26-0621 Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ubutumwa: 65-0822m Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukundwa Mwamikazi,

Kandi Umugeni uno munsi akurwa mu mubiri wa Kristo, Yigenza kandi Akora neza nk’uko Yavuze ko Yokoze muri iki gihe, Umugeni, Umwamikazi; Umwami n’Umwamikazi.

Igihe Yesu Yahinduka iryo Jambo Ryose, rero twari igice ciWe ICO GIHE. Nta dayimoni iriho, nta nkomezi, nta kintu na kimwe cokwigera kidukurako ivyo. Uwo ni umugozi udacika w’ubugingo.

Mbega umuvyuro Umugeni ariko aragira hamwe n’Ubutumwa bwose twumviriza. Birarengeye amajambo yo kubiserura y’umuntu apfa. Nta gukekeranya na gutoya, Imana Yaraduhisemwo kandi Yaduhaye uguhishurirwa kw’UKURI kw’Ijambo RyaYo ry’iki gihe. Kubw’ivyo turazi abo turi bo, Umwamikazi WaYo.

Ijwi ry’Imana Rivugana n’Umugeni WaYo ku ma bande Ririko Riratunganya Umugeni WaYo. Nta kindi gikorwa c’ibango, nta rindi jwi; nta na kimwe gishobora gutunganya Umugeni WaYo atari Imana ubwaYo biciye ku minwa y’abantu Itaziguye ku Mugeni WaYo. Abandi boshobora gushaka igisubirizi, ariko Umugeni WaYo ntazokwishimira ikindi kintu kiretse IJWI RyaYo, ikete ryaYo ry’urukundo ku Mugeni WaYo ; kuko Intama ZaYo zishaka gusa kwumva Ijwi RyaYo.

Abantu bavuga ngo dushimika cane rwose ku muvugishwa. Biratangaje cane ko abantu batemera ko Data Wo mw’Ijuru Ahambaye ubwiWe Yitwararika cane rwose umumarayika wiWe Yashize agaciro nk’ako ku kintu cose kimwerekeye; uburyo yambara, uburyo yigenza, kamere yiwe, imyitwarire yiwe.

Yaramwambitse mbere n’ubwoko bw’impuzu yambara; kamere yiwe, icipfuzo ciwe, vyose nk’uko yari akwiye kuba, nyene yaratoranijwe neza n’Imana ubwaYo ku bwacu… hanyuma bakavuga ko dushimika cane ku muvugishwa.

Kuri twebwe, Ijwi Riri ku ma bande si ijambo ry’umuntu, eka mbere ntirivugwa n’umuntu, ntiRyazanywe n’umuntu, canke nta n’ubwo Rishobora guhishurwa n’umuntu. Ni Ijambo ry’Imana Ryahishuwe n’Imana ubwaYo, Umusiguzi WaRyo bwite, Kristo Yihishura mw’Ijambo RyiWe bwite.

Bamwe barashobora kwumva, ariko ntibamenya neza. Ushobora kubabwira, ukabereka, ariko gusa ntibashobora kubona. Turabakunda, turabasengera ariko ivyo Imana Yaduhishuriye ni Ugutungana kwaYo.

Ehe igipimo ca Litmus c’amacakubiri akomeye hagati y’Umugeni wa Kristo uno munsi kivuga ko bafise Uguhishurirwa kw’ukuri kw’ubu Butumwa bukomeye bw’igihe c’iherezo.

Insiguro y’igipimo ca Litmus: Ikintu kimwe, gifata ingingo, ikibazo canke ikintu gica gihishura ningoga kamere y’ukuri, ubwiza, canke igihagararo c’ikintu (canke umuntu).

Reka mbanze mvuge rimwe kandi, nizera ko igikorwa c’Imana cahamagawe n’Imana. Hariho ivya nkenerwa, n’ahantu, ku biro vyose.

Ivyanditswe biravuga ko igikorwa c’Imana c’abo bagabo ari ic’ugutunganya abera, ariko ntibivuga ko igikorwa c’Imana cose kirimwo 5 kizotunganya abera.

MweneData Branham atubwira neza ko igikorwa ca buri gihe kizimiza, none ni gute BO bashobora gutunganya Umugeni ?

Hariho abavugabutumwa, abigisha, intumwa n’abavugishwa benshi cane bavuze ubutumwa ko bizera ubu Butumwa bw’iherezo kandi ko MweneData Branham yari Ijwi ry’Ivyahishuriwe Yohana 10:7, ubu bavuga ko ari ibinyoma, ko ari umubeshi, ko turi igice.

