All posts by admin5

24-0225 Akazeze

Ubutumwa: 64-0614e Akazeze

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bagenzi Bakundwa,

Ni isaha zitandatu z’umuhingamo i jeffersonville, isaha imwe y’ijoro muri africa, isaha zine zo mu gitondo muri Arizona ;umugeni yamye akoraniye hamwe kw’isi yose. Twarindiriye indwi yose iki gihe. Turindiriye ico twiteze gihambaye, turindiriye yuko Imana yovugana natwe biciye mu kanwa k’ikiremwa muntu mu nzira y’intumwa Mumarayika w’indwi wayo w’inkomezi. Turiko turasenga, dusenga tuti, ‘’ Mwami Ntegura, nsiga, kandi umpe uguhishurirwa kurushirije.’’

Turahagijwe, kuko tuzi tudakekeranya y’uko umuhanuzi, kandi ari Umuhanuzi wenyene afise amajambo y’Ubugingo kubw’iki gihe. Birashoboka ko vyose tutoshobora kubisigura, ariko turazi yuko twizera buri Jambo kandi turyumiyeko.

Turazi, nk’uko Uhoraho yakoranye na Mose, Imana yiteguriye gushira hejuru Umuhanuzi wayo imbere yacu. Ico gihe, yaranyiganyije imisozi. Iki gihe, anyiganyiza amajuru n’isi.

Igihe cashitse. Imitima yacu iriko iragurugumbira muri twebwe. Turiko turumva ururirimbo ruhayagiza Igihugu cacu rutanguye kuvuzwa. Mu guhuza imitima n’inama, umugeni wo kwisi yose arahaguruka hanyuma agatangura kuririmba, IZERE GUSA, Ibindi vyose birashoboka, Izere gusa. Imana yiteguriye kuvugana natwe.

Turumviriza:’’ Mwaramutse bagenzi.”

Imitima yacu iranezerwa mu kwumviriza aya majambo atatu gusa. Umuhanuzi yarampamagaye jewe umugenzi waYo. Rero aratubwira Ati,

Ndabakumbuye mwese. Ntaco bintwaye aho nja hose, jewe- jewe… si, si mwebwe. Ndafise abagenzi, kw’isi yose, ariko si- simwebwe mwese. Hariho ikintu kinaka cerekeye uyu mugwi mutoya… sindabizi. Ndabiyumvirako… nta mugwi mfise kw’isi, uko nshobora kumenya, ugumana nanje nk’uyu mugwi. Ese Imana yoduhezagira kugira ngo ntitube abotandukana, mu bwami bugiye kuza, ese twese twoba hariya niryo sengesho ryanje.

Ni ukuhe guhishurirwa guhambaye Imana iza kuduhishurira uyu munsi? Mbega tuza kwumviriza iki? Nkumbure twaravyumvirije incuro nyinshi imbere y’aho, ariko uyu munsi biza kuba ari ibitandukanye, gusumvya uko vyigeze kuba mbere.

Ni ibiki? Imfungurwa z’uwizera. Umutsima uvuye mw’ijuru tuzogaburirwa. Umutsima wa twebwe gusa, umugeni wayo. Ni ubwiza bwa Shekina kuri uyo mutsima udutuma tutononekara.

Abo hanze baratwitegereza maze bakavuga bati,’’ mbega mwebwe muriko mukora iki? Muriko murumviriza amabande gusa? Bantu mwe vyukuri muri utuzeze.”

Imana ishimwe!! Turanezerewe cane, kandi turashimiye uhoraho kubwo kuba utuzeze; turi utuzeze kubwiWe kandi kubwo Ijambo ryagaragajwe ryiWe. Turanezerewe no kubwira isi,” EGO, NDIZERA IVUGABUTUMWA RYA BANDE. NDIZERA GUFYONDA UKAVUZA. NDIZERA KO ARI RYO JWI NGIRAKAMARO GUSUMBA AYANDI MUSHOBORA KWUMVIRIZA. EGO, NDIZERA KUGARUKANA AMABANDE KURI ALUTARI.”

Igihe igihuzu c’imigenzo cakugwaho, murashobora kubona yuko Imana iguma ari Imana y’ijambo ryayo. Iracashitsa ijambo ryayo. Ni- ni Imana, mwene Ijambo ryayo.

Ntaco bitwaye ic’uwundi muntu wese yokora canke yovuga, turavyizera, hanyuma tukabikorerako. Namba mutabikora, rero ntimuvyizera. Ntimuri hirya y’igihuzu. Kirya gihuzu gikomoka k’umuntu umwe. burya Butumwa ni bumwe.

Ndizigiye kandi ndizera yuko mwumvise ugutahura kwa Mpwemu c’ivyo Imana yagerageje gushika mw’ishengero itabivuze hanze. Murabona? Ni ikintu, igihe kanaka, dutegerezwa kuvuga ibintu muri ubwo buryo uko vyotegerezwa, bamwe vyobatuma basohoka, abandi bagenda, abandi bagashinga inanga. Ariko bikorwa neza. Bitegerezwa gukorwa muri ubwo buryo.

Ijambo ryahishuriwe Umuhanuzi w’Imana. Si umugwi, abafarisayo, canke abasadukayo, canke agace kanaka, canke umuryango munaka. Ni UMUHANUZI! Imana yarondeye umuntu umwe. Ntiyarondeye babiri canke batatu. Yafashe umuntu umwe. Niwe afise Ijambo kandi wenyene.

Rero vyoshoboka yuko bamwe bashobora kuvuga bati, ‘’ ushatse kuvuga yuko Imana yokora nk’uko nibigirankana.” Ata nkeka yarabikoze. Irabikora nibigirankana.

Nk’uko bavuze haraciye imyaka amajana, twumva vyabintu nyene uyu munsi tuti,’’ ariko hariho abandi bantu hano Imana yahamagaye.” Uko ni ukuri. kandi mu gihe bakurikiye maze bagakurikiza, amen, ariko iyo umwe agerageje guhaguruka hama agafata ikibanza c’Imana Imana yahaye Umuhanuzi wacu yatoranirijwe maze akagenwa kubwo ico gikorwa, dutegerezwa kugumana n’ijambo ryagaragaje Ijwi ry’Imana kubwo igihe cacu.

Itegereze, urupfu, rube kure yavyo ubu. mutegerezwa kuvyinjiramwo biciye muri iki gihuzu, bitari uko ntibizoshoboka. Ni gute Imana yoshobora kutugirira Imbabazi, ariko mwibuke uko vyari biri igihe Imana yagaragaje ivyari inyuma y’ico gihuzu. Itegereze ivyari inyuma y’ico gihuzu, Ijambo! Vyatwikiriye iki? Ijambo! Vyari ibiki? Ryari Riri mw’ isandugu y’isezerano. Ryari Ijambo, ico gihuzu canyegeje. Murabona? Kandi Yesu yari iryo Jambo, kandi nubu ni iryo Jambo, hanyuma igihuzu c’umubiri wiwe caraRinyegeje.

Kuri twebwe, ni ukugaragazwa! Birengeye Ijambo, ni ukuri ! amen !
Turazi ko kubandi turi utuzeze, kandi vyokwumvikana ko turi abasazi kub’isi, ariko bikwegera abantu bose kuri we.

