23-0305 Edeni Ya Satani

Ubutumwa: 65-0829 Edeni Ya Satani

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bane Banje,

Muri igice canje, So wanyu wo mw’Ijuru. Mwari muri jewe uhereye kw’itanguriro. Ubu ntimuvyibuka , ariko mwari kumwe nanje hariya. Nari naripfuje kubamenya kuko nashaka ko tubonana , mvugane namwe, mbakunze maze ndabaramutse .

Nk’umwana wanje , uri igice canje, wambaye umubiri, nk’uko nanje nagizwe umubiri,rero dushobora gufatanya umwe n’uwundi nk’umuryango w’Imana hano kw’isi. Iyo niyo yari intumbero yanJe kandi ivyo nivyo nashatse uhereye kw’itanguriro.

Nashizeho Itongo muri Edeni kubwanyu kugira ngo dushobore gufatanya, ariko umwansi wanJe yararyinjiyemwo buhorobuhoro n’uruhendo, hanyuma aganza iyi si kubwo ugusobanura nabi umugambi wanje kuri mwebwe.

Ni igihe c’uruhendo mubayemwo, ariko kandi ni igihe c’ubwiza gusumba ibindi bihe vyose, kuko muhanganye n’inganji y’imyaka igihumbi ihambaye ubugira kandi; muhanganye na Edeni ubugira kandi.

Impwemu yanje si ikintu kinaka mwigishijwe. Ni ikintu kinaka natoranije kubwo ukumenya mbere kwanje muri mwebwe kubera ukuboko kwanje kw’inkomezi. Ubu uguhamagara kwanje kwanyuma kuriko kuragenda gucakira Umugeni; “ Nimusohoke muri bo , mube abitandukanije.”

Iki gihe ntibariko batsimbataza Ijambo ryanje mu mitima y’abantu, bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo. Amashengero ariko aragerageza gutsimbataza inyigisho z’ishengero mu mitima y’abantu. Umuntu wese avuga ati,” Nakoze iki. Jewe, jewe, iryanje, idini ryanje, jewe, iri.” Bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo kandi si Ijambo ryanje ryavuzwe biciye mu muhanuzi wanje.

Ntimutegerezwa gutahura buri kintu cose mvuga, mutegerezwa gusa kucizera kuko ari uko nakivuze kandi ivyo biba bitunganye ibihe vyose.

Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe. Ni Ubugingo muri mwebwe, si ibishobisho ; si ubwoko bw’icemezo c’umubiri, ariko ni Umuntu, JEWE, Yesu Kristo, Ijambo ry’Imana , ryashizwe mu mutima wawe, kandi yahaye ubuzima Ijambo ryose ry’iki gihe. Ni Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe bijanye n’Ijambo.

Umugeni wanje wa mbere yarananiwe kubwo kwumviriza ivyiyumviro vya Satani , ariko narabacunguye jewe ubwanje, ariwe Jambo Yihaye umubiri. NTIMUZONTETEREZA. Muri Umugeni Nkumi Jambo atazokwumviriza ivyiyumviro vya Satani. Muzogumana n’Ijambo ryanje.

Inyuma y’inganji y’imyaka igihumbi, hazobaho ugushiraho Edeni ubugira kandi; Ubwami bwanJe buhambaye buzoba bwagarukanywe. Naraburwaniye mpanganye na Satani mw’itongo ry’Igetsemane, hanyuma ntsindira Edeni yanje ndayigarukana. Rero nagiye kubategurira Edeni nshasha mw’Ijuru. Nzobagarukako ubugira kandi vuba cane, rero ntimuhagarike imitima yanyu .

Hariya ntihazokwongera kubaho ikiyaga , kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere bizoba vyakuweho. Nzoyigira nshasha kubw’umubatizo w’umuriro uzokwica umugera wose, indwara zose, akaranda kose, n’ikintu cose c’umwanda cigeze kubaho kw’isi.

Izoturika, hanyuma hariya hazoza Isi Nshasha. Ijuru rya mbere n’isi ya mbere bizoba vyakuweho. Hariya hazobaho Yerusalemu nshasha imanuka ivuye iwanJe mw’Ijuru. Nzoba ndi kumwe namwe hariya, bahungu banje n’abakobwa mwebwe ibingize vyanje vy’ukuri . Tuzofataniriza hamwe mu gutungana, n’amaso yanyu azohumishwa kuri buri caha cose.

Ndaje kuri mwebwe nk’uko nabisezeranye yuko nobikoze. Narababikije Ijambo ryanje. Ijambo ryanje ryarafashwe kuri bande rero ntihazobaho ugutahura nabi , nta kibazo , kiretse Ijambo ryanje ritunganye kuri mwebwe; kuko Ni niko Uhoraho Agize.

Nimugumize agatimanama kanyu gatunganye. Gumiza Imitima yanyu itwikiriye. Gumiza amaso yanyu ahishijwe ibintu vy’isi kugira muhinduke umuntu munaka ahambaye.

Ntimwibagire, nzokatira Mu burengero hanyuma ngaruke ubugira kandi, umwe muri iyi misi. Gushika ico gihe , Jana Izina ryanje; rizobaha umunezero kandi ribaremeshe, Rijane, aho muja hose, mu gufyonda mukavuza.

Ntimugiriranire imyumvikano n’Ijambo na rimwe. Ijambo ryanje kuri bande ntirikeneye insobanuro. Muri igice canje, ibingize. Iyi Si ni Edeni ya Satani, ariko narabateguriye Edeni nshasha aho tuzomarana namwe ibihe bidashira. Gushika ico gihe, Mwiyunge n’Ijambo ryanje. Mukundane.

Ingo mwifatanye n’abo muri Branham Tabernacle kuri uwu w’Iyinga kw’isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha imwe hano mu Burundi), maze munyumvirize biciye mu muhanuzi wanje nahisemwo hanyuma ahishure Ijambo ryanje mu gihe mwumviriza ; Edeni ya Satani 65-0829

KubwiWe,

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

2 Timoteyo 3:1-9
Ivyahishuriwe Yohana3:14
2 Ab’I Tesalonike 2:1-4
Yesaya14:12-14
Matayo24:24