21-1204 IZAMURWA

Ubutumwa: 65-1204 IZAMURWA

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ijwi,

Nibaza ko nshobora kuvugira umwe wese muri twebwe igihe mvuze ko duhejeje kugira impera y’iyinga ihambaye ya Thanksgiving y’ubuzima bwacu. IMANA ISHIMWE !

Twarumvise Ijambo kw’Ijambo, Uguhishura ku Guhishura. Inyota yacu yaramazwe n’ikintu kimwe gusa kibishobora : Ijambo ryiWe., Ubutumwa bw’igihe, Kristo Ubwiwe Avugana n’Umugeni wiWe.

Ubu turabona iryo Jambo nyene Ryasezeranywe, rya Luka, rya Malaki, ayo yandi masezerano yose y’iki gihe, Ryihaye umubiri, Ribana natwe, kandi twumvise n’amatwi yacu ; ubu TuraMubona (n’amaso yacu) Asigura Ijambo ryiWe Bwite, ntidukeneye insuguro n’imwe y’abantu. Ewe Shengero ry’Imana Nzima, muri ng’aha canke ku ma telefone, mwikangure ningoga, imbere yuko igihe kirengana ! Imana Ibahezagire.

Mbega dushobora kwibaza ko tworavye, n’amaso yacu bwite, kw’Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe ? Ko tworavye kw’Ijambo Rizima, Risiguwe mw’ishusho isanzwe, Imana muri twebwe ! Ntibitangaje ko abanyabwenge ba kera bari barindiriye uyu munsi, ariko UBU, tubayeho muri iyo minsi yasezeranywe, tubona n’amaso yacu bwite kandi twumva n’amatwi yacu bwite Ivyo bigaragajwe.

TwaraKwumvise, ko Washobora kurema inkezi. TwaraKwumvise, ko Washobora kurema umwagazi w’intama. Ariko ubu, twaKubonye n’amaso yacu ! Ukugaragara, iyerekwa ryashizwe ahabona.

We ni iki rero ? Ijambo Risiguwe ni ukugaragara kw’Izina ry’Imana.

Ivyo abanegura bavuga ntaco bitwaye, turi mu Bugombe bwiWe butunganye mu gukoranira mu mazu yacu, mu mashengero yacu, canke aho twokoranira hose, twumviriza Ijwi ryiWe.

Namba ntizera kuja kw’ishengero, ni kuki jewe ubwanje mfise ishengero ? Turayafise hirya no hino mu gihugu, twari dufatanije rya joro rindi mu buhinga bw’itelefone, ku birometero kwadrato, hariho rimwe mu mashengero yanje.

Amashengero YIWE arafatanije mu buhinga bwa telefone kw’isi yose, kugira ngo yumve Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Rihamagarira Umugeni waYo gusohoka. Nta mwambiro uri muri twebwe, ni vyo bizana ukunengesera k’Ubumana mu buryo bw’umubiri muri twebwe. Umwana w’umuntu yaragaragaye, yarahishuwe, kandi Agarukana Ishengero hamwe n’Ubumana bw’Imana Bwuzuye hagati muri twebwe. Atwereka ibimenyetso vya bindi nyene biboneka n’ukugaragara kwiWe Bwite, nk’uko Yabikoze ubwa mbere igihe Yagaragara kw’isi mw’ishusho y’Imana-Muhanuzi.

Vyasezeranywe na Malaki 4, vyasezeranywe n’ibindi Vyanditswe. Musengera hehe ? Mu nzu y’Imana, mwicaye (muri k’ubu).

Ndakengurukira Umwami cane kuvyo Akorera Umugeni wiWe vyose muri iyi minsi ya nyuma. Yaraduteye intege, Yaraturemesheje, ko turi Abatoranijwe biWe bari muri We imbere y’itanguriro y’isi. Mbega igihe giteye igomwe c’Umugeni wiWe.

Umwami Yashize ku mutima wanje kubandanya n’ubu Butumwa bwa nyuma Bwashiriwe mu kigega Umugeni wiWe. Numva mpezagiwe cane no kwiyumvira, ko Data Yatanze uburyo bw’uko twoshobora gukoranira hamwe twese, hirya no hino kw’isi, kugira ngo twumvirize ubu Butumwa. Vy’ukuri ni Ubumwe Butaboneka bw’Umugeni wa Kristo.

Kubera tutashoboye kugirira ibikorane hamwe ng’aha, kubera Covid n’ukwubaka Ishengero (sanctuaire) rishasha, hariho ibintu bibiri tubuze twese kandi twipfuza gukora. Ni ibintu bibiri Umwami Yategetse Umugeni gukora, gushika ku Kugaruka kwiWe : Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge.

Mu gihe nasenga kandi ndondera Umwami, Yashize ku mutima wanje kubwacu kugira vyompi Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge hamwe n’imiryango yacu. Narahezagiwe cane kandi naranezerewe igihe Yashira ivyo ku mutima wanje, n’ukuntu dushobora kubikora. Tuzobikora kw’igenekerezo neza ry’igikorane ca nyuma c’Ingaburo Yera mweneData yagize igihe yari ng’aha hamwe natwe, kw’igenekerezo rya 12 Kigarama, 1965. Tuzoba duhezagiwe kandi tuzoba tumugifise arongora igikorane c’Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge.

Nzobarungikira ikete, kandi nshire ku rubuga rwa Branham Tabernacle, ido n’ido ryose mu minsi mikeya. Ndashobora kubasezeranira ko kizoba igihe Umugeni Atazokwibagira. Ndi muri ukwo kurindirana igishika c’imihezagiro yiWe ihambaye Azoba Ariko Araduha.

Guhera kuri uyu wa gatandatu tuzoba twumviriza Ijwi Ryacu Rituzanira Ubutumwa : Izamurwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 4 ukwezi kwa kigarama umwaka wa 1965, isatatu kw’isaha ya Jeffersonville. Izoba ari imyaka 56 ku umunsi ku wundi aho Imana Yavugiye mu ntumwa yaYo maze agashira Ijwi ryaYo kw’ibande, ku buryo Umugeni Yoshobora kuRigirirako umunsi mukuru no kwera ubwiWe, kwitegurira ubwiWe Izamurwa Rigiye kuza vuba.

Tuzobandanya ikirangaminsi mu gukorana kuw’iyinga isamunani kw’isaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize : Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa kigarama umwaka wa 1965

Hanyuma kuwa mbere tuzokwumviriza : Ibintu Bishika Muri iki Gihe Bisigurwa n’Ubuvugishwa, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kigarama umwaka wa 1965, no kuwa kabiri : Uburongozi, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa kigarama umwaka wa 1965.

Mushobora kwumviriza igihe ico ari co cose kiboroheye mwebwe n’umuryango wanyu. Nko mw’iyinga riheze, tuzobushira kw’iradio Voice Radio bwompi isatatu zo mu gitondo na samoya y’ijoro kw’isaha y’i Jeffersonville.

Ng’aha hari ikirangaminsi nometseko kiriko iminsi, amasaha n’Ubutumwa tuzoba twumviriza. Mu minsi mikeya ikurikira, nzoza ndabarungikira ikete kandi nshire ku rubuga ikirangaminsi c’Igikorane c’Ingaburo Yera kigiye kuza.

Mu kurindira ko tuba hamwe namwe, Umugeni wiWe Ataboneka, ku Ntebe yiWe.

Imana Ibahezagire,
MweneData Joseph Branham.