Ingo hanyuma mwiyunge n’Ijambo hamwe natwe uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza umuhanuzi abwira isi ukuntu turi Utuzeze 64-0614E.

Turanezerewe kandi turahimbawe kuvuga ico turi.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
1 Ab’Ikorino 1:18-25
2 Ab’Ikorinto 12:11

24-0218 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana

Ubutumwa: 64-0614m Ugukurwako Umwitwikiro KwImana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wo hirya ya ca gihuzu,

Kubera iki nguma, ‘’ ku GUFYONDA MUKAVUZA ko ari ikintu ngirakamaro mushobora gukora?” kubera iki nguma mbwira Abungere nti,” garukana mweneData Branham kuri Alutari zanyu.”
Ibi biroroshe. Mu kwumviriza ijwi ry’itumwa Mumarayika w’indwi kuri bande, ni ukumviriza IJAMBO RIZIMA. Imbere y’abantu, Imana yaritwikiriye ubugira kandi maze igaragaza Mose, kubw’umwitwikiro, yitwikira ubwiwe n’Inkingi y’umuriro, ya Nkingi y’umuriro yaciye Imanuka. Kuva ico gihe… kuri bo, kugira bashobore kwumviriza ijambo ry’Imana. Murabitahura ? ijambo gusa, barumvise ijwi ryiWe. Kuko Mose yari kuri bo Ijambo rizima.

Vuga ibijanye n’umukozi w’Imana w’ikibiriraho! Ijwi twumviriza kuri bande ni ijwi ry’ijambo rizima ry’Ijambo ryacu. Nta kindi kintu gihambaye kubiruta.

Mu gihe ca Mose, abana b’isirayeri bonyene abari mu nsango nibo bashobora kwumviriza ijwi ryiwe ariko uyu munsi Imana yashatse kwumviriza ijwi ryayo, NIYO MPAMVU YARIFASHE KURI BANDE, Kugira umugeni wayo ashobore kwumviriza ijwi ry’Ijambo rizima.

Imana Yitwikiriye ubwaYo mu muhanuzi wayo, kugira ibabwire amajambo yaYo. Ivyo nivyo yakoze. Mose yari iryo Jambo rizima ku bantu, yatwikiriwe n’inkingi y’umuriro.

Namba udafise uguhishurigwa kw’ivyo kubw’igihe cacu, ntushobora kuba umugeni wa Yesu Kristo. Namba ubishoboye, rero uri umugeni wa Yesu Kristo kandi uzotegerezwa kuvuga uti,” nta kindi kintu ngira kamaro gisumvya kwumviriza bande. Kubera ni ijwi ry’Imana rivuga umunwa ku gutwi.”

Benshi bagerageza gutera ubwoba abantu maze bakavuga ko dushingira cane ku vyerekeye Umuhanuzi; ko tumusenga, bagenzi, niwe yavuze ibi bintu, si jewe. Ndiko mvuga gusa iri jambo.

Nk’ukwo vyakozwe muri buri gihe Ubumana bwatwikiriye umubiri w’umuntu. Itegereze , yarabikoze. Abahanuzi bari ubumana. Batwikiriwe. bari Ijambo ry’Imana( uko ni ukuri?) batwikiriwe umubiri w’umuntu. Rero, ntibigeze bamenya Mose wacu canke ngo babone Yesu.

Ntituriko dusenga umuntu, ariko ni Imana itwikiriwe kandi yihishura ubwayo biciye mu muhanuzi. Kugira ngo utahure hanyuma wizere ivyo, utegerezwa gukora ibi. Ntukiri hirya ya ca gihuzu, mwebwe bantu bato, Imana yarabiyeretse ata nkeka.

Ntitukiri hirya ya ca gihuzu ukuntu, dushobora kubibona ko ari Imana iriko yihishura ubwayo ku mugaragaro. Vyarahishuwe ko kwumviriza iryo Jwi ku ma bande ko aba ari Imana iba Ivugana n’umugeni wayo. Turizera ko ari inzira Imana yateguye kubw’iki gihe.
Dushobora kuvuga AMEN kuri iryo Jwi, ntarindi. Iryo jwi rizokwamamaza ubutumwa, ryigishe kandi riduhishurire ikintu cose dukeneye kumenya. Iryo jwi rizotudondora ku mwami wacu Yesu Kristo. Ivyo dushaka kandi dukeneye ni iryo Jwi.

Turakengurutse kubw’ibikogwa bitanu vy’ivugabutumwa vy’Imana biriko birakoreshwa kugira ngo vyereke abantu iryo jwi; abungere bacakiye imbono kandi bafise ihishurigwa yuko kuvuza ama bande mu mashengero yabo ari ikintu ngirakamaro kubw’abo bantu babo .

Turabatumiye kuza kwumviriza hamwe natwe rya Jwi Jambo Rizima Ry’inkomezi uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya jeffersonnville mu gihe twumva rihishura: ugukugwako umutwikiro kw’imana 64-0614M

MweneData Joseph branham

24-0211 Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Rubuto Rwabanguriwe,

Woshobora kwiyumvira ukuntu bizoba ari igitangaza kwicara no kwumviriza intumwa mumalayika w’indwi w’Imana akubwira ukuntu adahengeshanije no kubatangariza umugambi wose w’Imana? Mukuja mw’ido n’ido ry’ibijanye n’ugukwerwa kwa gatatu, hamwe no kukwemeza ukuntu vyagaragajwe?

Ukuntu Imana yaremye inkezi zica ziraboneka; nka kurya nyene yaremye umwagazi kubw’Ijambo kuri Aburahamu. Ukuntu iryo Jwi nyene ryamubwiye kuvugisha mushikiwe yitonda yitwa Hattie, uwavuze ikintu c’ukuri, kandi yamubwiye ko rya Jwi nyene ryavuze inkezi zigaca zibaho ryamubwiye kumuha ico ari co cose yashaka hanyuma arabe ko kidaca gishika ubwo nyene.

Ukuntu umusi umwe igihe yariko arahiga mu bugararwa hamwe n’abagenzi biwe, igihuhusi c’inkomezi caraje kimutuma agenda. Ariko ukuntu Imana yavuganye nawe, umunwa kugutwi hanyuma Ivuga iti, “ Naremye Ijuru n’Isi. Ncecekesha uyu muyaga w’inkomezi mu kiyaga.”

Ukuntu yasimvye maze akura inkofero yiwe nk’uko Ijwi ryari ryamubwiye riti, “bwira gusa uwo muyaga, uca uhagarara. Ico uvuze cose nico kizoca gishika.”

Ntiyakekeranije iryo Jwi, ariko yikoze mugahogo maze avuga ati, “ Wa gihuhusi we, hagarara. Kandi izuba ryatse ibisanzwe imisi ine gushika tuvuye hariya.”

Amaze kubivuga imvura y’urubura, urubura rwaciye ruhagarara. Muri ico gihe izuba ryaciye rimwakira ari ryinshi. Umuyaga waciye uhinduka hamwe n’ibicu, nk’ikintu c’insigabwenge, uduga mukirere, hanyuma izuba ryaciye rica ibibatsi umwanya munaka.

