23-0219 Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ubutumwa: 65-0822m Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Busho buto bwanje,

Ndabaramukije hamwe na mwebwe muri kuri ubu buhinga bwa Terefone,bikaba ari vyiza, vyiza cane. Ndashimira Umwami yuko mushobora kwicara mu mazu yanyu, mugakoranira mu bibanza vyanyu, amashengero yanyu, hanyuma mukumviriza Igikorwa. Aho ari ho hose Ijwi ryanje rizanana, uwo mugwi mutoya uragahezagirwa.

Uyu munsi, nshaka kubandikira ikete ritoya ry’urukundo rivuye ku mutima kugira ngo ndabatere intege. Muri abo Imana Yatoranije kugira mube Umugeni waYo imbere yuko isi

ishirwaho ; mwebwe mwumviriza izi Bande. Narababwiye incuro nyinshi, izi Bande ni izanyu gusa, muri ishengero ryanje. Sinjejwe ivyo Imana Yahaye abandi bakozi b’Imana kugira ngo barongore intama ; njejwe ubwoko bw’imfungurwa ndabagaburira. Izi Bande ni izanyu, ishengero ryanje gusa, ico Imana yampaye nk’umwungere. Ni Manu ihishijwe, uwundi ntashobora kuyakira.

Rero, namba abantu bamwe bashaka kuvangatiranya ibimfungurwa hamwe n’ibindi bintu hariya, bareke baronke uguhishurirwa kuvuye ku Mana hanyuma bakore ivyo Imana ibabarira gukora, bagabure kuvyo bipfuza. Nzokora ico kintu nyene. Ariko Ubu Butumwa ni ubwanyu gusa.

Ndiko ngerageza uko nshoboye kugumana n’Ijambo, kuri mwebwe mwanshizwe mu biganza vyanje n’Imana, kuko intama zikeneye imfungurwa z’Intama. « Intama zanje zumva Ijwi ryanje. » Kandi ivyo nivyo bitubeshejeho, Ijambo ryose ryavuzwe. Atari Ijambo rimwe na rimwe ubu n’ikindi gihe, ariko Ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana. Ivyo nivyo mwebwe abera bibabeshejeho.

Umuntu wese arafise ikintu kinaka agumije. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba inkingi, mu yandi majambo, icishimikizo ca nyuma. Kandi umuntu wese ategerezwa kugira icishimikizo ca nyuma canke icishimikizo ntanyiganyizwa. Kuri jewe, hamwe no kuri abo nizigiye yuko ndiko ndongorera kuri Kristo, kandi kubwa Kristo, Bibiliya ni icishimikizo ca nyuma.

Rero, turatahura yuko Imana Yarungitse abahanuzi baYo. Ubwo nibwo buryo Ifise bwo kuzana Ijambo ryaYo ku bantu, biciye mu kanwa k’
umuhanuzi waYo. Ubu muri iyi minsi ya nyuma, Yasezeranye ubwaYO kugaragarira mu kunengesera ubugira kandi, mu mubiri waYo , mu Mpwemu.Ni Imana ubwaYo mu nyuguti, mu muhanuzi, Yigaragariza mu mubiri.

Ntegerezwa kwibera vy’ukuri mu nyonga z’Umwanditsi mfise ikaramu niteguriye buri gihe kwandikai ico ari co cose Yovuga. Ivyiyumviro vyanje vyisunga ivyiyumviro vyiWe; Atari ivyo umuntu yiyumvira, ivyo igihe ciyumvira, ivyo ishengero ryiyumvira, ivyo ubwami bwiyumvira . Ivyiyumviro vy’Imana vyonyene gusa! Ngaragaza gusa ivyiyummviro vy’Imana mu buryo bw’Ijambo.

