23-0319 Uguhitamwo Umugeni

Ubutumwa: 65-0429e Uguhitamwo Umugeni

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Umwe mu Muliyoni,

Narakurindiriye igihe kirekire. Uri Umukunzi wanje wo ku mutima, kandi ndagukunda cane. Nk’uko nabigusezeraniye, narakwubakiye inzu nshasha aho tuzobana ibihe bidashira. Nakugiriye ibintu neza na neza uko ubikunda.

Ubu ndashobora kukwitegereza maze nkabona yuko uri Icitegererezo nyaco canJe. Ufise Kamere yanje, umubiri wanje, amagufa yanje, Impwemu yanje, ikintu cose canje
nyene, neza na neza. Wahindutse umwe hamwe nanje.

Narungitse Umumalayika wanje w’inkomezi kw’isi kugira ngo agukure muri Edeni ya Satani. Namurungitse kugira ngo ashobore kugaragaza ivyiyumviro vyanJe , Ibingize, hanyuma ababwire ibintu bigiye kuza. Nakoresheje umunwa wiwe n’ijwi ryiwe kugira ngo abishire ahabona. Amaze kubivuga naciye ndabishitsa, kuko Ijuru n’isi bizovanwaho, ariko Ijambo ryanje kuri mwebwe ntirizonanirwa.

Naramenye igihe mwanyumva mvuga, nkoresheje Ijwi ry’Umumalayika wanje, ibwina mu mutima wanyu mwomenye, yuko atari we, ariko ko Yari jewe ndiko ndavugana namwe. Yari jewe ndiko ndabarungikira ikete ry’Urukundo, ndababwira y’uko nabatoranije kugira ngo mube Umukunzi Mugeni wanje.

Mu maso yanje, Nta n’umwe ameze nkawe, nta numwe ashobora gufata ikibanza cawe. Wagumye uri umwizigirwa kandi uri mu kuri kuri jeWe.Igihe ndakwitegereje, umutima wanje wuzura umunezero.

Igihe nakubwira,kuba magabo mukunzi, kuvyo wumviriza, kuko hazobaho benshi basizwe bakoreshe amajambo yanje, ariko ari ab’ibinyoma. Mwaratahuye insiguro yanje kubwo uguhishurirwa kandi mwagumye muri abizigirwa kw’Ijwi ryanje.

Naranezewe cane igihe mwasengera ubwoko ki bw’ ishengero mukoraniramwo, narababwiye kugira uguhitamwo kwiza, kandi narabahaye uburorero bw’Ishengero ritunganye uko riba rimeze. Muribuka igihe navuga yuko yose afise impwemu maze muhitemwo ishengero ritunganye.

Kandi narababwiye kuba magabo k’uco umwungere wanyu ari. Rero murashobra kwiyumvira ukuntu umutima wanje wuzuye umunezeero igihe nababona mugumanye n’umwungere nabarungikiye kugira ngo abazane kuri Jewe. Mwaramenye yuko yari Mpwemu Yera ari mu muhanuzi wanje kugira ngo abarongorere kuri Jewe.

Ndibuka umunsi mwari munezerewe kandi muhimbawe cane igihe nahamagarira umumalayika wanje ahantu hejuru cane kugira nshobore kumwereka ico muri. Twari duhagaze hariya tubitegereza igihe mwari muhagaze imbere yacu mutambuka gisirikare nk’abasoda b’abakristo bari ku murongo imbere yacu.
Yaranezerewe ukuntu mwari mwambaye mwese inyambaro yanyu bivanye naho muturuka nka Swisse, Ubudagi no kw’isi yose. Umwe wese n’umushatsi muremure utunganijwe neza. Amajipo yanyu yagenda arikwega hasi. Naranezewe kandi ndahimbarwa no kuberekana mwese kuri We, kugira ashobore kugaruka maze abatere intege hanyuma ababwire yuko yababonye hariya.

Ijisho ryose ryari kuri Twebwe. Igihe abakobwa bakeyi, ku murongo w’inyuma batangura kuraba ahandi hantu, Yarasemereye ati, « Ntimukore ivyo ! Ntimuve mu murongo ! »

Igihe nabibabwira nariko ndababikira imfungurwa zobabeshaho, mwaramenye vy’ukuri ivyo nariko ndavuga. Mwashatse kuba Umugeni nkumi Jambo atunganye wanje. Sinigeze mbona muriko murafyinata n’uwundi muntu. Yari jewe buri gihe, Ijambo ryanje. Ryantumye nezerwa cane.

Narabatoranije mwebwe kugira ngo mube Umugeni wanje. Ndabakunda , nk’uko namwe muNkunda. Ntimucike intege, nimugire umwete, munezerwe, muhimbarwe, igihe kiri hafi cane aho Nzoza kubajana. Mbega igihe ciza tuzogira.

Ku bandi mwese, IHANE, isi iriko irarangira. Umusi umwe Los Angeles izotibukira ibwina mu kiyaga, nk’uko nababwiye yuko bizoba. Uburake bwanJe buriko buraziriringa kubwaco. Sinzogumizaho ico kirundo c’umusenyi igihe kinini. Muzodwibira mukiyaga ibwina , hanyuma mwibire gushika mu kiyaga c’i Salton. Bizoba bibi gusumba wa musi wanyuma w’ukurimbuka kw’igisagara Pompeii .

Ngiye kuzohonya iyi si n’umuriro vuba. Nzokwica ikintu cose kiri kuri yo hamwe n’ikiri munsi yayo. Murabona ibiriko biraba kw’isi yose, nk’uko nabibabwiye. Murabona Umugeni wanJe yiyunga n’Ijambo ryanje, nk’uko nabibabwiye.

Ubu niwo mwanya. Ubu nico gihe. Nimwitegure ubwanyu!

Igihe c’Uburake bwiwe kiri kw’isi. Ni muhunge mu gihe hakiriho igihe co guhunga, hanyuma muze muri Kristo.

Muratumiwe kuza kwifatanya natwe, igice c’Umugeni wiwe, mu gihe twitegurira ukuza kwiWe, mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe hanyuma Rituzanira Ubutumwa: Uguhitamwo Umugeni 65-0429E uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, Isaha ya Jeffersonville(Isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi).

MweneData Joseph Branham

Itanguriro 24:12-14
Yesaya 53:2
Ivyahishuriwe Yohana 21:9