Kandi yashoboye kukubwira ukuntu imbere y’imyaka 16 ivyo vyagaragajwe, Imana yamweretse ko hariho ikivyimba ku gasaho k’imbuto ya muka Branham, hamwe n’impamvu kashizwe hariya. Ukuntu basenze Imana cane kugira Igakuremwo burundu. Rero, ndashima ko yari Imana yariko irageza Ukwizera kwabo.

Rero imbere kategerezwa gukurwamwo n’ukubarwa, yariko avugana n’Imana ukuntu yamubereye umugore w’igitangaza. Ukuntu atigeze amwidogera igihe yari muhira. Ukuntu yamutegurira ikintu cose igihe yaba agomba aje guhiga, kwiha amahoro no kuvugana n’Umwami.

Rero yumvise ikintu mu cumba. Mu gihe yitegereza hejuru, rya Jwi ryavuze riti, “ Haguruka,” hanyuma ryavuze rirti, “ rero ico ari co cose uvuga, uko niko gica kiba.”

Yararindiriye akanya gato, hanyuma avuga ati, Imbere yuko ukiganza c’umuganga kimukorako, Ikiganza c’Imana kizokuraho ico kivyimba, kandi ntikizongere kubonekana.”

Mukanya gato imbere yuko ikiganza c’umuganga kimukorako, yari yamaze gukira. Ni uku umuganga yamubwiye, “ nagira ndakwemeze, muka Branham yuko ca kivyumba kitakihari ukundi. Ntugifise ikivyimba.”

Ese ukuntu Ijambo ry’Umwami ritunganye!

Mukumwumva akubwira ko atagukekeranya kukiri mu vyiyumviro vyiwe, arazi ico ugukwerwa kwa gatatu bisigura, kandi arazi ico gukora. Kubwiwe, kizoba ari ikintu kizotanguza ukwizera kw’izamurwa, mukwigira.

Twebwe mukwubaha no mugutekereza, aho vuba igihe kizoshika aho Imana izodukorera ibintu bihambaye. Igihe ico gihe kizozira, igihe ukudunerezwa kuzururukira, rero tuzobona ivyo twabonye igihe gito, bigaragazwa mu kunengesera mu bushobozi bwavyo.

Tuzoronka umuhezagiro uhambaye uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville. Nashaka kubatumira kubana natwe mu gihe tuzokwumviriza : Hindukiriza amaso kuri Yesu 63-1229E.

Ntituzoba dukoraniye hamwe mukwumviriza Umuntu; hariho abantu benshi mw’ibarabara, kandi benshi bumvikanwa cokimwe. Ntituzoba turiko twitegereza kandi twumviriza Umuvugabutumwa canke umwungere, Tuzoba turiko twitegereza kandi twumviriza Yesu.

Tuzoba dukoraniye hamwe kw’isi yose twumviriza Uwo Muntu, Uwo Muntu w’Imana, Urya Yesu w’Inazareti mu mubiri, Imana, Ivugana n’Umugeni wayo.

Utegerezwa kwibaza, uriko witegereza iki uyu munsi? Ubona iki igihe witegereje? Ushobora kuMubona gusa mu gihe uMurabiye mw’Ijambo.

Ivyo yari afise igihe yagendagenda I Galilaya, nivyo bintu ariko arakorera Jeffersonville, niko Ameze aha muri Branham Tabernacle. Iyo witegereje ubona uwatanguje, umuntu w’Idini? Ntuzokwigera ubibona muri Yesu. Witegereje ubona umupatiri ahambaye? Ntuzokwigera ubibona muri Yesu. Oya. Ni gute ubona Yesu ? Kubwo Ijambo ry’Imana ryagaragajwe. Kuko yari We Jambo ry’Imana ryagaragajwe. Ico yari ico gihe , nico ari iri Joro kandi niko azokwama ibihe vyose.

Itegereze Yesu hanyuma ubeho; biranditswe biri mw’Ijambo, Halleluya!

Ni ukwitegereza hanyuma tubeho.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 21:5-19
Yesaya 45:22
Zekariya 12:10
Yohana 14:12

24-0204 Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Ubutumwa: 63-1229M Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shusho ya Yesu Kristo,

Abantu biyumvira ko turi abasazi, twicaye mu mazu yacu no mu mashengero twumviriza ama bande. Biyumvira ko ikigoyi kitwishe. Ntibatahura ko twicaye mu nyonga z’umuco, w’u kwezi kw’umunani, umwana ,yeze kandi agaburirwa imfungurwa zibitswe nk’inyana mu ruhongore.

Turi ingano zikuze ziteguriwe kujanwa. Namba bakeneye kubaho mu migenzo yabo ni babandanye. Si twebwe, tubaye mu muco w’igihe cacu.

Ni uwuhe muco w’igihe cacu? Imana yarungitse kwisi umumarayika w’indwi wayo w’inkomezi kugira arongore umugeni wayo. Yari igiki? Yari Umuhanuzi. Ivyo yavuze vyarashitse. Yari ijambo ry’Imana ryagaragajwe, yari ukugaragazwa kw’umuco w’Ijambo ry’Imana. Yari umuco w’Imana kubwo iki gihe.

Mose yarabandanije, uko biri kose, kuko yari ubugingo, yari umuco w’ico gihe. ico yari afise, cari igiki? Imana yagaragaje Ijambo ryayo ryasezeranwe biciye muri Mose, kandi Mose yari uwo muco.

Eliya yari uwo muco. Umuco! Haleluya! Yari umuco. Umuco! Yari ijambo ry’imana ryagaragajwe.

Yohana, igihe yaza kw’isi… Yesu yavuze ati,” yari umuco kandi umuco utamanzuye.” Haleluya! Kuki? Kuko yari ijambo ryagaragajwe.

Rero bijanye n’Ijambo, umuco w’Igihe cacu ni Umuhanuzi w’Imana, William Marrion Branham. Uwusemerera mu bugaragwa Bw’Ibabuloni ati ,’’ ni muve iwe mwa bantu banje mwe kugira ntimube abasangira ivyaha vyiwe.”

Yari ugushitswa kwa Malaki 4:5 n’ivyahishuriwe Yohana 10:7, yikoze mu gahogo maze avuga ati, “ bizoba.” Kandi vyarabaye ata kintu na kimwe kiri muri ivyo. Ntiyarafise inkezi, nta nimwe yari hariya, yavuze gusa ati,” nibeho kandi yarabayeho.”

Ijambo ry’Imana ntirinanirwa kandi ritegerezwa gushitswa. Twarabonye umuco; ijambo ryayo yasezeranye kubwo iki gihe. Ryaremejwe hanyuma rigaragazwa kwari ukuri. Ni umuco w’Igihe. Nta gisubirizi cuko ivyo turiko turumviriza bitoba ijambo ryagaragajwe kubwo iki gihe. Nta NYO ZIRI MURI RYO… NTANAMBA. Asangwa abandi bahagijwe n’ikindi kintu ni babandanye ariko twebwe suko.

Ntibisigura ko mudashobora kwumviriza umwungere wanyu canke kw’Ivugabutumwa ritokwigisha; suko, ariko mutegerezwa kuyungurura buri Jambo ryose mwumviriza biciye mu kayungiro gahambaye k’Imana, UBU BUTUMWA KURI BANDE.

