23-0402 Izamurwa

Ubutumwa: 65-1204 Izamurwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo kw’Ijambo,

Amashengero menshi ari mu ruzazane, ntafise ico afata nico areka, yataye umutwe,yazazaniwe, yavangiwe, ari murudubi kandi arazazaniwe ku biriko birashikira aba “ Bantu ba Bande” kw’isi yose buri uwa Mungu.

Ni Ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo, yicaye mu nyonga z’Umwana , yeze, adutegura. Umukwe wo mw’Ijuru wacu yamye atubwira ivyerekeye urugo rwo muri kazoza tuzobanamwo naWe.

Mu mayinga makeyi aheze yaratubwiye ati , « Iyi si si muhira iwanyu, ni Edeni ya Satani, kandi nzoyirimbura n’umuriro. Uri umukunzi wanje uwo nahisemwo imbere yuko isi ishirwaho kugira ngo ube Umugeni wanje. Rero, kuri uwu wa Mungu ngiye kuzokubwira kuvyerekeye ukuza kw’Izamurwa ko kuri hafi. »

Turi munsi yuko kwitega guhambaye. Turashobora kuvyumva. Ibintu biriko birashika ningoga.

Ivyo Bibiliya yavuze gusa ko vyoshitse muri iki gihe, biriko birashika, ku munsi ku munsi. Yemwe, biriko biriyegeraniriza ningoga hariya, muri ubwo bugaragwa, kandi ibintu biriko birashika, ntashobora no kubikurikirana. Turi hafi y’Ukuza kwa Yesu, twiyungire hamwe n’Ishengero ryiWe, aho Ijambo Rihinduka Ijambo.

Ibi vyose biriko birashika kubwacu, Umukenyezi wiWe yatoranijwe, Umugeni w’iki gihe. Ni twebwe twenyene tubona ibi bintu bihishurwa.

Yadutoranirije iki gihe kandi nta wundi muntu ashobora gufata ikibanza cacu. Ubu turi abahungu n’abakobwa bagaragajwe kugira ngo dushobore gufatanya naWe ; Ivyo nivyo ashaka.

TURI Ijambo kw’Ijambo, akabuto ku kabuto, Ubugingo ku Bugingo hamwe n’igihagararo gitunganye c’Umugeni w’Umwami Yesu Kristo.

Ufise ico ukenye, kivuge. Uri Ijambo kw’Ijambo. Ntiwitegereze umwijima udukikuje mw’isi , indwara, akaranda, ubwicanyi, ukwihebura, ubusazi bw’abantu batazi yuko ari abagabo canke abagore. TURI UMUGENI, Umugeni yatoranijwe, yejejwe, Umugeni yagaragajwe w’Umwami Yesu Kristo.

Ntihagire ico mutinya. Munezerwe kandi muhimbarwe. Igihe kiri hafi. Twiteguriye kuva muri iyi nzu y’akaranda, IMANA ISHIMWE !!!

Muze mwitegurane natwe kubwo Izamurwa, uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville. Ntimuzoguma uko mwari muri.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Zaburi 27 :1-5