21-1107 Edeni Ya Satani

Ubutumwa: 65-0829 Edeni Ya Satani

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wamurikiwe,
Mu gihe umunsi wari ugeze kure, twariko turumviriza maze Yarinjiye mu nzu zacu kandi Yabanye natwe. Mu bihugu vyose, igice c’Umubiri wa Kristo, Uwo muhanuzi waYo Yari Yahaye uburenganzira bwo kubagurira, bicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru mu gihe Yavugana natwe biciye mu mumarayika waYo w’inkomezi Yarungitse ; kumurikira isi muri Mpwemu Yera waYo biciye muri we, guhamagarira Umugeni waYo gusohoka.

Imana Yarungitse, muri iki gice ca 18, umumarayika w’inkomezi, rirya banga rimaze kumenyekana, umumarayika w’inkomezi cane, intumwa… Imana Yarungitse umumarayika, intumwe ku (iki ?) guhamagarira gusohoka, (“Musohoke! Ubutumwa bw’igihe !… Muve iwe ! Imana Yarungitse benshi… umumayika w’inkomezi, canke, intumumwa. Kandi Umuco waYo ntiwari mu mfuruka. Wakwiragiye kw’isi… Kumurikira isi, no guhamagarira Ihanga ryaYo kuva iwe… Ubu, murazi ko ari Ukuri. Intumwa yararungitswe ivuye mw’Ijuru, guhamagarira ihanga ry’Imana gusohoka i Babuloni. Kandi Umuco waYo wamurikiye isi, Mpwemu Yera Ahambaye.

Mw’iyinga riheze umukozi w’Imana yabwiye ikoraniro ryiwe ko nashaka ko abantu bizera ko MweneData Branham yari wa mumarayika wo mu Vyahishuriwe Yohana 18, ariko yarerekanye ko yari umumarayika avuye mw’Ijuru, kandi ntiyashobora kuba mweneData Branham. Iyo uwo mweneData yoba yarakoze gusa ivyo umuhanuzi YAMUBWIYE gukora, kubisuzuma n’Ijambo, kandi ATARI ugutahura kwiwe, YARI KUBA YUMVISE, KO MU BISANZWE, YARI MWENEDATA BRANHAM YAVUZE KO YARI URYA MUMARAYIKA.

…Murabe, uyu ni umumarayika w’Umuco, mwibuke, umumarayika wa nyuma, ni umumarayika mu gihe c’ishengero kuri Lawodikiya. Ni intumwa ya Lawodikiya, uwo, ni uwanyuma, kuko igice gikurikira nyene ni igice ca 19, ariko kuza kw’Umugeni.

BeneData na Bashiki bacu, NDANKA kuvuga ibi bintu no kuvyerekana. Nk’uko MweneData Branham avuga, « Sintahurwa namba. » Sinshaka kuvuga ko ari abakozi b’Imana bose bavuga ibi bintu, nk’uko nizeyeko atari abakozi b’Imana bose ari ab’ikinyoma, canke batotegerezwa gukora igikorwa c’Imana. OYA, ariko benshi cane bahenda abantu mu guha ikibanza kininiya cane igikorwa cabo mu kwigisha Ijambo, mu gishingo co gufyonda bakavuza bari kumwe n’abantu babo maze bakumviriza NEZA NA NEZA ico umuhanuzi yavuze.

Namba waratoranijwe, uraBibona. Nta buryo bwo kuBikunyegeza. Uraraba maze ukavuga uti, “Biragaragarira imbere y’amaso yanje ! Ndiko ndaBiraba neza. NdaBibona. Ng’Iri, Ijambo, Ijambo Ryose, Ijambo ku Rindi. Vyagaragariye imbere yanje kandi ubugingo bwanje bwose budwibijwe muri Ryo.

Mureke ndabahe iki canditswe beneData bakozi b’Imana, cerekana neza ico jewe, n’ishengero Umwami Yampaye kubera umwungere, ryizeye ku vyerekeye kuvuza amabande mw’ishengero.

Namba ibi biriko birafatwa kw’ibande, ku bakozi b’Imana b’ahantu aho ari ho hose, igihe ico ari co cose, ibi ntibitangwa mu ntumbero yo gusuzugura inyigisho zanyu, ibi nta n’ubwo bihabwa intama zanyu. Ubu Butumwa, n’Ubutumwa bwose bundi mvugako, bwerekeye ikoraniro ryanje. Si ubw’ikoraniro ryanyu kiretse bashaka kuBwakira. Ariko bwerekeye aba bantu ng’aha. Abantu baragura aya mabande. Abantu mw’isi yose barayagura maze bakayavuza. Kenshi baranyandikira. Kandi nama ndababwira, namba ari abanywanyi b’ishengero rinaka, nti, « Murabe umwungere wanyu. »