Igihe bavuga ko iminsi y’ubutumwa bw’umuntu yarenganye, ivyo ni INYO. Igihe bavuga ko ubu butumwa atari icishimikizo ntanyiganyizwa cabo ivyo ni INYO. Igihe bavuga yuko kwumviriza ama bande bidakwiriye ivyo ni INYO.

Nta kintu gihambaye gusumba gufyonda ukavuza, uzi kushobora kuvuga AMEN Kuri buri Jambo. Nta handi hantu ushobora gukora ivyo atari kumviriza ubutumwa bw’Igihe.

Rero turi ishusho ya Yesu Kristo kubwo iki gihe. Turi ijambo ryiwe ryagaragajwe. Turi abo yahisemwo kugira turonke ugihishurirwa kwiwe guhambaye kw’Igihe ca nyuma. TURI UMUGENI WIWE.

Umugeni wayo gusa niwe azoronka uguhishurigwa kw’ukuri kw’umuco w’iki gihe. Bazobimenya, uyu muco uzobatunganya, uyo muco ni Mpwemu Yera avuga biciye mu ntumwa Mumarayika wayo.

Woba wifuza kwicara mu nyonga z’umuco w’Imana kubwo iki gihe? rero ndabatumiye kwifatanya natwe ku wiyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville ( hakazoba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokumviriza, Hariho umuntu ng’aha ashobora kwatsa Itara 63-1229M

Mwenedata Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa:

Itanguriro 1:3, igice ca Kabiri
Zaburi 22
Yoweli 2 :28
Yesaya 7 :14, 9 :6, 28 :10, 42 :1-7
Matayo 4 :12- 17, igice ca 24 ni ca 28
Mariko 16
Ivyahishuriwe Yohana 3

24-0128 Ubwoko Butatu Bw Abizera

Ubutumwa: 63-1124E Ubwoko Butatu Bw Abizera

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Uwizera,

Ese ukuntu ari vyiza cane kuvuga uti, NDI UWIZERA. Atari muri nemera; Ijambo! Atari mw’idini; Ijambo ! atari ivyo uwundi muntu avuga ; ariko ivyo IJambo rivuga !

Ntitwibaza ikintu na kimwe ; turacizera gusa. Uko coba cumvikana kwose canke uko uwundi muntu yokivugako, Turi uwizera w’inkomoko. Dufise uguhishurirwa kwa Mpwemu kw’Ijambo.

Turabona igihe tubayemwo. Turabona Ubutumwa bw’igihe. Turabona intumwa y’igihe. Turabona Imana ubwayo yihishura mw’Ijambo ryayo. Turabona ko ata kindi kintu kihari kiretse Ubu Butumwa, Iyi ntumwa; Iri Jambo.

Uwizera w’ukuri nta kindi yumviriza kiretse iri Jambo. Ni ivyo gusa. Yitegereza Ijambo. Ntiyitegereza ibica biyonga. Ntiyitegereza amatangazo. Yizera Imana, kandi ivyo birahagije, kandi arabandanya gusa. Murabona ? Hariho uwizera.

Nta kindi kintu twokwumviriza kiretse Ijambo; Ijambo riza gusa ku muhanuzi. atari ku bigira, atari insobanuro y’umuntu uwo ari we wese, Ijambo ritunganye ryavuzwe maze rishirwa ku mabande kubwo Umugeni.

Mpwemu yahaye ubuzima iryo Jambo muri twebwe kandi ryacitse Rizima. Kubwo kwizera, turabibona kandi turaVyizeye. Hazoza Ijwi rivuye mw’Ijuru rizoshira uwo mubatizo wa Mpwemu Yera mu Mugeni, Rizodukura kw’isi, mu buntu bw’Izamurwa. Imana yarabisezeranye.

Dushirwa ku gipimo buri gihe, buri munsi, Satani agerageza kutubwira ibipimo n’ibigeragezo vyacu kwari Imana iriko iraduhana. Ariko IMANA ISHIMWE, Siyo, ni satani ariko arabikora maze Imana ikabireka.

Imana iriko itugira abitonda kandi Iduhingura kugira tubone ivyo tuzokora. Ibigerageza biraje kutunyiganyiza, kudushira hasi, kugira tubone aho duhagaze. Ariko turanesha buri ntambara , kuko turi ivyitegererezo ; Ijambo ry’Imana riba muri twebwe kandi biciye muri twebwe.

Mbega ukuntu turi abigiciro imbere y’amaso yiwe ?

Nta muntu yoshobora gufata ikibanza canyu, uko mwoba muri bato gute, muvuga muti, “ndi umugore ajejwe udukorwa two mu nzu.” Nta muntu yoshobora gufata ikibanza cawe. Imana, mu butunzi bwayo buhambaye, yarabitunganije, Umubiri wa Kristo, kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora gufata ikibanza cawe.

Ese ukuntu ivyo ar’ivyigitangaza? Umwe wese muri twebwe afise ikibanza. Umwe wese muri twebwe yari hano igihe Imana yarema isi. Yashize umubiri wacu hano no kubandanya. Imana yadushize kw’isi iki gihe kugira ngo dushitse Ijambo ryaYo hanyuma Iduhe Ubugingo budashira.

Umuntu wese ategerezwa gufata ingingo. Uhagaze kuvyerekeye Iri Jambo, Ubu Butumwa, iyi ntumwa? Ese ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza Ijambo ryavuzwe kumabande?

Mubice vy’isi vyose, aya ma bande arajayo, ivugabutumwa ry’ama bande.

Ivugabutumwa rya bande ryarungitswe n’Imana ku Mugeni wayo kw’isi yose. Rikubwira neza na neza aho uri , uwo uri kandi namba uri uwizera mw’Ijambo.

Uri umwe mu migwi itatu, uko umeze ubu muri kubu, mu vyiyumviro vya kubu, hano muri ino mfashanyo igaragara, namwe muzoba muri muri mfashanyo itagaragara y’iyi bande, ivyiyumviro vyawe ubu umaze kwumviriza iyi bande, vyerekana umugwi urimwo.

Inyuma yo kwumviriza iyi bande, vyerekana umugwi w’abantu ukomokamwo. Bamwe bizera ko mukeneye vyinshi gusumba Ijambo ritunganye ryavuzwe ku mabande. Bamwe bizera ko Ubutumwa bw’umuntu umwe bwararenganye, mutegerezwa kwumviriza Umwungere wanyu canke mwarazimiye.

Ubutandukane buhambaye uyu munsi mu Butumwa bushingiye cane cane kukwumviriza Ama bande. Bamwe bigisha ko ari bibi kuvuza Ama bande mw’Ishengero; umwungere wenyene niwe ategerezwa kwigisha. Bamwe bavuga ko hoba kuba hagati na hagati, ariko ntihavuzwe bande mw’ishengero, canke asangwa naho bikozwe ni bikorwe gake cane.

Hamwe n’ibitekerezo vyinshi, ivyiyumviro vyinshi cane, insobanuro nyinshi cane z’Ijambo, ninde ari mukuri? Wokwizera nde? Ico nico kibazo umwe wese muri twebwe abwirizwa kwibaza.

