zo mu gatondo , hamwe kandi no kw’isaha zitandatu z’umuhingamo, Dutumire Umwami kugira abane natwe hanyuma yuzuze inzu zacu Mpwemu Yera mu gihe tuMwishikaniye.

Ese ivyiyumviro vyacu vyosubira inyuma hariya kuri wa munsi w’I Karuvariyo, inyuma y’imyaka 2000 iheze, maze tubone Umukiza wacu amanitswe ku musaraba, hanyuma twishikane twebwe ubwacu nk’uko twama tubikora bigahimbara Data :

Rero turabona yuko vyaMwerekanye mu buryo butunganye. Umuconzi rero yari afise Ijambo ryerekanywe mu gikorwa c’akaroruhore ubugira kandi, Yise Umwana wiWe, Imana, Imanuweli. Nimwiyumvire gusa, yuko umuntu yasemereye gushika aho Imana Igarakarira Ubwayo hariya, muri urya Mubiri, hanyuma yahindutse, We n’Imana bahindutse Umwe. “ Jewe na Data turi Umwe. Data Aba muri jewe. Ivyo ndabikora minsi yose bigahimbara Data.”

Vyocura iki iyaba Umukristo w’uno munsi yogize Igishingantahe nk’ico? Wobaye igikorwa c’akaroruhore hano I Yuma, kw’ibarabara. Asangwa uri umugore amesura hariya inyuma aho bamesurira, woguma uri igikorwa c’akaroruhore ku Mana, Igihe ushobora kuvuga uti,” Ivyo ndabikora minsi yose bigahimbara Imana,” hanyuma isi yose irashobora kubona i-igikorwa ca Yesu Kristo kigaragarira muri wewe.

Hanyuma kw’isaha zitandatu n’igice z’umuhingamo, tuzokoranira hamwe mu mazu yacu twumvirize, Ugutungana 57-0419.

Hanyuma reka dusubire gukoranira hamwe isaha icenda z’umuhingamo mu kwibuka Ukubambwa kw’Umwami wacu.

KU WA GATANDATU

Reka ubgira kandi twese dukoranire hamwe mu masengesho isaha zitatu zo mugitondo n’isaha zitandatu z’umuhingamo hanyuma dutegure imitima yacu kubwo ibintu bihambaye Azokorera muri twebwe,

Mwami! Ndakwinginze, Mwami! Yooo,noshobora kuririmba cane. Noshobora kuvuga Ubutumwa cane. Noshobora gusemerera cane. Noshobora kuvuza induru cane. Ariko sinzokwigera nsenga cane. Ewe Mana, Nsuzuma wongere ungeze.

Nariko ndavuga akanya gaheze, kuvyerekeye ibidengeri bifise ibwina harehare, ukungene vyerekana inyenyeri ; dushiremwo ubwina bwawe, Mwami, nk’uko Dawidi umuhanuzi yavuze ati, « Ndongorera iruhande y’amazi adasuma, » Atari amazi asuma. Amazi adasuma, ndongorera hariya, Mwami. Numpe ugutekereza.

Hanyuma kw’isaha zitandatu n’igice z’umuhingamo, twese tuzokoranira hamwe twumvirize IJAMBO : Uguhambwa 57-0420.

Mbega ukuntu uwu uzoba ari UMUNSI UTEYE IGOMWE kubwo Umugeni wiWe kw ‘isi yose.
Rero reka dusubire gukoranira hamwe mu masengesho isaha icenda z’umuhingamo mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Yesu.

