Ubutumwa: 65-0815 Kandi Ntavyo Uzi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Bahiswemwo,
Ukuvuka ubwa kabiri ni Kristo; ni uguhishurirwa. Imana Yaraguhishuriye iri banga rihambaye, kandi ukwo ni ukuvuka ubwa kabiri. None uzokora iki niyo uwo mugwi wose wakoranira hamwe? aho uguhishurirwa kwinjiranamwo neza na neza.
Imana Iriko Irakoraniriza hamwe umugwi waYo wose w’Inkona mu guhuza neza, Ihishurira Ijambo RyaYo Umugeni WaYo.
Uburyo bw’Imana bwo kugira umwami, nk’uko Dawidi yari ameze, bwari bwiza, kandi vyatanga iciyumviro kimwe gishimikiye ku kintu kimwe. Nk’umurongozi umwe hamwe n’umugwi w’idendo, canke ibindi, ntihashobora kubaho babiri canke batatu. Hanyuma, urabivanga vyose, ukazana ubwoko bwose bw’ivyiyumviro.
None dutegerezwa gukora iki ga Mwami?
Ikintu conyene mutegerezwa gukora ni ukumenyekanisha Ijwi Ryanje gusa; ziraRizi, kuko intama zaNje zirazi Ijwi RyaNje.
Ijwi RyaWe Ritunganye ry’iki gihe ni irihe, ga Mwami?
Namba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko ivyo bishobora kwumvikana nabi, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwewe.
Ivyo turavyizeye n’umutima wacu wose. Uku ni ko twiyumva, Mwami.
Ntaco bategerezwa kwemeza mu buryo bw’ubumenyi, canke kubaza Umusadukayo canke Umufarisayo uwo ari we wese, canke ikindi kintu cose, kuri ivyo. Narabivuze, baravyizera, kuko intama zaNje zumva Ijwi RyaNje.
Ni irihe Jwi riri ku ma bande Ry’Umugeni Wawe ?
Iri ni Ijwi ry’Imana mu buryo bw’inyuguti, kuko Ibi ni uguhishurirwa kwose kwa Yesu Kristo, Isezerano rya Kera n’Isezerano Rishasha bishizwe hamwe. Amen. Ng’ivyo.
None ama bande aracahambaye muri iki gihe?
Ndazi ko, maze kuva kuri iyi si, ayo ma bande n’ivyo bitabu bizoba biriho, kandi benshi muri mwebwe abana bato muzobona, mu minsi izoza, ko uku ari kwo Kuri neza na neza,…
Mwami, twizera ko ama bande n’ibitabu ari igikorwa c’ibango kizima caWe Wasigiye Umugeni WaWe.
Kubera iki amabande ari ryo JWI NGIRAKAMARO CANE dutegerezwa kwumviriza?
Turi mu gihe c’uruhendo kuruta ibindi vyose twabayemwo. “Vyozimije mbere Abatoranijwe iyaba vyari bishoboka,” kuko bafise ugusigwa, barashobora gukora ikintu cose nk’abandi bose.
“Uwo wese azokwongerako ijambo rimwe kuri Ibi, canke akureko Ijambo Rimwe kuri Ibi .” Utegerezwa kugira icantabanduka ahantu hanaka.
Gutyo, icantabanduka cacu gitegerezwa kuba Ijambo ry’Imana. Waduhishuriye ko Ijambo ry’Imana n’Ijwi ry’Imana ari kimwe. Ijwi ni ivyiyumviro nyene vy’Imana vyavuzwe, nk’uko wabikoze ku bavugishwa igihe Wandika Bibiliya; ariko muri iki gihe ca nyuma, Warazigamye Ijambo Ryawe, Ijwi Ryawe, mu kurifata amajwi no kurishira ku ma bande. Rero, Ijwi Ryawe Rivuga ku ma bande ni icantabanduka c’Umugeni.
Abantu ntibiyumvira ko bihambaye kuvuza iryo Jwi mu mashengero yabo iki gihe. Bigishwa mu mashengero yabo ko MweneData Branham atigeze avuga ko ama bande avuzwa mu mashengero, ahubwo bakeneye gusa kwumviriza umukozi w’Imana yigisha kandi asubiramwo Ijambo.
Kandi namba ishengero iriryo ica ntabanduka cawe, rero ntuha agaciro ivyo umuntu wese avuga. Kuko ni icantabanduka cawe. Ewe Mana, fasha ibi vyinjire mu mitima neza! Kuri jewe, ivyo vyose aba ari ikinyoma. Ijambo ry’Imana niryo ntabanduka. Ico Ijambo rivuze cose ni co c’ukuri.
Yari arindiriye ko baMutumira. Ico ni co Arindiriye muri iri joro, ngo uMutumire. Raba, igihe abo bigishwa baMutumira ngo basangire ku meza…
Ni gute umuntu ashobora kuvuga, kwisigura, canke agira urwitwazo, bamenyesha ko bizera ubu Butumwa bw’iherezo, ntibavuze ama bande mu mashengero yabo igihe bafise akaryo ko kwumviriza IJWI NYENE RY’IMANA ? Ni Amajambo Imana Yavuze biciye ku minwa y’umuntu mu muvugishwa waYo yasizwe. IJWI RYONYENE Ryemejwe n’Inkingi y’Umuriro, ukumenya amabanga y’ibwina mu mitima, ibimenyetso n’utwumiza, Ivyo nivyo vyagaragaje ko ari Ijwi ry’Imana kur’uru runganwe.
Ni gute abantu bashobora kugira urwitwazo URWO ARI RWO RWOSE, insiguro, canke kutagira icipfuzo co kwumviriza Ijwi ry’Imana igihe cose bakoraniye hamwe?
Mwami, Umpe kutazokwigera mfata Ijwi RyaWe ku ma bande nk’ikintu gisanzwe. Umpe kwama menyesha isi ko ari ryo Ijwi RYONYENE bakeneye kwumva. Reka ntangarize Umugeni Wawe, ko IVYO BAKENEYE VYONYENE ARI IJWI RYAWE KU MA BANDE.
Turakunda gufatanya. Turakunda kuvuga ivyaWe no gusubiramwo Ijambo RyaWe, ariko nta kintu gikomeye wari gukorera Umugeni Wawe kuruta kuduha Ijambo RyaWe Uguma wisubiriza, Uguhira kw’Ijwi RyaWe, hanyuma no kumenya ABO TURI BO, UMUGENI WAWE W’UMWIZIGIRWA.
Ese ukuntu noshobora kuguma mbandanya,nongera mbandanya kuyaga ivyerekeye uguhishurirwa guhambaye Imana Yaduhaye. Nta herezo bifise. Ariko ikintu gihambaye kuruta ibindi noshobora gukora ni ukubatumira ngo muze mwiyumviririze ubwanyu Ijwi ry’Imana hamwe n’igice c’Umugeni kur’uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza : 65-0815 – Kandi Ntavyo Uzi.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma:
Ivyahishuriwe Yohana 3:14-19
Ab’i Kolosayi 1:9-20