Umuhanuzi yatubwiye kubisuzumisha IJAMBO, Atari ivyo umuntu wese avuga. Ivyo mwobikora gute? Hariho inzira gusa yo kubikora, GUFYONDA MUKAVUZA.

Hategerezwa kubaho inyishu y’ukuri, inzira nziza. Umuntu wese ategerezwa gufata ingingo ubwiwe. Uwu w’iyinga uzokwerekana kazoza kuri abo bose bumviriza Ubu Butumwa.

Ikintu wokwibaza ubwawe: Ni uwuhe muntu gusa afise Niko Uhoraho Agize? Ninde yagaragajwe n’inkingi y’umuriro? Ninde azotwerekana kuri Yesu? Ninde yavuze Ijambo ritananirwa? Ninde mwene amajambo yavuzwe kw;isi yari ngirakamaro, asamiranira mw’Ijuru?

Namba mushaka kuronka inyishu z’ukuri, nashaka kubatumira kuza kwumviriza uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, Isaha ya Jeffersonville, ku Butumwa: 63-1124E- Ubwoko Butatu bw’Abizera.

MweneData Joseph Branham

Yohana 6:60-71

24-0121 None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

Ubutumwa: 63-1124M None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mukunda Bande,

Turakunda Ubu Butumwa n’umutima wacu wose. Ni uburyohe bw’umusigati w’Imana. Ni Ijambo ry’Imana ryemejwe vy;ukuri, kandi ryagaragajwe incuri n’incuro. Ubu Butumwa ni inyishu kw’Ijambo ry’Imana. Ni Kristo nyene Uwasizwe, Ijambo ryasizwe kubwo igihe cacu.

Turafise Ijambo ry’Imana ryagaragajwe hano, ryemejwe hanyuma rigarazwa na Mpwemu, yatwakiriye maze aduha umubatizo wa Mpwemu Yera. Twabatijwe mw’Izina rya Yesu Kristo. Bwa Butumwa bwiza nyene, vya bimenyetso nyene, vya bitangaza nyene, ca gikorwa nyene c’ivugabutumwa, na ya nkingi y’umuriro nyene igaragarira imbere yacu, yerekana ibimenyetso n’utwumiza. Nta citwazo ahantu na hamwe.

Ni igihe c’ukwegerana n’Imana n’Umugeni waYo. Umugeni wa Yesu Kristo yarahamagawe. Twashizweko ikimenyetso mu Bwami bw’Imana. Ibikorwa vy’ubwenge bw’abantu biri hano birindiriye ubushobozi buzodukura hano kw’isi butwinjiza mu bwiza, mw’izamurwa.

Ubwo bushobozi ni ukwuzura ubugira kandi Mpwemu Yera. Ibuye ry’agasongera rizomanuka hanyuma ryiyunge na wa mubiri. Rero, igihe umutwe n’umubiri vyiyunze, ubushobozi bwose bwa Mpwemu Yera buzotuzura kandi abapfiriye muri Kristo bazozukana ubwiza bw’Ukugororoka kwiWe, hanyuma bafate urugendo berekeza mu kirere.

Ico gihe kiregereje cane, igihe carangiye, ingingo zanyuma zitegerezwa gufatwa. Mbega uzokora iki hamwe n’Ijambo ryasizwe kubwo igihe cacu? uhagaze hehe kubwo Ubu Butumwa bw’igihe?

Uzovuga gusa uti, Ndizera Ubutumwa.Ndizera Imana ko yarungitse Umuhanuzi.”

Wivugira gusa ubu uti, « Ndizera Ubutumwa.” Ndubaha Intumwa.

Namba utegerezwa KUBAHA Intumwa; ITEGEREZE, yavuze kwubaha intumwa, ese ukuntu ari ingirakamaro kwizera no kwumviriza buri Jambo intumwa yavuze ?

Wavuze uti, “ Rero, ndizera buri Jambo Branham yavuze.” Ivyo ni vyiza, ariko ivyo vyarashoboye gusomwa.

Mbega ni kuki abantu badahazwa n amabande ? Umuntu wese ntashobora kuba umuhanuzi. Hariho gusa umuhanuzi umwe. Kandi Ijambo riva kuri uwo muhanuzi.

Ishengero ryarakoze gushika aho batangura kuvyibaza ; canke bashaka Ijwi ritandukanye ryo kubabwira, no kubasobanurira, ivyo umuhanuzi yavuze. Bashaka Kora na Datani b’iki gihe.

Murabona, vyatanguye buhoro mukwigisha nabi Ijambo, kandi ca kintu nyene, kiriko kirangiriza muri ya nzira nyene.

Namba vyaratanguye, bizorangira, gusa ukwigisha nabi Ijambo, Vy’ukuri mwaratahuye ukuntu mutegerezwa kugumana n’amabandes. Ata nkeka murabona impamvu Imana yashizeho Ubu Butumwa ngo bushirwe mu majwi kandi bubikwe kubwo Umugeni.

Sindiko ndavuga ibi bintu kugira nshire hasi abungere banyu, canke mukuvuga ko mudakwiye kwumviriza umwungere wanyu, OYA, ariko kubereka akamaro ko gufyonda ukavuza no kwumviriza Ubu Butumwa kuri bande.

Ukuntu ishengero ryotegerejwe kubisuzuma ubugira kandi , n’ubugira kandi n’bugira kandi ! Turindiriye ukuza kwiWe ubugira kandi. Turi maso, turindiriye ugukurwa kw’isi. Vyoba vyiza tubisuzumishije Ijambo, atari ivyo umuntu yavuze. Mwimenye vy ‘ukuri ubwanyu, nkabafise imigenderanire yiharije na Kristo. Bisuzume ubugira kandi mwongere mubisuzume.

Yavuze iki ? dutegerezwa kubisuzumisha Ijambo ubugira kandi nubugira kandi nubugira kandi . Ni gute ubisuzumisha Ijambo ? Ni irihe Jambo uyu munsi ? Ni rya Rindi nyene uhereye kw’itanguriro, Bibiliya.

Ni uwuhe Imana ivuga ko yoba umusobanuzi w’Ijambo ryayo ? Jewe ? Umwungere wanyu ? Oya, Umuhanuzi w’Imana yagaragajwe kubwo igihe niwe wenyene musobanuzi w’Ijambo. Rero, utegerezwa gusuzuma buri jambo umuntu wese yovuga ubugira kandi, nubugira kandi nubugira kandi hamwe N’AMA BANDE!

Namba iyo mvugo ari iy’ukuri, rero wokwizera ko ikntu cose ngirakamaro umuntu wese , canke umwungere yoshobora gukora, ari GUFYONDA UKUVUZA.

None ni kuki bigoye cane ku muntu wese avugako ko yizeye Ubutumwa kuvuga ivyo? Kuko batavyizera vy’ukuri.

Ni iyihe ngingo YAWE ya nyuma? Jewe hamwe n’inzu yanje, tuzogumana n’Ubu Butumwa hamwe n’intumwa y’Imana; Ama bande. Turizera yuko ata kindi kintu ngirakamaro gisumba kwumiririza Ijwi ry’Imana kuri Bande.

