23-0226 Akayungiro K Umuntu Yiyumvira

Ubutumwa: 65-0822e Akayungiro K Umuntu Yiyumvira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Koraniro rya MweneData Branham,

Nashaka gutumira isi yose kwifatanya natwe ku buhinga bwa Telefone kuri uwu w’iyinga kw’isaha zitandatu ku muhingamo, Isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha imwe y’ijoro hano mu Burundi), nk’uko twebwe Inkukuma dukoranira hamwe, buri birometero kwadarato 519 muri rimwe mu mashengero y’umuhanuzi. Tuzoba turiko turumviriza Imana Ivugira mu ntumwa mumalayika w’Indwi waYo kandi Itubwira.

Ubu Butumwa, n’ubundi Butumwa navuzeko, bwerekeye ikoraniro ryanje . Si ubwo ikoraniro ryawe kiretse bashaka kubwakira. Ariko bwerekeye aba bantu hano.

Iriko Iravugana natwe, , ikoraniro ryaYo, IMANA ISHIMWE. Si kuri mwebwe muvuga muti,” MweneData Branaham ni umuhanuzi, ariko si umwungere wanje. Umwungere wacu avuga yuko kuvuza Bande mw’Ishengero bitajanye n’Ijambo ry’iki gihe.” Umwungere wacu atubwira yuko dutegerezwa kumwumviriza. Bijanye n’Ijambo , aba ariko araturongora kubwa Mpwemu Yera ubu.”

Umuhanuzi abwira mwebwe n’umwungere wanyu.

Ku bakozi b’Imana abo ari bo bose, mu kibanza ico ari co cose, umwanya uwo ari wo wose, ibi ntivyerekeye inyigisho zanyu, ibi ntibinerekeye intama zanyu.

Ntidushaka gutongana namwe BeneData na Bashikibacu. Turabatahura, Si ivyanyu, ariko ni ivyacu, twebwe twizera yuko Mpwemu Yera yashizeho Intumwa Mumalayika w’indwi waYo kugira ngo atubere umwungere kandi aturongore, Ishengero ryiWe. Twizera yuko kuvuza Amabande ariyo NZIRA YONYENE Y’UKURI. Muri mukuri kandi muriko mukora ivyo Umuhanuzi yababariye gukora:

Kandi nama ndabisunga, namba ari abanywanyi b’ishengero rinaka, ”Nimurabe umwungere wanyu.”

Mutegerezwa gukora uko umwungere wanyu avuze.

Rero ubugira kandi umuhanuzi abwiye umwungure wanyu, kugira gusa atahure neza.

Rero, Mwungere, nshaka yuko umenye ivyo, ibi bintu ndabibwira gusa ishengero ryanje. Kandi ndafise uburenganzira bwo gukora ivyo, kuko nashizweho na Mpwemu Yera kugira ndagire izi ntama.

Yaturungikiwe kugira atwitwararike , intama zayo; abo Imana Yashize mu MWITARARIKO WAYO. Mpwemu Yera ni umwungere wacu kandi aturongora buri munsi kubwo Ijwi ryiWe ryagaragajwe.

Ibi nivyo Umwami ariko araturongora gukora. Ntitubarwanya canke umwungere wanyu, canke uko murongowe n’Umwami gukora. Umuntu wese ategerezwa gukora uko yumva arongowe n’Umwami gukora ibijanye n’Ijambo.

Dufise akayungiro kamwe, UBU BUTUMWA. Ikintu cose twumviriza gitegerezwa gucishwa muri ako kayungiro. Iryo Jwi twumviriza kuri Bande niryo jwi gusa dufitiye icizere ijana kw’ijana yuko ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Murizera yuko ukwo gusirwa kuri kuri abo bantu yuko ari ugusirwa kwa Mpwemu Yera? Ego, mugenzi, Mpwemu Yera w’ukuri w’Imana kuri uwo muntu ariko naho bimeze uko, abo ni aba nyakinyoma.

Amerekero yacu y’ibihe bidashira yisunga ivyo WE YAVUZE KURI BANDE, Atari ivyo uwundi muntu canke umugwi w’abantu bavuga. Rero, ntidushobora, kandi ntituzokwumviriza uwundi. Ni gute uwundi muntu yobahatisha?

Nimuze mwifatanye natwe kugira ngo mubone wa munsi ko uriko uregereza.

Abantu barashobora kwicara mu mazu yabo canke … yabo bagakoranira mu bibanza vyabo , amashengero yabo, n’ibindi hanyuma bakumviriza igikorane.

Ivyo, Bagenzi , bijanye n’umuhanuzi w’Imana, Atari insobanuro y’uwundi muntu y’ivyo Bibiliya ivuga, ariko adukoraniriza hamwe, hirya no hino y’Ijambo kugira ngo tubone yuko wa munsi uriko uregereza.

Ni akahe kamaro k’ubwato butarimwo Imana? Ni ikarato y’ibiti gusa, imeza z’amabuye.

Nimuze mwifatanye natwe igihe twumviriza akayungiro kateguwe n’Imana, mu gihe atuzanira Ubutumwa: Akayungiro k’Umuntu Yiyumvira 65-0822E.

MweneData Joseph Branham

Suzuma ivyo muriko murarwanira. Suzuma igituma muri hano. Suzuma igituma muja kw’ishengero. Ikibatuma mu… Ni vyiza kuja kw’ishengero, ariko kuja kw’ishengero vyonyene; sivyo bizogucungura