Abo bari abakozi b’Imana bubaha cane bafise amashengero akomeye bagendagenda kw’isi yose kandi bakorera Imana. Babonwa nk’abarongozi bakomeye mu gikorwa c’Imana kirimwo bitanu, bakavuga ubutumwa mu makoraniro no mu mashengero yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bari bafise igikorwa c’Imana gikomeye mu maso y’abantu, na bo barabakurikira kandi bakabemera ko ari abantu b’Imana bakomeye.

Hanyuma hariho abakozi b’Imana iki gihe bemerwa cane ko ari abakozi b’Imana b’ukuri mu gikorwa kirimwo bitanu bavuga ko bizera ubu Butumwa mu kubusubiramwo no kubuvuga, ariko kandi bavuga ko ubu Butumwa atari Icantabanduka. Iminsi y’Ubutumwa bw’umuntu umwe yaraheze.

Igikorwa c’Imana kirimwo bitanu ubu ni ugutunganya Umugeni, kandi ni bibi kuvuza ama bande mw’ishengero, gusubiramwo amajambo makeyi.

Turazi ko hazoba abasizwe b’ibinyoma mu gihe c’iherezo; umuvugishwa yaratugabishije ngo tubagirire amakenga. Igikorwa c’Imana cabo kizoba gisizwe. Bazoba bafise Mpwemu Yera, gutyo bazosubiramwo Ubutumwa bw’igihe. Bizoba VYEGERANYE CANE ku buryo vyozimije abatoranijwe nyene iyoba vyoshoboka.

Ivyo NTABWO ari amadini. Ntibashobora gutangura guhenda abatoanijwe. Gutyo, bitegerezwa kuba vyegeranye cane kuruta ivyo. Ibi ntibisigura ko umukozi w’Imana WESE yazimiye, nta na gatoya. Hariho abantu b’Imana bakomeye bavuga ubutumwa kandi bigisha ukuri, ariko hariho ikintu uwizera wese ategerezwa kumenya no kwibaza:

Mbega uwo mukozi w’Imana uriko urakurikira ashobora gukora ikosa?
Urashobora kuvuga amen kw’ijambo ryose yigisha?
Urizera ko Ijambo ryose yigisha ari Uko Niko Uhoraho Agize ?
Mbega ijwi ryiwe ni Ijwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumva?
Mbega arashobora kwigisha ikintu kitari co?
Mbega arashobora gukosha naho yoba amaze imyaka 30 avuga Ubutumwa? Arashobora kunanirwa?
Mbega arashobora kubabwira ibintu bitari vyo?
Mbega arashobora guhendwa?

Rero wibaze ivyo bibazo nyene ku bijanye n’Ijwi ry’Imana Ryemejwe ushobora kwumva ku ma bande .

Mbega Ubutumwa buri ku ma bande burashobora gukora amakosa: OYA
Urashobora kwizera ukavuga AMEN kw’Ijambo Ryose avuze? EGO
Mbega Rirashobora kwihenda? OYA
Arashobora kwigisha ibintu bitari vyo? OYA
Mbega Rishobora kukubwira ikintu kitari co? OYA
Woba ushobora gushimikira aho uzoja ibihe bidashira kw’Ijambo Ryose wumva…EGO!!!
Mbega Ni Ijwi ry’Imana: EGO

Ni kuki ndiko ndavuga ibi bintu ? Kugira ngo nerekane ko abantu BOSE bashobora, kandi bakora amakosa, ariko IJWI RY’IMANA riri ku ma bande ntiRishobora gukora ikosa. Ni co gituma ari IJWI Rihambaye kuruta ayandi yose UTEGEREZWA KWUMVA. Ni co gituma abakozi b’Imana bategerezwa kuvuza ama bande mu mashengero yabo. Ni INZIRA ITUNGANYE YATANZWE y’Imana Yakoreye Umugeni WaYo.

Nta gukeka, nizera ko ushobora kwumviriza abandi, ariko Ijwi Ryonyene UTEGEREZWA KUMVA no kwizera Ijambo Ryose ni Ijwi Riri ku ma bande. Iryo Jwi ni ryo RYONYENE dushobora kuvugira AMEN kw’Ijambo Ryose.

Iryo ni ryo tegeko ry’Imana, utegerezwa kwizera Ijambo Ryose, kandi Ijambo wumva ku ma bande niryo JAMBO RYONYENE Ryemejwe n’Inkingi y’U muriro ko ari ukuri. Imana Yavuze ko William Marrion Branham ari we musiguzi avuye ku Mana WENYENE w’Ijambo RyaYo, kuko si ijambo ryiwe, Ni Ijambo ry’Imana.

Ntuhindure akanyuguti kamwe canke agace k’urudome rumwe. Nta muntu atunganye gutyo; Ijwi ry’Imana Ryonyene ni Ryo Riratunganye. Mbere igihe tudatahura ivyo twumva, dutegerezwa gusa kwizera ko ari Ijwi ry’Imana Ryemejwe ku Mugeni WaYo.