  • Hariho UMWE gusa avuga Ijwi rya Niko Uhoraho Agize.
  • Hariho Ijwi RIMWE gusa Inkingi y’umuriro yagaragaje.
  • Hariho Intumwa mumalayika w’indwi IMWE gusa.
  • Hariho Ijwi RIMWE gusa Umugeni ashobora guhurizako.
  • Hariho Ijwi ry’Imana RIMWE gusa kubwo uru runganwe.

Asangwa ufise uguhishurirwa nk’ukwo, ingo wifatanye nanje hamwe n’umugwi mutoya wo kw’isi yose yizera co kimwe, uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe twumviriza hanyuma tugafata ingingo yacu yanyuma : None Yesu yitwa Kristo we ndamugire nte? 63-1124M.

MweneData Joseph Branham.

24-0114 Uri Muri Mwebwe

Ubutumwa: 63-1110E Uri Muri Mwebwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizera b’Ukwizera gutunganye,

Buri munsi imitima yacu idundadundana ivyitezwe bihambaye. Turindiriye igihe ko gishika c’ukuza kwiwe kuri hafi. Ubwoba bwose bwarakamanganye. Nta kwibaza tuti, “ Turi Umugeni wiwe”? Vyashinze inanga mu mitima yacu gusumba mbere, TURI UMUGENI WIWE.

Twarashitse ahantu ho mw’Ijuru, twumviriza ubutumwa bwa Yesu Kristo, Yambaye umubiri mw’Ishengero ryiWe. Ubu Butumwa vy’ukuri bwemejwe n’Ijambo ry’Imana, Ntiyoshobora kuba umuntu, Itegerezwa kuba Imana ivugana n’Umugeni wayo umunwa ku gutwi.

Turizera yuko Atari umuntu avugana natwe kuri izi Bande, ni Imana.

Ivyo ndiko ndageregeza kuvuga, “ Ntimutakaze icizere canyu.” Ntimureke Satani ngo ababwire ikibi kuri jewe; kuko, hariho vyinshi. Ariko gumana ico cizere; kuko mutagifise , ntibizoshika. Ntimundabe , nk’umuntu; ndi umuntu, mfise amakosa menshi. Ariko hanga amaso kubiMwerekeye. NiWe. Ni Wa wundi.

Mutegerezwa kugira icizere no kwizera ivyo IVUZE BITARI UKO NTIBIZOSHIKA. Ntitwitegereza umuhanuzi w’Imana nk’umuntu, nk’uko abenshi bibaza ko ariko tubikora. Turi inyuma y’igihuzu c’umubiri w’umuntu, kandi ivyo tubona vyose n’ivyo twumva ni Imana iba iriko ivugira mu kanwa k’umuntu maze TUKAGIRA ICIZERE NO KWIZERA BURI JAMBO.

Ukwo nikwo guhishura kwa Yesu Kristo muri iki gihe. Kwizera ari Imana, Atari umuntu avugira kuri aya mabande. Asangwa uhushije ibi , mugenzi, uba uhushije Ubutumwa bw’igihe kandi ntushobora kuba Umugeni.

Satani yishirira kuri ivyo insobanuro yiwe, kandi ibice mirongo icenda n’icenda kw’ijana avuga Ubutumwa nka kurya yabikoze kuri Eva, ariko yari yategetswe kugumana n’Ijambo, ivyo Adamu yamubwiye nivyo Imana yari yaravuze, atari ivyo umuntu uwo ari we wese yavuze vyasigura. Yategerezwa kugumana n’Ijwi ry’Imana.

Iki ni igihe gihambaye isi itigeze imenya. Ubuzima bwa Yesu Kristo, yabayeho maze akihishura ubwiwe mu buzima bw’umuhanuzi wiwe, ubu ariko abana natwe mu mubiri, Umugeni wiwe.

Turiko turakora neza na neza ivyo yadutegetse gukora : Gumana n’Ijambo mukugumana n’Ijwi ry’Imana ku mabande. Ni ivugabutumwa rya Bande n’umugambi w’Imana kubwo iki gihe.

Asangwa vy’ukuri wizeye ko William Marrion Branham yari Intumwa mumalayika w’indwi yatoranijwe n’Imana , uwo Imana yahisemwo kugira avuge kandi ahishure amabanga yose yari yaranyegejwe mw’Ijambo, Ijwi ry’Imana kuri uru runganwe, umuntu yarafise ukwizera guhebuje, uwo umumalayika w’Umwami yabwiye ati, « Niwatuma abantu bakwizera, nta kintu na kimwe kizohagarara imbere y’amasengesho yawe » Rero uwu w’iyinga azoba ari umusi w’ikete ritukura gusumba iyindi minsi.

Nta kindi kintu gishobora gukura uku guhishurirwa kw’Ubu Butumwa muri twebwe, NTA NA KIMWE. Ntitwoshobora NA RIMWE kubikekeranya. Namba yarabivuze, turavyizera. Turashobora kutobitahura vyose, ariko turavyizera uko biri kwose.

Yesu ubwiwe yatubwiye ati, « Uwuri muri mwebwe aruta uwuri mub’isi. » Reka ivyo vyinjire mu mitima yanyu. Mpwemu wiwe aba muri twebwe. Twoshobra gutahura ivyo ? Ubu , mu gihe muriko murasoma iri kete, Mpwemu Yera, Imana ubwayo, Inkingi y’umuriro, iri kandi igerereye muri twebwe ? Mbega tumenya gute ko ivyo ari ukuri ? IMANA NIKO YAVUZE !

Satani yama atubwira ko turi abananiwe. Kandi ari mu kuri, niko turi. Atwibukije ko tutari aho twotegerejwe kuba mw’Ijambo. Ubugira kandi, siho turi. Dukora ibintu tuzi neza ko tutotegerejwe gukora, Duharire Mwami, ari mu kuri.

Ariko hamwe n’amakosa yacu yose, intege nke zacu zose , ukunanirwa kwose kwacu, ntibihindura ukuri, TURI UMUGENI, TURIZERA BURI JAMBO !

Ntituriko twiraba ubwacu canke ikintu twoshobora gukora, dufise akajagari, Turazi ko yaduhisemwo hanyuma aduha uguhishurirwa kw’Ijambo ryiwe kandi nta kintu na kimwe codutwara ukwo guhishurirwa. Bimase mu mutima no mu mushaha wacu.

Yatubwiye ko dutegerezwa kugira UKWIZERA GUTUNGANYE, turakeneye Mwami , UKWIZERA GUTUNGANYE mw’Ijambo ryawe. Turafise ukwizera kw’ivyo umuhanuzi wawe yavuze ko ari Niko Uhoraho Agize. Si Ijambo ryiwe, ariko ni Ijambo ryaWe kuri twebwe.

Umuhanuzi wawe yatubwiye ko ivyo dukeneye vyose, nitwizera hanyuma tukagirira ukwizera Ijambo ryawe, turashobora kuronka ivyo dukeneye vyose. TURIZEYE.

Mwami, hari ico nkeneye, ndaje imbere yawe n’ukwizera kwose mfitiye Ijambo ryawe, kuko ntirishobora kunanirwa. Ariko uyu munsi, Mwami, sinje gusa imbere yawe hamwe n’ukwizera kwanje, ariko mfise n’ukwizera wahaye Intumwa mumalayika w’indwi wawe w’inkomezi.