Bambona nk’umwungere wabo aho baherereye, rero ndababwira nti, « NIZERA KO MWAKIRA AMABANDE MAZE MUGAFYONDA MUKAVUZA. MweneData Branham ni umwungere wacu. Tugize ikoraniro ryiwe. »

Rero, pasitori, ndashaka ko umenya, ivyo, ko, ibi ari ivy’ikoraniro ryanje ryonyene mbwira ibi bintu. Kandi ndafise uburenganzira bwo kubikora, kuko nashizweho na Mpwemu Yera kugira ngo ndagire izi ntama. Kandi noba ngowe ni ntababwira ico niyumvira ko ari Ukuri, kandi n’uburyo niyumvira ko Biza. Ariko Si ivy’isi canke ayandi mashengero. Ukora ico ari co cose Imana Ikubwira gukora. Sinshobora kwisigura mu gishingo cawe, nta n’ubwo ushobora kwisigura mu gishingo canje . Ariko umwe wese dutegerezwa kwisigura imbere y’Imana, kubw’ibango ryacu.

Ntegerezwa kwisigura ku Mana kw’ibango Yampaye. Hamwe n’ibimbamwo vyose nizeye ko mutegerezwa kuvuza Ijwi ry’Imana mw’ishengero mu buryo bw’Ubutumwa bwo ku mabande. Ni Inzira Yatanzwe n’Imana y’iki gihe yo gutungana kw’ Umugeni waYo. Ni bwo buryo BWONYENE bw’Umugeni bwo kuba umwe no gutunganywa.

Ubutumwa tugiye kuzokwumviriza ku w’iyinga Bwavuzwe kandi bwafashwe kw’ibande kubw’IKI GIHE. Ni Ivyokurya vya Mpwemu mu Gihe Gikwiriye. Ni muze twugurure imitima yacu ku buryo Mpwemu Yera Ashobora kudusigurira kwumviriza Ico Atugabisha kumera magabo muri iyi minsi ya nyuma.

Yatubwiye ko izo mpwemu zompi zizogaragara neza mu iri iki gihe ca nyuma. Yatubwiye ko zizoba zegeranye, kuburyo zozimiza n’abatoranijwe iyo biba vyoshoboka. Kirya gihe kiri ng’aha.

Murabe, igihe Yesu Yaza, Satani yari muri urya mugwi w’abigisha b’Abayuda, na ba rabi n’abaherezi, bagerageza kubabwira kugumya ivyagezwe vya Mose, igihe Ijambo nyene Ryavuga ko muri kirya gihe Umwana w’umuntu Yohishurwa, murabona, ko Yokwihishuye We ubwiWe. Rero baragerageza, mu gihe babagumiza ari abanyedini, no ku vyagezwe vya Mose… Murabona ico yakoze ? Yagerageza kubabwira ati, « Kirya gice c’Ijambo ni co neza na neza, ariko uyu Mugabo si urya Muntu. » Murabona ukuntu ari uw’uruhendo ? Ico ni ico gihe c’uruhendo nyaco.

NTIDUSHOBORA guhendwa, turi Umugeni. TURI abana b’Imana. TURI igice c’ibigize Imana vyari muri We, twagizwe umubiri nk’uko Yihaye umubiri, rero dushobora gufatanya umwe wese nk’umuryango w’Imana kw’isi. Ntituvyibuka ubu, ariko twari hariya. Yarabimenye. Kandi Yashaka ko dusubira kuba gutyo ku buryo Yashobora guhura natwe, kuvugana natwe no kudukunda no kudukora mu minwe, IMANA ISHIMWE !!!

Ntibizigera bisubira ngo, « NIBAZA ko ndi Umugeni waYo. NIZIGIYE ko ndi Umugeni waYo. » TURAZI KO TURI UMUGENI WAYO.

Mpwemu Yera Ari ku gikorwa muri twebwe. Ni Ubugingo, si ibishobisho; si ikintu kinaka nk’ikimenyamenya c’umubiri, ariko Ni Umuntu, Yesu Kristo, Ijambo ry’Imana Ryagerereye mu mitima yacu, kugira Rizima Ijambo Ryose ry’iki gihe.

Murahawe ikaze gufatanya natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville, mu gihe Mpwemu Yera Azotumurikira n’Ijambo ryiWe Ryavuzwe biciye mu mumarayika wiWe, kandi Atuzanire Ubutumwa : Edeni ya Satani, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 29 myandagaro mu mwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
2 Timoteyo 3:1-9
Ivyahishuriwe Yohana 3:14
2Ab’i Tesalonike 2:1-4
Yesaya 14:12-14
Matayo 24:24