Mu vy’ukuri, Mpwemu Yera ni We Arongora abantu b’Imana. Vy’ukuri, Mpwemu Yera Yarabahamagariye kuba abungere n’abavugabutumwa n’abigisha; ivyo ni ukuri, ariko ntibatunganye. Ariko Imana Yakoze uburyo bwo kwumva IJAMBO RITUNGANYE igihe cose mukoraniye hamwe.

Abantu, hamwe n’abakozi b’Imana, bariko barondera abasubirizi uno munsi. Muribaza hagize umuntu akorera umukozi w’Imana ivyo bakorera MweneData Branham?… “Ngiye kuguha iminota 30 hanyuma utegerezwa guca uhagarika, mfise ubutumwa nkeneye kuzana.

Woshobora kwumviriza ama bande igihe cose ushakiye. Ndazi ico iri shengero rikeneye kandi gikwiriye uyu munsi.” Benshi ntibazovuza mbere n’igice c’ibande, kandi bavuga ko ari bibi kuvuza Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo.

Mbega hari umuntu ari mu vyiyumviro vyiwe bigororotse yoshobora kwiyumvira ko umukozi w’Imana yozana urwitwazo, urwo ari rwo rwose rwo kutavuza Ijwi ry’Imana mw’ishengero ryabo kuko bizera ko bategerezwa kuvuga ubutumwa ? Barabivuga, ariko ntibizera ko ari Ijwi ry’Imana, canke ntiboshobora kwigera bazana urwitwazo urwo ari rwo rwose rwo kutavuza ama bande.

Ni gute umuntu yovuga ko bizera ko iri ari Ijwi ry’Imana kandi ntibazoshake kuRivuza mw’ishengero ryabo? Ni gute abantu bavuga ko bizera ko ari Ijwi ry’Imana Rivuga hanyuma ntibasabe abungere babo kuvuza ama bande mu mashengero yabo? Kubera bafise iyo mpwemu nyene.

Ntube Nikodemu maze uvuge ngo “Ndabibona kandi ndavyizeye. Ni Umwana w’Umuntu Yihishura mu mubiri w’umuntu. Ni Uko Niko Uhoraho Agize. Ni Ubutumwa Butunganye. Ni Ijwi Ry’Imana ku ma bande, ariko sinshobora gucisha bugufi igikorwa c’Imana canje no kuvuga ko iryo Jwi Ari Irihambaye cane kwumvirizwa kw’ishengero ryanje.

BeneData na bashikibacu, mwoshobora kutemeranya nanje nyene neza na neza kuri ibi. Sindabibasaba.

Ikintu conyene co gukora, muvyiyumvire gusa. Ivyo mumbwira, nzovyiyumvira. Namba abakozi b’Imana babwira ishengero ryabo ko batizera ivyo kuvuza bande mu mashengero yabo, ivyo ni vyiza, mweneData. Ubagaburira ivyo wipfuza vyose.

Ndiko ndagerageza uko nshoboye kwose kugumana n’Ijambo, kuko intama nta kindi zishaka atari imfungurwa z’intama kandi twizera ko Ijwi riri ku ma Bande ari Imfungurwa z’Intama zacu. Ivyo ni vyo bitubeshejeho : Ijambo Ryose Riva…Si Ijambo gusa rimwe na rimwe ; ariko Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana Ryavuzwe ku ma bande; ivyo ni vyo bitubeshejeho.

Imana Imbabarire namwe mumbabarire nimba nabababaje canke navuze ikintu kitari co. Ibi ni ivyo twizera gusa kandi tubona ko ari Ukuri Kutubeshejeho. Imana Yaduhaye INZIRA ITUNGANYE yo kwumva Ijwi RyaYo kandi turabikunda.

Nk’uko vyama, ndatumiye uwushaka wese kwifatanya natwe kwumviriza Iryo Jwi mu mwanya umwe na twebwe, kugira ngo yifatanye natwe isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), aho tuzoba twunze ubumwe nk’Umuce Umwe twumviriza : 65-0822M Kristo Yihishura Mw’Ijambo RyiWe Bwite.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Kuvayo 4:10-12
Yesaya 53:1-5
Yeremiya 1:4-9
Malaki 4:5
Luka mweranda 17:30
Yohana mweranda 1:1/1:14/7:1-3/14:12/15:24/16:13
Ab’i Galatiya 1:8
2 Timoteyo 3:16-17
Abaheburayo 1:1-3/4:12/13:8
2 Petero 1:20-21
Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3 / 10:1-7 / 22:18-19