Ewe Mwami Mana, ndagusavye utugirire imbabazi. Kandi ese buri mugabo n’umugore bicaye hano, bafise indwara canke umubabaro ; kandi nkuko Mose yitaye ubwiwe hagati, kubwo abantu, iri joro, ndambitse umutima wanje imbere yawe, Mwami. Hamwe n’ukwizera kwose mfise, kuri muri wewe, yuko wakumpaye ngo ndakubahe.

Kandi mvuze : ukwo mfise, ndaguhaye iri koraniro ! Mw’Izina rya Yesu Kristo w’Inazareti, irukana indwara yawe, kuko uwuri muri wewe arahambaye cane gusumba umurwanizi ariko aragerageza gutwara ubuzima bwawe. Muri abana b’Imana. Muri abacunguwe.

Birarangiye, Ijambo ryiwe ntirishobora kunanirwa. Ivyo dukeneye vyose, turashobora kubironka.

Ingo mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville, mukwakira uwu muhezagiro uhambaye hamwe n’ugusirwa kuvuye ku Mana mu gihe igice c’Umugeni azoba akoranye kw’isi yose yumviriza Ijwi ry’Imana rishira UKWIZERA kwiwe hamwe n’UKWIZERA kwacu.

MweneData Joseph Branham

Uwuri muri mwebwe 63-1110E

24-0107 Impwemu Ziri Mw Ibohero Ubu

Ujume: 63-1110M Impwemu Ziri Mw Ibohero Ubu

Kuvoma Ubutumwa

BranhamTabernacle.org

Bakunzi hanga ryitandukanije,

Imana yaje mu gihe cacu hanyuma yihishura ubwaYo mu mubiri w’umuntu, umuntu yitwa William Marrion Branham, rero yashoboye gushitsa ijambo ryaYo. Ukwo niko guhishura kwa Yesu Kristo mu gihe cacu.

Kwumviriza rirya Jwi maze tukizera buri Jambo kwariyo nzira yonyene y’Imana Yateguye kubw’ iki gihe. Yarungikiye isi abantu benshi basizwe na Mpwemu Yera waYo, ariko yararungitse hanyuma avugira mu muntu umwe kugira ahishure ijambo ryaYo hanyuma arongore Umugeni waYo.

Ntiyigera Ihindura umugambi waYo canke uburyo bwaYo bwo Gukora ibintu. Ukwo yabikoze ubwa mbere, niko ibikora buri gihe. Irongora ihanga ryaYo ubwayo, kubwo inkingi y’umuriro.

Ntimwibagire, MURI Umugeni yatoranijwe w’Imana kandi nta kintu na kimwe umugwanizi ashobora gukora canke yoshobora kuvuga ngo kibake ivyo , NTA NA KIMWE! Yabatoranije imbere yuko isi ishirwaho. Yabamenye ico gihe, kandi mwari kumwe naWe. Yari azi izina ryanyu. Yari azi ikintu cose kiberekeye. Yari azi ibibi n’ivyiza kuri mwebwe. Yari azi ukunanirwa kwanyu, amakosa yanyu, kandi yagumye abakunda hanyuma yabahisemwo kuko mwari igice ciWe.

Ubugingo bwanyu bushobora gusa kugaburirwa n’Ijambo ryiWe. Nta kintu na kimwe gishobora kubahaza kiretse Ijambo ryaYo. Murakunda gusoma Ijambo ryaYo hanyuma mukamwiyumvirako, mugasenga bivuye I bwina mu mutima wanyu igihe mwumvirije IJwi ryaYo rivugana nawe neza na neza, ribaduza Hirya ya ca Gihuzu c’igihe. Kuko mwoba muzi ko mwicaranye naWe ahantu ho mw’ijuru mu gihe avugana namwe umunwa ku gutwi, ahishura Ijambo ryiWe, abibutsa ati, MURI UMUGENI WANJE.

Umugwanizi ashobora kudodagura akadodagura kandi akadodagura kuri mwebwe. Mushobora kumva mudendebukiwe rimwe na rimwe maze mukwumva ko mwananiwe vy’ukuri; mu kwumva ko mwamutetereje kurushiriza. Muri abanyantege nke cane, ariko ahantu hanaka, imbere I bwina mu bigingo bwanyu, mwumva rirya jwi ritoya ritekereje ribabwira riti, “ Nta kintu na kimwe gishobora kubatandukanya NANJE, MURI IJAMBO RYANJE. Nashize izina ryanyu mu gitabu canJe c’ubugingo c’umwagazi w’intama, jewe ubwanJe.”

N’igiki novuga co kubatera intege uyu munsi?

Guma gusa mw’Ijambo. FYONDA MUVUZE buri munsi hanyuma mwumvirize ijwi ry’Imana rivuga Niko Uhoraho Agize kandi ribabwira; ndiko ndabakoraniriza hamwe kw’Ijambo ryanJe.

Murashobora kunesha IKINTU COSE, kuko Ijambo ryanJe riba kandi rigerereye muri mwebwe. Narabibagaragarije, mufise UKWIZERA GUTUNGANYE. Mwarashizeko ikimenyetso, kandi vyabashize mu guhererwa. Nzohagarara inyuma y’Ijambo ryanJe. Nzokora ivyo navuze ko nokoze.

Ese ukuntu ari amajambo meza yaYo atubwira biciye ku maBande. Turazi ko Atari umuntu munaka, umuntu w’umubiri ari muri twebwe. Ni Imana Ihoraho ivugana natwe, umugeni waYo.

Muratumiwe kwifatanya n’umugeni uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (Akazoba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzoba dukoranye twumviriza rirya jwi ritoya ritekereje: Impwemu Ziri mw’Ibohero Ubu 63-1110M

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ubutumwa:

Itanguriro 15:16
Matayo 23:27-34
Yohana 4:23-24/6:49/14:12
1 Petero 3:18-22
2 Petero 2:4-5
Yuda 1:5-6

23-1231 Uguhererwa

Ubutumwa: 63-0901E Uguhererwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Data,

Twarafyinye bihagije. Twaragiye kw’ishengero bikwiye. Kuva twumvirije Ubutumwa , Ikimenyetso, vyashiburiye Umugeni wawe mu guhererwa.

Turazi ko ikintu kinaka citeguriye gushika. Igihe kiri hafi. Turagukeneye uze maze udukure muri iyi si. Dushaka kubana naWe. Twiyumva duherewe ibwina mu Bugingo yacu.

Twoba tuja kuvuga ibivyerekeye? Twoba twaraherewe bihagije? Twoba turiko turagutakambira nk’uko vyotegerejwe umurango n’ijoro?

Yooo, Shengero, haguruka hanyuma mwinyiganyize mwebwe ubwanyu! Kabura agatimanama kanyu, ikangure, muri iki gihe! Dutegerezwa guhererwa canke dupfe rubi! Hagiye kuza ikintu kivuye ku Mwami! Ndakizi NIKO UHORAHO AGIZE. Hariho ikintu kigiye kuza, kandi vyoba vyiza duherewe. Kiri hagati y’ubugingo n’urupfu. Kizoca hagati muri twebwe kandi ntituzokibona.

