23-0326 Ubumwe Butaboneka Bw Umugeni Wa Kristo

Ubutumwa: 65-1125 Ubumwe Butaboneka Bw Umugeni Wa Kristo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi mupfasoni watoranijwe,

Mbega wotanga iki ng’ Umwami Yesu Yinjire mu nzu yawe kuri uwu w’iyinga, akicara ku musezero wawe, Akwitegereza mu maso yawe maze Akavugana nawe adaciye ku ruhande?

Ntiwoshoboye kuvuga . Ntiwoshaka kuvuga. Ico woshaka gukora gusa kwobaye ukuMwitegereza hanyuma ugakoma induru. Wogira ubwoba mbere no kwugurura umunwa wawe. Woshoboye kuvuga iki ? Muvyiyumviro wokwiyumviriye uti, Mwami, simbereye no kuba hano kubwaWe mu nzu yanje. Ndi umuntu wo hasi cane. Naragutetereje kenshi, Mwami, ariko Mwami , ndagukunda cane.

Rero wotahura mu mutima wawe, Arazi neza na neza ivyo niyumvira, nta kintu na kimwe comunyegezwa, Arazi amabanga yose yo mu mutima wanje.

Mu gihe witegereza mu Maso yiWe y’igiciro, woshobora kubona urukundo n’impuhwe. Yoshobora kuvugana nawe mbere atanuguruye n’umunwa wiwe. Wokwiyumvira uti, ni We ari kumwe nanje vy’ukuri hano , mu nzu yanje.

Umutima wawe wonezerwa birushirije, nk’uko ubona ko yaragiye kukubwira ibintu bitangaje. Ubwo nyene, Iryo Jwi wumvise ryavuze riti, « Mukunzi wanje, ntugire ikibazo, izina ryawe riri mu Gitabu canje c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama. Si Igitabu canyu c’ubumwe busanzwe ca kera, ariko ni Igitabu canJe gishasha c’Umugeni. Ni Urupapuro rwemeza ubukwe hagati yanJe nawe.

Mukunzi wanJe, s’uko wahariwe ivyaha vyawe n’ukunanirwa vyonyene, ariko kuri jeWe, WAREJEJWE. Mu maso yanje, Ntiwigeze ukora ikintu kibi na kimwe.

Uri umuhungu wanje n’umukobwa atagira icaha , w’ingeso nziza kandi w’agaciro. Uhagaze uri intungane ; Umugeni wanje atanduye yogejwe n’amazi y’Amaraso yanje bwite .

Imbere yuko hanabaho ukwezi, inyenyeri, canke akavunji, wari umuhungu wanje n’umukobwa wanje. Muri ukugaragara kuboneka kw’ibingize vyari muri jeWe uhereye kw’ itanguriro.

Akabuto ndemangingo kawe ka mpwemu kari muri jewe kuko uri icagaragajwe c’ibingize, ivyiyumviro vyanJe,mbere wari muri jeWe imbere yuko isi ishirwaho.

Uri Umugeni wanJe wa Mpwemu Yashizwe mu nyonga z’Umwana, yeze, kubwo kwumviriza Ijambo ryanJe. Rero waratanguye kugira umuvyuro, uragaruka kandi uriko wiyuzuza n’Ijambo ryanje. Uri umupfasoni Umugeni wanje yatoranijwe.

Ubu urafitaniye ubumwe bwa Mpwemu nanJe. Umubiri wawe uriko urahinduka Ijambo. Kandi Ijambo ririko rirahinduka umubiri, rigaragara kandi ryemezwa. Ivyo nababwiye gusa vyoshika muri iki gihe, biriko birashika , ku munsi ku munsi. Ijambo ririko rirahinduka Ijambo.

Mufise uguhishurirwa kw’ukuri kubwo iki gihe ca nyuma : Ugukoranira hamwe kw’Umugeni wanje kubwo ubu Butumwa. Nta kindi gihe nabisezeraniye. Nabibasezeraniye wewe muri iki gihe : Malaki 4, Luka 17 :30, Yohana 14 :12, Yoweli 2 :38

Tugiye kuzogira umunsi mukuru wo gushima uwu w’iyinga igihe nzobabwira ibindi vyinshi. Nzomarana namwe amasaha, mfatanya namwe kandi ngirira umusi mukuru hamwe n’Ijambo ryanje. Nzobemeza yuko mu kugumana n’Ijambo ryanje, umuhanuzi wanje, Ijwi ryanje, gufyonda ukavuza, muba muri mu bugombe bwanJe butunganye.