KUW’IYINGA

Mbega umunsi utunganye mu kwumviriza no kwifatanya n’Ugushumbushwa kw’Igiti-Mugeni. Reka ubwa mbere tuvyuke kare nk’uko Mwenedata Branham yabikoze ca Gitondo igihe akagenzi kiwe , akanyoni gatukura mu gikiriza, kamuvyura isaha icumi n’imwe z’igitondo, muze dushimire Umwami kuko Yazuye Yesu mu bapfuye :

Isaha icumi n’imwe iki gitondo, akagenzi kanje gafise igikiriza gitukura kagurukiye kw’idirisha hanyuma karamvyura. Vyabonekana yuko umutima wako mutoyi wariko uradidagizwa, uvuga uti, « Yazutse. »

Isaha zitatu zo mu gitondo muze dukoranire hamwe ubugira kandi mu murongo w’amasengesho, dusengeranire hanyuma twitegurire kwumviriza Ijwi y’Imana.

Isaha zitandatu n’igice ku muhingamo tuzokoranira hamwe mu kwumviriza Ubutumwa bwacu bwo kuri Pasika : Ugushumbushwa kw’Igiti-Mugeni 62-0422.

Inyuma y’iki gikorwa, muze dusubire dukoranire hamwe kubw’amasengesho, mukuMushimira kubwo IMPERA Y’IYINGA Y’IGITANGAZA YADUHAYE HAMWE NAWE N’UMUGENI WIWE WO KW’ISI YOSE.

Kuri benedata na bashiki bacu bo mu mahanga, nko mu mwaka uheze, Nipfuza kubatumirira kuza kwifatanya natwe kubwo ibi bikorwa kw’isaha ya Jeffersonville, kubwo ivyo bihe vyose vy’amasengesho kuri uru rutonde hamwe no kuri Bande yovugijwe kuw’iyinga mu gitondo. Nabonye yuko, uko biri kwose, ukuvuza Bande ku wa Kane, ku wa Gatanu, no ku wa Gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyogorana cane kuri benshi muri mwebwe, Rero mwiyumve amahoro mu kuvuza ubwo Butumwa kw’isaha iyo ari yo yose y’umusi yoborohereza. Ariko, nokwipfuza ko twese dukoranira hamwe kuw’iyinga isaha zitandatu n’igice z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville, twumviririze hamwe Ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.

Kandi nipfuje kubatumirira n’abana banyu kuba mu bikorwa vya Creations no gushira mu ngiro ivyamaze kwigishwa, hamwe n’ibibazo vya Young Foundation, ivyohimbara umuryango wawe wose . Twibaza yuko muzobikunda kuko vyose bijanye n’IJAMBO tuzoba turiko turumviriza iyi mpera y ‘iyinga.

Kubwo urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru ajanye no gutegura igikorwa c’Ingaburo Yera , ibikoresho bizokenerwa kubwo imigambi ya Creations, Ibibazo vya Pasika, n’ayandi makuru, raba ku biraro biri munsi.

Ni iteka ntangere kubwanje ryo kubatumira n’umuryango wanyu kuza kwifatanya n’Umugeni wo kw’isi yose kubwo impera y’iyinga izoba yuzuye UGUSENGA,UGUTAZIRA N’UGUKIRA INDWARA. Kandi ndizeye vy’ukuri yuko izoba ari impera y’iyinga izohindura ubuzima bwawe ibihe n’ibihe.

MweneData Joseph Branham

Igikorwa ca audio

Munsi hari Ubutumwa bw’impera y ‘indwi ya Pasika. Uwa Kane w’ingaburo Yera/igikorwa c’Ukwozanya ibirenge kiri mu gice muzovoma.

KU WA KANE – Isaha cumi na zibiri z’umugoroba (Isaha yaho iwanyu)
(IGICE CA BANDE) Guteranya Ingaburo Yera 57-0418

KU WA GATANU– Isaha zitandatu n’igice z’umuhingamo (Isaha yaho iwanyu)
Ugutungana 57-0419

KU WA GATANDATU– Isaha zitandatu n’igice (Isaha yaho iwanyu)
Uguhambwa 57-0420

KUW’IYINGA- Isaha z’itandatu n’igice z’umuhingamo (Isaha ya Jeffersonville)
Ugushumbushwa kw’Igiti-Mugeni 62-0422