Turaziko bisaba uguhererwa kugira bibazane ku gikorwa. Dutegerezwa kubigira canke dupfe rubi. Mwami, reka duhinduke abaherewe gusumba ubwa mbere, hanyuma uzoza ku gikorwa maze uze gutora Umugeni wawe arindiriye.

Dufashe Data kugira twinjire muri vyo, Atari gusa kubigenderamwo, vyoroshe, ariko kubibamwo. Atari kubivugako gusa ariko no kubibandanya mu buzima bwacu bwa minsi yose. Dukeneye ku kurondera n’imitima yacu yose, n’ubugingo bwacu bwose hamwe n’ubwenge bwacu bwose. Mwami, dufashe.

Turazi ko twagutetereje kenshi, Mwami, ariko watubwiye igihe tunaniwe, ivyo ntasano bifitaniye, tuba turi abananiwe kuva ku ntango, ariko turaguufise uhagaze hariya ufise ikiganza c’inkomezi kandi kirashobora kudushikira hanyuma kikaduterurira hejuru y’amazi.

Umuhanuzi yaratumenyesheje ko uzoturengana igihe ubonye twashizeko ikimenyetso. Mwami, twarakurikije ivyo udusaba kandi twarashizeko ikimenyetso hanyuma tugira inzu zacu ishengero rya Bande, twumviriza kandi twizera ijambo ryose.

Imenya gusa i—ikimenyetso. Naco ni Ubutumwa bw’igihe! Ni Ubutumwa bw’iki gihe ! mw’izina rya Yesu Kristo turavyakiriye !

Nta kitwagira kandi turizera maze tugashira ikintu cose bijanye n’ivyo umuhanuzi yatubwiye.

Twizera yuko ikintu kiba kandi gishika mu gihe canyu gitunganye. Nta kintu gihari hariya twarabonye ibitangaza vyose vyanyu, kandi twarumvise munyuma tuza munsi y’ikimenyamenya c’Ikimenyetso.

Rero mu gihe turi munsi y’ikimenyemenya c’Ikimenyetso, tuzogira isangira ryera uwu w’iyinga mu Guhererwa. Ko tuzi yuko witeguriye guhushura ukoresheje urubanza.

Ese twobifata nk’Ikimenyetso ca Pasika, igihe vyafatwa mu kwihuta, mu gihe co Guhererwa. Turi mu Guhererwa ubugira kandi uyu munsi Data.

Turashimye, Mwami ko dushobora kwitegereza inyuma muri uyu mwaka hanyuma tukabona ibintu vyose wakoze kubwacu. Waduhishuriye Ijambo ryaWe, hanyuma uduha uguhishurirwa ku kundi guhishurirwa nk’uko bitigeze bimera mbere.

Rero turazi yuko turi abahungu n’abakobwa bawe. Turi umugeni wawe Jambo atunganye warindirije igihe kirekire. Ni wewe ubaye kandi ugerereye muri twebwe. Waraduhisemwo, waradutoranije kandi ubu uriko uraza kubwacu.

Mwami, ese twokurondera umurango n’ijoro. Ese twocika abaherewe tukakuborogera. Ese twobandanya muri vyo gusumba mbere. Ese uwu mwaka woba umwaka uzoziramwo kubwacu.

Turagukunda Data kandi dukeneye kuba ubugombe bwawe butunganye, ingo ubane natwe igihe dukoranira hamwe kw’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, iruhande y’ijwi ryawe hanyuma tukumvirize utubwira ukuntu twokwinjira mu Guhererwa 63-0901E. hanyuma bana natwe mu gihe dukoranira hamwe mu Guhererwa, maze Amazimano y’Umwami.

Iyi ni iminsi ihambaye mu buzima bwacu Data kuko tuzi yuko ugiye kutujana vuba I muhira hacu ho muri kazoza kubana nawe. Turindiranye igishika gihambayhe buri munsi kubwo abera batwitangiye imbere. Turazi igihe tubabonye, igihe c’ukuza kwawe kiba gishitse… Imana Ishimwe!!!

Turi mu Guhererwa kubwo ico gihe, Data.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa:

Kuvayo 12:11
Yeremiya 29:10-14
Luka 16:16
Yohana 14:23
Ab’ I Galatiya 5:6
Yakobo 5:16

23-1224 Kubera Iki Betelehemu Ntoya?

Ubutumwa: 58-1228 Kubera Iki Betelehemu Ntoya?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni washizweko Ikimenyetso,

Nipfuza y’uko twokwitegura ubwacu kubwo Igikorwa c’Isangira ryera ryo mu miryango ryiharije ku munsi buca ari umwaka mushasha, kuw’iyinga, itariki 31 za Kigarama. Tuzokwumviriza Ubutumwa, Uguhererwa 63- 0901E, aho MweneData Branham Akora Isangira ryera hamwe no kwozanya ibirenge ku mpera ya Bande.

Ubutumwa buzovuzwa kuri Voice Radio (mu congereza gusa) , hanyuma dukurikize urutonde rw’igikorwa nk’uko twabikoze mu bikorane vy’Isangira ryera mu miryango biheruka, dushizemwo umuziki wa Piano mu gice c’igikorwa c’isangira ryera, n’indirimbo z’uguhimbaza Imana mu gihe c’ukwozanya ibirenge. Tuzotangura igikorane isaha cumi n’imwe z’umugoroba , kw’isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha zitandatu z’ijoro mu Burundi). Kuri mwebwe abo hakurya y’amazi, ndabasavye mwiyumve amahoro mu kuvuza Bande no kugira Isangira ryera mwisunze isaha yo mu karere k’iwanyu kugira mugire Isangira ryera imbere y’isaha zitandatu z’ijoro z’umwaka wa 2023.

Sinoshobora kwiyumvira ukuntu twashoboye kurangiza neza uyu mwaka wa 2023 hanyuma tugatangure umwaka mushasha w’igikorwa mu Mwami, umwaka wa 2024, mu gutekerereza imbere yiWe, guhererwa kubwiWe, Gusangira naWe Amazimano yiWe, gusenga no guharirana, kwoza ibirenge vy’Abera biWe, no kwumviriza Ijambo ryiWe. Mbega ingene uzoba ari umugoroba w’igitangaza.

Ibiraro biri munsi ni ivyo, ukuntu mutegura Umukate n’umuvinyu w’Isangira ryera.

Ndashimye ko Umwami yaduteguriye inzira kugira dukoranire hamwe kubwo aka karyo kubashwe. Ndindiranye igishika vy’ukuri guhura namwe mwese ku Meza yiWe.

Uyu w’iyinga, tuzokwumviriza ubutumwa bwa Noheli: Kuki Betelehemu ntoya? 58-1228 isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi).

Imana Ibahezagire.

MweneData Joseph Branham

Uw’iyinga, italiki 24 Kigarama, 2023
Kuki Betelehemu ntoya? 58-1228
Isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro mu Burundi)

Uw’iyinga, italike 31 Kigarama,2023
Uguhererwa 63- 0901E /Isangira ryera mu miryango no kwozanya ibirenge
Isaha cumi n’imwe z’umugoroba, Isaha ya Jeffersonville(isaha zitandatu z’ijoro mu Burundi).

Instructions for Baking Bread / Making Wine

Instructions to obtain Communion Wine / Feet Washing Bins