Igihe Imana impishuriye ivyiyumviro vyaYo, ndabibagariza mw’Ijambo ryo kuri Bande nti,” UKWO NIKO UHORAHO AGIZE.” Ntabwo ari ,” UKO Niko jewe ngize.” Ni,” UKO NIKO UHORAHO AGIZE!” Noshobora gusa kubisobanura uko Umwanditsi anyemereye kubibasobanura; kuko ni Ijambo ry’Imana Ritananirwa.

Hariho abandi benshi bagerageza kunyigana, nk’abapatiri, n’abandi. Hanyuma bakora iki? Bazana uruzazane, nta kindi. Ntiboshobora kubikora. Imana Yarandungitse, umuhanuzi waYo, kugira ngo ndongore Umugeni ; si uwundi muntu, canke si n’uwundi mugwi w’abantu.

Amajambo mvuga, kandi uko nkora, bizohumisha abandi, ariko bizokwugurura amaso y’abandi. Anyambara mu bwoko bw’ikanzu nokwambaye, kamere yanje, ivyipfuzo vyanje, ikintu cose gusa uko ntegerezwa kuba. Yarampisemwo vy’ukuri kubwanyu . Abandi bohagarara hanyuma bakitegereza maze bakavuga bati,” Rero, sinshobora. Hariho… Si-sinshobora kubona.” Ni impumyi.

Izobihishurira abo Yobihishuriye. Imeze ukuntu kuburyo yinyegeza ubwaYo mu Vyanditswe, ku munyabwenge w’umunyatewolojiya. Ishobora gusa kwinyegeza ubwaYo, Ikibera hariya mu Vyanditswe, kandi bagashobora kuharaba umusi wose hanyuma ntibaYibone; bakitegereza ubuzima bwabo bwose , yamara ntibaYibone. Ishobora gusa kwinyegeza ubwaYo, Yibereye hariya.

Ikintu ngirakamaro ubu ni abo bakiriye Ubutumwa mu mitima yabo, bategerezwa kwibera mu nyonga z’Umwana, kugira ngo bere. Fyonda muvuze hanyuma mureke Umwana Aturire ukutera kwose muri mwebwe, mu kubagira Abakristo babushitse.

Igihe yaza ubwa mbere, yari umuntu. Igihe yaza ubwa kabiri; afise imigabane ibiri, yari umuntu. Igihe yaza mw’ishusho ya Yohana Umubatizi, yari umuntu. Yasezeranye kuza muri iki gihe kandi ngo Abeho Yongere Yihishure ubwiWe ubugira kandi
mu muntu; Umwana w’umuntu agerereye mu mubiri w’umuntu.

Ubu turi mu gihe c’Ijisho, c’ubuvugishwa , ca Malaki 4. Nta kindi kintu gisigaye gushika kiretse We ubwiWe Ategerezwa kuza guhagarara muri vyo, kuko ico nico kintu canyuma .

Nimwumvirize mwa myagazi y’intama yanje mitoya mwe, mwebwe abo Imana Yampaye kubera umwungere. Nta gihe gisigaye. Agiye kuza vuba kuri mwebwe, Umugeni waYo. Nimugumane n’izi Bande, ntizikeneye insobanuro.

Ndatumiye mwebwe Nkukuma ntoya kuza kwifatanya nanje hamwe n’ikintu kimwe gusa kizoshobora guhuriza hamwe Umugeni waYo kuri uwu w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro hano mu Burundi). Muzokwumviriza NIKO UHORAHO AGIZE mu gihe Imana Ivuga Iciye muri jewe maze Igahishura : Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe Bwite 65-0822M.

Mwibuke, GUMANA N’IGIKORWA CA BANDE. FYONDA UVUZE BURI MUNSI.

MweneData Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Kuvayo 4:10-12
Yesaya 53:1-5
Yeremiya 1:4-9
Malaki 4:5
Luka 17:30
Yohana 1:1/1:14/7:1-3/14:12/15:24/16:13
Ab’I Garatiya 1:8
2 Timoteyo 3:16-17
Abaheburayo1:1-3/4:12/13:8
2 Petero 1:20-21
Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3/10:1-7/22:18-19