Narababwiye mw’Ijambo ryanJe, ko mpagaze ku rugi kandi ndiko ndadodora. Igihe Umuntu wese yokwumva IJWI ryanje maze akugurura urugi, nzokwinjira aho ari hanyuma dusangire. Kandi azobana nanJe. Kandi benshi ntibazokwumviriza hanyuma ngo bugurure urugi, ariko kubwo uguhishura kwanje mutegerezwa kwugurura urugi rwanyu hanyuma mumpe ikaze ninjire.

Ntibemera kuvuza Ijwi ryanje mu mashengero yabo. Iyaba boretse Mpwemu Yera agasuzumisha ivyiyumviro vyabo n’Ijambo, bovyemeye. Nimureke Kristo, Ijambo ryasizwe, Risuzume agatimanama kanyu. Reka Yinjire muri mwebwe, Arabe namba arivyo canke atarivyo.

Narababwiye yuko idini ritazobatuma mwiyunga, ntibashobora no kwemeranya n’Ijambo rimwe canke abiri muri Bibiliya. Noba narigeze kubabwira yuko azoba ari umugwi w’abantu ? Oya ! Nababwiye ko yari umuntu umwe w’Ubutumwa kandi mwarumvirije hanyuma murumvira.

Kuko batokwumvirije maze ngo bemere umugambi wanje w’inkomoko uhereye ku ntango, narungitse abo bavugabutumwa, abigisha, intumwa, abungere, n’abahanuzi. Ariko bari barungitswe kugarukana abantu baberekeza ku mugambi wanje utunganye w’inkomoko, umumalayika wanje w’inkomezi. Kuko ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Ni abasizwe, ariko ndafise gusa INTUMWA MUHANUZI IMWE YO KUBARONGORA. MPWEMU YERA NI UMUHANUZI. Sinababwiye incuro nyinshi, IJAMBO RYANJE RYAVUZWE BICIYE MURI WE KO RIDAKENEYE INSOBANURO, NTIMWONGEREKO CANKE NGO MUKUREKO IKINTU NA KIMWE YAVUZE, NI MUVUGE GUSA IVYO YAVUZE KURI BANDE ? Uwo ni umuhanuzi, Mpwemu Yera abarongora.

Ni we natumye kubahamagara kugira ngo mwitwe Umugeni wanje. Niwe azobamenyekanisha kuri Jewe. Niwe twahagararanye maze ndamwereka ico muzoba, Umugeni wanje. Narababwiye ibimwerekeye vyose mw’ihishurirwa, igihe navuga , Jewe Yesu narungitse UMUMALAYIKA WANJE kugira ngo abashingire intahe y’ibi bintu MU MASHENGERO. Ni JEWE, ndiko ndakoresha gusa umubiri wiwe n’Ijwi ryiwe kugira ngo rivugane namwe. »

Mbega igihe c’igitangaza turiko turagirira hamwe na We. Ntitwegeze tunezerwa canke duhimbarwa birushirije mu buzima bwacu. Niko ukwo Biri. Ibi nivyo twamye turindiriye mu buzima bwacu bwose.

Ntagukekeranya na gutoyi kuri mu mitima yacu canke mu vyiyumviro vyacu. Kuko mu Butumwa bwose twumviriza, atubwira ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Hariho gusa Ijwi rimwe rizobahuriza hamwe,ribatunganye, hanyuma ribashire hamwe…Jewe, MU GIHE JEWE MVUGA BICIYE MU MUHANUZI WANJE. SI AMAJAMBO YIWE, NI AMAJAMBO YANJE. NI INZIRA YANJE YATEGUWE.

Imeza irateguwe. Yuzuye amashu, n’imboga zitwa zitwa navet, hamwe na radi… IJAMBO KW’IJAMBO, KW’IJAMBO. Tuzogira umunsi mukuru w’amashimwe kuruta uko twawuze mbere. Hazobaho Yubile kw’isi yose mu gihe Umugeni azoba akoraniye hirya no hino y’amameza yabo kugira bumvirize Ijwi ry’Imana rivugana nabo. Inzu zacu n’amashengero yacu azoba yuzuye Ukubaho kwiwe. Ntaco tuzoba dufise tuvuga kiretse, ugutazira , za Halleluya , Izina ry’Umwami Rishimwe.

Ni muze mube igice c’umuryango w’igikorane c’amashimwe y’Umugeni, mu gihe Azoba Ariko Aratugaburira. Ntimucerwe, mu gihe tuzotangura umusi mukuru kuw’iyinga, neza na neza isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’ i Jeffersonville ( Akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi). Azoba ari ho Ari nk’uko Yabimbwiye ko yohabaye.

NDAJE kandi nzoba ndiko ndababwira ivyerekeye Ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo.
Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25-11-1965

Tuzosubira kubonanira hariya ku Meza.

MweneData Joseph Branham

K’UWO BATAZIRA: Umupfasoni yatoranijwe